Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) MUKAKARO 2015

“Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!

“Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!

“Muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.”LUKA 21:28.

INDIRIMBO: 133, 43

1. Ni ibintu ibihe vyabaye mu 66 inyuma ya Kristu? (Raba ishusho itangura.)

DUFATE ko wari umukirisu aba i Yeruzalemu mu 66 inyuma ya Kristu. Hari ibintu vyinshi vyariko biraba. Umutegetsi w’Umuroma yitwa Florus yarivye italanto 17 azikuye mu bubiko bw’urusengero rweranda. Abayuda baciye ubwo nyene bagumuka, bica ingabo z’Abaroma i Yeruzalemu maze bamenyesha ko biganzuye Uburoma. Ariko Uburoma bwaciye bugira ico bukoze budatebaganye. Mu mezi atatu gusa, haraje ingabo 30.000 zirongowe na buramatari w’Umuroma Cestius Gallus yatwarira Siriya. Abo basoda baciye bashwara mu bigwati bikikuje Yeruzalemu, ba bagarariji b’Abayuda na bo baca bahungira mu rusengero. Mu nyuma, abo basoda b’Abaroma baratanguye kubomora uruhome rukikuje urusengero. Abantu bo mu gisagara bose baciye batekerwa n’ubwoba. Wari kwiyumva gute uriko urabona ivyo bintu vyose?

2. Ni igiki abakirisu bo mu 66 inyuma ya Kristu bari bakwiye gukora, kandi ivyo vyashobotse gute?

2 Nta gukeka ko wibuka amajambo Yezu yavuze yanditswe n’umwanditsi  w’Injili Luka agira ati: “Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo zishinze ikambi, muzoce mumenya yuko ugucika umusaka kwaho kwegereje.” (Luka 21:20) Ariko rero, woshobora kwibaza uti: ‘Nari gushobora gute kugamburuka ubuyobozi buri muri iyo ngabisho?’ Yezu yavuze kandi ati: “Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi, abari hagati muri Yeruzalemu na bo bazoce bavayo, abari hagati mu gihugu na bo ntibaze binjireyo.” (Luka 21:21) None abakirisu bari gushobora gute kuva i Yeruzalemu kandi hari hakikujwe n’ingabo nyinshi gutyo? Hari ikintu gitangaje caciye kiba. Erega, za ngabo z’Abaroma zaciye zitangura gukura meza! Nk’uko vyari vyaravuzwe, igitero cabo cari ‘kigeruwe.’ (Mat. 24:22) Haciye rero haboneka akaryo ko kugamburuka bwa buyobozi Yezu yari yaratanze. Abakirisu b’abizigirwa bose bari muri ico gisagara no mu micungararo yaco baciye bahungira mu misozi hakurya y’Uruzi Yorodani. * Mu nyuma mu 70 inyuma ya Kristu, izindi ngabo z’Abaroma zarateye Yeruzalemu, ziratikiza ico gisagara. Mugabo abagamburutse ubuyobozi bwa Yezu bose bararokotse.

3. Ni ikintu ikihe kigiye gushikira abakirisu, kandi ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

3 Ubu bwa vuba, umwe wese muri twebwe azoshikirwa n’ikintu nk’ico. Yezu yaragabishije abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere ku bijanye n’ugutikizwa kwa Yeruzalemu. Mugabo kandi yarakoresheje ivyo bintu vyabaye mu kinjana ca mbere kugira yerekane ibizoba ya “makuba akomeye” niyashika bukwi na bukwi. (Mat. 24:3, 21, 29) Nk’ako, inkuru nziza ni uko “isinzi rinini” ry’abantu rizorokoka ico cago kizotera kw’isi yose. (Soma Ivyahishuwe 7:9, 13, 14.) None Bibiliya itubwira iki ku bijanye n’ibintu bigiye gushika? Turakwiye kwitwararika cane inyishu y’ico kibazo kuko ifitaniye isano n’ukurokoka kwacu. Nimuze ubu na ho twihweze ido n’ido ukuntu ivyo bintu bitwerekeye.

INGENE YA MAKUBA AKOMEYE AZOTANGURA

4. Ya makuba akomeye azotangura gute?

4 Ya makuba akomeye azotangura gute? Igitabu c’Ivyahishuwe kirishura ico kibazo mu kwerekana ukuntu “Babiloni Akomeye” azotikizwa. (Ivyah. 17:5-7) Birabereye kuba amadini yose y’ikinyoma agereranywa n’umumaraya. Abakuru b’amadini barasambanye n’indongozi z’iyi si mbi. Aho gushigikira badahemuka Yezu n’Ubwami bwiwe, bashigikiye abategetsi b’abantu maze baradohoka ku ngingo ngenderwako z’Imana kugira bagire uruhara mu vya politike. Baratandukanye cane n’abarobanuwe b’Imana batanduye kandi bameze nk’umwigeme w’isugi. (2 Kor. 11:2; Yak. 1:27; Ivyah. 14:4) Mugabo none, ni nde azotikiza iryo shirahamwe rimeze nk’umumaraya? Yehova Imana azoshira “iciyumviro [ciwe]” mu mitima y’“amahembe cumi” y’“igikoko c’ibara ry’agahama.” Ayo mahembe agereranya intwaro za politike zose zo muri iki gihe zishigikira Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, irigereranywa n’ico “gikoko c’ibara ry’agahama.”Soma Ivyahishuwe 17:3, 16-18.

5, 6. Kubera iki twovuga yuko ugutikizwa kwa Babiloni akomeye kutazohitana abanyamadini bose?

5 Ariko none, twoba dukwiye kuvuga yuko ugutikizwa kw’amadini agize Babiloni Akomeye kuzohitana abazoba bari muri ayo madini bose? Biboneka ko bitazogenda gutyo. Umuhanuzi Zekariya yarahumekewe kwandika ibizoshika ico gihe. Mu kuvuga ibijanye n’umuntu yahoze ari mw’idini ry’ikinyoma, iyo nkuru yigana iti: “Azovuga koko ati: ‘Sindi umuhanuzi. Ndi umuntu w’umwirimizi, kuko umuntu yakuwe mw’ivu yangize umukozi wiwe kuva mu buto bwanje.’ Maze bazomubwira bati: ‘Izo nguma ziri ku bitugu vyawe ni iz’iki?’ Na we azovuga ati: ‘Ni izo nakomerekeye mu nzu y’abankunda rwinshi.’”  (Zek. 13:4-6) Biragaragara rero ko n’indongozi zimwezimwe zizoheba inyifato y’amadini yazo y’ikinyoma maze zihakane ko zitigeze ziyajamwo.

6 None ico gihe abasavyi b’Imana bazovyifatamwo gute? Yezu asigura ati: “Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize; mugabo ku bw’abatowe, iyo misi izogerurwa.” (Mat. 24:22) Nk’uko twabibonye, amakuba ‘yarageruwe’ mu 66 inyuma ya Kristu. Ivyo vyatumye “abatowe,” ni ukuvuga abakirisu barobanuwe, bahunga barava muri ico gisagara no mu micungararo yaco. Muri ubwo buryo nyene, igice ca mbere ca ya makuba akomeye yimirije ‘kizogerurwa’ ku bw’“abatowe.” Intwaro za politike, izigereranywa na ya “mahembe cumi,” ntizizokwemererwa kuzimanganya abasavyi b’Imana. Ahubwo nyabuna hazoba agahengwe k’igihe gito.

IGIHE C’UKUGERAGEZWA NO GUCIRWA URUBANZA

7, 8. Ni akaryo akahe kazoboneka inyuma y’ugutikizwa kw’amashirahamwe y’amadini y’ikinyoma, kandi ico gihe abasavyi b’Imana b’abizigirwa bazokwerekana gute ko batandukanye n’abandi?

7 Ni ibiki bizoshika amashirahamwe y’amadini y’ikinyoma amaze gutikizwa? Kizoba ari igihe co guhishura ibiri mu mutima wacu vy’ukuri. Abantu benshi bazorondera guhungira mu mashirahamwe y’abantu agereranywa n’“ibitandara vyo mu misozi.” (Ivyah. 6:15-17) Abasavyi ba Yehova bobo bazohungira kuri we. Mu kinjana ca mbere, ka gahengwe nticari co gihe c’uko Abayuda benshi bacika abakirisu. Cari igihe nyabuna c’uko abari basanzwe ari abakirisu bagira ico bakoze, bakagamburuka. Muri ubwo buryo nyene, ntitwokwitega yuko agahengwe kazoboneka mu gihe ca ya makuba akomeye kazotuma abantu benshi bacika abemera. Kazoba nyabuna ari akaryo abemera b’ukuri bose baronse ko kwerekana yuko bakunda Yehova no gushigikira bene wabo na Kristu.Mat. 25:34-40.

8 Naho tudatahura neza ibintu vyose bizoshika muri ico gihe c’ibigeragezo, turashobora kwitega ko bizosaba ko tugira ivyo duhevye ku rugero runaka. Mu kinjana ca mbere, abakirisu babwirijwe guheba ivyo bari batunze no kwihanganira ingorane kugira ngo barokoke. (Mrk. 13:15-18) Twoba tuzokwemera guheba ivyo dutunze kugira tugume turi abizigirwa? Twoba tuzogira umutima ukunze wo gukora ivyo tuzosabwa vyose kugira ngo twerekane ko turi intahemuka kuri Yehova? Zirikana gatoyi! Ico gihe, ni twebwe twenyene tuzokurikiza akarorero k’umuhanuzi Daniyeli wa kera mu kubandanya dusenga Imana naho hoshika iki.Dan. 6:10, 11.

9, 10. (a) Ni ubutumwa ubuhe abasavyi b’Imana bazoshikiriza mu gihe ca ya makuba akomeye? (b) Abansi b’abasavyi b’Imana bazokora iki?

9 Ico ntikizoba ari igihe co kwamamaza “inkuru nziza y’ubwami.” Ico gihe kizoba carenganye. Igihe c’“iherezo” kizoba gishitse! (Mat. 24:14) Nta gukeka ko abasavyi b’Imana bazotangaza ubutumwa bukomeye bwerekeye urubanza. Birashoboka ko buzoba ari ubwo gutangaza yuko isi mbi ya Shetani igiye gukurwaho burundu. Bibiliya igereranya ubwo butumwa n’urubura rw’iminana. Igira iti: “Urubura rukomeye rw’iminana umwumwe upima nk’italanto rumanuka ruvuye mw’ijuru rukoragurikira ku bantu, nya bantu na bo barogota ku Mana kubera ico cago c’urubura, kuko icago carwo cari gikomeye bidasanzwe.”Ivyah. 16:21. *

10 Nta n’umwe mu bansi bacu atazokwumva ubwo butumwa. Umuhanuzi Ezekiyeli ahumekewe n’Imana, arasigura ivyo Gogi w’i Magogi, ni ukuvuga urunani rw’amahanga, azokora, ati: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:  ‘Kuri uwo musi hazoza ibintu mu mutima wawe, kandi uzokwiyumvira koko umugambi mubi, ntuzobura kuvuga ngo: “Nzoduga gutera igihugu c’uturere turangaye two mu gihugu hagati. Nzoshika ku batagira inkomanzi, bibereye mu mutekano, bose bakaba babayeho ata ruhome rubakingiye, kandi ntibagira mbere n’igihindizo canke imiryango.” Hazoba ari kugira ngo uronke isahu ryinshi no kugira ngo unyage vyinshi, ngo uhindukirize ukuboko kwawe ku bibanza vyatikijwe bigasubira kugerērwamwo, no ku gisata c’abantu bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga, icirundaniriza ubutunzi n’amatungo, abibera hagati na hagati y’isi.’” (Ezk. 38:10-12) Abasavyi b’Imana bazoba batandukanye n’abandi nk’aho boba bari “hagati na hagati y’isi.” Ivyo amahanga ntazovyihanganira na gato. Emwe, azoba ashashaye gutera abarobanuwe ba Yehova hamwe na bagenzi babo.

11. (a) Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye n’ukuntu ibintu bizokurikirana mu gihe ca ya makuba akomeye? (b) Abantu bazovyifatamwo gute nibabona ibimenyetso bizoba kw’ijuru?

11 Uko dusuzuma ibizoca bikurikira, turakwiye kwibuka yuko Ijambo ry’Imana ridahishura neza na neza ukuntu ibintu bizokurikirana. Biboneka ko ibintu bimwebimwe bizoshika ibindi bitarahera. Yezu aravuga mu buhanuzi bwiwe ibijanye n’insozero ry’ivy’iyi si, ati: “Hazoba ibimenyetso mu zuba n’ukwezi n’inyenyeri, kandi kw’isi hazoba umubabaro mwinshi mu mahanga, ntamenye ingene yobikika kubera ukwasana kw’ikiyaga n’ugusuriranya kwaco, kandi abantu bazorabikwa n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza kw’isi; kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa. Maze bazobona Umwana w’umuntu aza mu gicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.” (Luka 21:25-27; soma Mariko 13:24-26.) Mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi hoba hazoba harimwo ibimenyetso biteye ubwoba be n’ibintu bizoba mu majuru nya majuru? Reka turindire turabe. Mugabo, ukwo bizoba biri kwose, ivyo bimenyetso bizotuma abansi b’Imana batekerwa n’ubwoba.

Tuzobona ibintu mu buryo bwiza, twizigiye kurokorwa! (Raba ingingo ya 12, 13)

12, 13. (a) Bizogenda gute Yezu niyaza “ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi”? (b) Abasavyi b’Imana bazovyifatamwo gute ico gihe?

12 Ni ibiki bizoshika Yezu niyaza “ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi”? Kizoba ari igihe co guha impera abizigirwa no guhana abatari abizigirwa. (Mat. 24:46, 47, 50, 51; 25:19, 28-30) Matayo yanditse ko Yezu ahejeje gutanga ca kimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi, yaciye yigana umugani w’intama n’impene ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa. Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; na we azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. Azoshira intama iburyo bwiwe, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe.” (Mat. 25:31-33) Intama zizocirwa urubanza uruhe, impene na zo uruhe? Uwo mugani usozera n’aya majambo agira ati: “Abo [ni ukuvuga abameze nk’impene] bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera.”Mat. 25:46.

13 Abameze nk’impene bazovyifatamwo gute nibabona ko “ukurandurwa kw’ibihe bidahera” ari kwo kubarindiriye? ‘Bazokwikubitagura ku gikiriza baboroga.’ (Mat. 24:30) Bene wabo na Kristu hamwe na bagenzi babo b’abizigirwa bo bazovyifatamwo gute ico gihe? Kubera ko bazoba bizeye bimwe bishitse Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu Kristu, bazokurikiza itegeko rya Yezu rigira riti: “Ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.” (Luka 21:28) Egome, tuzobona ibintu mu buryo bwiza, twizigiye kurokorwa.

 IGIHE CO GUKAYANGANA MU BWAMI

14, 15. Ni igikorwa co gukoraniriza hamwe abatowe ikihe kizoba Gogi w’i Magogi amaze gutangura kugaba igitero, kandi ukwo gukoranirizwa hamwe kuzogirwa gute?

14 Ni igiki kizoba Gogi w’i Magogi amaze gutangura kugaba igitero ku basavyi b’Imana? Muri Matayo no muri Mariko higana hati: “[Umwana w’umuntu] azotuma abamarayika, akoranirize hamwe abatowe biwe bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru.” (Mrk. 13:27; Mat. 24:31) Ico gikorwa co gukoraniriza hamwe abatowe nticerekeza ku gikorwa co gukoraniriza hamwe abarobanuwe kiba ubwa mbere; eka kandi nticerekeza ku kudoma ikidodo ubwa nyuma ku barobanuwe bazoba bakiri kw’isi. (Mat. 13:37, 38) Ukwo kubadomako ikidodo kuba imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. (Ivyah. 7:1-4) None ico gikorwa co gukoraniriza hamwe Yezu avuga, kizoba ryari? Kizoba abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi baronse impera yabo yo kuja mw’ijuru. (1 Tes. 4:15-17; Ivyah. 14:1) Ivyo bizoshika ca gitero ca Gogi w’i Magogi kimaze gutangura. (Ezk. 38:11) Amajambo ya Yezu azoca rero aranguka. Avuga ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.”Mat. 13:43. *

15 Ivyo vyoba bisobanura ko hazoba icitwa ngo ni ukuduzwa kw’abarobanuwe? Abantu benshi bo mu madini y’abiyita abakirisu bisunze iyo nyigisho, bemera ko abakirisu bazoduzwa bari mu mubiri bakuwe kw’isi. Biteze rero ko Yezu azogaruka mu buryo buboneka aje kuganza isi. Ariko rero, Bibiliya irerekana neza yuko “ikimenyetso c’Umwana w’umuntu” kizoboneka mw’ijuru be n’uko Yezu azoza “ku bicu vyo kw’ijuru.” (Mat. 24:30) Izo mvugo zompi zerekeza ku kintu kitaboneka. Bibiliya ivuga kandi  ko “inyama n’amaraso bidashobora gutorana ubwami bw’Imana.” Ku bw’ivyo, abazojanwa mw’ijuru bazoba bakeneye kubanza ‘guhindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe mu gihe c’urumbete rwa nyuma.’ * (Soma 1 Abakorinto 15:50-53.) Naho rero ng’aha tudakoresha imvugo ukuduzwa kubera ko itanga iciyumviro kitari co, abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi bazokoranirizwa hamwe mu kanya isase.

16, 17. Ni igiki gitegerezwa gushika imbere y’uko ubugeni bwa waMwagazi w’intama buba mw’ijuru?

16 Bamwe 144.000 bose bamaze kuja mw’ijuru, birashoboka ko imyiteguro ya nyuma ya bwa bugeni bwa wa Mwagazi w’intama izoca itangura. (Ivyah. 19:9) Ariko hari ikindi kintu kizoba imbere y’uko urwo rubanza ruteye umunezero ruba. Niwibuke ko imbere gatoyi y’uko abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi bajanwa mw’ijuru, Gogi azogaba igitero ku basavyi b’Imana. (Ezk. 38:16) None abasavyi b’Imana bazovyifatamwo gute? Kw’isi, bazoba basa n’abatagira gitabara. Bazogamburuka ubuyobozi bwatanzwe mu gihe c’Umwami Yehoshafati, bugira buti: “Ntimuzorinda kurwana ico gihe. Muze mufate ikibanza canyu, muhagarare mudakoma maze mubone ubukiriro bwa Yehova muzokirishwa. Ewe Yuda na Yeruzalemu, ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba.” (2 Ngo. 20:17) Ariko rero mw’ijuru, bizoba vyifashe ukundi. Mu Vyahishuwe 17:14 haravuga ukuntu ivy’abansi b’abasavyi b’Imana bizoba vyifashe igihe abarobanuwe bose bazoba bari mw’ijuru. Hagira hati: “Bazorwana na wa Mwagazi w’intama, mugabo, kubera ari Umukama w’abakama n’Umwami w’abami, wa Mwagazi w’intama azobatsinda. Abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa bari kumwe na we, na bo nyene bazotsinda.” Yezu azoza gutabara abasavyi b’Imana ng’aha kw’isi ari kumwe na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza.

17 Ukwo gutabara abasavyi b’Imana ku ntambara ya Harumagedoni kuzotuma izina ryeranda rya Yehova rininahazwa. (Ivyah. 16:16) Ico gihe, abameze nk’impene “bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera.” Amaherezo isi izokurwako ububisha bwose, isinzi rinini na ryo rirokoke igice ca nyuma ca ya makuba akomeye. Ivyo vyose bimaze kurangira, ibivugwa ubwa nyuma mu gitabu c’Ivyahishuwe bizoca biranguka, na vyo akaba ari ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama. (Ivyah. 21:1-4) * Ng’aha kw’isi, abazoba barokotse bose Imana izobatonesha yongere ibagaragarize urukundo mu buryo bwinshi. Ese ukuntu zizoba ari inzimano z’ubugeni! Ntidushashaye none kubona uwo musi ushitse?Soma 2 Petero 3:13.

18. Ko twiteze ibintu biteye umunezero, dukwiye kwiyemeza iki?

18 None ko twiteze ivyo bintu biteye umunezero, umwe wese muri twebwe akwiye kuba ariko akora iki ubu? Intumwa Petero yahumekewe kwandika ati: “Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana, murorera kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova . . . Ku bw’ivyo, bakundwa, ko murorereye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro.” (2 Pet. 3:11, 12, 14) Nimuze rero twiyemeze kuguma tudahumanye mu vy’impwemu, dushigikire wa Mwami w’Amahoro.

^ par. 2 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2012, urupapuro rwa 25-26.

^ par. 9 Mu bihe vya Bibiliya, italanto yari ingero y’uburemere kandi yerekana agaciro k’ibintu mu mahera. Ipima nk’ibilo 20 n’amagarama 4. Raba Agatabu gafasha kwiga Bibiliya, igice ca 18.

^ par. 14 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, urupapuro rwa 13-14.

^ par. 15 Imibiri y’inyama y’abarobanuwe bazoba bakiriho ico gihe ntizojanwa mw’ijuru. (1 Kor. 15:48, 49) Birashoboka ko imibiri yabo izozimanganywa nka kumwe vyagenda ku mubiri wa Yezu.

^ par. 17 Zaburi ya 45 irerekana ukuntu ibintu bizogenda birakurikirana. Ubwa mbere Umwami ararwana intambara, ubukurikira hakaba ubugeni.