Urashobora kunanira inyosha mbi!
“Nta ntumbero nari mfise yo kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Ariko naragiye kuri Internet nza mbona haje ishusho y’amahayanisha. Sinzi ingene nayifyonzeko haca haza ibiterasoni.”
—Vyavuzwe na CODY. *
“Hari umukobwa mwiza wo ku kazi yatanguye kundesharesha. Umusi umwe yaransavye ko twoja kw’ihoteli kuba turiryohera. Naciye mbona neza na neza ico yashaka.”
—Vyavuzwe na DYLAN.
ABANTU bamwebamwe ikintu kibagerageza ntikibagwa nabi. Yamara abandi bakibona nk’umwansi adatezura bakwiye kurwanya bagatsinda. Wewe ubibona gute? Hamwe wohura n’inyosha mbi, woba woreka ikagutsinda canke woyinanira?
Ego ni ko, inyosha zose ntizituma ushikirwa n’ingorane zikomeye. Nk’akarorero, kwoshwa kwiyongera mu mpisho udufungurwa ni gake vyoshira ubuzima bwawe mu kaga. Ariko rero, kwemera ugatsindwa n’izindi nyosha mbi, canecane izijana mu buhumbu, birashobora gukwega akarambaraye. Bibiliya igabisha iti: “Uwo wese arenga ibigo . . . ntagira umutima; uwubigira aba ariko yikwegera guhona.”
Bishitse hakagira ikikwosha ngo uje mu buhumbu, wokora iki? Bibiliya yishura iti: “Ico Imana igomba [ni] iki: ni uko mwezwa, mukirinda ubusambanyi, umwe wese muri mwebwe akamenya kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka.” (1 Abatesalonika 4:3, 4) None ushobora gute gutsimbataza uwo mwiyemezo? Rimbura ibintu bitatu bishobora gufasha.
Ica 1: Nurinde amaso yawe
Kuraba amashusho akabura nta kindi bishikako atari ukuvyura ivyipfuzo bibi. Yezu yarerekanye ko hariho isano hagati y’ukubona n’ukwipfuza igihe yatugabisha ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” Akoresheje imvugo ndenzarugero ikomeye, Yezu yaduhimirije ati: “Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe.” (Matayo 5:28, 29) None Yezu yashaka kutwigisha iki? Kugira tunanire inyosha mbi, dutegerezwa guca tugira ico dukoze, tukirinda kuraba amashusho avyura inambu.
Igihe ubonye amashusho avyura inambu, nuce uraba hirya
Tubitangire akarorero: Dufate ko ubonye wa muco umena amaso uva ku vyuma bariko barasudira. Mbega woca uguma uwuhanze amaso? Eka data! Woca uraba hirya canke ugapfuka amaso kugira uyakingire ntiyononekare. Muri ubwo buryo nyene, bishitse ukabona ishusho ivyura inambu, haba ku gicapo, mu vyuma vyerekana amashusho canke ukabona umuntu atikwije, nuce uraba hirya ubwo nyene. Nukingire umuzirikanyi wawe ntiwandure. Uwitwa Juan akaba yahoze yiziziwe n’amasanamu y’ibiterasoni, avuga ati: “Iyo mbonye umugore ateye igomwe, akenshi numva umengo nosubira nkamuraba ubwa kabiri n’ubwa gatatu. Nca rero mpindukiza amaso, nkibwira nti: ‘Senga Yehova! Ubu nta kindi ukeneye atari ugusenga!’ Mpejeje gusenga, ca cipfuzo ntigiteba gukamangana.”
Rimbura kandi ivyo wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze, ati: “Nagiranye isezerano n’amaso yanje. None noshobora nte gushinga ijisho umwigeme w’isugi?” (Yobu 31:1) Ubona gute ugize umwiyemezo nk’uwo?
Gerageza iki kintu: Nimba ubonye ishusho ivyura inambu, nuce uraba hirya ningoga. Niwigane umwanditsi wa Bibiliya yasenze ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.”
Ica 2: Nurinde ivyiyumviro vyawe
Kubera yuko twese tudatunganye, vyoshika tukanyinyana n’ivyipfuzo bibi. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro.” (Yakobo 1:14, 15) Wokwirinda gute kugwa muri uwo mutego ugoye kwigobotoramwo?
Igihe ugize ivyiyumviro bibi, nuce usenga
Igihe ugize ivyipfuzo bibi, niwibuke yuko uba ushoboye guhitamwo ingene uvyifatamwo. Nurwanye ivyo vyipfuzo. Nubirandure mu mutima wawe. Niwirinde kuguma wiyumvira ivy’ubuhumbu. Umugabo umwe yitwa Troy, akaba yahoze yiziziwe no kuraba amasanamu y’ibiterasoni kuri Internet, avuga ati: “Nararwanye kugira mpanagure ivyiyumviro bibi mu bwenge bwanje mu kuza ndabugumiza nyabuna ku vyiyumviro vyiza. Ntivyari vyoroshe. Vyarashitse kenshi ndananirwa. Ariko nahavuye niga gucungera ivyiyumviro vyanje.” Umukenyezi umwe yitwa Elsa, akaba yarahanganye n’ivyamwosha kuja mu buhumbu akiri umuyabaga, na we yigana ati: “Narashoboye kwirinda ivyiyumviro bibi mu kuguma mfise vyinshi nkora no mu gutura isengesho Yehova.”
Gerageza iki kintu: Igihe urembejwe n’ivyiyumviro vy’ubuhumbu, nuce ubwo nyene usenga. Nurwanye ivyiyumviro bibi mu kwuzuza umuzirikanyi wawe “ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, . . . ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose.”
Ica 3: Nurinde intambuko zawe
Igihe icipfuzo, inyosha mbi be n’akaryo bihuye, ingorane zirashobora kwaduka bitagoranye. (Imigani 7:6-23) Wokwirinda gute none kugwa mu mutego?
“Nja kuri Internet igihe gusa abandi ari ho bari”
Bibiliya iduhanura ibigiranye ubukerebutsi iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.” (Imigani 22:3) Nurinde rero intambuko zawe. Niwiyumvire imbere y’igihe ibintu vyoshobora kuvyura ingorane, maze uvyirinde. (Imigani 7:25) Umugabo umwe yitwa Filipe, akaba yarahevye amasanamu y’ibiterasoni yari yaramwiziziye, avuga ati: “Narashize orodinateri y’umuryango aho bose bashobora kuyibona nongera ndayishiramwo ubuhinga buzibira mwene ayo masanamu. Vyongeye, nja kuri Internet igihe gusa abandi ari ho bari.” Muri ubwo buryo nyene, umwe Troy twavuga agira ati: “Ndirinda kurorera amasenema akabura inambu no kwifatanya n’abantu bayaga ibiterasoni vyerekeye igitsina. Sinshaka kwishira mu kaga.”
Gerageza iki kintu: Nusuzume ubugoyagoye bwawe utibesha, uheze utegekanye ingene wokwirinda ibintu vyoshobora kukwosha nabi.
NTUTANE N’AKABANDO!
Bite ho bishitse ukagoyagoya, ukagwa mu nyosha mbi kandi wari wakoze uko ushoboye kwose? Ntucike intege ngo utane n’akabando. Bibiliya ivuga iti: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.” (Imigani 24:16) Ego cane, Data wa twese wo mw’ijuru aturemesha “guhaguruka.” Woba none uzokwemera imfashanyo yiwe iranga urukundo? Ntiwigere rero ureka kumwitura mw’isengesho. Nukomeze ukwizera kwawe mu kwiga Ijambo ryiwe. Nukomeze umwiyemezo wawe mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Nuremeshwe n’umuhango Imana iguha iti: “Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”
Umwe Cody twavuga mu ntangamarara agira ati: “Naragize akigoro gakomeye kugira ntsinde ingeso yo kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Vyarashika kenshi nkananirwa, ariko nahavuye ndabishobora mfashijwe n’Imana.” N’umwe Dylan twamaze kuvuga, agira ati: “Vyari vyoroshe ko ndyamana n’uwo twakorana. Ariko narashikamye ndamwankira. Ndahimbawe cane kuba mfise ijwi ryo mu mutima rityoroye. N’igihambaye kuruta, ndazi ko natumye Yehova ahimbarwa.”
Niwashikama ukananira inyosha mbi, na wewe ntuzobura gutuma Imana ihimbarwa!
^ par. 2 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.