Abantu batatu barondeye ukuri mu kinjana ca 16—Ni ibiki bubuye?
“UKURI ni iki?” Ico ni ikibazo buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato yatwara Ubuyuda mu kinjana ca mbere yabajije Yezu ariko aramusambisha. (Yohani 18:38) Ariko ntiwumve, Pilato ntiyariko arondera vy’ukuri kumenya ukuri. Ahubwo riho, ikibazo ciwe cahishuye inkeka n’agahemo yari afise. Biboneka ko Pilato yiyumvira yuko ukuri ari ikintu cose umuntu yohitamwo kwemera canke yigishijwe kwemera. Yabona ko ukuri ari ikintu ata woshobora koko kumenya. N’abandi benshi muri iki gihe ni ko babibona.
Abayoboke b’idini bo mu kinjana ca 16 i Buraya ntibabona ico bohitamwo kwemera ko ari ukuri. Bari barigishijwe kwemera ko pāpa ari we mukuru gusumba bose no kwemera izindi nyigisho za Ekleziya. Ariko muri ico gihe, ivyiyumviro bishasha vy’abaharanira amahinduka muri Ekleziya vyariko birakwiragira ningoga i Buraya. None bari bakwiye kwemera iki? Ni igiki cari kubafasha kumenya ukuri?
Muri ico gihe, hari abagabo batatu bari biyemeje kurondera ukuri, ariko hakaba hariho n’abandi benshi. * Babigenjeje gute kugira batandukanye ukuri n’ikinyoma? Kandi ni ibiki bahavuye bubura? Reka tubirabe.
‘BIBILIYA NI YO IKWIYE KWAMA YIGANZA’
Wolfgang Capito yari umusore ashikamye cane mu vyo yemera. Yarize ubuvuzi, ivy’amategeko be n’inyigisho z’ivy’Imana, hanyuma aba umupatiri wo mw’iparuwase mu 1512, mu nyuma na ho aba umufasha wa musenyeri mukuru w’i Mainz.
Mu ntango, Capito yaragerageje kugabanya umwete wa ba bantu baharanira amahinduka muri Ekleziya, bano bakaba baramamaza ubutumwa buhushanye n’inyigisho za Gatolika. Ariko rero, Capito na we nyene ntiyatevye gutangura gushigikira ko haba amahinduka. None yakoze iki? Nk’uko vyanditswe n’umuhinga mu vya kahise yitwa James M. Kittelson, igihe Capito yaba ahuye n’inyigisho zitandukanye, yabona ko “Bibiliya ari co kintu co kwizigirwa gusumba ibindi vyose bofatirako kugira bamenye ko inyigisho zabo ari iz’ukuri, kuko ari yo yonyene itabesha.” Capito yasanze rero Ivyanditswe bidashigikiye inyigisho ya Ekleziya yerekeye ugusaba aberanda be na ya nyigisho (transsubstantiation) y’uko umukate n’umuvinyu bikoreshwa mu misa bihinduka umubiri n’amaraso vya Kristu. (Raba uruzitiro ruvuga ngo ‘ Bararaba ko ivyo ari ko biri.’) Capito yarahevye ikibanza c’iteka yari afise kwa musenyeri mukuru mu 1523, aja kuba mu gisagara ca Strasbourg, aho abaharanira amahinduka muri Ekleziya bakorera cane ico gihe.
inyigisho y’Ubutatu, igitabu kimwe (The Radical Reformation) kivuga ko ivyo Capito yanditse vyagaragaza ko “yari afise amakenga ku bijanye n’inyigisho y’Ubutatu.” Uti kubera iki? Capito yarakorwa ku mutima n’ukuntu umuhinga mu nyigisho z’ivy’Imana w’Umunyespanye yitwa Michel Servet yisunga Bibiliya mu kubeshuza Ubutatu. *
Muhira kwa Capito i Strasbourg hahavuye hacika ihuriro ry’abatavuga rumwe na Ekleziya, kandi nta gukeka ko baganira ku vyiyumviro vyinshi bijanye n’idini be n’inyigisho nyinshi zo muri Bibiliya.Naho bamwe mu baharanira amahinduka muri Ekleziya bari bagishigikiyeGuhakana Ubutatu vyarashobora gutuma umuntu ahasiga agatwe. Capito rero yariyubara kugira ntapfe kuvuga ku mugaragaro ukuntu yabona ibintu. Ariko rero, ivyo yanditse birerekana ko yari afise amakenga ku bijanye n’inyigisho y’Ubutatu n’imbere y’uko ahura na Servet. Umupatiri w’umugatolika yahavuye yandika ko Capito na bagenziwe “batanguye kuza baraganira ku bijanye n’ibinyegezwa bikomeye vyo mw’idini, bakabigira mu mpisho ata we barondeye guhaririza; [mu nyuma] baranse inyigisho y’Ubutatu bweranda rwose.” Haciye ikinjana, Capito yari asigaye abonwa ko ari uwa mbere mu banditsi bakomeye biyamirije Ubutatu.
Wolfgang Capito yabona ko “ugufata minenegwe Ivyanditswe Vyeranda” ari ryo kosa nyamukuru Ekleziya yakoze
Capito yabona ko Bibiliya ari yo sôko ry’ukuri. Yavuze ati: “Bibiliya be n’itegeko rya Kristu ni vyo bikwiye kwama vyiganza mu nyigisho z’ivy’Imana.” Umuhinga mu vya filozofiya yitwa Kittelson yerekanye ko Capito “yavuga ashimitse yuko ikosa nyamukuru ryakozwe n’abahinga mu nyigisho z’ivy’Imana bo muri ico gihe ari ugufata minenegwe Ivyanditswe Vyeranda.”
Ico cipfuzo gikomeye co kumenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana ni na co Martin Cellarius (uwitwa kandi Martin Borrhaus) yari afise, akaba yari umusore yabaye kwa Capito mu 1526.
“UBUMENYI BWEREKEYE IMANA Y’UKURI”
Urupapuro rw’igitabu (On the Works of God) ca Martin Cellarius rwanditseko umutwe waco. Muri ico gitabu yaragereranije inyigisho za Ekleziya n’izo muri Bibiliya
Cellarius yavutse mu 1499. Yari umunyamwete mu kwiga ivy’Imana be n’ivya filozofiya, akaba yaremeye kuba umwigisha i Wittenberg mu Budagi. Kubera ko i Wittenberg ari ho ivyo guharanira amahinduka muri Ekleziya vyatanguriye, Cellarius ntiyatevye kumenya Martin Luther be n’abandi bashaka ko haba amahinduka mu nyigisho za Ekleziya. None Cellarius yoshoboye gute gutandukanya ivyiyumviro vy’abantu n’ukuri kwo muri Bibiliya?
Igitabu kimwe (Teaching the Reformation) kivuga ko Cellarius yabona yuko ugutahura nyakuri kuva “ku gusoma Bibiliya n’umwete, ukagereranya kenshi icanditswe n’ikindi kandi ugasenga ubijanishije n’ukwigaya.” Ni igiki none Cellarius yubuye mu gusuzuma Bibiliya?
Muri Mukakaro 1527, ivyo Cellarius yubuye yarabisohoye mu gitabu kimwe yanditse (On the Works of God). Yanditse ko ibintu vyeranda vyo muri Ekleziya, nka wa mukate n’umuvinyu vyitwa ko bihinduka umubiri n’amaraso ya Kristu, ari ibimenyetso gusa. Incabwenge Robin Barnes yavuze kandi ko igitabu ca Cellarius “cashira imbere ivyo gusigura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwavuga ibijanye n’ikiringo cari kigiye kuza c’ivyago n’imibabaro bikwiye hose kigakurikirwa n’ugusubiza ibintu itoto be n’agahimbare kw’isi yose.”
Ibintu canecane vyigaragaje mu vyo Cellarius yanditse ni ivyo yavuze muri make ku bijanye na Yezu Kristu. Naho Cellarius atavuguruje Ubutatu adomako, yarerekanye itandukaniro riri hagati ya “Dawe wa twese wo mw’ijuru” n’ “Umwana wiwe Yezu Kristu,” yongera arandika ko Yezu ari imwe mu mana nyinshi akaba n’umwe mu bana benshi b’Imana mushoboravyose.
Mu gitabu uwitwa Robert Wallace yanditse mu 1850 (Antitrinitarian Biography), yavuze ko ivyo Cellarius yanditse bitisunze inyigisho y’Ubutatu yari imenyerewe * Incabwenge nyinshi rero zashitse ku ciyumviro c’uko Cellarius abwirizwa kuba atemera Ubutatu. Yadondowe ko ari umwe mu bo Imana yakoresheje “mu gufasha abantu kuronka ubumenyi bwerekeye Imana y’ukuri n’ubwerekeye Kristu.”
mu kinjana ca 16.ICIZIGIRO CO KUGARUKANA IVYATAKAYE
Nko mu 1527, umuhinga mu nyigisho z’ivy’Imana yitwa Johannes Campanus na we nyene yaraje kuba i Wittenberg, akaba abonwa ko ari umwe mu ncabwenge zikomeye zo mu gihe ciwe. Naho Campanus yaba muri ico gisagara nyamukuru c’abaharanira amahinduka muri Ekleziya, yahavuye atanyurwa n’inyigisho za Martin Luther. Uti kubera iki?
Campanus yararwanije ya nyigisho y’uko umukate n’umuvinyu bikoreshwa mu misa bihinduka umubiri n’amaraso vya Kristu be na ya nyigisho ya Luther (consubstantiation) ivuga ko umukate n’umuvinyu biba biri kumwe n’umubiri be n’amaraso vya Kristu mu kiringo c’ugusangira. Umwanditsi André Séguenny yavuze ko Campanus yabona yuko “Umukate ubwawo uguma ari umukate, ariko igihe ufashwe nk’ikintu ceranda, uca uba ikimenyetso kigereranya umubiri wa Kristu.” Mu nama yabereye i Marburg mu 1529 yo kuganira kuri ivyo bibazo nyene, Campanus ntibamwemereye kuvuga ivyo yari yaratahuye mu Vyanditswe Vyeranda. Mu nyuma, bagenziwe b’i Wittenberg bahavuye bamwinuba.
Mu gitabu Johannes Campanus yanditse (Restitution), yarerekanye amakenga afise ku nyigisho y’Ubutatu
Ivyo Campanus yemera ku bijanye na Data, Umwana n’impwemu nyeranda ni vyo canecane vyababaje abaharanira amahinduka muri Ekleziya. Mu gitabu Campanus yanditse mu 1532 (Restitution), yavuze yuko Yezu na Se ari abantu babiri batandukanye. Yasiguye ko Data n’Umwana “[ari] umwe” nka kurya bivugwa ko umugabo n’umugore wiwe ari “umubiri umwe,” bisobanura ko bunze ubumwe, mugabo baba bakiri abantu babiri. (Yohani 10:30; Matayo 19:5) Campanus yarabonye ko Bibiliya ikoresha ingereranyo y’umugabo n’umugore mu kwerekana ko Data afise ububasha ku Mwana. Ivuga iti: “Umutwe w’umugore . . . ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.”
Tuvuge iki ku bijanye n’impwemu nyeranda? No ng’aho Campanus yikoze kuri Bibiliya, yandika ati: “Nta canditswe na kimwe cemeza ko Impwemu Nyeranda ari umuperesona wa gatatu . . . Impwemu y’Imana ni inguvu ikora, kubera ko Imana itegura ibintu vyose ikabishitsa ibicishije ku bubasha bwayo n’igikorwa cayo.”
Luther yaciye yita Campanus umurogosi n’umwansi w’Umwana w’Imana. Uwundi yaharanira amahinduka muri Ekleziya yasavye ko Campanus yicwa. Yamara Campanus ntiyateshejwe ngo ate. Igitabu kimwe (The Radical Reformation) kivuga giti: “Campanus yemera adakeka yuko icatumye Ekleziya itemba ari ugutakaza ya nyigisho yerekeye ubukuru bw’Imana n’ubw’umugabo yamye iboneka muri Bibiliya no mu nyigisho z’intumwa.”
Campanus ntiyigeze arondera gushinga umugwi w’ivy’idini. Yavuze ko yarondeye ukuri “mu tudumbi tw’amadini no mu batavuga rumwe na Ekleziya bose” arabura. Yari yizigiye rero yuko Ekleziya Gatolika yosubije umutamana inyigisho za gikirisu z’ukuri mu kugarukana inyigisho zatakaye. Ariko rero, abakuru
ba Gatolika bahavuye bafata Campanus kandi ashobora kuba yamaze imyaka irenga 20 mu munyororo. Abahinga mu vya kahise biyumvira ko yapfuye nko mu 1575.“MWIYEMEZE NEZA IBINTU VYOSE”
Kwiga Bibiliya n’umwete vyarashoboje Capito, Cellarius, Campanus n’abandi gutandukanya ukuri n’ikinyoma. Naho ivyiyumviro abo bagabo barondera ukuri bashitseko atari vyose vyari bihuye na Bibiliya, baracukuye mu Vyanditswe Vyeranda bicishije bugufi bongera baraha agaciro ukuri bamenye.
Intumwa Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Mwiyemeze neza ibintu vyose; mugumye ivyiza.” (1 Abatesalonika 5:21) Kugira Ivyabona vya Yehova bagufashe kurondera ukuri, barasohoye igitabu gifise umutwe ubereye uvuga ngo Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
^ par. 4 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2012, urupapuro rwa 7-8, ingingo ya 14-17.
^ par. 8 Raba ikiganiro kivuga ngo “Michel Servet, inyakamwe mu rugamba rwo kurondera ukuri,” muri Be maso! (mu gifaransa) yo muri Rusama 2006 yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
^ par. 17 Ku bijanye no kuba Cellarius yarakoresheje ijambo “imana” mu kuvuga Kristu, ico gitabu kivuga giti: “Yanditse deus [imana] aho kwandika Deus [Imana], rino rikaba rikoreshwa gusa mu kuvuga Imana Musumbavyose.”