Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Injili zitari izo muri Bibiliya zoba zihishura ivyanyegejwe ku bijanye na Yezu?

Injili zitari izo muri Bibiliya zoba zihishura ivyanyegejwe ku bijanye na Yezu?

Injili zitari izo muri Bibiliya zoba zihishura ivyanyegejwe ku bijanye na Yezu?

“IKI ni ikintu gikomeye cubuwe. Abantu benshi ntibizobaryohera.” “Iki kintu kirahinduye ukuntu twari dusanzwe dutahura ubukirisu bwo mu ntango.” Ayo majambo akomeye yavuzwe n’incabwenge zariko zigina isohorwa ry’“Injili ya Yuda,” ico kikaba ari igisomwa vyiyumvirwa ko cari kimaze ibinjana birenga 16 carazimiye (ni ico cerekanywe aho hejuru).

Ubu abantu bariko barasubira kurondera kumenya ivy’izo njili zitari izo muri Bibiliya. Hari abavuga ko zihishura ibintu bihambaye vyabaye mu buzima bwa Yezu be n’inyigisho zihambaye yigishije, bino bikaba vyaramaze igihe kirekire binyegejwe. None izo njili ni injili bwoko ki? Zoba koko zishobora kutwigisha ukuri tudashobora gusanga muri Bibiliya kwerekeye Yezu n’ubukirisu?

Injili zo muri Bibiliya n’izitari izo muri Bibiliya

Hagati y’umwaka wa 41 n’uwa 98 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), Matayo, Mariko, Luka na Yohani baranditse inkuru zivuga ivya Yezu Kristu. Izo nkuru rimwe na rimwe zitwa injili, bisobanura “inkuru nziza” yerekeye Yezu Kristu.​—Mariko 1:1.

Naho hashobora kuba hariho inkuru zerekeye Yezu zagiye zirahererekanwa ku munwa be n’ibindi abantu banditse ku bimwerekeye, izo Njili zine ni zo zonyene zabonwa ko zahumetswe n’Imana kandi ko ari zo zikwiye kuba mu bitabu bigize Ivyanditswe Vyeranda, zikaba rero ari zo zerekana amakuru y’“ukuri” ku bijanye n’ubuzima Yezu yagize kw’isi be n’inyigisho ziwe. (Luka 1:1-4; Ivyakozwe 1:1, 2; 2 Timoteyo 3:16, 17) Izo Njili zine turazisanga mu ntonde za kera z’ibitabu vyemewe ko biri mu bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Nta mvo yotuma umuntu akekeranya ko ziri mu bigize Ijambo ry’Imana ryahumetswe.

Ariko rero, hari ibindi vyandikano vyahavuye bitangura kwaduka vyiswe na vyo nyene injili. Izo rero ni zo zitwa injili zitari izo muri Bibiliya. *

Mu mpera z’ikinjana ca kabiri, Irénée w’i Lyon yaranditse yuko abari barahevye ubukirisu bagacika abahuni bari bafise “igitigiri kitovugwa c’ivyandikano bitari ivyo muri Bibiliya kandi vy’uruhendo,” ushizemwo n’injili “bifondafondeye, kugira bavuruge ubwenge abatabona kure.” Ku bw’ivyo, gusoma injili zitari izo muri Bibiliya, mbere no kuzitunga, vyahavuye bibonwa ko birimwo akaga.

Ariko abamonaki n’abimuzi b’ibisomwa bo mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 bagiye barimura bongera bazigama ivyo bisomwa ngo ntibizimangane. Mu kinjana ca 19, abantu bararushirije kurondera kumenya ibijanye n’ivyo bisomwa, kandi harubuwe ibisomwa vyinshi vy’ivyandikano bitari ivyo muri Bibiliya hamwe n’ibisomwa vyavyo vyinshi vyasuzumwe n’abahinga, hakaba harimwo n’injili zitari nke. Ubu hariho ibitabu mwene ivyo vyasohowe mu ndimi nkurunkuru zo mu gihe ca none.

Ni inkuru zivuga ibintu bitabaho ku bijanye na Yezu

Injili zitari izo muri Bibiliya akenshi zibanda ku bantu ata vyinshi bavugwako canke mbere ata na kimwe bavugwako muri zirya Njili zemewe zo muri Bibiliya. Canke na ho zigana ibintu bivugwa yuko ngo vyabaye Yezu akiri umwana. Ehe uburorero bumwebumwe.

◼ “Injili yo mu ntango ya Yakobo,” iyitwa kandi “Ivuka rya Mariya,” idondora ivuka rya Mariya, ubuzima bwiwe akiri umwana be n’ingene yubakanye na Yozefu. Ntibitangaje kubona yiswe umugani ujanye n’ivy’Imana canke igitito. Ziremesha ivyiyumviro vy’uko ngo Mariya yagumye ari isugi canke umubikira, kandi biribonekeza ko zandikiwe kumuninahaza.​—Matayo 1:24, 25; 13:55, 56.

◼ “Injili y’uwitwa ngo ni Toma” yibanda cane ku buzima bwa Yezu akiri umwana, afise hagati y’imyaka 5 na 12, ikavuga ko yakora ibitangaro bitabaho. (Raba Yonani 2:11.) Muri iyo njili, Yezu adondorwa ko yari umwana mubi, w’inkomwahato kandi yihorana, akoresha ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro kugira yihore abigisha, ababanyi n’abandi bana, bamwe akabahumisha, akabamugaza, canke mbere akabica.

◼ Zimwezimwe mu njili zitari izo muri Bibiliya, nk’“Injili ya Petero,” zivuga canecane ibijanye n’isambishwa rya Yezu, urupfu rwiwe n’izuka ryiwe. Izindi na zo, nk’iyitwa “Ivyakozwe na Pilato,” ikaba ari igice c’“Injili ya Nikodemu,” zivuga canecane ivy’abantu bagize uruhara muri ivyo bintu vyashikiye Yezu. Kuba izo nkuru zivuga ibintu bitabayeho be n’abantu batabayeho bituma ata wozizigira na gato. Iyo “Njili ya Petero” irondera kwambika izera Ponsiyo Pilato ikongera ikadondora izuka rya Yezu mu buryo butabaho.

Ni injili zuzuyemwo ubuhuni

Muri Kigarama 1945, hafi y’i Nag Hammadi, muri Misiri ya Ruguru, abanyagihugu barubutse ku vyandikano 13 vy’iminwe vyo mu rufunzo vyanditseko ibisomwa 52. Bivugwa ko ivyo vyandikano vyo mu kinjana ca kane vyari ivy’umuhari w’ivy’idini n’ivya filozofiya w’Abaginositike (gnosticisme). Kubera ko uwo muhari wasukiranya ivyiyumviro vy’abarondera gushikirana n’Imana biciye mu buryo nsigabwenge, ivy’abapagani, ivya filozofiya y’Abagiriki, ivy’idini ry’Abayuda, n’ivy’ubukirisu, waragira akosho kabi ku bantu bamwebamwe bavuga ko ari abakirisu.​—1 Timoteyo 6:20, 21.

“Injili ya Toma,” “Injili ya Filipo,” be n’“Injili y’Ukuri” zo muri ivyo vyandikano vyubuwe i Nag Hammadi zishikiriza ivyiyumviro nsigabwenge bitandukanye vy’Abaginositike nk’aho vyavuye kuri Yezu. “Injili ya Yuda” iheruka kwuburwa na yo nyene iharurwa mu njili zirimwo ivyiyumviro vy’Abaginositike. Idondora Yuda mu buryo bwiza, ikerekana ko ari we ntumwa yonyene yari izi neza Yezu uwo ari we. Umuhinga umwe yanonosoye ivy’iyo njili avuga ko iyo njili yerekana ko Yezu ari “umwigisha n’umuhishuzi w’ubukerebutsi n’ubumenyi, atari umurokozi apfa kubera ibicumuro vy’isi.” Injili zahumetswe n’Imana zozo zigisha ko Yezu yapfuye koko bwa kimazi c’ibicumuro vy’isi. (Matayo 20:28; 26:28; 1 Yohani 2:1, 2) Si agaseseshwarumuri, injili zirimwo ivyiyumviro vy’Abaginositike zifise intumbero yo gutuma tureka kwizera Bibiliya aho gutuma turushiriza kuyizera.​—Ivyakozwe 20:30.

Injili zo muri Bibiliya zozo ni agaheta

Umuntu yihweje yitonze izo njili zitari izo muri Bibiliya, arabona ko atari iz’ukuri. Uzigereranije na zirya Njili zo muri Bibiliya, biribonekeza ko zitahumetswe n’Imana. (2 Timoteyo 1:13) Kubera ko zanditswe n’abantu batigeze bamenya Yezu canke intumwa ziwe, nta kuri kunyegejwe zihishura kuri Yezu no ku bukirisu. Ahubwo riho, zirimwo inkuru zitari zo abantu biremaremeye zidafasha umuntu kumenya Yezu n’inyigisho ziwe.​—1 Timoteyo 4:1, 2.

Matayo na Yohani bobo bari muri za ntumwa 12; Mariko yarakoranye cane na Petero, Luka na we akorana cane na Paulo. Injili banditse bazanditse bayobowe n’impwemu nyeranda y’Imana. (2 Timoteyo 3:14-17) Ku bw’ivyo, izo Njili zine zirimwo amakuru yose umuntu akeneye kugira yemere ko “Yezu ari we Kristu Umwana w’Imana.”​—Yohani 20:31.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 7 Izina baha izo njili rikomoka kw’ijambo ry’ikigiriki risobanura “kunyegeza.” Mu ntango, iryo jambo ryakoreshwa mu kuvuga igisomwa gihariwe gusa umugwi w’abantu bisunga ivyiyumviro binaka kikaba cari kinyegejwe abatari muri uwo mugwi. Ariko rero, ryahavuye rikoresha mu kuvuga ivyandikano bitari mu rutonde rw’ibitabu vyemewe ko bigize Bibiliya.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 18]

Kenneth Garrett/National Geographic Stock