Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) MUNYONYO 2014

Dutegerezwa kuba beranda mu ngeso zacu zose

Dutegerezwa kuba beranda mu ngeso zacu zose

“Ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose.”1 PET. 1:15.

1, 2. (a) Imana yiteze ko abasavyi bayo bagira ingeso zimeze gute? (b) Ni ibibazo ibihe vyishurwa muri iki kiganiro?

YEHOVA yarahumekeye intumwa Petero ngo yerekane isano riri hagati y’ubweranda buvugwa mu gitabu c’Abalewi be n’ukuba twebwe abakirisu dukwiye kuba beranda mu ngeso zacu. (Soma 1 Petero 1:14-16.) “Wa Mweranda” Yehova yiteze ko abarobanuwe be n’abo mu “zindi ntama” bihatira kuba beranda mu ngeso zabo zose, atari muri zimwezimwe gusa.Yoh. 10:16.

2 Kurushiriza kwihweza ibintu vy’agaciro biri mu gitabu c’Abalewi biraza kudufasha cane. Vyongeye, gushira mu ngiro ivyo twiga bizodufasha kuba beranda mu ngeso zacu zose. Muri iki kiganiro, turarimbura ibi bibazo: Dukwiye kubona gute ibijanye no kudohoka? Igitabu c’Abalewi kitwigisha iki ku bijanye no gushigikira ubusegaba bwa Yehova? Ni ibiki twigira ku bimazi vyatangwa?

TWIRINDE KUDOHOKA

3, 4. (a) Kubera iki abakirisu bategerezwa kwirinda kudohoka ku mategeko n’ingingo ngenderwako vyo muri Bibiliya? (b) Kubera iki tudakwiye kwihora canke kubika inzika?

3 Nimba twipfuza guhimbara Yehova, dutegerezwa kwumira ku mategeko no ku ngingo ngenderwako aduha, ntitwigere tudohoka. Naho tutakigengwa na rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa, ivyo risaba biratuma turushiriza kumenya  ivyemewe n’ibitemewe imbere y’Imana. Nk’akarorero, Imana yategetse Abisirayeli iti: “Ntukihore canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe; kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda. Ndi Yehova.”Lew. 19:18.

4 Yehova yiteze ko twirinda kwihora, kandi yipfuza ko twirinda kubika inzika. (Rom. 12:19) Hamwe twokwirengagiza amategeko n’ingingo ngenderwako Imana iduha, Shetani yoryoherwa, kandi twoshobora gusiga iceyi Yehova. Naho umuntu yoba yatubabaje n’ibigirankana, ntidukwiye kureka ngo tube ivyombo bibikwamwo inzika. Imana yaduteye agateka ko kuba “ivyombo vy’ivu” birimwo itunga ry’ubusuku. (2 Kor. 4:1, 7) Kubera ko inzika imeze nk’ubumara, nta kibanza ifise muri mwene ivyo vyombo!

5. Ni igiki twigira ku nkuru yerekeye Aroni n’urupfu rw’abahungu biwe? (Raba ishusho itangura.)

5 Mu Balewi 10:1-11 haravugwa ikintu giteye agahinda cashikiye umuryango wa Aroni. Bategerezwa kuba baravunitse umutima igihe umuriro wava mw’ijuru ukarigata abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu kw’itaberenakulo. Ese ukuntu kutagandarira ababo bari bapfuye cari ikintu kigerageza ukwizera kuri Aroni n’umuryango wiwe! Woba nawe werekana ko uri mweranda mu kutifatanya n’incuti canke abandi bantu baciwe?Soma 1 Abakorinto 5:11.

6, 7. (a) Igihe dufata ingingo yo kwitaba canke kutitaba ibirori vy’ubugeni bibera mu rusengero, ni ibintu bihambaye ibihe dukwiye kurimbura? (Raba akajambo k’epfo.) (b) Twosigurira gute incuti zacu zitari Ivyabona igituma tutogira uruhara mu birori vy’ubugeni bibera mu rusengero?

6 Hari aho tutoshikirwa n’ikigeragezo gikomeye nk’ico cashikiye Aroni n’umuryango wiwe. Ariko none vyogenda gute dusabwe kwitaba no kugira uruhara mu birori vy’ubugeni bw’incuti itari Icabona bibera mu rusengero? Naho muri Bibiliya ata tegeko ridomako rihari ritubuza kwitaba ubwo butumire, yoba irimwo ingingo ngenderwako zodufasha gufata ingingo? *

7 Umwiyemezo dufise wo kuba beranda imbere ya Yehova mu bihe nk’ivyo woshobora gutuma incuti zacu zitari Ivyabona zizazanirwa. (1 Pet. 4:3, 4) Ego ni ko, turagerageza kwirinda kuzibabaza, mugabo kenshi birarushiriza kuba vyiza tubiyaze na bo n’umutima mwiza ariko tudaca ku ruhande, kumbure tukabigira imbere y’uko urwo rubanza ruba. Twoshobora kubashimira, tukababwira yuko duhimbawe no kuba badutumiye muri ubwo bugeni. Twoshobora rero guca tuvuga yuko tutipfuza gutuma badahimbarwa kuri uwo musi wabo udasanzwe canke gutuma abandi bari ng’aho bababara, kubera tutagize uruhara mu birori bijanye n’idini. Ubwo ni uburyo bumwe dushobora kwirinda kudohoka ku vyo twemera no ku kwizera kwacu.

DUSHIGIKIRE UBUSEGABA BWA YEHOVA

8. Igitabu c’Abalewi gishimika gute ku busegaba bwa Yehova?

8 Igitabu c’Abalewi kirashimika ku busegaba bwa Yehova. Kirerekana incuro zirenga 30 ko amategeko ari muri co ava kuri Yehova. Ivyo Musa yaravyemera icese kandi yarakoze ivyo Yehova yamutegetse gukora. (Lew. 8:4, 5) Na twebwe dukwiye kwama dukora ivyo Segaba wacu Yehova yipfuza ko dukora kandi ishirahamwe ryiwe rirabidufashamwo. Mugabo twoshobora gushikirwa n’ikintu kigerageza ukwizera kwacu turi twenyene, nk’uko vyashikiye Yezu igihe yari mu gahinga. (Luka 4:1-13) Tugumije umutima ku busegaba bw’Imana kandi tukayizigira, nta n’umwe ashobora gutuma tudohoka ngo tugwe mu mutego wo gutinya.Imig. 29:25.

9. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bankwa mu mahanga yose?

9 Kubera ko turi abayoboke ba Kristu tukaba  n’Ivyabona vya Yehova, turahamwa mu mahanga yo hirya no hino kw’isi. Ivyo tubwirizwa kuvyitega kubera ko Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Bazobashira mu makuba, babice, kandi muzokwankwa n’amahanga yose muhorwa izina ryanje.” (Mat. 24:9) Mugabo naho twankwa muri ubwo buryo, turabandanya igikorwa cacu co kwamamaza Ubwami no kwerekana ko turi beranda imbere ya Yehova. Ariko none ko turi abenegihugu b’inzirabugunge, tukaba tubayeho mu buryo butyoroye kandi tukubahiriza amategeko, ni kubera iki twankwa gutyo? (Rom. 13:1-7) Emwe nta kindi atari uko twemeye Yehova akatubera Umukama Segaba! “Ni we wenyene” turangurira umurimo mweranda kandi ntituzokwigera tudohoka ku mategeko n’ingingo ngenderwako vyiwe bigororotse.Mat. 4:10.

10. Ni ibiki vyabaye igihe mwenewacu umwe yadohoka ku kutagira aho ahengamiye?

10 Vyongeye, ‘ntituri ab’isi.’ Ku bw’ivyo, nta ho duhengamira mu ntambara zo mw’isi canke mu vya politike. (Soma Yohani 15:18-21; Yesaya 2:4.) Hari abiyeguriye Imana badohotse ku kutagira aho bahengamiye. Benshi muri bo barigaye maze barasubira kugiranira ubucuti bwiza na Data wa twese wo mw’ijuru yuzuye imbabazi. (Zab. 51:17) Bakeyi gusa ni bo batigaye. Nk’akarorero mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, abategetsi barakoranirije mu gisagara kimwe benewacu 160 batarakwiza imyaka 45 bari bapfunzwe ku karenganyo, babakuye mu mabohero yose yo muri Hongiriya. Babategetse kuja mu gisirikare. Abo benewacu b’abizigirwa baravyanse ata kwisubirako, mugabo icenda muri bo baremeye kwinjira barakira n’umwambaro wa gisirikare. Haciye imyaka ibiri, umwe muri abo badohotse yasanze ari mu babwirizwa kwica vya Vyabona b’abizigirwa. Mbega uzi n’inkuru? Harimwo n’uwo bavukana! Yamara rero, abo benewacu ntibigeze bicwa.

DUSHIKANIRE YEHOVA IVYO DUSHOBOYE VYOSE

11, 12. Ni igiki twigira ku kuntu ibimazi vyatangwa muri Isirayeli ya kera?

11 Rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa ryarerekana ukuntu ibimazi Abisirayeli basabwa vyari bikwiye kuba bimeze. (Lew. 9:1-4, 15-21) Vyategerezwa kuba bitagira agahonzi kubera ko vyagereranya ikimazi gitunganye Yezu yotanze. Vyongeye, hari ibintu bitomoye vyategerezwa kwisungwa mu gutanga ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’ishikanwa ari co kimazi. Rimbura nk’akarorero ivyo umugore yaba aherutse kwibaruka yasabwa. Mu Balewi 12:6 havuga hati: “Imisi y’ityororwa ryiwe ku bw’umuhungu canke ku bw’umukobwa niyakwira, azozana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro impfizi y’intama ikiri nto, mu mwaka wayo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa, n’inuma ikiri nto canke intunguru ku bw’ishikanwa ry’igicumuro, abihe umuherezi.” Naho ivyo Imana yasaba vyari bitomoye, Itegeko ryayo ryaragaragaza neza ko ikora ibitegereka ibitumwe n’urukundo. Igihe uwo muvyeyi ataba ashoboye kuronka intama, yaremererwa gushikana intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto. (Lew. 12:8) Naho uwo musavyi w’Imana yaba ari umworo, yarakundwa kandi agahabwa agaciro cokimwe n’uwaba atanze ishikanwa rizimvye. None ivyo bitwigisha iki?

12 Intumwa Paulo yahimirije abo basangiye ukwemera gushikanira Imana “ikimazi c’ishemezo.” (Heb. 13:15) Iminwa yacu ikwiye kwatura icese izina ryeranda rya Yehova. Bene wacu na bashiki bacu batumva, barakoresha ururimi rw’ibimenyetso kugira bashemeze Imana muri ubwo buryo. Abakirisu badashobora kuva aho bari barayishemeza mu kwandika amakete, mu gushinga intahe bakoresheje telefone no mu kubwira inkuru nziza abaza kubaraba. Ikimazi cacu c’ishemezo, ni ukuvuga ukuntu dushemeza Yehova  mu kumenyekanisha izina ryiwe no mu gutangaza inkuru nziza, gikwiye kuba gihuye n’amagara canke ubushobozi dufise. Dukwiye gukora ivyo dushoboye vyose.Rom. 12:1; 2 Tim. 2:15.

13. Ni kubera iki dukwiye gutanga raporo y’umurimo turangura?

13 Ibimazi vyacu vy’ishemezo ni amashikanwa duha Imana tuvyishakiye kubera tuyikunda. (Mat. 22:37, 38) Mugabo rero turasabwa gutanga raporo y’umurimo turangura. None dukwiye kubona gute iyo ntunganyo? Raporo dutanga buri kwezi irafitaniye isano n’ukwihebera Imana kwacu. (2 Pet. 1:7) Ariko ntiwumve, ntidukwiye kwumva ko dutegerezwa kumara amasaha menshi mu busuku turondera gusa gutanga raporo iriko amasaha afadika. Nkako, umwamamaji w’Ubwami atakibasha yoshobora gutanga raporo y’iminota iva kuri 15 kuduga, aho gutanga amasaha yuzuye. Yehova arashima iyo minota, akabona ko uwo mwamamaji yashikanye ivyo ashoboye vyose, ko yagaragaje yuko amukunda be n’uko aha agaciro agateka kadasanzwe yamuteye ko kuba Icabona ciwe. Cokimwe na ba Bisirayeli batari bashoboye gutanga bimwebimwe mu bimazi bizimvye, abo basavyi ba Yehova b’agaciro bafise amagara make baba bagishobora gutanga raporo. N’ikindi kandi, raporo umwe wese muri twebwe atanga iri mu bigize raporo yo kw’isi yose, ino ikaba ifasha ishirahamwe gutegekanya ibijanye n’igikorwa co kwamamaza muri kazoza. Ubona none vy’ukuri ari amananiza badusavye gutanga raporo y’umurimo twaranguye?

UTUMENYERO TWACU TWO KWIYIGISHA BE N’IBIMAZI VY’ISHEMEZO DUTANGA

14. Kubera iki dukwiye gusuzuma utumenyero twacu two kwiyigisha?

14 Umaze kurimbura ivyo bintu bikeyi vy’igiciro biri mu gitabu c’Abalewi, woba uciye urushiriza gutahura imvo zatumye gishirwa mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe? (2 Tim. 3:16) Hari aho ubu woba uciye urushiriza kwiyemeza kuba mweranda, atari kubera gusa Yehova abigusaba, ariko kandi kubera bibereye ko wihatira kumuhimbara. Ivyo wize ku bijanye n’igitabu c’Abalewi muri ibi biganiro bibiri, bishobora kuba vyakomeje icipfuzo ufise co gusuzuma witonze Bibiliya yose muri rusangi. (Soma Imigani 2:1-5.) Nusuzume ubijanisha n’isengesho utumenyero twawe two kwiyigisha. Nta gukeka ko wipfuza yuko Yehova yemera ibimazi vyawe vy’ishemezo. Woba ureka ibiganiro vyo kuri televiziyo, udukino two kuri videwo, ivyo kwinonora imitsi no kwiruhura bikagusamaza maze bikakubuza gutera imbere mu vy’impwemu? Nimba ari ukwo biri, wosanga bigufashije cane uzirikanye ku vyiyumviro bimwebimwe intumwa Paulo yavuze dusanga mu gitabu c’Abaheburayo.

Ukwiyigisha Bibiliya be n’Ugusenga kwo mu muryango woba ubishira imbere y’ibindi mu buzima bwawe? (Raba ingingo ya 14)

15, 16. Kubera iki Paulo atakikirije igihe yandikira abakirisu b’Abaheburayo?

15 Paulo ntiyariye umunwa igihe yandikira abakirisu bagenziwe b’Abaheburayo. (Soma Abaheburayo 5:7, 11-14.) Emwe, iyo ntumwa yameneye inda ku rukumu! Yababwiye ko bari “[bar]acitse abakomantaye” mu kuntu bumva. Ni kubera iki Paulo yakoresheje imvugo nk’iyo ikomeye kandi idomako? Cokimwe na Yehova, yarakunda abo bakirisu kandi yari arajwe ishinga n’ukuba  bariko bagerageza kubeshwaho gusa n’amata yo mu buryo bw’impwemu. Ego ni ko, birahambaye cane ko umukirisu amenya inyigisho za gikirisu z’ishimikiro. Ariko rero, arakeneye “ibifungurwa bigumye” kugira atere imbere mu vy’impwemu.

16 Aho gutera imbere kugira bigishe abandi, abo Baheburayo bari bakeneye uwubigisha. Uti kubera iki? Kubera ko batihereza “ibifungurwa bigumye.” Niwibaze uti: ‘Noba mbona mu buryo bwiza ibifungurwa vy’impwemu bigumye? Noba ndavyihereza, canke ndatinya gusenga no kwiyigisha Bibiliya mu buryo bugera kure? Nimba ntinya, ubwo utumenyero mfise mu vyo kwiyigisha ntitwoba turi mu biteza iyo ngorane?’ Uretse ko dutegerezwa kubwira abantu inkuru nziza, dutegerezwa no kubahindura abigishwa.Mat. 28:19, 20.

17, 18. (a) Kubera iki dukwiye kwama twihereza ibifungurwa vy’impwemu bigumye? (b) Dukwiye kubona gute ibijanye no kunywa inzoga imbere yo kuja ku makoraniro ya gikirisu?

17 Benshi muri twebwe vyoshobora kutaborohera kwiyigisha Bibiliya. Ego ni ko, Yehova ntashaka ko abasavyi biwe biyigisha Bibiliya ku gahato. Ariko rero, twaba tumaze imyaka myinshi twiyeguriye Imana canke tumaze igihe gito, turakwiye kubandanya twihereza ibifungurwa vy’impwemu bigumye. Birahambaye ko tubigira nimba twipfuza kuguma turi beranda.

18 Kugira tube beranda, dutegerezwa gusuzuma Ivyanditswe twitonze maze tugakora ivyo Imana idusaba. Zirikana ivyerekeye abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu, abishwe kubera ko bashikanye “umuriro utemewe n’amategeko,” kumbure bakaba bari baborewe. (Lew. 10:1, 2) Raba ivyo Imana yaciye ibwira Aroni. (Soma Abalewi 10:8-11.) None iyo mirongo yoba isobanura yuko dutegerezwa kutanywa icitwa inzoga imbere y’uko tuja ku makoraniro ya gikirisu? Rimbura ibi vyiyumviro: Ntitukigengwa na rya Tegeko. (Rom. 10:4) Mu bihugu bimwebimwe, abo dusangiye ukwizera baranywa utuyoga dukeyi bariko barafungura imbere y’uko baja ku makoraniro. Kuri Pasika harakoreshejwe ibikombe bine vy’umuvinyu. Igihe Yezu yatanguza Icibutso, yabwiye intumwa ziwe ngo zinywe ku muvinyu wagereranya amaraso yiwe. (Mat. 26:27) Bibiliya iriyamiriza kunywa birenze urugero be n’akaborerwe. (1 Kor. 6:10; 1 Tim. 3:8) Vyongeye, abakirisu benshi boshobora kwumva ko ijwi ryabo ryo mu mutima ritabemerera kunywa inzoga imbere y’uko bagira uruhara mu murimo mweranda uwo ari wo wose. Yamara rero, usanga ibintu bitandukanye bivanye n’igihugu, kandi igihambaye ku bakirisu ni “ugutandukanya ikintu ceranda n’icanduye” kugira bagume ari beranda kandi bahimbare Imana.

19. (a) Ushobora gute gutuma ugusenga kwo mu muryango be n’ukwiyigisha biba ngirakamaro? (b) Wiyemeje gukora iki ku bijanye no kuba mweranda?

19 Uzokwubura ibintu vyinshi vy’agaciro niwabirondera witonze mw’Ijambo ry’Imana. Niwikore ku bikoresho vy’ubushakashatsi ushobora kuronka kugira utume ugusenga kwo mu muryango kwanyu canke ukwiyigisha kwawe birushiriza kuba ngirakamaro. Niwongereze ubumenyi ufise ku bijanye na Yehova be n’imigambi yiwe. Nurushirize kumwiyegereza. (Yak. 4:8) Nusenge Imana nka wa mwanditsi w’amazaburi yaririmba ati: “Pfukura amaso yanje, kugira nihweze ibintu vy’agatangaza vyo mw’itegeko ryawe.” (Zab. 119:18) Ntiwigere udohoka ku mategeko n’ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya. Nugamburuke ubikunze itegeko rya “wa Mweranda” Yehova, wongere ugire uruhara n’umwete mu “gikorwa ceranda c’inkuru nziza y’Imana.” (1 Pet. 1:15; Rom. 15:16) Nube mweranda muri iyi misi ya nyuma idurumbanye. Nimuze twese tube beranda mu ngeso zacu, gutyo dushigikire ubusegaba bw’Imana yacu nyeranda Yehova.

^ ing. 6 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2002.