Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Imana imeze gute?

Imana ni impwemu itaboneka. Ni yo yaremye ijuru, isi n’ibintu vyose bifise ubuzima. Nta n’umwe yaremye Imana, akaba ari co gituma itagira intango. (Zaburi 90:2) Imana yipfuza ko abantu bayirondera kandi bakamenya ukuri ku biyerekeye.—Soma Ivyakozwe 17:24-27.

Turashobora kumenya izina ry’Imana. Twihweje ivyo yaremye, turashobora kubona kamere zayo zimwezimwe. (Abaroma 1:20) Ariko kugira ngo tumenye neza Imana, turakeneye kwiga Ijambo ryayo Bibiliya. Riratuma tumenya kamere zayo z’igikundiro.—Soma Zaburi 103:7-10.

Imana ibona gute akarenganyo?

Umuremyi wacu Yehova aranka akarenganyo. Vyongeye, yaremye abantu mw’ishusho yiwe. (Gusubira mu vyagezwe 25:16) Ni co gituma benshi muri twebwe banka akarenganyo. Imana si yo iteza akarenganyo tubona hirya no hino. Imana yarahaye umuntu ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ikibabaje ni uko abantu benshi babukoresha nabi bakarenganya abandi. Yehova biramubabaza mu mutima.—Soma Itanguriro 6:5, 6; Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5.

Kubera ko Yehova akunda ubutungane, ntazobandanya kwihanganira akarenganyo. (Zaburi 37:28, 29) Bibiliya isezerana yuko vuba Imana igiye gukuraho akarenganyo kose.—Soma 2 Petero 3:7-9, 13.

Bibiliya isezerana ko vuba Imana igiye gutunganiriza abantu bose