Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NZERO 2014

 IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro?

Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro?

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Janine yagendeye umugore twise Sofiya.

IMANA IBONA GUTE IMIBABARO YACU?

Janine: Mahoro Sofi! Ndaryohewe kuba ndahagusanze.

Sofiya: Nanje ni ukwo.

Janine: Igihe mperuka ng’aha, twaraganiriye ku kuntu Imana ibona imibabaro idushikira. * Wavuze ko ico ari ikintu wamye wibaza kuva kera, na canecane kuva igihe nyoko wawe agiriye isanganya ry’umuduga agakomereka. Mbe nyene, amakuru yiwe?

Sofiya: Hari igihe bigenda neza n’igihe vyanka. Ariko uno musi ni sawa.

Janine: Vyoba n’ivyo. Utegerezwa kuba urwana urugamba kugira ngo ntiwihebure.

Sofiya: Ntubeshe! Birashika nkibaza igihe mawe azoruhuka imibabaro arimwo.

Janine: Ndagutahura Sofi! Ushobora kuba wibuka yuko igihe duheruka kuyaga, nasize mvyuye ikibazo kijanye n’igituma Imana ireka tukabandanya gushikirwa n’imibabaro kandi ifise ububasha bwo kuyikuraho.

Sofiya: Ego ndavyibuka.

Janine: Imbere y’uko turaba ico Bibiliya ibivugako, reka twiyibutse gatoya ivyo twayaze ubuheruka.

Sofiya: Nta kibazo.

Janine: Ubwa mbere, twarabonye yuko hari umugabo w’umwizigirwa wo mu bihe vya kera yibajije igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro. Mugabo Imana ntiyigeze imuhambarira kubera ico kibazo yabajije, canke ngo imubwire gusa ko yari afise ukwizera guke.

Sofiya: Emwe, ico kintu cambereye gishasha!

Janine: Twarabonye kandi ko Yehova Imana ababazwa n’imibabaro idushikira. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko igihe abasavyi biwe bari mu marushwa, na we nyene ‘vyamuteye amarushwa.’ * Wumva none bidahumuriza kumenya ko Imana itwumvira impuhwe igihe turi mu mibabaro?

Sofiya: Emwe, birahumuriza koko!

Janine: Ubwa nyuma, twarabonye yuko kuba Umuremyi wacu afise ububasha ntangere vyerekana ko ashobora guhaguruka agakuraho imibabaro igihe cose yobigomba.

Sofiya: Aho nyene ni ho mfise ikibazo. Kubera iki Imana ireka ivyo bibi vyose bikadushikira kandi ifise ububasha bwo kubihagarika?

NI NDE YAVUGA UKURI?

Janine: Mu kurondera inyishu y’ico kibazo, reka tuje mu gitabu ca mbere ca Bibiliya citwa Itanguriro. Woba uzi inkuru yerekeye Adamu na Eva be na ca camwa Imana yababuza?

Sofiya: Ego, iyo nkuru barayitwigishije mu misa y’abana. Hari igiti Imana yababujije kuryako, mugabo ntibayumvira barakiryako.

 Janine: Ni vyo. Reka rero twibande ku vyatumye Adamu na Eva bacumura. Ivyo biradufasha gutahura igituma dushikirwa n’imibabaro. Ubona wosoma mw’Itanguriro ikigabane ca 3, ku murongo wa 1 gushika ku wa 5?

Sofiya: Nta ngorane. Havuga hati: “Inzoka ni yo yari igikoko ciyubara kuruta ibikoko vyose vyo mu gahinga Yehova Imana yari yararemye. Ibwira rero nya mugore iti: ‘Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima?’ Uwo mugore na we abwira iyo nzoka ati: ‘Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako. Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima, Imana yavuze iti: “Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe.” ’ Iyo nzoka ica ibwira uwo mugore iti: ‘Haba namba ntimuzopfa. Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi.’ ”

Janine: Urakoze. Reka twihweze iyo mirongo gatoya. Ubwa mbere, urabona ko inzoka yavuganye n’umugore, ari we Eva. Hari ikindi gitabu co muri Bibiliya cerekana ko Shetani ari we mu vy’ukuri yavuganye n’uwo mugore akoresheje iyo nzoka. * Shetani yarabajije Eva ivyerekeye itegeko Imana yari yatanze ku bijanye n’igiti kanaka. Woba wabonye igihano Imana yavuze ko Adamu na Eva boronse baramutse bariye kuri ico giti?

Sofiya: Yavuze ko bopfuye.

Janine: Neza cane. Mu majambo Shetani yaciye yongerako, yaragirije Imana bimwe bikomeye. Yavuze ati: “Haba namba ntimuzopfa.” Shetani yari yise Imana umubeshi.

Sofiya: Ivyo bimbereye bishasha!

Janine: Kandi igihe Shetani yita Imana umubeshi, yaravyuye ikibazo cosavye umwanya kugira ngo gitorerwe umuti. Woba utahura igituma?

Sofiya: Sindabitahura neza.

Janine: Reka ndabitangire akarorero. Dufate ko nje nkakubwira ko ndagusumvya inguvu. Wompinyuza gute?

Sofiya: Nibaza ko twoca dukora ikintu cokwerekana uwusumvya uwundi inguvu.

Janine: Ni vyo. Kumbure twohitamwo ikintu kanaka kiremereye maze tukaraba uwushoboye kugiterura. Mu bisanzwe, kwerekana uwurusha uwundi inguvu ntibigoye.

Sofiya: Ndabona ico ushaka kuvuga.

Janine: Ariko dufate ko aho kuvuga ko ndakurusha inguvu, mvuze yuko ndi imvugakuri kukurusha? Urumva nawe ko atari cokimwe, ndabeshe?

Sofiya: Nanje ni ko ndavyumva.

Janine: Nakare, ico umuntu yokora kugira yerekane ko afise inguvu si co yokora kugira yerekane ko ari imvugakuri.

Sofiya: Aho ntubeshe.

Janine: Mu vy’ukuri, uburyo bumwe rudende bwo gutorera umuti ico kibazo kwoba ukureka hagaca igihe kugira ngo abantu batwihweze, barabe uwuvuga ukuri gusumba uwundi muri twebwe uwo ari we.

Sofiya: Ivyo birumvikana.

Janine: Reka rero tugaruke muri ya nkuru yo mw’Itanguriro. Shetani yoba yavuze ko arusha inguvu Imana?

Sofiya: Oya.

Janine: Iyo Shetani avuga ukwo, ubwo nyene Imana yari guca imubeshuza. Ahubwo Shetani yerekanye ko ari imvugakuri gusumba Imana. Ni nk’aho yabwiye Eva ati: ‘Imana iriko irakubesha, mugabo jewe ndiko nkubwira ukuri.’

Sofiya: Uzi ko ari vyo?

Janine: Kubera ko Imana ifise ubukerebutsi, yaciye ibona ko uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutorera umuti ico kibazo ari ukureka hagaca igihe. Uwuvuga ukuri n’uwubesha, botevye bakamenyekana.

IKIBAZO GIHAMBAYE

Sofiya: None Eva akimara gupfa, ntivyaciye vyerekana ko Imana ari yo yavuga ukuri?

Janine: Twovuga ko ari ko vyagenze. Mugabo ikibazo Shetani yavyuye nticagarukira aho. Subira  urabe ku murongo wa 5. Woba ubona ikindi kintu Shetani yabwiye Eva?

Sofiya: Yavuze ko Eva ariye kuri ca camwa, amaso yiwe yari guca yuguruka.

Janine: Ni vyo. Ariko yavuze kandi yuko Eva yociye “[a]mera nk’Imana, [a]kamenya iciza n’ikibi.” Shetani rero yashatse kwerekana yuko hari ikintu ciza Imana yima abantu.

Sofiya: Ndavyumva.

Janine: N’ico kibazo cari gihambaye.

Sofiya: Ushatse kuvuga iki?

Janine: Mu kubwira Eva arya majambo, Shetani yashatse kumwereka ko we hamwe n’abantu bose muri rusangi, borushirije kumererwa neza baramutse babayeho batisunga Imana. No kuri ico kibazo, Yehova yaratahura ko uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kugitorera umuti ari ukureka Shetani akerekana ko ivyo avuga ari vyo. Imana yaciye rero ireka Shetani aramara igihe atwara isi. Shetani ni we mu vy’ukuri atwara isi, si Imana. * Ni co gituma tubona abantu bashikirwa n’imibabaro myinshi. Ariko rero hari ikintu ciza ukwiye kumenya.

Sofiya: Ico kintu ni ikihe?

Janine: Bibiliya iravuga ibintu bibiri biremesha ku bijanye n’Imana. Ica mbere ni uko Yehova abibona igihe tuba turi mu mibabaro. Nk’akarorero, raba amajambo Umwami Dawidi yavuze muri Zaburi 31:7. Dawidi yarashikiwe n’imibabaro myinshi mu buzima bwiwe, mugabo raba ivyo yavuze mw’isengesho yatuye Imana. Woshima gusoma uwo murongo?

Sofiya: Egome. Havuga hati: “Nzonezererwa ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, bumpimbare, kuko wabonye amarushwa yanje; wamenye amagorwa y’umutima wanje.”

Janine: Naho rero Dawidi yashikiwe n’imibabaro, yarahumurizwa no kumenya ko Yehova yabona ivyariko biramushikira vyose. Wumva bihumuriza kumenya yuko Yehova azi vyose, mbere n’imibabaro tugira abandi bantu badatahura vy’ukuri?

Sofiya: Birahumuriza koko.

Janine: Ikintu kigira kabiri womenya kiremesha ku bijanye n’Imana ni uko itazoreka ngo dushikirwe n’imibabaro ibihe bidahera. Bibiliya ivuga yuko vuba Imana igiye gukuraho intwaro mbi ya Shetani. Kandi izokuraho ibibi vyose bishikira abantu, ushizemwo n’ivyagushikiye wewe n’umuvyeyi wawe. Ubona nogaruka ku ndwi iza, nkakwereka igituma twokwizigira tudakeka ko vuba Imana igiye gukuraho imibabaro yose? *

Sofiya: Vyompimbara.

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ par. 7 Raba “Ikiyago icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza—Imana yoba yitaho imibabaro yacu?”, mu nomero yo ku wa 1 Mukakaro 2013 y’iki kinyamakuru.

^ par. 61 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 9 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Raba n'ibindi

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Raba ukuntu ivyo abantu badukikuje bakora be n’ingeso zabo vyerekana ko ubu turi mu “misi ya nyuma” Bibiliya yari yaravuze.