Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Shetani yakomotse he?

Imana ntiyaremye Shetani. Ahubwo Imana yaremye umumarayika yahavuye acika Shetani. Amajambo Yezu yavuze arerekana ko Shetani yigeze kuba ari imvugakuri n’intungane. Mu ntango rero, Shetani yari umumarayika w’Imana agororotse.—Soma Yohani 8:44.

Vyagenze gute ngo uwo mumarayika mwiza acike Shetani?

Uwo mumarayika yacitse Shetani yahisemwo kurwanya Imana hanyuma arosha umugabo n’umugore ba mbere ngo bamwiyungeko. Ukwo ni ko ubwiwe yigize Shetani, bisobanura ngo “Umurwanizi.”—Soma Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuwe 12:9.

Cokimwe n’ibindi biremwa vy’Imana bifise ubwenge, uwo mumarayika yari afise ubushobozi bwo guhitamwo gukora iciza canke ikibi, mugabo yatsimbataje icipfuzo c’uko yosengwa. Yipfuza cane kwironkera ubuninahazwa kuruta uko yipfuza guhimbara Imana.—Soma Matayo 4:8, 9; Yakobo 1:13, 14.

None Shetani yabandanije gute kwosha abantu? Woba ukwiye kumutinya? Bibiliya irishura ivyo bibazo.