Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) GITUGUTU 2015

Tugume tuzirikana ku bintu vy’impwemu

Tugume tuzirikana ku bintu vy’impwemu

“Uzirikane ivyo bintu; nubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”1 TIM. 4:15.

INDIRIMBO: 57, 52

1, 2. Ni ibiki bituma ubwonko bw’umuntu buba ubudasanzwe?

URURIMI ruratuma abantu bashobora gusoma, kwandika, kuvuga, gutahura ijambo rivuzwe, gusenga no kuririmbira Yehova amashemezo. Kimwe cose muri ivyo bintu kiratangaje kandi gishoboka kubera ukuntu ubwonko bwacu bukora, akaba ari ikintu abahinga bataratahura neza gushika n’ubu. Kubera ko ubwonko bwacu budasanzwe, turashobora kwiga ururimi. Umuhinga umwe mu vy’indimi avuga ati: “Ubushobozi abana bafise bwo kwiga ururimi ni kimwe mu bintu [abantu] bisangije.”

2 Ubushobozi umuntu afise bwo kuvuga indimi ni ingabirano itangaje Imana yaduhaye. (Zab. 139:14; Ivyah. 4:11) Ubwonko Imana yaduhaye ntibusanzwe mu wundi muce uhambaye. Abantu baratandukanye n’ibikoko kuko baremwe “mw’ishusho y’Imana.” Barafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo kandi barashobora guhitamwo gukoresha ubuhanga bwo kuvuga indimi mu kuninahaza Imana.Ita. 1:27.

3. Ni ingabirano nziza cane iyihe Yehova yaduhaye kugira atugire inkerebutsi?

3 Abantu bose bipfuza gutera iteka ya Mana yaremye indimi  yarabahaye ingabirano nziza cane, na yo akaba ari Bibiliya. Iraboneka mu ndimi zirenga 2.800, yaba yose canke igice cayo. Igihe wiga ivyo vyanditswe vyeranda witonze, uba uriko uruzuza umuzirikanyi wawe ivyiyumviro vy’Imana. (Zab. 40:5; 92:5; 139:17) Gutyo, urahimbarwa no kuzirikana ibintu “bishobora kukugira inkerebutsi ku bw’ubukiriro.”Soma 2 Timoteyo 3:14-17.

4. Kuzirikana bisobanura iki, kandi ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

4 Kuzirikana bisobanura gushira umutima ku kintu maze ukaguma uciyumvira cane, caba ciza canke kibi. (Zab. 77:12; Imig. 24:1, 2) Ibintu vyiza kuruta ibindi vyose twozirikanako ni ivyerekeye Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu Kristu. (Yoh. 17:3) Ariko rero twoshobora kwibaza duti: Ni isano irihe riri hagati yo gusoma no kuzirikana? Ni uturyo utuhe dufise two kuzirikana, kandi dushobora gute gutuma bituryohera?

TWIYEMEZE NEZA KO TWUNGUKIRA KU NYIGISHO YACU

5, 6. Ni igiki codufasha kurushiriza gutahura no kwibuka ivyo twasomye?

5 Ubwonko bwacu burashobora gukora ibintu bitangaje, rimwe na rimwe mbere bukabigira tutarinze gukoresha ubwenge. Nk’akarorero, guhema, gutambuka, kunyonga ikinga canke kwandikisha imashini ni ibintu vyizana twoshobora gukora tutarinze no kwiyumvira. Ikibabaje ni uko hari n’aho bigenda gutyo nyene igihe dusoma. Birahambaye cane rero ko dushira umutima ku nsobanuro y’ivyo tuba turiko turasoma. Igihe dushitse ku mpera y’ingingo canke imbere yo kuja ku kandi gatwe, twoshobora guhagarara gatoyi tukazirikana ku vyo duhejeje gusoma kugira twiyemeze ko twabitahuye neza. Ariko ntiwumve, umuzirikanyi wacu woshobora kwangara kubera ibidusamaza be n’ukutitunira ku vyo dusoma, bigatuma ubwo busomyi ata co butumarira. None ivyo twovyirinda gute?

6 Abashakashatsi berekana ko iyo tuvuze amajambo dutobora igihe twiyigisha bituma atworohera cane kwibuka. Ivyo uwaremye ubwonko bwacu arabizi. Ni co gituma yabwiye Yosuwa gusoma “n’ijwi ritoyi” igitabu c’Itegeko. (Soma Yosuwa 1:8.) Turashobora kubona ko gusoma Bibiliya buhorobuhoro, ni ukuvuga n’ijwi ritoyi, bituma ivyo twasomye birushiriza kuguma mu bwenge. Vyoshobora kandi gutuma tutangaza umutima.

7. Igihe ciza kuruta ibindi vyose co kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ni ikihe? (Raba ishusho itangura.)

7 Naho gusoma vyoshobora kudasaba akigoro kanini, kuzirikana vyo si ukwo. Ni co gituma ubwonko bw’umuntu adatunganye buhitamwo ibintu bidasaba akigoro kanini. Ku bw’ivyo, igihe ciza kuruta ibindi vyose co kuzirikana ni harya tuba twaruhutse canke turi ahantu hatuma twumva tumerewe neza kandi hatagira ibidusamaza. Umwanditsi w’amazaburi yasanze igihe ciza co kuzirikana ari harya yaba yikanguye mw’ijoro. (Zab. 63:6) Yezu uwari afise ububasha bwo kwiyumvira butagira agahaze, yari azi akamaro ko kuba ahantu hatekanye kugira azirikane yongere asenge.Luka 6:12.

IBINTU VYIZA TWOZIRIKANAKO

8. (a) Uretse Ijambo ry’Imana, ni ibindi bintu ibihe dushobora kuzirikanako? (b) Yehova abona gute umwanya tumara tuvuga ibimwerekeye?

8 Naho bihambaye ko tuzirikana ku vyo dusoma muri Bibiliya, hariho n’ibindi twozirikanako. Nk’akarorero, igihe ubonye ibitangaza vy’irema, nufate akanya uzirikane. Nta gukeka ko bishobora gutuma ushemeza Yehova kubera ukumera neza kwiwe. Nimba na ho uri kumwe n’umugenzi, numuyagire ukuntu ukorwa ku mutima n’ivyo bintu. (Zab. 104:24; Ivyak. 14:17) None Yehova yoba ashima ko tuzirikana, dusenga tukongera tukayaga n’abandi ibimwerekeye? Ijambo ryiwe riratanga inyishu. Ridukura  amazinda riti: “Maze abatinya Yehova baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we aguma ateze ugutwi, yumviriza. Nuko igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe ku bw’abatinya Yehova no ku bw’abiyumvira izina ryiwe.”Mal. 3:16.

Woba uzirikana ku vyo abo wigisha Bibiliya bakeneye no ku kuntu ivyabo vyifashe? (Raba ingingo ya 9)

9. (a) Ni ibiki Paulo yabwiye Timoteyo ngo azirikaneko? (b) Twoshira mu ngiro gute impanuro ya Paulo igihe twitegurira ubusuku?

9 Intumwa Paulo yabwiye Timoteyo ‘kuzirikana’ ku kuntu imvugo yiwe, ingeso ziwe be n’inyigisho yiwe bigira ico bikoze ku bandi. (Soma 1 Timoteyo 4:12-16.) Cokimwe na Timoteyo, turafise ibikorwa vyinshi vyo mu vy’impwemu twozirikanako. Nk’akarorero, turakeneye umwanya wo kuzirikana igihe twitegurira kuyobora inyigisho ya Bibiliya. Twisunze uko ivyo umutohoji umwumwe wese vyifashe, twokwiyumvira ikigereranyo canke akabazo gatuma aserura iryo agona kugira tumufashe gutera imbere. Umwanya dukoresha muri ubwo buryo urashobora kuba ngirakamaro cane, kuko kuzirikana kuri ivyo bintu bikomeza ukwizera kwacu bwite bikanadufasha kuyobora inyigisho zacu za Bibiliya mu buryo ngirakamaro kandi burangwa igishika. Ukwo ni na ko bigenda igihe duteguye umutima wacu imbere yo gusohoka mu ndimiro. (Soma Ezira 7:10.) Gusoma ikigabane kanaka co mu gitabu c’Ivyakozwe birashobora “gukabura nk’umuriro” igishika dufitiye ubusuku. Kuzirikana ku mirongo yo muri Bibiliya twipfuza gukoresha kuri uwo musi no ku bisohokayandikiro dutegekanya gushikiriza bizodufasha kurangura neza ibanga tujejwe. (2 Tim. 1:6) Nuzirikane ku bantu bo mu cibare be n’ivyotuma bashimishwa. Iyo myiteguro yose izotuma dushinga intahe mu buryo ngirakamaro “[ha]rimwo ukwigaragaza kw’impwemu n’ububasha” vyo mw’Ijambo ry’Imana.1 Kor. 2:4.

10. Ni utundi turyo utuhe dufise two kuzirikana ku bintu vy’impwemu?

 10 Woba rimwe na rimwe ugira ivyo wiyandikiye mu gihe c’insiguro z’icese, c’amateraniro canke c’amahwaniro? Igihe usubiye kuvyihweza, uraronka uturyo twiza cane two kuzirikana ku vyo wize mw’Ijambo ry’Imana no ku vyo wigishijwe n’ishirahamwe ryayo. Vyongeye, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! bisohoka buri kwezi be n’ibiba biherutse gushikirizwa kw’ihwaniro biratuma turonka amakuru mashasha dushobora gusoma no kuzirikanako. Igihe usoma Igitabu c’umwaka, woshobora gusanga ari ngirakamaro gufata akanya ukazirikana ku nkuru yinaka imbere y’uko uja ku yikurikira. Ivyo biratuma uronka umwanya wo kuzirikana ku vyo usoma no gutuma iyo nkuru igukora ku mutima. Hari aho woshima guca umurongo ku vyiyumviro nyamukuru canke kugira ivyo wiyandikiye ku mibari, ivyo bikaba vyoshobora kugufasha igihe witegurira gusubira kugendera uwo mwaganiriye, kugendera cungere uwo musangiye ukwemera canke kuzoshikiriza insiguro. N’igihambaye kuruta, kuza urafata akanya ukazirikana igihe usoma ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya biratuma uronka akaryo ko gucokera muri ayo mayagwa no gutura isengesho ryo gukengurukira Yehova ku bintu vyiza uriko uriga.

TUZIRIKANE KW’IJAMBO RY’IMANA BURI MUSI

11. Ni ikintu nyamukuru ikihe dukwiye kuzirikanako, kandi kubera iki? (Raba akajambo k’epfo.)

11 Mu bisanzwe, ikintu nyamukuru dukwiye kuzirikanako ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Bite ho hamwe woba uri ahantu utemerewe gutunga Bibiliya? * Nta n’umwe ashobora kukubuza kuzirikana ku vyo washize mu bwenge bwawe, nk’akarorero ivyanditswe wikundira canke amajambo yo mu ndirimbo z’Ubwami. (Ivyak. 16:25) Vyongeye, impwemu y’Imana irashobora kugufasha kwibuka ibintu vyiza wize.Yoh. 14:26.

12. Ni urutonde uruhe rwo gusoma Bibiliya ushobora kwishingira?

12 Urashobora gufata imisi imwimwe mu ndwi kugira usome wongere uzirikane ku gisomwa ca Bibiliya c’umushamvu ku bw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Mu yindi misi urashobora kuzirikana ku vyo Yezu yavuze no ku vyo yakoze. Ata gukeka, uzobona yuko mu bitabu vyo muri Bibiliya bizwi cane harimwo za Njili zivuga ivyereke ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku yaranguye. (Rom. 10:17; Heb. 12:2; 1 Pet. 2:21) Turifitiye mbere igitabu cigana ivyashikiye Yezu igihe yari kw’isi cisunze uko vyagiye birakurikirana. Ni igikoresho ciza igitangaza, na canecane igihe dusomye kandi tukazirikana twitonze ku mirongo yo muri izo Njili yatanzwe muri buri kigabane.Yoh. 14:6.

KUBERA IKI KUZIRIKANA BIHAMBAYE CANE?

13, 14. Kubera iki bihambaye cane ko tubandanya kuzirikana ku bintu vy’impwemu, kandi bituma twipfuza gukora iki?

13 Igihe umuntu azirikana ku bintu vy’impwemu biramufasha kuba umukirisu ahumuye. (Heb. 5:14; 6:1) Umuntu adafata akanya ko kuzirikana ku vyerekeye Yehova na Yezu ntashobora kugumana ukwizera gukomeye. Uwo muntu arahakwa kugenda akayombekere akava mu kuri. (Heb. 2:1; 3:12) Yezu yavuze yuko igihe tutumvirije Ijambo ry’Imana “n’umutima mwiza kandi umeze neza,” tudashobora ‘kurigumya.’ Ahubwo nyabuna, twoshobora bitagoranye “gutwarwa n’amaganya n’ubutunzi n’ibinezereza vy’ubu buzima, . . . ntihagire ico [du]shikana ku gutungana.”Luka 8:14, 15.

14 Nimuze rero tubandanye kuzirikana kw’Ijambo  ry’Imana. Ivyo bizotuma tugaragaza ubuninahazwa bwa Yehova be n’ukuntu ameze, nk’uko bihishurwa muri Bibiliya. (2 Kor. 3:18) None hari icoza gisumba ico ga yemwe! Kurushiriza kumenya Imana no kwemererwa kugaragaza ubuninahazwa bwayo ni uduteka tudasanzwe, akaba ari ikintu tutazokwigera turangiza gukora uko tubandanya kwiga ukuntu twokwigana uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru.Umus. 3:11.

15, 16. (a) Wewe ubwawe wungukira gute ku kuzirikana ku bintu vy’impwemu? (b) Ni kubera iki rimwe na rimwe vyoshobora kutugora kuzirikana, ariko ni kubera iki twokwumirako?

15 Nitwabandanya kuzirikana ku bintu vy’impwemu, tuzoguma dufitiye umwete ukuri. Gutyo tuzoremesha abavukanyi bacu be n’abashimishijwe tuganira mu busuku bwo ndimiro. Kuzirikana cane ku ngabirano iruta izindi zose Imana yaduhaye, na yo akaba ari inkuka y’incungu ya Yezu, bizodufasha guha agaciro cane agateka twatewe ko kugiranira ubucuti somambike n’Umuvyeyi wacu Mweranda Yehova. (Rom. 3:24; Yak. 4:8) Umuvukanyi wo muri Afrika y’Epfo yitwa Mark yamaze imyaka itatu mw’ibohero ahorwa ko atagira aho ahengamiye mu vya politike, yavuze ati: “Kuzirikana twobigereranya n’igikorwa giteye umunezero. Uko turushiriza kuzirikana ku bintu vy’impwemu, ni ko turushiriza kumenya ibintu bishasha vyerekeye Imana yacu Yehova. Igihe bishitse nkumva nihebuye canke mpagaritswe umutima na kazoza, ndakira Bibiliya nkazirikana ku canditswe kinaka. Nca numva vy’ukuri kimpumurije.”

16 Mu vy’ukuri, ubuzima bwo mw’isi ya none burimwo ibisamaza vyinshi ku buryo rimwe na rimwe bitugora cane kuzirikana ku bintu vy’impwemu. Uwundi muvukanyi w’umwizigirwa yitwa Patrick wo muri Afrika, avuga ati: “Ubwenge bwanje bumeze nk’agasandugu k’amakete kuzuye amakuru atandukanye, ayakenewe n’ayadakenewe, kakaba kabwirizwa gusuzumwa buri musi. Uko nsuzumye ibiri mu bwenge bwanje, akenshi nsaga harimwo ‘ivyiyumviro bidurumbanya,’ ngaca mbwirizwa kubibwira Yehova mw’isengesho kugira ngo nshobore kuzirikana mfise ubwenge buroranye. Naho ivyo vyoshobora kuntwara akanya imbere y’uko ntangura kuzirikana ku bintu vy’impwemu, nca numva ndushirije kwiyegereza Yehova. Ivyo bituma ndushiriza gutahura ukuri.” (Zab. 94:19) Ego cane, abo bose “basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi” bakongera bakazirikana ku vyo biga, barironkera ivyiza vyinshi.Ivyak. 17:11.

URONKA GUTE UMWANYA?

17. Wewe uronka gute umwanya wo kuzirikana?

17 Hari abazinduka kare kugira basome, bazirikane bongere basenge. Abandi babigira mu gihe c’akaruhuko ka sasita. Hari aho woshima kubigira ku mugoroba canke imbere y’uko uja kuryama. Bamwebamwe barakunda gusoma Bibiliya mu gitondo bakongera bakayisoma imbere y’uko baja kuryama. Twaba tuyisoma ryari, turakeneye kubigira ‘umurango n’ijoro,’ ni ukuvuga tudahorereza. (Yos. 1:8) Igihambaye ni uko twicungurira umwanya mu kureka ibintu bidahambaye kugira tuzirikane kw’Ijambo ry’Imana buri musi.Ef. 5:15, 16.

18. Ni ibiki Bibiliya isezeranira abo bose bazirikana kw’Ijambo ry’Imana buri musi bakongera bakihatira gushira mu ngiro ivyo biga?

18 Ijambo ry’Imana rirasezerana ko abarizirikanako bakongera bakihatira gushira mu ngiro ivyo biga bazokwironkera imihezagiro. (Soma Zaburi 1:1-3.) Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!” (Luka 11:28) N’igihambaye kuruta, kuzirikana ku bintu vy’impwemu buri musi bizodufasha gutera iteka Umuremyi Ahambaye w’ubwonko bwacu butangaje. Nitwabigenza gutyo, azotuma tugira agahimbare ubu twongere twironkere ubuzima budahera mw’isi nshasha yiwe igororotse.Yak. 1:25; Ivyah. 1:3.

^ ing. 11 Raba ikiganiro kivuga ngo “Intambara twarwanye kugira tugume dukomeye mu vy’impwemu” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2006.