Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) RUHESHI 2015

“Nimba Kingsley abishobora, jeho kuki?”

“Nimba Kingsley abishobora, jeho kuki?”

KUBERA ko Kingsley bari bamukubise agashi ku rutugu, yaciye atangura ubusomyi bwiwe bwa Bibiliya, kikaba cari ikiganiro ca mbere ashikirije mw’ishengero mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Yaratuye neza amajambo yose ata rudome asimvye. Ariko uzi n’inkuru? Yasoma ataraba muri Bibiliya!

Kingsley yari impumyi, akaba yaba muri Sri Lanka. Vyongeye ntiyumva neza kandi yakenera agakinga k’ibimuga kugira agendagende. None uwo mugabo yamenye gute ivyerekeye Yehova maze arakwiza ibisabwa vyo kuja mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi? Reka ndabibiganire.

Igihe nabona Kingsley ari bwo bwa mbere, narakozwe ku mutima n’ukuntu yari anyotewe ukuri kwo muri Bibiliya. Yari amaze kwigana Bibiliya n’Ivyabona benshi, kandi igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira co mu nyuguti z’impumyi yari afise cari caratabaguritse. * Igihe namusaba ko yosubira kwiga Bibiliya, yaremeye. Mugabo hari ingorane zibiri twari dufise.

Iya mbere, Kingsley yabana n’abandi benshi mu kigo citwararika abageze mu zabukuru n’ibimuga. Kubera ko aho hantu hari urwamo rwinshi kandi Kingsley akaba atumva neza, nategerezwa kuvuga nsemerera. Nkako, abari muri ico kigo bose barashobora kwumva ivyo twiga buri ndwi!

Iya kabiri, igihe cose twaba turiko turiga, Kingsley  yashobora gusoma no gutahura ibintu bikeyi. Kugira inyigisho yacu irushirize kuvamwo ivyiza, Kingsley yarategura abigiranye umwete. Yarasoma incuro n’izindi imbere y’igihe amayagwa tuzokwiga, akaraba ivyanditswe muri Bibiliya yiwe yo mu nyuguti z’impumyi maze akiyumvira mu bwenge ukuntu azokwishura ibibazo. Ubwo buryo bwarabaye ngirakamaro cane. Igihe twaba turiko turiga, yaricara kw’itapi anyuranije amaguru, akaza arakubitagura hasi n’igishika cinshi ariko arasigura n’ijwi ryiwe ryose ivyo yaba yize. Ntitwatevye kuza turiga kabiri mu ndwi, buri gihe tukamara amasaha abiri.

INGENE YITAVYE AMAKORANIRO AKAYAGIRAMWO URUHARA

Kingsley na Paul

Kingsley yaripfuza cane kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami, ariko ntihari aho gutuma umwana. Yari akeneye abamufasha kwurira no kwururuka mu gakinga kiwe k’ibimuga, mu muduga, be no kwinjira canke gusohoka mu Ngoro y’Ubwami. Ariko rero, benshi mw’ishengero baza barakuranwa kumufasha, bakabona ko ari agateka. Mu gihe c’amakoraniro, Kingsley yagumiza ku gutwi icuma kiduza amajwi, agatega yompi, mbere agashikiriza n’ivyiyumviro!

Kingsley amaze igihe yiga Bibiliya, yarafashe ingingo yo kwiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Hagisigaye indwi zibiri ngo ashikirize ikiganiro ciwe ca mbere c’ubusomyi bwa Bibiliya, naramubajije nimba yarimenyereje. Yishuye n’umutima mu nda ati: “Egome muvukanyi, nimenyereje incuro nka 30.” Naramukeje ku twigoro yari yagize, nca ndamusaba ko nokwumviriza ukuntu asoma. Yarazinguruye Bibiliya yiwe, ashira intoke ziwe ku gisomwa co mu nyuguti z’impumyi maze aratangura gusoma. Ariko rero, intoki ziwe ntizava aho ziri nk’uko bisanzwe bigenda. Yari yarafashe ku mutwe nya gisomwa cose ca Bibiliya!

Naramuravye narengewe, ndiko ndakorora amosozi. Naramubajije ukuntu yashoboye kwibuka neza ukuraho ico gisomwa kandi yimenyereje incuro 30 gusa. Yanyishuye ati: “Oya, nimenyereje incuro nka 30 ku musi.” Kingsley yari yamaze ikiringo kirenga ukwezi yicaye kuri ya tapi yiwe, asubiramwo incuro n’izindi ico gisomwa gushika agifashe ku mutwe.

Umusi w’uko Kingsley ashikiriza ikiganiro ciwe ku Ngoro y’Ubwami wahavuye ushika. Arangije kugishikiriza, ishengero ryaciye rikoma amashi n’akamwemwe kenshi. Benshi barakoroye amosi babonye ishaka ridasanzwe uwo mutohoji mushasha yari afise. Umwamamaji umwe yari yarahagaritse gushikiriza ibiganiro muri iryo shure bitumwe n’uguhagarika umutima, yaciye asubira kwiyandikisha. Uti kubera iki? Yavuze ati: “Nimba Kingsley abishobora, jeho kuki?”

Ku wa 6 Nyakanga 2008, Kingsley yarabatijwe amaze imyaka itatu yiga Bibiliya, aba yerekanye ko yiyeguriye Yehova. Kingsley yagumye ari Icabona w’intahemuka gushika apfuye ku wa 13 Rusama 2014. Yari yizigiye ko mw’isi y’iparadizo azobandanya gusukura ari umwizigirwa afise inguvu zikwiye n’amagara meza. (Yes. 35:5, 6)—Nk’uko vyavuzwe na Paul McManus.

^ par. 4 Casohowe mu 1995; mugabo ubu ntikigicapurwa.