Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Iribuka ko “turi umukungugu”

Iribuka ko “turi umukungugu”

 Niwiyegereze Imana

Iribuka ko “turi umukungugu”

“SINABONA ko Yehova yombabariye koko, kandi nabona ko uwo muzigo nowikoreye ubuzima bwanje bwose.” Ukwo ni ko umugore umwe w’umukirisu yanditse ku bijanye n’amakosa yari yarakoze kera. Vy’ukuri, ijwi ryo mu mutima ritwagiriza ni umuzigo uremereye utoroshe gutwara. Ariko rero, Bibiliya iratanga impumurizo ishobora kugabanya umubabaro abacumuye bakigaya bagira. Zirikana amajambo y’umwanditsi w’amazaburi Dawidi ari muri Zaburi 103:8-14.

Dawidi yari azi ko “Yehova [ari] umunyembabazi” kandi ko ‘ataguma adutora amahinyu.’ (Umurongo wa 8-10) Igihe Imana ibonye imvo yotuma igirira imbabazi uwacumuye, irazimugirira igaherezako. Dawidi, uwari yarakanongoreye mu vyo kuryosha imvugo, arakoresha imvugo ngereranyo zitatu kugira yerekane urugero Imana igezako mu kutubabarira.

“Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi, ni ko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari agahebuza ku bamutinya.” (Umurongo wa 11) Iyo twitegereje iyo hejuru mw’ijoro, biratugora kwiyumvisha ikirere kiri hagati y’inyenyeri n’isi. Mu kuvuga ayo majambo, Dawidi aradufasha gutahura urugero Yehova ashikanako mu kutugirira imbabazi, uwo ukaba ari umuce w’urukundo rudahemuka rwiwe. Izo mbabazi zigirirwa ‘abatinya’ Imana, ni ukuvuga “abayubaha rwose bicishije bugufi kandi babikuye ku mutima” nk’uko incabwenge imwe ibivuga.

“Nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba, ni ko yashize kure yacu ibigabitanyo vyacu.” (Umurongo wa 12) Izindi Bibiliya zivuga ngo “nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero.” None ni kure ukungana iki? Ni kure rwose, kure dushobora kwiyumvira. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga giti: “Nutembereze ubwenge ugende gushika aho bushobora kugarukira; uko utera intambwe ugana mu buseruko ni ko urushiriza kuja kure y’uburengero.” Dawidi ariko atubwira ko igihe Imana itubabariye ibicumuro vyacu, ibishira kure yacu rwose, kure dushobora kwiyumvira.

“Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe, ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya.” (Umurongo wa 13) Dawidi, ubwiwe akaba yari sebibondo, yari azi ukuntu sebibondo w’umunyarukundo yiyumva mu mutima. Uwo sebibondo arumvira impuhwe abana biwe, na canecane igihe bari mu mubabaro. Dawidi adukura amazinda yuko Data wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo agirira imbabazi abana biwe bo kw’isi, na canecane igihe imitima yabo yigaya iba ‘imenaguritse kandi ijanjaguritse’ kubera ibicumuro vyabo.​—Zaburi 51:17.

Dawidi amaze gukoresha izo mvugo ngereranyo zitatu, arerekana igituma Yehova agirira imbabazi abantu badatunganye. Avuga ati: “Ubwiwe azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.” (Umurongo wa 14) Yehova arazi ko twaremwe mu mukungugu, ko turi n’ubugoyagoye be n’uko hari ivyo tudashoboye. Kubera yuko azi ko turi abanyabicumuro, ‘ariteguriye kutubabarira’ igihe twerekanye ko twigaye bivuye ku mutima.​—Zaburi 86:5.

Woba ukorwa ku mutima n’ayo majambo Dawidi yavuze ku bijanye n’imbabazi za Yehova? Wa mugore twavuga mu ntango yaratohoje ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’uko Imana yiteguriye kutubabarira, maze avuga ati: “Ndatanguye kubona ko nshobora vy’ukuri kurushiriza kwiyegereza Yehova, kandi umuzigo nari nikoreye ubu numva umaze kumvako.” * Ubona gute urondeye kumenya n’ibindi ku bijanye n’imbabazi z’Imana be n’ukuntu wozigirirwa? Hari aho nawe wokwumva umuzigo wari wikoreye ukuvuyeko.

Aho turemeshejwe gusoma muri Myandagaro:

Zaburi 87-118

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 7 Raba ikigabane ca 26 kivuga ngo “Imana ‘Igabirije Guharira’ Ivyaha,” mu gitabu Niwiyegereze Yehova casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]

“Ndatanguye kubona ko nshobora vy’ukuri kurushiriza kwiyegereza Yehova, kandi umuzigo nari nikoreye ubu numva umaze kumvako”