Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikintu ca 1: Ubugingo ntibupfa

Ikintu ca 1: Ubugingo ntibupfa

Ikintu ca 1: Ubugingo ntibupfa

Ico kintu cakomotse hehe? “Abafilozofe ba kera b’abakirisu baremeye inyigisho y’Abagiriki yuko ngo ubugingo budapfa maze bavuga yuko ubugingo buremwa n’Imana kandi ko ibushira mu mubiri w’umuntu igihe asamwe inda.”​—Bivugwa n’igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) (1988), Imbumbe ya 11, ku rupapuro rwa 25.

Bibiliya ibivugako iki? Igira iti: “Ubugingo bucumura, ni bwo buzopfa.”​—Ezekiyeli 18:4, King James Version.

Ku bijanye n’iremwa ry’umuntu wa mbere, Bibiliya ivuga iti: “Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu w’ubutaka araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima, maze nya muntu aba ubugingo [mu giheburayo, neʹphesh] buzima.”​—Ni twe dushimitse; Itanguriro 2:7, American Standard Version.

Ijambo ry’igiheburayo neʹphesh, rihinduwe ngo “ubugingo” muri iyo mpinduro, risobanura ngo ‘ikiremwa gihumeka.’ Igihe Imana yarema umuntu wa mbere Adamu, ntiyamushizemwo ubugingo budapfa mugabo yamushizemwo inguvu y’ubuzima ishigikiwe n’uguhumeka. Ku bw’ivyo, ijambo “ubugingo” mu mvugo yo muri Bibiliya ryerekeza ku kiremwa kizima cose uko cakabaye. Igihe ubugingo buba butakirimwo ya nguvu y’ubuzima Imana yatanga mu ntango, buca bupfa.​—Itanguriro 3:19; Ezekiyeli 18:20.

Inyigisho yuko ngo ubugingo budapfa yaravyuye ibi bibazo: Igihe abantu bapfuye ubugingo bwabo buja hehe? Ni igiki gishikira ubugingo bw’abanyakibi? Igihe abiyita abakirisu batangura kwemera ico kintu kitari co c’uko ngo ubugingo budapfa, ivyo vyatumye bemera iyindi nyigisho itari yo, iyo na yo ikaba ari iy’umuriro udahera.

Gereranya iyi mirongo yo muri Bibiliya: Umusiguzi 3:19; Matayo 10:28 muri Bibiliya Yera; Ibikorwa 3:23

UKURI AHO KURI:

Igihe umuntu apfuye aca areka kubaho

[Iciyumviro ku rup. 4]