Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) MUKAKARO 2015

Nukorere Yehova mu “misi y’ivyago”

Nukorere Yehova mu “misi y’ivyago”

UWITWA Ernst, akaba ageze mu myaka 70, * ariruhutsa agaca avuga ati: “Ubusaza bunyaga ubugabo.” Woba umenyereye kwumva amajambo nk’ayo? Nimba witereye mu myaka, ukaba wumva amagara n’inkomezi biriko birayama, woshobora kubona ko ivyawe bimeze nk’ibivugwa mu Musiguzi ikigabane ca 12. Ku murongo wa 1, igihe c’ubusaza citwa “imisi y’ivyago.” Naho ari ukwo, si ngombwa ngo ubeho udundumiwe. Biracashoboka ko ubaho uhimbawe, ugakorera Yehova unezerewe.

NUGUME UFISE UKWIZERA GUKOMEYE

Bavukanyi namwe bashiki bacu bakundwa mugeze mu zabukuru, si mwebwe mwenyene mushikirwa n’ibigeragezo. Abasavyi ba Yehova bo mu bihe vya kera bari bitereye mu myaka barashikiwe n’ibigeragezo nk’ivyo. Nk’akarorero, Izahaki, Yakobo na Ahiya ntibari bakibona. (Ita. 27:1; 48:10; 1 Abm. 14:4) Sara yabona ko amaze kuba “akaheze.” (Ita. 18:11, 12) Umwami Dawidi ntiyari ‘agisusuruka.’ (1 Abm. 1:1) Wa mutunzi Baruzilayi ntiyari akiryoherwa n’ibifungurwa canke ijwi ry’umuziki. (2 Sam. 19:32-35) Aburahamu na Nawomi umwe wese yategerejwe kwihanganira ukubura uwo bari bubakanye.Ita. 23:1, 2; Rusi 1:3, 12.

Ni igiki none cafashije umwe wese muri bo kuguma ari intahemuka kuri Yehova no kugumana umunezero? Kubera ko Aburahamu yizigiye umuhango w’Imana, mu busaza bwiwe “ya[ra]baye umunyabubasha biciye ku kwizera kwiwe.” (Rom. 4:19, 20) Na twebwe nyene turakeneye kugira ukwizera gukomeye. Ukwo kwizera ntikuvana n’imyaka dufise, ububangukirwe dufise canke uko ivyacu vyifashe. Nk’akarorero, n’igihe nyene umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yari afise intege nke, atabona kandi atava ku buriri, yarerekanye ko yizera cane imihango Imana yatanze. (Ita. 48:1-4, 10; Heb. 11:21) Muri iki gihe, uwitwa Ines w’imyaka 93 arafise ingorane yo kugoyagoya mu mitsi. Naho biri ukwo, avuga ati: “Buri musi ndabona ko Yehova ampezagira cane. Buri musi ndazirikana ivyerekeye Iparadizo. Ivyo bituma ngira icizigiro.” Mbega agatima kabereye afise!

Turakomeza ukwizera kwacu mu gusenga, mu gusuzuma Ijambo ry’Imana no mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Igihe umuhanuzi Daniyeli yari umutama, yama asenga gatatu ku musi kandi akaguma yiga Ijambo ry’Imana. (Dan. 6:10; 9:2) Wa mupfakazi w’umutamakazi Ana “[ntiyi]gera ahara mu rusengero.” (Luka 2:36, 37) Iyo witavye amakoraniro igihe cose bishobotse kandi ukayagiramwo uruhara uko ushoboye kwose, uriremesha ukongera ukaremesha abayitavye bose. Imisi yose Yehova arahimbarwa n’amasengesho utura, n’igihe nyene uba udashobora gukora vyinshi.Imig. 15:8.

Nuremeshanye n’abandi

Benshi muri mwebwe abizigirwa mwoshima kubona neza kugira musome no kuronka intege zikwiye kugira mwitabe amakoraniro. Ariko usanga bibagora cane, kumbure ntibinashoboke. None mwokora iki? Nimukoreshe neza ivyo mushobora kuronka vyose. Abadashobora kwitaba amakoraniro benshi barahimbarwa no kuyumviriza biciye kuri telefone. Naho Inge w’imyaka 79 atakibona neza, arategura amakoraniro akoresheje ibisomwa vy’ibidome binini umuvukanyi umwe wo mw’ishengero amucapurira kuri orodinateri.

Birashoboka ko ufise ikintu abandi bipfuza kuronka, na co akaba ari umwanya. Ubona gute uwukoresheje mu kwumviriza Bibiliya, ibisohokayandikiro, insiguro be n’ibikino vyafashwe amajwi? Vyongeye, woshobora kwibwiriza ugatelefona abo musangiye ukwemera kugira ubahe ingabirano y’ivy’impwemu maze hakaba “uguhanahana indemesho.”Rom. 1:11, 12.

NUGUME UFISE UMWETE MU MURIMO W’IMANA

Niwamamaze rya jambo

Uwitwa Christa w’imyaka 85, avugana intuntu ati: “Birababaza cane kuba utagishobora gukora nk’ivyo wahora ukora.” None abageze mu zabukuru bashobora gute kugumana umunezero? Uwitwa Peter w’imyaka 75 avuga ati: “Ni mu kubona ibintu mu buryo  bwiza, ukanezererwa ivyo ushoboye aho kuguma wiyumvira ivyo utagishoboye gukora.”

Woba ubona uburyo bwo gushinga intahe ugishobora gukoresha? Uwitwa Heidi ntashobora kuja mu busuku bw’inzu ku nzu nk’uko yahora abigira. Mugabo igihe yari ageze mu myaka 80, yarize gukoresha orodinateri kugira aze arandika amakete. Abamamaji bamwebamwe bageze mu zabukuru baratanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya bicaye ku ntebe yo mw’ishamba ndangakaranga canke ku gituro c’amabisi. Nimba na ho uba mu kigo kijejwe kwitwararika abageze mu zabukuru, ubona gute ufashe ko abaganga bakwitwararika be n’abandi bahaba ari nk’icibare cawe?

Nube umwakiranyi

Igihe Umwami Dawidi yari ageze mu myaka yiwe ya nyuma, yarashigikiye n’umwete mwinshi ugusenga gutyoroye. Yaratanze amahera yongera aratunganya ivyo gushigikira iyubakwa ry’urusengero. (1 Ngo. 28:11–29:5) Na wewe urashobora kwitwararika mu buryo buboneka igikorwa c’Ubwami kirangurirwa kw’isi yose. Ubona gute ufashe mu mugongo abatsimvyi canke abandi bamamaji b’umwete mw’ishengero urimwo mu kubabwira amajambo aremesha, mu kubagabira utuntu tubayabaye canke mu gusangira na bo utuntu dusanzwe? Mu masengesho utura, woshobora gushiramwo abakiri bato be n’imiryango, abasuku b’igihe cose, abarwaye be n’abafise amabanga atoroshe.

Urahabwa agaciro cane, eka mbere n’umurimo urangura. Dawe wa twese wo mw’ijuru ntazokwigera abaheba mwebwe abageze mu zabukuru twikundira. (Zab. 71:9) Yehova arabakunda kandi arabaha agaciro. Vuba, twese tuzobandanya kwiterera mu myaka ata marushwa canke ivyago bidushikira. Ahubwo nyabuna, tuzobandanya gukorera Imana yacu Yehova ibihe bidahera dufise inkomezi nyinshi n’amagara atagira agahaze!

^ par. 2 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.