Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokwigisha abana ivy’Imana—Uburyo bwiza kuruta ubundi ni ubuhe?

Ingene wokwigisha abana ivy’Imana—Uburyo bwiza kuruta ubundi ni ubuhe?

 Ingene wokwigisha abana ivy’Imana​​—Uburyo bwiza kuruta ubundi ni ubuhe?

“Aya majambo ndagutegetse uno musi aze abe ku mutima wawe; kandi uze uyashimangire mu mwana wawe wongere uyage ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye, n’igihe uvyutse.”​—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 6:6, 7.

RIMWE NA RIMWE, abavyeyi boshobora kwumva barengewe n’ibanga ryo kwigisha abana babo. Ariko rero, igihe barondera impanuro, boshobora kuronka impanuro umuyoro ku buryo barushiriza kuzazanirwa. Incuti n’abagenzi akenshi bama bashashaye gushikiriza ivyiyumviro vyabo. N’ikindi kandi, ibitabu, ibiganiro vyo mu binyamakuru n’imihora yo kuri Internet vyama biriko biraha abavyeyi impanuro rimwe na rimwe usanga zitavuga rumwe.

Bibiliya yo iraha abavyeyi impanuro zo kwizigirwa zerekeye ivyo bokwigisha abana babo, ikabaha n’ubuyobozi ngirakamaro bwerekana ukuntu bobigisha. Nk’uko irya mirongo yo muri Bibiliya yasubiwemwo aho haruguru ivyerekana, abavyeyi bakwiye kurondera ku musi ku musi uburyo bwo kuyaga n’abana babo ivyerekeye Imana. Ng’ibi ivyiyumviro bine gusa bishingiye kuri Bibiliya vyafashije abavyeyi ibihumbi n’ibihumbi kwigisha abana babo ivyerekeye Imana.

1. Nubigishe ufatiye ku vyaremwe. Intumwa Paulo yanditse ati: “Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.” (Abaroma 1:20) Abavyeyi barashobora gufasha cane abana babo kubona ko Imana ibaho koko mu gufatira ku vyo yaremye maze bagaca babafasha kubona kamere zayo zibonekera muri ivyo bintu yaremye.

Yezu yarakoresha ubwo buhinga igihe yaba ariko arigisha abigishwa biwe. Nk’akarorero, yavuze ati: “Ihweze neza inyoni zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira. None mwebwe ntimuzirusha agaciro?” (Matayo 6:26) Muri ayo majambo, Yezu yarashize ahabona ko Yehova afise urukundo n’impuhwe. Mugabo ntiyagarukiye aho. Yarafashije abigishwa bwiwe kuzirikana ku kuntu Imana yagaragarije urukundo n’impuhwe abana bayo.

Wa Mwami Salomo w’inkerebutsi yaravuze ivyerekeye ubukerebutsi ndemanwa Imana yahaye ibimonyo, maze afatira kuri utwo turemwa dutoduto kugira ashimike ku cigwa c’ingirakamaro.  Yavuze ati: “Genda ku kimonyo, wa kinebwe, [w]ihweze inzira zaco uheze ube inkerebutsi. Naho kitagira umukomanda, umurongozi canke umutware, gitegura indya zaco mu ci; cegeranije ivyo kurya vyaco mw’iyimbura.” (Imigani 6:6-8) Emwe, ubwo ni uburyo bukomeye bwo kutwigisha akamaro ko kwishingira imigambi y’ingirakamaro maze tugakoresha inkomezi twahawe n’Imana mu kuyishikako!

Abavyeyi bokwigana gute uburyo kirumara Yezu na Salomo bakoresheje mu kwigisha? (1) Mu kubaza abana ibimera n’ibikoko bibaryohera; (2) mu kurondera kumenya n’ayandi makuru kuri ivyo bintu; (3) mu kubereka ico ivyo vyaremwe bitwigisha ku vyerekeye Imana.

2. Niwigane uburyo Yezu yafata abo yigisha. Mu bantu babayeho bose, Yezu ni we yari afise ibintu vyo gushikiriza bihambaye kuruta ivy’abandi bose. Yamara, yamaze umwanya munini abaza ibibazo. Yaritaho cane ivyiyumviro vy’abo yigisha be n’ukuntu biyumva. (Matayo 17:24, 25; Mariko 8:27-29) N’abavyeyi barafise ibintu vyinshi bihambaye bokwigisha abana babo. Ariko rero, kugira babigishe neza, bakwiye kwigana Yezu bakabaremesha guserura iryo bagona batitinya.

Abavyeyi bokora iki nka hamwe abana bogaragaza agatima kabi canke bagateba gutahura icigwa kanaka c’ingirakamaro? Zirikana ukuntu Yezu yavyifashemwo ku bijanye n’intumwa ziwe. Vyarashika bagaharira bikomeye hagati yabo kandi baratevye gutahura akamaro ko kwicisha bugufi. Yamara, Yezu yagumye yihanganye, arabasubiriramwo incuro n’izindi ko bakwiye kwicisha bugufi. (Mariko 9:33, 34; Luka 9:46-48; 22:24, 25) Abavyeyi bigana Yezu barakosora bihanganye abana babo kandi igihe bikenewe bakabasubiriramwo icigwa kanaka gushika batahuye neza akamaro kaco. *

3. Nubigishe biciye ku karorero utanga. Vyoba vyiza abavyeyi bakurikije impanuro intumwa Paulo yahaye abakirisu b’i Roma. Yabandikiye ati: “Ariko none, wewe wigisha uwundi, ntiwiyigisha? Wewe wamamaza ngo: ‘Ntiwibe,’ uriba?”​—Abaroma 2:21.

Iyo mpanuro irahambaye kubera ko abana bakorwa ku mutima cane n’ivyo abavyeyi babo bakora kuruta uko bakorwa ku mutima n’ivyo bavuga. Mu vy’ukuri, igihe abavyeyi bashira mu ngiro ivyo bigisha birashoboka cane ko abana babo bumvira ivyo babigisha.

4. Nutangure kwigisha umwana akiri muto. Timoteyo, umwe yaherekeza intumwa Paulo mu ngendo ziwe z’ubumisiyonari, yaravugwa neza mu karere yabamwo. (Ivyakozwe 16:1, 2) Kimwe mu vyatumye avugwa neza ni uko “guhera mu buhinja” yari yarigishijwe “ivyanditswe vyeranda.” Nyina wiwe na inakuru baramusomera Ivyanditswe bakongera bakamufasha kuzirikana ku kuri kwo muri ivyo vyanditswe.​—2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.

Aho wokura imfashanyo

Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu bitari bike bigenewe gufasha abavyeyi kwigisha abana babo ukuri kwerekeye Imana. Bimwe usanga vyandikirwa abana batoyi. Ibindi na vyo birashobora gufasha abavyeyi n’abana babo b’imiyabaga kuguma baseruranira akari ku mutima. *

Ariko ntiwumve, imbere y’uko abavyeyi bigisha abana babo ivyerekeye Imana, barakeneye kubanza kumenya inyishu z’ibibazo bimwebimwe bigoye abana boshobora kubaza. Nk’akarorero, wokwishura gute ibibazo nk’ibi: Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro? Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi? Abapfuye bari hehe? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kumenya inyishu z’ivyo bibazo be n’iz’ibindi kugira ngo mwe n’umuryango wanyu mwiyegereze Imana.​—Yakobo 4:8.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 10 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘gushimangira’ mu Gusubira mu vyagezwe 6:7 ririmwo iciyumviro co gusubiramwo ikintu kenshi.

^ ing. 15 Ku bana bakiri batoyi cane, abavyeyi barashobora gukoresha igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, kino kikaba gishimika ku nyigisho za Yezu Kristu, canke bagakoresha Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, icerekana mu mvugo yoroshe ivyigwa nyamukuru dusanga muri Bibiliya. Ku bamaze kwigira haruguru, abavyeyi barashobora gukoresha ibitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1 n’ica 2.