Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI NYAKANGA 2013

 INKURU Y’UBUZIMA

Naho turi abakene turi abatunzi mu vy’Imana

Naho turi abakene turi abatunzi mu vy’Imana

Sogokuru na dawe baba mu nzu itari bwarangire kwubakwa mu kigwati citwa Cotiujeni, kikaba cari ikigwati c’abantu batobato co mu buraruko bw’igihugu ubu citwa Moldaviya. Aho ni ho navukiye muri Kigarama 1939. Babaye Ivyabona vya Yehova mu ntango z’imyaka ya 1930. Mawe amaze kubona ko sogokuru azi Bibiliya kuruta umupatiri wo muri ico kigwati, na we nyene yaciye aba Icabona ca Yehova.

Mfise imyaka itatu, dawe na datawacu hamwe na sogokuru barangajwe bajanwa mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho, bahorwa ko batagira aho bahengamiye mu vya politike kubera ari abakirisu. Sogokuru na datawacu baguyeyo harokoka dawe gusa. Mu 1947, inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, dawe yagarutse imuhira umugongo warakenyutse. Naho yari amerewe nabi ku mubiri, yagumye ashikamye mu kwizera kwiwe.

HABA AMAHINDUKA AKOMEYE MU BUZIMA BWACU

Mfise imyaka icenda, umuryango wacu hamwe n’ibindi Vyabona vya Yehova amajana n’amajana b’Abanyamoldaviya twarangarijwe muri Siberiya. Ku wa 6 Mukakaro 1949, baradushoreye badupakira mu biduga bigenewe ibitungwa. Tumaze imisi 12 tugira urugendo rw’ibilometero birenga 6.400 ata guhagarara, twahavuye duhagarara ku gituro c’amagariyamoshi c’i Lebyazhe. Abategetsi baho bari baturindiriye. Baratugabuye mu migwi mitomito, ubwo nyene baca badushwiragiza muri ako karere kose. Umugwi narimwo waciye uja kuba mw’ishure rimwe ryagaragara. Twari twarushe twasanzaye kandi tubabaye cane. Umukenyezi umwe twari kumwe ageze mu zabukuru yaratanguye kuririmba ayingira ururirimbo rwatunganijwe n’Ivyabona vya Yehova mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Mu nyuma, bose baciye bajana na we n’umutima wabo wose mu kuririmba bati:

“Abavukanyi benshi barangarijwe kure.

Babajanye mu buraruko no mu buseruko.

Baciriwe urubanza rubateza ivyago bongera barihanganira ibigeragezo bimeze nk’urupfu, bahorwa gukorera Imana.”

Vyahavuye bikunda ko tuza turagira amakoraniro yo kwiga Bibiliya ku misi yose y’iyinga, akaba yabera ku bilometero nka 13 uvuye aho twaba. Kenshi twava muhira kare mu mwiza wo mu rushana, tukagenda n’amaguru duca mu rubura rw’ifu rutugera mu mafyinga, mu bukanye bwa dogere 40 munsi y’ubusa. Twakoranira mu kumba gatoyi k’imetero kwadarato 19 turi abantu 50 canke barenga. Amakoraniro yatangurwa n’ururirimbo rumwe, zibiri canke zitatu. Haca hatangwa isengesho rivuye ku mutima, tugaca tuganira ku bibazo bishingiye kuri Bibiliya. Ivyo vyamara hafi isaha canke isaha ikwiye. Twaca turirimba izindi ndirimbo, hanyuma tukaganira ku bindi bibazo bishingiye kuri Bibiliya. Ntiworaba ingene cari ikiringo gikomeza ukwizera!

DUHANGANA N’AYANDI MAHINDUKA

Igihe twari ku gituro c’amagariyamoshi, nko mu 1974

Mu 1960, Ivyabona vya Yehova bari barangajwe bararonse umwidegemvyo wiyongereye. Naho twari dukenye, narashoboye kuja gutembera muri Moldaviya, aho nahuriye na Nina; na we nyene abavyeyi biwe, sekuru na inakuru bari Ivyabona vya Yehova. Bidatevye twarubakanye, duca dusubira muri Siberiya, aho twavyariye umukobwa yitwa Dina mu 1964 n’umuhungu yitwa Viktor  mu 1966. Haciye imyaka ibiri, twarimukiye muri Ukraine, tuba mu kazu gatoya mu gisagara citwa Dzhankoy kiri ku bilometero nka 160 uvuye i Yalta, mu gace k’isi kinjira mu mazi kitwa Crimée.

Aho i Crimée igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe, nk’uko vyari bikiri muri Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti hose. Ariko amategeko yatubuza ntiyari akaze cane, eka n’uruhamo ntirwari rukaze. Hari rero Ivyabona vya Yehova baciye batangura kugabanya umwete. Biyumviriye yuko hari hageze ko bakora bivuye inyuma kugira baronke amatungo, baravye amahano bari baraboneye muri Siberiya.

HABA IBINTU BINEZEREYE N’IBIHAGARIKA UMUTIMA

Ku wa 27 Ntwarante 1991, Ivyabona vya Yehova baremewe n’amategeko mu gihugu cose cahoze citwa Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Bidatevye, mu gihugu cose haciye hatunganywa amahwaniro indwi adasanzwe y’imisi ibiribiri. Twebwe twari kwitaba iryari kubera i Odessa muri Ukraine, rikaba ryari gutangura ku wa 24 Myandagaro. Nahashitse hagisigaye ukwezi ngo ribe, kugira ngo mfashe mu bikorwa vyo gutegura ikibuga c’umupira w’amaguru cari kuberamwo iryo hwaniro.

Kubera ko twakora gushika ku mugoroba, kenshi mw’ijoro twarara ku ntebe zo muri ico kibuga. Ivyabona vya Yehova b’abakenyezi basukura ikibanza gikikuje ico kibuga. Twahakuye imicafu ipima amatoni nka 70. Abo mu rwego rujejwe uburaro baragenduye igisagara kugira ngo baronderere uburaro abantu 15.000 bokwitavye iryo hwaniro bavuye mu tundi turere. Hinge rero tuje twumva inkuru y’agacamugongo!

Ku wa 19 Myandagaro, hasigaye gusa imisi itanu ngo ihwaniro ryacu ritangure, Mikhaïl Gorbatchev, uwari prezida wa Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, yarahagaritswe igihe yari mu karuhuko hafi y’i Yalta, hakaba hatari kure y’aho twari. Baciye batwaka uruhusha rwo kugira iryo hwaniro. Abari kwitaba iryo hwaniro bavuye mu yindi mihingo baciye batangura gutelefona komite y’ihwaniro babaza bati: “Tubigenze gute ko twari tumaze kuriha amatike ya bisi n’amagariyamoshi?” Abari bajejwe gutunganya iryo hwaniro bamaze gusenga cane, babishuye bati: “Murapfa kuza!”

Imyiteguro yarabandanije, n’amasengesho menshimenshi. Urwego rujejwe gutwara ibintu rwaciye rutangura kwakira abariko barashika bavuye mu mihingo itandukanye ya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, babajana aho babacumbikiye. Uko bukeye, abo muri Komite y’ihwaniro bama bagiye kubonana n’abategetsi b’ico gisagara. Ariko ku mugoroba bataha ata kajambo k’ihumure bazanye.

AMASENGESHO YACU YISHURWA

Ku wa kane, igenekerezo rya 22 Myandagaro, hakaba hari hasigaye imisi ibiri ngo iryo hwaniro ritangure, abo muri Komite y’ihwaniro baje bazanye agakuru keza: Twari twemerewe kugira ihwaniro! Ntiworaba umunezero twari dufise igihe twariko turaririmba ururirimbo rwugurura iryo hwaniro maze tugakurikira isengesho ry’intango. Inyuma y’ikiringo gisozera co ku wa gatandatu, twarahatevye gushika ku mugoroba, tuganira twongera turyoherwa no gusubira kubonana n’abagenzi. Twari kumwe n’abakirisu bakomeye mu kwizera bari bagumye bashikamye mu bigeragezo bigoye cane.

Ihwaniro ryabereye i Odessa, mu 1991

Mu myaka irenga 22 yakurikiye iryo hwaniro, Ivyabona vya Yehova baragize iterambere ridasanzwe. Ingoro z’Ubwami zarubatswe hirya no hino muri Ukraine, igitigiri c’abamamaji b’Ubwami na co kirongerekana; mu 1991 bari 25.000 ariko ubu barenga 150.000!

TURACARI ABATUNZI MU VY’IMANA

Umuryango wacu uracaba muri ya nzu nyene muri ca gisagara citwa Dzhankoy, ubu kikaba kibamwo abantu nka 40.000. Naho igihe twashika muri ico gisagara tuvuye muri Siberiya mu 1968 twahasanze imiryango mikeya y’Ivyabona vya Yehova, ubu hari amashengero atandatu.

Umuryango wanje na wo nyene waragutse. Ubu turi amayaruka ane akorera Yehova: ni ukuvuga jewe n’umukenyezi wanje, abana bacu, abuzukuru n’abuzukuruza.