Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) RUHUHUMA 2015

Twigane ukwicisha bugufi kwa Yezu n’ikibabarwe ciwe

Twigane ukwicisha bugufi kwa Yezu n’ikibabarwe ciwe

“Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.”1 PET. 2:21.

1. Kubera iki kwigana Yezu bituma turushiriza kwiyegereza Yehova?

USANGA kenshi twipfuza kwigana kamere z’abo dukunda be n’ivyo bakora. Mu bantu bose babaye kw’isi, nta wubereye kwiganwa kuruta Yezu Kristu. Uti kubera iki? Yezu ubwiwe yarigeze kuvuga ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.” (Yoh. 14:9) Yezu aragaragaza ata gahaze kamere za Se ku buryo kwihweza uwo Mwana ari co kimwe no kubona Data. Ku bw’ivyo, uko twigana Yezu ni ko turushiriza kwiyegereza Yehova, we ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi. Ese ivyiza twironkera igihe twiganye kamere z’uwo Mwana be n’ivyo yakoze!

2, 3. (a) Kubera iki Yehova yaduhaye inkuru yanditse idondora Umwana wiwe, kandi Yehova yiteze ko dukora iki? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro no mu gikurikira?

2 Ariko none twomenya gute ukuntu Yezu ameze? Igishimishije ni uko dufise inkuru yahumetswe idondora Yezu. Yehova yaratanze iyo nkuru, iyo dusanga mu Vyanditswe vy’ikigiriki, kubera yipfuza ko tumenya neza uwo Mwana wiwe maze tukamwigana. (Soma 1 Petero 2:21.) Muri Bibiliya, akarorero Yezu yadusigiye kagereranywa n’“intambuko” canke amakanda. Ni  nk’aho Yehova ariko atubwira ngo dukurikire Yezu maze duhonyore aho ahonyoye. Mu bisanzwe Yezu yadusigiye akarorero katagira agahaze, natwe tukaba turi abanyagasembwa. Ariko Yehova ntiyitega yuko dukurikira ata gahaze intambuko za Yezu. Ahubwo riho, Data wa twese yiteze ko twigana Umwana wiwe uko dushoboye kwose.

3 Nimuze rero turimbure kamere zimwezimwe za Yezu zikwegera. Muri iki kiganiro, turarimbura ukwicisha bugufi kwiwe be n’ikibabarwe ciwe. Mu kiganiro gikurikira na ho tuzorimbura umutima rugabo wiwe be n’ugutahura kwiwe. Kuri kamere imwimwe, twishura kuri ibi bibazo bitatu: Iyo kamere isobanura iki? Yezu yayigaragaje gute? Twomwigana gute?

YEZU ARICISHA BUGUFI

4. Ukwicisha bugufi ni iki?

4 Ukwicisha bugufi ni iki? Muri iyi si irangwa n’ubwibone, hari abokwiyumvira ko ukwicisha bugufi ari ukugoyagoya canke ukutiyizigira. Ariko rero kenshi usanga ari igihushane c’ivyo. Kwicisha bugufi bisaba inkomezi n’umutima rugabo. Ukwicisha bugufi kudondorwa ko ari “inyifato itandukanye n’ubwibone be n’ubwishime.” Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ijambo ryahinduwe ngo “kwicisha bugufi” ryoshobora gusobanurwa ngo ‘kwiyorosha mu muzirikanyi.’ (Flp. 2:3) Ukwicisha bugufi bitangurira mu kuntu tubona ibitwerekeye. Kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya ivuga iti: “Ukwicisha bugufi ni ukumenya ukuntu vy’ukuri turi ubusa imbere y’Imana.” Nimba vy’ukuri twicisha bugufi imbere y’Imana, tuzokwirinda kwibona ko turi hejuru ya bagenzi bacu. (Rom. 12:3) Ntivyoroshe ko abanyagasembwa batsimbataza ukwicisha bugufi. Ariko turashobora kwiga kwicisha bugufi tuzirikanye ico turi imbere y’Imana tukongera tukigana Umwana wayo.

5, 6. (a) Umumarayika mukuru Mikaheli ni nde? (b) Mikaheli yerekanye gute ukwicisha bugufi?

5 Yezu yagaragaje gute ukwicisha bugufi? Umwana w’Imana yarerekanye mu buryo bwinshi ko yicisha bugufi. Ivyo yarabigize igihe yari umumarayika w’ububasha mw’ijuru be n’igihe yari umuntu atunganye ng’aha kw’isi. Rimbura uburorero bukeyi.

6 Agatima yagaragaza. Umwanditsi wa Bibiliya Yuda yaranditse ikintu cabaye igihe Yezu yari akiri mw’ijuru. (Soma Yuda 9.) Yezu ari we Mikaheli wa mumarayika mukuru, ‘yaragiraniye amatati na Shetani,’ akaba “yariko araharira” na we. Bariko baharira ku vyerekeye “ikiziga ca Musa.” Niwibuke yuko igihe Musa yapfa, Yehova yahamvye ikiziga ciwe ahantu hatazwi. (Gus. 34:5, 6) Kumbure Shetani yashaka gukoresha ibisigarira vya Musa kugira aremeshe ugusenga kw’ikinyoma. Intumbero mbi Shetani yari afise mu muzirikanyi yaba iyihe, Mikaheli yaragaragaje umutima rugabo. Igitabu kimwe kivuga yuko imvugo z’ikigiriki zahinduwe ngo “yaragiraniye amatati” be na “araharira” zikoreshwa “no mu bijanye n’impari zerekeye amategeko” kandi zoshobora gutanga iciyumviro “c’uko Mikaheli ‘yarwanije uburenganzira bwa Shetani’ bwo gutwara ikiziga ca Musa”. Mugabo rero uwo Mumarayika mukuru yaremeye ko bitari ivyiwe guca urubanza. Ahubwo riho, yarekeye ico kibazo mu minwe ya wa Mucamanza Ruheta Yehova. Mikaheli rero yaririnze gukora ivyo adafitiye ububasha, mbere n’igihe yari asomborokejwe. Mbega ukwicisha bugufi!

7. Yezu yerekanye gute ko yicisha bugufi mu vyo yavuga no mu vyo yakora?

7 Igihe Yezu yariko ararangura ubusuku bwiwe kw’isi, ivyo yavuga n’ivyo yakora vyaragaragaje ukwicisha bugufi nyakuri. Ivyo yavuga. Ntiyigeze arondera kwiyerekana.  Ahubwo nyabuna, ubuninahazwa bwose yabwerekeza kuri Se. (Mrk. 10:17, 18; Yoh. 7:16) Ntiyigeze akengera abigishwa biwe canke ngo abashire hasi. Ahubwo riho yarabatera iteka, akabashimagiza kubera iciza yababonamwo kandi akavuga ko abizigiye. (Luka 22:31, 32; Yoh. 1:47) Ivyo yakora. Yezu yahisemwo kubaho mu buryo buciye bugufi, atarondera kurundanya ubutunzi bw’umubiri. (Mat. 8:20) Yarakora abikunze ibikorwa biciye bugufi kuruta ibindi vyose. (Yoh. 13:3-15) Yaricishije bugufi bimwe bikomeye mu kugamburuka. (Soma Abafilipi 2:5-8.) Yezu ntiyari ameze nk’abanyabwishime bakengera ivyo kugamburuka. Yarayobotse yicishije bugufi ivyo Imana imugombako, “aragamburuka gushika no ku rupfu.” Biratomoye rero ko Yezu ari we Mwana w’umuntu, yari “[y]iyoroheje mu mutima.”Mat. 11:29.

TWIGANE UKWICISHA BUGUFI KWA YEZU

8, 9. Twogaragaza gute ko twicisha bugufi?

8 Twokwigana gute Yezu mu bijanye no kwicisha bugufi? Agatima tugaragaza. Ukwicisha bugufi kuraturinda gukora ivyo tudafitiye uburenganzira. Nimba twemera ko ata burenganzira dufise bwo guca urubanza, ntituzokwihutira gutora amahinyu abandi kubera amakosa yabo canke gukekeranya ku mvo zituma bakora ibintu. (Luka 6:37; Yak. 4:12) Ukwicisha bugufi kuradufasha kwirinda kuba “[aba]gororotsi birenze urugero,” mu gukengera aboba badafise ubushobozi canke uduteka nk’ivyo dufise. (Umus. 7:16) Abakurambere bicisha bugufi ntibabona ko basumba abo basangiye ukwemera. Ahubwo riho, abo bungere ‘bariyumvira yuko abandi babaruta’ maze bakifata nk’abato.Flp. 2:3; Luka 9:48.

9 Rimbura ivyerekeye Walter Thorn, uwabaye umucungezi w’ingenzi kuva mu 1894. Haciye imyaka myinshi ari muri ico gikorwa, yarahamagawe ngo aje gukorera mw’iyororero-rimiro ry’Ubwami riri mu gice ca ruguru ca New York, maze akorera mw’iyororero ry’inkoko. Yavuze ati: “Igihe cose ntanguye kwiyumvira ko ndi agakomeye, nca mera nk’uwiherera maze nkibwira nti: ‘Wa busa bw’umukungugu we, aho wishima wishimiye iki?’” (Soma Yesaya 40:12-15.) Kwari ukwicisha bugufi pe!

10. Twokwerekana gute ko twicisha bugufi mu vyo tuvuga no mu vyo dukora?

10 Ivyo tuvuga. Nimba vy’ukuri twiyoroheje mu mutima, ivyo tuvuga bizokwerekana ko twicisha bugufi. (Luka 6:45) Igihe tuyaga n’abandi, tuzokwirinda kuguma tuvuga ivyo twashitseko canke uduteka dufise. (Imig. 27:2) Tuzorondera nyabuna iciza mu bavukanyi na bashiki bacu maze tubakeze kuri kamere nziza bafise, ubushobozi bwabo n’ivyo barangura. (Imig. 15:23) Ivyo dukora. Abakirisu bicisha bugufi ntibarazwa ishinga no kuba agakomeye muri iyi si. Ahubwo riho babaho mu buryo bworoheje, mbere bagakora n’imirimo iciye bugufi kugira basukurire Yehova bimwe bishitse. (1 Tim. 6:6, 8) Ikiruta vyose, turicisha bugufi mu kugamburuka. Bisaba ukwiyorosha mu muzirikanyi kugira ‘tugamburukire abatuja imbere’ mw’ishengero twongere twemere kandi dukurikize ubuyobozi turonka biciye kw’ishirahamwe rya Yehova.Heb. 13:17.

YEZU ARAFISE IKIBABARWE

11. Ikibabarwe ni iki?

11 Ikibabarwe ni iki? Ijambo “ikibabarwe” risobanura “kurangwa n’inyiyumvo nziza, kugira ico ukoze igihe bazikugaragarije canke kuzigaragaza.” Ikibabarwe ni umuce w’urukundo kandi kirafitaniye isano “n’inyiyumvo nziza” nk’impuhwe be n’imbabazi. Ivyanditswe biravuga ibijanye n’“impuhwe z’ikibabarwe,” “imbabazi zuzuye ikibabarwe” be n’“ikibabarwe.” (Luka 1:78; 2 Kor. 1:3; Flp. 1:8) Ku bijanye  n’ukuba Ivyanditswe bidutera akamo ngo tugaragaze impuhwe, igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kigira giti: “Ako kamo karimwo n’ibindi uretse gusa kuduhimiriza kwishira mu kibanza c’uwuri n’ivyo akeneye canke kumwumvira impuhwe. Ni akamo kadusaba kwitwararika abandi bihagije ku buryo tuvyiyumvamwo, tukabafasha mu kugira ico dukoze gituma ubuzima bwabo buba bushasha.” Ikibabarwe ni inguvu ituma umuntu agira ico akoze. Umuntu w’ikibabarwe arumva ashaka kugira ico ahinduye ku buzima bw’abandi.

12. Ni igiki cerekana ko Yezu yari afitiye abandi impuhwe z’ikibabarwe, kandi ikibabarwe ciwe catuma akora iki?

12 Yezu yagaragaje gute ikibabarwe? Inyiyumvo be n’ibikorwa vyiwe biranga ikibabarwe. Yezu yarumvira abandi impuhwe z’ikibabarwe. Igihe yabona umugenzi wiwe Mariya n’abari kumwe na we bariko bararizwa n’urupfu rwa musazawe Lazaro, yaciye ‘akorora amosozi’ bene umurango babona. (Soma Yohani 11:32-35.) Kumbure abitumwe n’ikigongwe, nk’uko nyene vyagenze igihe yazura umuhungu w’umupfakazi, yaciye azura Lazaro. (Luka 7:11-15; Yoh. 11:38-44) Biciye kuri ico kintu kiranga ikibabarwe Yezu yakoze, ashobora kuba yaratumye Lazaro agira icizigiro co kuba mw’ijuru. Imbere y’aho, Yezu yari ‘yaratewe ikigongwe’ n’isinzi ry’abantu bari baje aho ari. Abitumwe n’impuhwe, “[yaciye] atangura kubigisha ibintu vyinshi.” (Mrk. 6:34) Ese ukuntu ico cari ikintu gihindura ubuzima bw’uwo ari we wese yemera inyigisho ziwe! Urabona ko ikibabarwe ca Yezu kitagarukira ku nyiyumvo gusa, ariko ko catuma yibwiriza gufasha abandi.Mat. 15:32-38; 20:29-34; Mrk. 1:40-42.

13. Ni mu buryo ubuhe Yezu yavugisha abandi abigiranye umutima mwiza? (Raba ishusho itangura.)

13 Amajambo aranga ikibabarwe yavuga. Ikibabarwe Yezu yari afise catuma avugisha abandi n’umutima mwiza, canecane abahahazwa. Intumwa Matayo yarerekeje kuri Yezu aya majambo ya Yesaya agira ati: “Ntazovuna irenga rijanjaguritse; nayo urutambi ruriko rurayama, ntazoruzimya.” (Yes. 42:3; Mat. 12:20) Yezu yavuga mu buryo buruhurira abantu bari bameze nk’irenga rijanjaguritse canke urutambi rw’itara rigira rizime. Yaramamaje ubutumwa butanga icizigiro bwo “gutubika abavunitse umutima.” (Yes. 61:1) Yateye akamo “abacumukura n’abaremerewe” ngo baze kuri we, abakura amazinda ko ‘bokwumvise baruhuriwe.’ (Mat. 11:28-30) Yarasubirije umutima mu nda abayoboke biwe yuko Imana yitwararikana ikibabarwe umwe wese mu basavyi bayo ushizemwo n’abitwa “batoyi,” ni ukuvuga abasa n’abadahambaye ufatiye ku kuntu isi ibona ibintu.Mat. 18:12-14; Luka 12:6, 7.

TWIGANE IKIBABARWE CA YEZU

14. Twogaragariza abandi ikibabarwe gute?

14 Twokwigana gute Yezu mu bijanye no kugaragaza ikibabarwe? Inyiyumvo ziranga ikibabarwe tugaragaza. Izo nyiyumvo zoshobora kudapfa kwizana, ariko Bibiliya iduhimiriza kwihatira kuzigaragaza. “Ikibabarwe cuzuye impuhwe” ni kimwe mu bigize wa muntu mushasha vyitezwe ko abakirisu bose bambara. (Soma Abakolosayi 3:9, 10, 12.) None ushobora gute kugaragariza abandi ikibabarwe? Niwaguke mu mutima. (2 Kor. 6:11-13) Nutege yompi witonze igihe uwundi muntu akuyagira uko yiyumva be n’ibimuraje ishinga. (Yak. 1:19) Nukoreshe ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira maze wibaze uti: ‘Iyaba ari jewe, nari kwiyumva gute? Nari kuba nkeneye iki?’1 Pet. 3:8.

15. Twofasha gute abantu boshobora kuba bameze nk’irenga rivunitse canke nk’urutambi rugira ruzime?

15 Ibikorwa vyacu biranga ikibabarwe.  Ikibabarwe gituma twipfuza guhindura ubuzima bw’abandi, canecane barya boshobora kuba bameze nk’irenga rivunitse canke nk’urutambi rugira ruzime. None twobafasha gute? Mu Baroma 12:15 hagira hati: “Murirane n’abarira.” Abavunitse umutima boshobora kuba bakeneye ko tubagaragariza impuhwe kuruta kubaha ibintu. Mushiki wacu umwe yahumurijwe n’abo basangiye ukwemera inyuma y’aho aburiye umukobwa wiwe, avuga ati: “Narabishima cane igihe abagenzi baba banserutseko maze bakamfasha kurira.” Turashobora kandi kugaragariza abandi ikibabarwe mu kubakorera ibintu biranga umutima mwiza. Woba uzi umupfakazi akeneye uwomufasha gusanura inzu yiwe? Hoba hari umukirisu ageze mu zabukuru akeneye uwomwunguruza akamujana ku makoraniro, mu ndimiro canke kwa muganga? Naho coba ari igikorwa gitoyi kiranga umutima mwiza, kirashobora kugira ikintu kinini gihinduye mu buzima bw’uwo dusangiye ukwemera ari n’ivyo akeneye. (1 Yoh. 3:17, 18) Ikiruta vyose, turashobora kwereka abandi ko tubitwararikana ikibabarwe mu kugira uruhara mu busuku bimwe bishitse. Emwe, nta bundi buryo bwo kugira ico duhinduye mu buzima bw’abantu b’imitima nziraburyarya bwoza buruta ubwo!

Woba witwararika vy’ukuri abo musangiye ukwemera? (Raba ingingo ya 15)

16. Twovuga iki kugira turemeshe abadendebukiwe?

16 Amajambo aranga ikibabarwe tuvuga. Ikibabarwe tugaragariza abandi gituma “[tuyagisha] abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Tes. 5:14) Twovuga iki kugira turemeshe abantu nk’abo? Twoshobora kubahumuriza mu kubereka ko tubitwararika vy’ukuri. Turashobora kubakeza tubikuye ku mutima kugira tubafashe kubona ko bafise kamere nziza be n’uko hari ivyo bashoboye. Turashobora kubibutsa yuko Yehova yabakwegereye ku Mwana wiwe, akaba rero abona ko bategerezwa kuba ari ab’agaciro. (Yoh. 6:44) Turashobora kubasubiriza umutima mu nda ko Yehova yitwararika cane abasavyi biwe bafise “umutima umenetse,” ni ukuvuga “bajanjaguritse mu mutima.” (Zab. 34:18) Amajambo aranga ikibabarwe tuvuga arashobora kwirura abakeneye guhozwa.Imig. 16:24.

17, 18. (a) Yehova yiteze ko abakurambere bafata gute intama ziwe? (b) Ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

17 Yemwe bakurambere, Yehova yiteze ko mufatana ikibabarwe intama ziwe. (Ivyak. 20:28, 29) Mwibuke ko mufise ibanga ryo kuzigaburira, kuziremesha no gutuma zumva ziruhuriwe. (Yes. 32:1, 2; 1 Pet. 5:2-4) Umukurambere w’impuhwe z’ikibabarwe rero ntagerageza gucunga intama mu kuzishingira amategeko canke mu gutuma ziyagiriza, arondera ko zikora vyinshi kandi bidakunda kubera ukuntu ivyazo vyifashe. Ahubwo nyabuna, arihatira gutuma zinezerwa, akizigira yuko urukundo zikunda Yehova ruzotuma zimukorera uko zishoboye kwose.Mat. 22:37.

18 Uko tuzirikana ku kwicisha bugufi kwa Yezu no ku kibabarwe ciwe, nta gukeka ko bituma twipfuza kuguma tugera ikirenge mu ciwe. Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza izindi kamere zibiri za Yezu zikwegera, na zo akaba ari umutima rugabo n’ugutahura.