Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Munyonyo 2013

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina

IVYO BENSHI BEMERA

“Ntiturumvikana nimba twonavuga ko Imana ifise izina, canke ngo tumenye iryo ari ryo nimba irifise.”—Vyavuzwe n’umuhinga mu vy’idini yitwa David Cunningham, mu gitabu Theological Studies.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO

Imana yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Yehova ni izina ry’igiheburayo risobanura ngo “Atuma biba.”—Raba Inyongera ya 1 ku ngingo ya 1 muri Bibiliya y’isi nshasha.

Yehova yipfuza ko dukoresha izina ryiwe. Bibiliya ivuga iti: “Nimwambaze izina ryiwe. Nimumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora. Nimuvuge yuko izina ryiwe rishizwe hejuru.”Yesaya 12:4.

Yezu yarakoresha izina ry’Imana. Ku bijanye n’abigishwa biwe, yasenze Yehova ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.” Ni kubera iki none Yezu yamenyesheje abigishwa biwe izina ry’Imana? Yabandanije ati: “Kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”Yohani 17:26.

IGITUMA BIHAMBAYE

Umwigisha w’ivy’idini yitwa Walter Lowrie yanditse ati: “Umuntu atazi izina ry’Imana nta yo aba azi vy’ukuri, kandi ntashobora kuyikunda mu gihe yoba yiyumvira gusa ko Imana ari inguvu nsigabwenge.”

Guhisha canke gusubiriza izina ry’uruharo ry’Imana ni nko kurigegena ukarikura muri Bibiliya

Umugabo umwe yitwa Victor, buri ndwi yahora aja gusenga, ariko yabona ko atazi Imana vy’ukuri. Avuga ati: “Igihe namenya ko izina ry’Imana ari Yehova, wamenga ni ho ngitangura kuyimenya. Numvise umengo ngiye nabona uwo nari maze igihe numva amakuru menshi amwerekeye. Nahavuye mbona ko Imana ibaho koko nongera ndagiranira ubucuti na yo.”

Yehova na we ariyegereza abantu bakoresha izina ryiwe. Ku bijanye n’ “abiyumvira izina ryiwe,” asezerana ati: “Nzobagirira impuhwe nk’uko umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amukorera.” (Malaki 3:16, 17) Imana iraha impera abambaza izina ryayo. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.”Abaroma 10:13.