Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Ndamukiza 2014

 BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Bakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose!

Bakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose!
  • YAVUTSE MU: 1950

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: ESPANYE

  • IVYO YACIYEMWO: YARI UMUBIKIRA

KAHISE KANJE:

Igihe navuka, abavyeyi banje bari bafise agatongo gatoyi mu kigwati co mu gihugu hagati mu karere ka Galice, mu buraruko bushira uburengero bwa Espanye. Nari uwa kane mu bana umunani. Mu rugo iwacu harangwa igishika. Ico gihe muri Espanye, mu miryango myinshi wasanga n’imiburiburi umwana umwe yinjira mw’iseminari canke mu kigo c’abihebeye Imana. Mu muryango iwacu, batatu barabigize.

Igihe nari mfise imyaka 13, narinjiye ikigo c’ababikira i Madrid aho na mukurwanje yari. Muri ico kigo, nta gishika caharangwa. Ivy’ubugenzi ntivyabaho. Amategeko, ibisabisho n’ukwiyima ni vyo gusa vyaharangwa. Mu gatondo ka kare, twahurira mu gasengero kaho kugira tuzirikane, ariko akenshi nta co naba ndiko ndazirikanako. Mu nyuma, twaca turirimba indirimbo z’Imana hagaca haba n’imisa, vyose tukabigira mu rurimi rw’ikilatini. Natahura bike bibaho, kandi numva umengo Imana iri kure cane yanje. Igihe cose namaze muri ico kigo nari mu gacerere ntangere. N’igihe twaba tubonanye na mukurwanje, nta kindi twashobora kuvugana atari ukuramukanya duti: “Mwaramutse Mariya.” Twese abari muri ico kigo, ababikira batwemerera gusa inusu y’isaha yo kuganira inyuma yo gufungura. Ese ukuntu vyari bitandukanye n’umunezero nari mfise nkiri mu muryango i muhira! Narumva irungu, akenshi nkarira.

Naho ntigeze numva ko niyegereje Imana, naragize indagano ndacika umubikira mfise imyaka 17. Mu vy’ukuri nakoze gusa ivyo bari banyitezeko, ariko sinatevye gutangura kwibaza nimba koko nari mfise umuhamagaro. Ababikira bari bakunze kuvuga ko uwukekeranya muri ubwo buryo yotahiye mu muriro udahera! Yamara, amakenga yanje ntiyaheze. Nari nzi ko Yezu Kristu atigeze aba ukwa wenyene; ahubwo yagumye akora vyinshi mu kwigisha no mu gufasha abandi. (Matayo 4:23-25) Igihe nari mfise imyaka 20, nabona ata mvo n’imwe mfise yo kuguma ndi umubikira. Igitangaje, mama mukuru yambwiye ngo nimba mfise amadidane, vyoba vyiza nkuye akarenge vuba bishoboka. Biboneka ko yatinya ngo nohava nosha abandi. Naciye rero mva muri ico kigo.

 Igihe nasubira muhira, abavyeyi banje barantahuye cane. Mugabo kubera ata kazi kariho muri ico kigwati cacu, naciye nimukira mu Budagi, aho umwe muri basazanje yaba. Yari mu mugwi w’Abakomunisita bava muri Espanye. Numvise nisanze muri abo bantu barwanira uburenganzira bw’abakozi n’ukungana kw’ibitsina. Naciye rero ncika Umukomunisita, ndahava nubakana n’umwe mu bagize uwo mugwi. Nabona ko ndiko nkora ibintu vy’ingirakamaro, nkaza ndatanga ivyandikano vy’Abakomunisita, nkaja no mu myiyerekano.

Ariko mu nyuma, narasubiye kuvunika umutima. Narabonye ko Abakomunisita akenshi batisunga ivyo bigisha. Amadidane yarakomeye mu 1971, igihe urwaruka rwo muri uwo mugwi wacu rwatongoza umuriro ibiro vy’uwuserukira Espanye vyari i Frankfurt. Ivyo babigize kugira biyamirize akarenganyo mu gihugu ca Espanye carangwa n’agacinyizo. Ariko nabonye ko butari uburyo bwiza bwo kugaragaza akababaro.

Igihe nibaruka umwana wa mbere, nabwiye umunega wanje ko ngira mpagarike kwitaba amanama y’Abakomunisita. Nari nk’agati kari mu ruzi kubera ata n’umwe mu bahora ari abagenzi yaje kundaba n’uruyoya rwanje. Naribaza intumbero y’ubuzima nkayibura. Naribaza nti: ‘Ubwo vy’ukuri hari ico bimaze kuguma ngwa mvyuka ndondera guhindura ikibano?’

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 1976, Ivyabona vya Yehova b’Abanyespanye babiri baradodoye ku muhana iwacu, bampa ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, nanje ndavyakira. Igihe bagaruka, naciye ntangura kubacucagira ibibazo ku bijanye n’imibabaro, ubusumbasumbane buri mu bantu be n’akarenganyo. Erega naratangaye bakoresheje Bibiliya mu kwishura ibibazo vyose! Naciye ubwo nyene nemera kwiga Bibiliya.

Mu ntango, niga kugira gusa nimenyere vyinshi. Ariko ibintu vyarahindutse igihe twe n’umunega wanje twatangura kwitaba amakoraniro Ivyabona vya Yehova bagira ku Ngoro y’Ubwami. Ico gihe, twari dufise abana babiri. Ivyabona vya Yehova baratugaragariza umutima mwiza mu kuduhitana no mu kudufasha kwitwararika abana bacu mu kiringo c’amakoraniro. Naratanguye kubiyumvamwo.

N’ico gihe nyene, nari ngifise amakenga ku bijanye n’idini. Naciye mfata ingingo yo kuja kuramutsa umuryango wacu muri Espanye. Datawacu, akaba yari umupatiri, yaragerageje kumbuza kwiga Bibiliya. Ariko Ivyabona vya Yehova bo ng’aho baramfashije cane. Barishuye ibibazo vyanje bakoresheje Bibiliya, kumwe nyene Ivyabona bo mu Budagi bari babigize. Naciye niyemeza ko nsubiye mu Budagi nociye nongera kwiga Bibiliya. Naho umunega wanje yahisemwo kutabandanya kwiga Bibiliya, narumiye ku co nari nariyemeje. Mu 1978, narabatijwe ncika Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Kumenya ukuri kutagira amakosa kwo muri Bibiliya vyaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero itomoye. Nk’akarorero, muri 1 Petero 3:1-4 hararemesha abagore ‘kuyobokera’ abagabo babo “n’icubahiro kigera kure,” no gutsimbataza “umutima . . . witonda, ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana.” Izo ngingo ngenderwako zaramfashije gushitsa uruhara rwanje rw’umukenyezi na inabibondo.

Ndamaze imyaka 35 ncitse Icabona ca Yehova. Ndanezerwa cane no gukorera Imana ndi mu muryango w’abavukanyi w’ukuri, kandi ndahimbarwa no kubona bane mu bana banje batanu na bo nyene bariko barabikora.