Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) RUSAMA 2015

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Gogi w’i Magogi avugwa mu gitabu ca Ezekiyeli ni nde?

Haraciye imyaka itari mike ibisohokayandikiro vyacu bisigura ko Gogi w’i Magogi ari izina Shetani wa Mubesheranyi yahawe kuva yirukanywe mw’ijuru. Ivyo vyari bishingiye ku ciyumviro c’uko igitabu c’Ivyahishuwe kivuga ko Shetani wa Mubesheranyi ari we azoyobora igitero isi yose izogaba ku basavyi b’Imana. (Ivyah. 12:1-17) Vyahora vyiyumvirwa rero ko Gogi ritegerezwa kuba ari irindi zina rya Shetani rihuye n’ubuhanuzi.

Ariko rero, ivyo bituma havyuka ibibazo bihambaye. Uti gute? Rimbura iki kintu: Mu kuvuga ibijanye n’igihe Gogi atsindwa, Yehova agira ati: “Nzogutanga ubere indya inyoni zihiga, inyoni z’amababa y’ubwoko bwose, be n’ibikoko vyo mu gahinga.” (Ezk. 39:4) Aca yongerako ati: “Kuri uwo musi nzoha Gogi ikibanza ng’aho, imva muri Isirayeli . . . Aho ni ho bazohamba Gogi n’isinzi ryiwe ryose.” (Ezk. 39:11) Ariko none ikiremwa c’impwemu coshobora gute kuribwa n’“inyoni zihiga . . . be n’ibikoko vyo mu gahinga”? Shetani yoshobora gute guhabwa “imva” kw’isi? Bibiliya irerekana neza ko Shetani atazoribwa canke ngo ahambwe, ahubwo ko azotabwa mu nyenga amareyo imyaka 1.000.Ivyah. 20:1, 2.

Bibiliya ivuga ko iyo myaka 1.000 irangiye, Shetani azoca akurwa muri iyo nyenga, kandi “azosohoka aje kuzimiza ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngo ayakoranirize hamwe ku bw’intambara.” (Ivyah. 20:8) Ariko none Shetani ashobora gute kuzimiza Gogi kandi ubwiwe ari we Gogi? Ku bw’ivyo rero, haba mu buhanuzi bwa Ezekiyeli canke mu gitabu c’Ivyahishuwe, biragaragara ko “Gogi” atari Shetani.

None Gogi w’i Magogi ni nde? Kugira twishure ico kibazo, turakeneye gusuzuma mu Vyanditswe kugira tumenye uwugaba igitero ku basavyi b’Imana uwo ari we. Bibiliya ntivuga gusa ibijanye n’igitero ca ‘Gogi w’i Magogi,’ ariko kandi iravuga ibijanye n’igitero c’“umwami wo mu buraruko” be n’igitero c’“abami b’isi.” (Ezk. 38:2, 10-13; Dan. 11:40, 44, 45; Ivyah. 17:14; 19:19) None ivyo vyoba ari ibitero bitandukanye? Uwokubesha. Biboneka ko Bibiliya iba iriko ivuga ibijanye n’igitero kimwe ikoresheje amazina atandukanye. Kubera iki twoshika kuri ico ciyumviro? Kubera ko Ivyanditswe bitubwira yuko amahanga yose yo kw’isi azogira uruhara mu gitero ca nyuma kizoba imbarutso y’intambara ya Harumagedoni.Ivyah. 16:14, 16.

 Tugereranije ivyo Vyanditswe vyose bivuga ibijanye n’igitero ca nyuma kizogabwa ku basavyi b’Imana, duca tubona neza ko izina Gogi w’i Magogi riterekeza kuri Shetani, ariko ko ryerekeza ku runani rw’amahanga. Urwo runani rwoba ruzorongorwa na wa “mwami wo mu buraruko” w’ikigereranyo? Ntitwovyemeza. Mugabo ico ciyumviro gisa n’igihuye n’ivyo Yehova avuga ku bijanye na Gogi, ati: “Ntuzobura kuza uvuye ahantu hawe, uvuye mu mihingo y’uburaruko iri kure kuruta iyindi, wewe n’ibisata vyinshi biri kumwe nawe, bose bagendera ku mafarasi, ishengero ryinshi, emwe, inteko za gisirikare nyinshi.”Ezk. 38:6, 15.

Muri ubwo buryo nyene, umuhanuzi Daniyeli, uwabayeho mu gihe kimwe na Ezekiyeli, avuga ku bijanye n’uwo mwami wo mu buraruko ati: “Hazobaho amakuru amuhagarika umutima, avuye i burasirazuba n’i buraruko, hanyuma azosohoka ari n’ubushangashirwe bwinshi, kugira ngo azimanganye benshi, abatikize. Kandi amahema yiwe y’ikirimba azoyashinga hagati ya ca kiyaga kinini na wa musozi mweranda w’Ikirezi; azoza gushika kw’iherezo ryiwe, kandi nta wuzomutabara.” (Dan. 11:44, 45) Ivyo birahuye neza n’ivyo igitabu ca Ezekiyeli kivuga ku bijanye n’ivyo Gogi akora.Ezk. 38:8-12, 16.

Ni igiki none gica kiba kubera ico gitero ca nyuma? Daniyeli atubwira ati: “Muri ico gihe Mikaheli [ari we Yezu Kristu] azohaguruka [kuri Harumagedoni], wa muganwa ahambaye ahagaze [kuva mu 1914] arwanira abana b’igisata cawe. Kandi hazoba koko igihe c’amarushwa [ni ukuvuga ya makuba akomeye] atari bwigere abaho kuva habaho ihanga gushika ico gihe. Kandi muri ico gihe abantu bawe bazorokoka, uwo wese azosangwa yanditswe muri ca gitabu.” (Dan. 12:1) Ivyo bintu uwuserukira Imana ari we Yezu azokora, biravugwa no mu Vyahishuwe 19:11-21.

Ariko none, “Gogi na Magogi” bavugwa mu Vyahishuwe 20:8 bobo ni bande? Ni abantu bose bazogarariza Yehova bagaca bagaba igitero ku basavyi biwe muri ca kigeragezo ca nyuma kizoba ya myaka 1.000 irangiye. Bazokwerekana ka gatima nyene k’ubwicanyi karanga ‘Gogi w’i Magogi,’ ni ukuvuga ya mahanga azoba yaragavye igitero ku basavyi b’Imana gatoyi imbere y’uko Harumagedoni itangura. Iherezo ry’iyo migwi yompi rizoba rimwe, na ryo akaba ari urupfu rw’ibihe bidahera! (Ivyah. 19:20, 21; 20:9) Birabereye rero ko abazogaragiriza bose ya myaka 1.000 niyarangira bitwa “Gogi na Magogi.”

Kubera ko turi abatohoji b’Ijambo ry’Imana b’abanyamwete, turashashaye kwibonera uwugiye kuba wa “mwami wo mu buraruko.” Naho urwo runani rw’amahanga rwoba rurongowe na nde, hariho ibintu bibiri tuzi neza: (1) Gogi w’i Magogi n’ingabo ziwe bazotsindwa bongere batikizwe; (2) Umwami wacu Yezu Kristu ubu aganza, azorokora abasavyi b’Imana ace abajana mw’isi nshasha irangwa amahoro n’umutekano nyakuri.Ivyah. 7:14-17.