Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NDAMUKIZA 2014

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Ubuzima bw’abashumba bwari bwifashe gute mu Nganji y’Uburoma?

Ikigufu abaroma bambika umushumba

Mu Nganji y’Uburoma, abantu benshi baracika abashumba igihe baba batsinzwe mu ntambara canke banyurujwe. Ababa bafashwe baragurishwa, akenshi bakaba batigera basubira iwabo canke mu miryango yabo.

Abashumba benshi barakoreshwa mu macukuriro y’ubutare gushika n’aho bapfa, ariko ku bakora ibikorwa vyo mu nzu canke mu mirima bobo vyarapfuma. Umushumba yarashobora guhatirwa kwambara ikigufu c’icuma mw’izosi kiriko ikintu kirekera canditseko amajambo yemerera agashimwe uwari kumusubiza nyene we aramutse amufashe yatorotse. Abama bagerageza gutoroka barashobora kubokesha icuma gishushe mu ruhanga, akenshi bakabandikako urudome F rusubirira ijambo fugitivus risobanura ngo “uwatorotse.”

Igitabu co muri Bibiliya ca Filemoni kiravuga ingene intumwa Paulo yarungitse umushumba yatorotse yitwa Onezime kwa shebuja Filemoni. Naho Filemoni yari afise uburenganzira bwo guhana Onezime bimwe vy’akarorero, Paulo yasavye Filemoni ngo “[a]mwakirane ubuntu,” abimusaba yisunze urukundo n’ubugenzi bafitaniye.Filemoni 10, 11, 15-18.

Ni kubera iki Fenisiya ya kera yamenyekanye cane ku bijanye n’irangi ryaho ry’umuyugubwe?

Igihugu ca Fenisiya, bikaba bigereranywa ko yoba ari Libani ya kino gihe, vyari bizwi ko gihingura irangi ry’umuyugubwe ryitirirwa igisagara ca Tiro. Mu vyo wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yakoresheje mu rusengero rwiwe, harimwo “ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe” bwakozwe n’umuhinga akomoka i Tiro.—2 Ngoma 2:13, 14.

Iryo rangi ry’i Tiro ryari iry’agaciro kuruta ayandi yose yo muri ico gihe, ahanini kubera utwigoro twasabwa kugira riboneke. Abarovyi babanza kwegeranya ibifyera vyo mu mazi * vyinshi cane babikuye mu kiyaga. Ibishika 12.000 ni vyo vyakoreshwa kugira baronke irangi basiga umwambaro umwe gusa. Mu nyuma ivyo bifyera vyo mu kiyaga barabikura mu biruka vyavyo, kugira ngo babisokoremwo uduhimba twavyo tuvamwo irangi. Abahingura iryo rangi baravanga utwo duhimba n’umunyu, urwo ruvange bagaca barwanikira ku zuba imisi itatu. Baca rero barushira mu gikono gipfundikiye, bakarushusha mu mazi yo mu kiyaga iyindi misi itari mike ariko ntibarubize.

Mu myaka amajana, Abanyafenisiya barabandanije kudandaza no guhingura irangi ry’umuyugubwe w’i Tiro, biciye ku rudandaza rwabo no kuza baragerera ahantu hatandukanye. Hari ibisigarira vyerekana ko bahingura iryo rangi vyubuwe hafi y’Ikiyaga Mediterane, ndetse no mu burengero bwa kure i Cadix muri Espanye.

^ par. 8 Ibiruka vyavyo bifise uburebure bwa santimetero ziri hagati ya 5 na 8.