Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NDAMUKIZA 2014

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Yezu azokora iki muri kazoza?

Mu mwaka wa 33 Inyuma ya Kristu, Yezu yarapfuye, arazuka mu bapfuye maze yurira mw’ijuru. Mu nyuma yarahawe ububasha bwo gutegeka ari Umwami. (Daniyeli 7:13, 14) Muri kazoza, Umwami Yezu azogira ico akoze kugira azane amahoro kw’isi yongere akureho ubukene.Soma Zaburi 72:7, 8, 13.

Umwami Yezu azohanagura ibibi vyose kw’isi

Yezu azokora ibintu vyiza igitangaza kuko azoba ari we Mutegetsi w’abantu. Azokoresha ububasha Se yamuhaye kugira atume abantu basubira kuba abatunganye. Bazokwibera kw’isi ata kwigera basaza canke ngo bapfe.Soma Yohani 5:26-29; 1 Abakorinto 15:25, 26.

Yezu ariko akora iki ubu?

Yezu ubu ariko arayobora igikorwa co kwamamaza abayoboke biwe b’ukuri barangura kw’isi yose. Baragendera abantu kugira babereke ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Yezu yavuze ko yobandanije gushigikira igikorwa c’abigishwa biwe gushika Ubwami bw’Imana bukuyeho intwaro z’abantu.Soma Matayo 24:14; 28:19, 20.

Biciye kw’ishengero ry’ukuri rya gikirisu, Yezu ariko aratuma abantu babaho mu buryo bwiza kuruta. Azobandanya kubayobora igihe iyi si mbi izokurwaho maze binjire mw’isi nshasha Imana yasezeranye.Soma 2 Petero 3:7, 13; Ivyahishuwe 7:17.

 

Raba n'ibindi

Ubwami bw’Imana ni iki?

Abantu benshi barazi rya sengesho rya Dawe wa twese. Imvugo ngo “Ubwami bwawe nibuze” isobanura iki?