Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) MUNYONYO 2015

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni igiki cerekana ko igisagara ca Yeriko cafashwe ata kiringo kirekire kihaciye gisugerejwe?

Twisunze ibivugwa muri Yosuwa 6:10-15, 20, ingabo za Isirayeli zazunguruka Yeriko rimwe ku musi mu kiringo c’imisi itandatu. Ku musi ugira indwi, zazungurutse ico gisagara incuro indwi, Imana ica ituma impome amahero za Yeriko zihomvoka. Ivyo vyatumye Abisirayeli binjira i Yeriko barahigarurira. None ivyo abacukuzi bubuye vyoba bihuza n’ivyo Bibiliya ivuga yuko ico gisagara casugerejwe mu kiringo gitoya?

Kera vyari bimenyerewe ko abateye igisagara gikomeye babanza kugisugereza. Baramutse batahukanye intsinzi, baca basahura ubutunzi bw’ico gisagara ushizemwo n’ibifungurwa vyose vyaba bisigaye, naho baba bagisugereje igihe kirekire gute. Ariko rero mu bisigarira vy’igisagara ca Yeriko, abacukuzi barasanzemwo ibifungurwa vyinshi cane. Ku bijanye n’ico kintu, igitabu kimwe (Biblical Archaeology Review) kivuga giti: “Uretse ko mu bintu vyinshi basanze mu bihomvakurike harimwo injo, barasanzemwo n’intete. . . . Ico ni ikintu kidasanzwe mu nkuru za kahise zivuga ibijanye n’ivyacukuwe muri Palestina. Vyarashobora gushika ugasangamwo umubindi umwe canke ibiri, ariko gusangamwo intete nyinshi nk’izo vyari imbonekarimwe.”

Twisunze iyo nkuru yo muri Bibiliya, Abisirayeli bari bafise imvo yumvikana yo kudasahura intete z’i Yeriko. Yehova yari yarababujije. (Yos. 6:17, 18) Abisirayeli bateye ico gisagara mu mpeshi, inyuma gatoyi y’igihe c’iyimbura aho wasanga intete ari rya nawe. (Yos. 3:15-17; 5:10) Kuba i Yeriko harasigaye intete nyinshi vyerekana ko Abisirayeli bahasugereje mu kiringo gitoya, nk’uko Bibiliya ibivuga.