Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOBA UKWIYE GUSENGA?

Kubera iki abantu basenga?

Kubera iki abantu basenga?

Woba ukunda gusenga? Abantu benshi, mbere n’abatemera Imana, barakunda gusenga. Ariko none, ni kubera iki abantu basenga? Twisunze itohoza ryagizwe mu Bufaransa, ica kabiri c’Abafaransa birashika bagasenga canke bakazirikana “kugira gusa bumve bamerewe neza.” Nk’uko biri ku Banyaburaya benshi, ntibasenga kugira biyegereze Imana. Ahubwo babigira kugira ngo “batururuze ivyiyumviro vyabo biciye kw’isengesho.” Ku rundi ruhande, abemera Imana bamwebamwe bayitura igihe gusa hari ivyo bakeneye, biteze ko ica ibishura ubwo nyene.Yesaya 26:16.

Weho gute? Woba wibaza ko isengesho ari uburyo gusa bugufasha kwiyumvira neza? Nimba wemera Imana, woba ubona ico isengesho rikumariye mu buzima canke ubona umengo amasengesho yawe ntiyishurwa? Bibiliya irashobora kugufasha kubona isengesho nk’uburyo buhambaye bwo kwiyegereza Imana, aho kuribona gusa nk’ikintu kigufasha kwumva umerewe neza.