Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twoba dukwiye kubaza Imana?

Twoba dukwiye kubaza Imana?

HARI abavuga yuko atari vyiza kubaza Imana ibibazo. Babona yuko hamwe umuntu yobaza Imana igituma ireka canke itareka ibintu kanaka ngo bibe kwoba ari ukutayubaha. Woba nawe ari ko ubibona?

Nimba ari ko ubibona, hari aho vyogutangaza umenye yuko hari abantu batari bake b’intungane babajije Imana ibibazo. Ng’ibi ibibazo bimwebimwe bayibajije:

Wa mwizigirwa Yobu yayibajije ati: Kuki uhisha mu maso hawe ukamfata nk’umwansi wawe?”​Yobu 13:24.

Habakuki, wa muhanuzi w’Imana w’intahemuka, yayibajije ati: “Kubera iki witegereza ibihemu, ukaguma winumiye igihe umubisha amira uwumurusha ubugororotsi?”​Habakuki 1:13.

Yezu Kristu na we yayibajije ati: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye?”​Matayo 27:46.

Usomye imirongo ikikuje ayo majambo bavuze, urabona ko ata na kimwe cerekana ko ivyo bibazo bivuye ku mutima babajije vyababaje Yehova * Imana. Mu vy’ukuri, ntibitangaje kubona bitamubabaje. Nk’akarorero, Imana ntibona ko tuba tuyitutse igihe tuyisavye ngo ituronse ibintu vya nkenerwa imibiri yacu ikeneye kugira ngo tugume dufise amagara meza. Irahimbarwa no kubituronsa. (Matayo 6:11, 33) Vyongeye, iraturonsa n’umutima ukunze amakuru ashobora gutuma tuguma dutekaniwe mu bwenge no mu mutima. (Abafilipi 4:6, 7) Kukaba nkako, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mugume musaba, muzohabwa.” (Matayo 7:7) Imirongo ikikuje uwo murongo Yezu yatanzemwo uwo muhango irerekana ko atashaka kuvuga ivy’ukuronka ibintu vy’umubiri gusa, ahubwo ko yashaka kuvuga n’ibijanye no kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye.

Hamwe woronka akaryo ko kubaza Imana ibibazo, ni ikibazo ikihe muri ibi woshima kuyibaza?

  • Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?

  • Bizongendera gute ninapfa?

  • Kubera iki ureka ngashikirwa n’imibabaro?

Kubera ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana,” inyishu Imana itanga uzisanga mw’Ijambo ryayo Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Rimbura ivyatumye bamwebamwe babaza ivyo bibazo be n’inyishu Bibiliya itanga.

^ ing. 7 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.