Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Rusama 2015

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Nta kindi yahabonye atari urukundo

Nta kindi yahabonye atari urukundo

GUSANGIRA amazimano ku meza ya Yehova biri mu bintu vy’intibagirwa vyamye biranga abasavyi b’Imana. Igihe bakoraniye hamwe ku bw’amazimano yo mu vy’impwemu, akenshi gusangira ibifungurwa biratuma barushiriza kugira umunezero.

Muri Nyakanga 1919, Abatohoji ba Bibiliya baragize ihwaniro ryamaze imisi umunani i Cedar Point muri Ohio, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Amahoteli yararonkeje uburaro n’imfungurwa abari baje bavuye mu bindi bihugu, mugabo haca haraza n’abandi bantu ibihumbi batari bitezwe. Abasereva bararengewe n’ukuntu abantu baguma bisukira, baca baba barakinjuye nka bose. Kubera ko uwujejwe aho bafatira ibifungurwa yari yaherewe, yarasavye nimba vyoshoboka ko abakiri bato muri abo bashitsi bafasha, kandi benshi baravyemeye babikunze. Sadie Green yari umwe muri bo. Yavuze ati: “Bwari bwo bwa mbere nsereva, mugabo cari ikiringo gihimbaye cane.”

Muri Sierra Leone mu 1982

Mu mwaka wakurikiye, haratunganijwe ivy’uko abitavye ihwaniro bafungurirwa mu kibanza nyene c’ihwaniro, kandi benshi cane baritanze bahimbawe kugira bategurire ibifungurwa bene wacu na bashiki bacu. Vyongeye, kuba abakiri bato barakoranye n’abo basangiye ukwemera vyaratumye bishingira imigambi yo mu vy’impwemu. Gladys Bolton yari mu bategura ibifungurwa kw’ihwaniro ryo mu 1937. Yiganye ati: “Naramenyanye n’abantu bo mu yindi mihingo nongera ndumva ukuntu batsinze ingorane zabashikiye. Ico gihe ni ho natanguye kugira icipfuzo co kuba umutsimvyi.”

Beulah Covey yari umwe mu bitavye ihwaniro. Yavuze ati: “Kubera ko abo bakozi bakorana ishaka, vyatuma igikorwa cose kirangira ku gihe.” Ariko rero, ico gikorwa nticari kibuzemwo ingorane. Igihe Angelo Manera yashika ku kibuga c’inkino ca Dodger i Los Angeles muri Kaliforniya mu 1969 ni ho yamenya ko yagenywe ngo abe mu bategura ibifungurwa. Yavuze ati: “Nta kintu cari bwampagarike umutima mu buzima bwanje nk’ico!” Kwitegurira iryo hwaniro vyarimwo no kwimba umufurege w’imetero 400 wacishwamwo umwuka wo gukoresha mu gikoni.

I Francfort mu Budagi mu 1951

Mu 1982, muri Sierra Leone abitanze b’abanyamwete babwirijwe kubanza gusukura ikibanza, baca barubaka aho abavukanyi baza gufatira ibifungurwa bakoresheje ibikoresho vyari bihari. Mu 1951 i Francfort mu Budagi, abavukanyi b’inkerebutsi barakotesheje ikimashini caronsa umwuka ibisafuriya 40 vyari bitetse. Abitanze baraserevye abantu 30.000 mw’isaha imwe. Kugira ngo abitavye ihwaniro bagabanirize ibikorwa abantu 576 bakorera mu rwego  rwo kwoza ivyombo, baje bizaniye imbugita n’amafurusheti. I Yangon muri Birmaniya, abatetsi bazirikana abandi barakoresheje ibirungo bitababa mu bifungurwa vyo gusereva abaje bava mu bindi bihugu ugereranije n’ivyari bisanzwe bikoreshwa.

“BAFUNGURA BAHAGAZE”

Mu 1950 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Annie Poggensee yaraharonkeye ivyiza igihe yari atonze ku murongo muremure ku ruzuba arindiriye kuronka ibifungurwa. Yavuze ati: “Naratwawe rwose n’ikiyago gikora ku mutima c’abavukanyikazi babiri bari baje n’ubwato bavuye i Buraya.” Umwe wese yaravuze ukuntu Yehova yari yamufashije akitaba iryo hwaniro. Annie yavuze ati: “Nta n’umwe mu bari ng’aho yari anezerewe nk’abo bavukanyikazi bibiri. Umwanya bamaze kuri uwo murongo be n’ubushuhe nta co vyari bibabwiye.”

I Séoul muri Koreya mu 1963

Ku mahwaniro maninimanini menshi, wasanga hakoreshwa amahema yagutse arimwo amameza y’amaguru maremare, bikaba vyaratuma abavukanyi banyarutsa gufungura bakabisa abandi. None hari ukundi abantu ibihumbi bari gushobora kugaburirwa mu kiringo co ku mutaga? Umuntu umwe atari Icabona yavuze ati: “Emwe, sinari bwabone idini nk’iryo! Abantu bafungura bahagaze.”

Abasoda n’abategetsi baratangaye cane babonye ukuntu ibintu vyakorwa neza kandi mu buryo butunganije neza. Umutegetsi umwe wo mu gisoda ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika amaze gusuzuma ikibanza twafatiramwo ibifungurwa ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium mu gisagara ca New York, yarahimirije umumajoro yitwa Faulkner wo mu Rwego ruraba ivy’intambara mu Bwongereza ngo na we aze yihweze ico kintu. Ku bw’ivyo mu 1955, we n’umukenyezi wiwe baraje kw’ihwaniro ryataziriwe ngo “Ubwami butahukana intsinzi” (mu congereza) ryabereye i Twickenham mu Bwongereza. Yavuze ko ahantu ho gufatira ibifungurwa ata kindi caharangwa atari urukundo.

Abakora babikunze baramaze imyaka mirongo bategura babigiranye urukundo ibifungurwa birimwo ivya nkenerwa kandi bitazimvye ku bw’ababa bitavye amahwaniro. Mugabo ico gikorwa amahero akenshi casaba ko abitanga babikunze benshi bakora amasaha n’ayandi, bakanasiba porogarama zimwezimwe canke zose. Intunganyo zijanye no kugaburira abitavye amahwaniro zarorohejwe mu mihingo myinshi mu mpera z’imyaka ya 1970. Ku bw’ivyo guhera mu 1995, ababa bitavye amahwaniro basabwa kwitekerera ibifungurwa. Ivyo vyaratumye abahora bategura ibifungurwa n’ababisereva bungukira kuri porogarama yo mu vy’impwemu no ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo. *

Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba aha agaciro abo bantu bakoze bagatama kugira basukurire abo basangiye ukwemera! Hari aboshobora kuba bakumbura cane iyo misi iteye umunezero bamaze bakorera mu kibanza co gufatiramwo ibifungurwa. Ariko ikizwi co ni iki: Urukundo ruracari co kintu nyamukuru kiranga amahwaniro yacu.Yoh. 13:34, 35.

^ par. 12 Ariko ntiwumve, abitanga babikunze baracafise uturyo twinshi two gusahiriza mu zindi nzego zo ku mahwaniro.