Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) MUNYONYO 2014

Igituma dutegerezwa kuba beranda

Igituma dutegerezwa kuba beranda

“Mutegerezwa kwerekana ko muri beranda.”LEW. 11:45.

1. Igitabu c’Abalewi gishobora gute kudufasha?

UBWERANDA buravugwa kenshi mu gitabu c’Abalewi kuruta uko buvugwa mu kindi gitabu cose co muri Bibiliya. Kubera yuko abasavyi ba Yehova bose b’ukuri basabwa kugaragaza iyo kamere, gutahura no guha agaciro ibivugwa mu gitabu c’Abalewi bizodufasha kuba beranda.

2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe biri mu gitabu c’Abalewi?

2 Igitabu c’Abalewi, icanditswe n’umuhanuzi Musa, kiri mu bigize “Icanditswe cose” ngirakamaro ku kwigisha. (2 Tim. 3:16) Izina Yehova riraboneka nk’incuro cumi muri buri kigabane c’ico gitabu. Gutahura ibivugwa mu gitabu c’Abalewi bizotuma turushiriza kwirinda gukora ikintu cose cosiga iceyi izina ry’Imana. (Lew. 22:32) Kuba ico gitabu gikoresha kenshi imvugo ngo “Ndi Yehova,” biratwibutsa ko dukwiye kugamburukira Imana. Muri iki kiganiro no mu gikurikira, turihweza ibintu bimwebimwe vy’agaciro dusanga mu gitabu c’Abalewi, kino kikaba ari ingabirano iva ku Mana, idufasha kugira uruhara mu gusenga gutyoroye.

DUSABWA KUBA BERANDA

3, 4. Ukwozwa kwa Aroni n’abahungu biwe kwagereranya iki? (Raba ishusho itangura.)

3 Soma Abalewi 8:5, 6. Yehova yacaguye Aroni kugira abe  umuherezi mukuru wa Isirayeli, abahungu biwe na bo bakaba babwirizwa kuba abaherezi b’iryo hanga. Aroni agereranya Yezu Kristu, abahungu biwe na bo bakagereranya abayoboke ba Yezu barobanuwe. None kuba Aroni yarogejwe vyoba vyagereranya ko Yezu yohumanuwe? Oya namba, kuko Yezu atagira igicumuro akaba kandi “atagira ikirabagu.” Ntivyari bikenewe rero ko ahumanurwa. (Heb. 7:26; 9:14) Ariko Aroni amaze kwozwa, yaca agereranya Yezu, uwudahumanye kandi agororotse. None ukwozwa kw’abahungu ba Aroni kwo kwagereranya iki?

4 Ukwozwa kw’abahungu ba Aroni kwagereranya uguhumanurwa kw’abacaguwe ngo babe mu bagize ubuherezi bwo mw’ijuru. None ukubatizwa kw’abarobanuwe kwoba gufitaniye isano n’ukwo kwozwa kw’abahungu ba Aroni? Ishwi data. Ibatisimu ntiyoza ibicumuro. Ahubwo yerekana ko umuntu yiyeguriye Yehova Imana ata co arinze gusaba. Abarobanuwe barozwa “biciye kuri rya jambo,” ivyo bikaba bisaba ko bisunga n’umutima wabo wose inyigisho za Kristu mu buzima bwabo. (Ef. 5:25-27) Gutyo, baba bogejwe kandi bahumanuwe. Abo mu “zindi ntama” bobo bite?Yoh. 10:16.

5. Kubera iki twovuga yuko abo mu zindi ntama bahumanurwa biciye kw’Ijambo ry’Imana?

5 Abahungu ba Aroni ntibagereranya “isinzi rinini” ry’izindi ntama za Yezu. (Ivyah. 7:9) Ariko none boba na bo nyene bagirwa beranda kandi bagahumanurwa biciye kw’Ijambo ry’Imana? Cane nyene! Igihe abo bafise icizigiro co kuba kw’isi basomye ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ububasha bw’amaraso ya Yezu yasheshwe, barizera ayo majambo maze bakarangura “igikorwa ceranda umurango n’ijoro.” (Ivyah. 7:13-15) Kuba abarobanuwe be n’abo mu zindi ntama babandanya guhumanurwa bituma ‘bagumana ingeso nziza.’ (1 Pet. 2:12) Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa iyo abonye ukudahumana be n’ubumwe biranga abarobanuwe be n’abo mu zindi ntama! Abo barumviriza Umwungere wabo Yezu bakongera bakamukurikira badahemuka.

6. Kubera iki dukwiye kwama twisuzuma?

6 Kuba abakora igikorwa c’ubuherezi muri Isirayeli basabwa kuba basukuye ku mubiri, birafise ikintu gikomeye bisobanura ku basavyi ba Yehova muri iki gihe. Akenshi abo twigisha Bibiliya baribonera ko aho dusengera hasukuye bakabona n’ukuntu dusukuye kandi twambara neza. Ariko rero, kuba ubuherezi butari buhumanye biradufasha gutahura yuko umuntu wese aduga ku musozi ukirurutse Yehova asengerwako, ategerezwa kuba “adahumanye mu mutima wiwe.” (Soma Zaburi 24:3, 4; Yes. 2:2, 3.) Dutegerezwa kurangurira Imana umurimo mweranda tudahumanye mu bwenge, ku mutima no ku mubiri. Ivyo bisaba ko twisuzuma kenshi, kandi bamwebamwe boshobora guca bagira ibintu bihambaye bahinduye kugira babe beranda. (2 Kor. 13:5) Nk’akarorero, umukirisu araba n’ibigirankana amasanamu y’ibiterasoni akwiye kwibaza ati: ‘Noba ndiko nderekana ko ndi mweranda?’ Yoshobora rero guca arondera gufashwa kugira ngo ahebe iyo ngeso mbi.Yak. 5:14.

TUBE BERANDA MU KUGAMBURUKA

7. Mu buryo buhuye n’ibivugwa mu Balewi 8:22-24, ni akarorero akahe Yezu yasize?

7 Igihe ubuherezi bwashingwa muri Isirayeli, Umuherezi Mukuru Aroni n’abahungu biwe barasizwe amaraso y’impfizi y’intama ku gutwi kw’iburyo, ku rukumu rw’ukuboko kw’ukuryo no kw’ino rikuru ry’iburyo. (Soma Abalewi 8:22-24.) Gukoresha amaraso muri ubwo buryo vyasobanura ko abo baherezi boranguye ibikorwa vyabo babigiranye ukugamburuka. Umuherezi Mukuru Yezu na we nyene yarasigiye abarobanuwe hamwe n’abo mu zindi  ntama akarorero katagira agahaze muri uwo muce. Ugutwi kwiwe kwarumvira ubuyobozi buva ku Mana, amaboko yiwe akayakoresha mu kurangura ivyo Yehova agomba kandi ibirenge vyiwe ntivyigeze binyerera ngo bive mu nzira y’ubweranda.Yoh. 4:31-34.

8. Abasavyi ba Yehova bose bategerezwa gukora iki?

8 Abakirisu barobanuwe hamwe n’izindi ntama za Yezu bategerezwa kwigana uwo Muherezi Mukuru wabo, uwagumye atunganye imbere y’Imana. Abasavyi ba Yehova bose bategerezwa kugamburuka ubuyobozi dusanga mw’Ijambo ry’Imana, gutyo bakirinda gushavuza impwemu yayo. (Ef. 4:30) Bategerezwa “gutunganiriza ibirenge vya[bo] inzira zigororotse.”Heb. 12:13.

9. Ni ibiki vyavuzwe n’abavukanyi batatu bakoranye n’abagize Inama Nyobozi, kandi bishobora gute kugufasha kuguma uri mweranda?

9 Rimbura amajambo akora ku mutima yavuzwe n’abavukanyi batatu bafise icizigiro co kuba kw’isi bamaze imyaka mirongo bakorana n’abagize Inama Nyobozi. Umwe yavuze ati: “Ako vy’ukuri ni agateka k’umurimo kadasanzwe, ariko kuba hafi y’abo bavukanyi biranyereka rimwe na rimwe yuko ari abanyagasembwa naho barobanujwe impwemu. Yamara rero, imwe mu ntumbero mfise uko imyaka irengana ni ukugamburukira abatuja imbere.” Umuvukanyi agira kabiri yavuze ati: “Ivyanditswe bimwebimwe bivuga ibijanye no ‘kugamburukira Kristu,’ nka 2 Abakorinto 10:5, vyaramfashije kugamburuka no gusenyera ku mugozi umwe n’abatuja imbere. Kwari ukugamburuka kuvuye ku mutima.” Umuvukanyi agira gatatu yavuze ati: “Gukunda ivyo Yehova akunda no kwanka ivyo yanka, tukama turondera ubuyobozi atanga kandi tugakora ibimuhimbara, ni kwo kugamburukira ishirahamwe ryiwe n’abo ariko arakoresha mu guteza imbere umugambi afitiye isi.” Uwo muvukanyi aribuka ukuntu Nathan Knorr, uwahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, yemeye atagonanwa ivyiyumviro vyari mu Munara w’Inderetsi wo mu 1925, mu kiganiro cavuga ngo “Ivuka ry’Ihanga, naho nyene bamwebamwe bari babineguye.” Ukwo kugamburuka kwarakoze ku mutima cane uwo muvukanyi. Kuzirikana ku vyo abo bavukanyi batatu bavuze birashobora kugufasha kuba mweranda mu kugamburuka.

TUGAMBURUKE BIMWE BISHITSE ITEGEKO RY’IMANA RYEREKEYE AMARASO

10. Kubera iki bihambaye ko tugamburuka itegeko ry’Imana ryerekeye amaraso?

10 Soma Abalewi 17:10. Yehova yategetse Abisirayeli kutarya “amaraso y’ubwoko na bumwe.” Abakirisu na bo nyene basabwa kwirinda amaraso, yaba ay’igikoko canke ay’abantu. (Ivyak. 15:28, 29) Kwumva ko Imana ‘izodushinga igitsure cayo’ be n’uko izoturandura mw’ishengero ryayo birateye ubwoba. Turayikunda kandi twipfuza kuyigamburukira. N’igihe mbere tuba duhanganye n’ibintu bigeramira ubuzima, ntiturota dupfa kwemera ivyo abantu batazi Yehova kandi batitaho kumugamburukira badusaba gukora. Ego ni ko turitega ko badutyekeza baduhora ko twirinda amaraso, ariko duhitamwo kugamburukira Imana. (Yuda 17, 18) Ni igiki none kizodufasha ‘kwiyemeza dushikamye’ kutarya amaraso canke kwirinda kuyaterwa?Gus. 12:23.

11. Kubera iki twovuga ko Umusi w’impongano waba buri mwaka utari umugenzo usanzwe?

11 Kuba umuherezi mukuru wo muri Isirayeli ya kera yarakoresha amaraso y’ibitungwa ku Musi w’impongano waba buri mwaka, biradufasha gutahura ingene Imana ibona amaraso. Amaraso yakoreshwa gusa ku bw’ikintu kidasanzwe. Yari agenewe guhongera ibicumuro vy’abarondera ko Yehova abababarira. Amaraso y’impfizi n’ay’impene yategerezwa kumijagirwa ku mufuniko w’isandugu y’isezerano n’imbere  yayo. (Lew. 16:14, 15, 19) Ivyo vyatuma Yehova ashobora kubabarira ibicumuro vy’Abisirayeli. Vyongeye, Yehova yari yategetse ko igihe umuntu yishe igikoko kugira agifungure, yategerezwa gusesa hasi amaraso yaco hanyuma akayarenzako umukungugu, “kuko ubuzima bw’ikiri n’umubiri cose ari amaraso yaco.” (Lew. 17:11-14) None ivyo vyose vyoba vyari imigenzo gusa ata co imaze? Oya namba. Ukwo gukoresha amaraso ku Musi w’impongano, ushizemwo n’iryo tegeko ryo gusesa hasi amaraso, birahuye na rya tegeko ryerekeye amaraso Yehova yari yarahaye Nowa n’uruvyaro rwiwe. (Ita. 9:3-6) Yehova Imana yabujije abantu kurya amaraso kugira akingire ubuzima. None ivyo bisobanura iki ku bakirisu?

12. Paulo yerekanye gute ko hariho isano hagati y’amaraso n’ukubabarirwa?

12 Igihe intumwa Paulo yandikira abakirisu b’Abaheburayo ibijanye n’ububasha amaraso afise bwo gutyorora abantu, yasiguye ati: “Nk’uko Itegeko riri, . . . hadasheshwe amaraso nta kubabarirwa kuhaba.” (Heb. 9:22) Paulo yarerekanye kandi yuko naho ibimazi vy’ibitungwa vyari bifise agaciro kanaka, vyibutsa gusa Abisirayeli ko ari abacumuzi be n’uko bari bakeneye ikindi kintu kugira bakurweko rwose ibicumuro vyabo. Itegeko ryari “igitutu c’ibintu vyiza bizoza, mugabo atari umutumba nyene wa nya bintu.” (Heb. 10:1-4) None vyoshobotse gute ko abantu bababarirwa ibicumuro?

13. Kuba Yezu yarashikaniye Yehova agaciro k’amaraso yiwe bituma wiyumva gute?

13 Soma Abanyefeso 1:7. Urupfu rwo kwitangako inkuka rwa Yezu Kristu, uwemeye ‘kutwigura,’ rurahambaye cane ku bamukunda bose bagakunda na Se wiwe. (Gal. 2:20) Yamara rero, ivyo Yezu yakoze amaze kuzuka ni vyo vy’ukuri bitubohora, bigatuma dushobora kubabarirwa ibicumuro. Yezu yarashikije ivyari vyaravuzwe mw’Itegeko Imana yatanze biciye kuri Musa vyagirwa ku Musi w’impongano. Kuri uwo musi, umuherezi mukuru yarakira ku maraso y’ibimazi vy’ibitungwa akayatwara Aheranda Rwose maze  akayashikiriza Imana, nk’aho yaba ari imbere yayo. (Lew. 16:11-15) Muri ubwo buryo nyene, Yezu yarinjiye mw’ijuru ajanye agaciro k’amaraso yiwe, ayashikiriza Yehova. (Heb. 9:6, 7, 11-14, 24-28) Ese ukuntu dukenguruka kubona tubabarirwa ibicumuro tukongera tukagira ijwi ryo mu mutima ryiza kubera ko twizera amaraso ya Yezu!

14, 15. Ni kubera iki bihambaye ko dutahura kandi tukagamburuka itegeko rya Yehova ryerekeye amaraso?

14 Ubu none woba ushobora gutahura igituma Yehova adutegeka kutarya “amaraso y’ubwoko na bumwe”? (Lew. 17:10) Woba utahura igituma Imana ibona ko amaraso ari meranda? Ibona ko amaraso ari ubuzima. (Ita. 9:4) Woba wemera none ko dukwiye kubona amaraso nk’uko Imana iyabona no kugamburuka itegeko ryayo ridusaba kuyirinda? Twese dushobora kugiranira amahoro n’Imana ari uko gusa twizeye inkuka y’incungu ya Yezu kandi tukemera ko amaraso afise agaciro kadasanzwe imbere y’Umuremyi wacu.Kol. 1:19, 20.

15 Uwo ari we wese muri twebwe yoshobora guhura n’ikibazo c’amaraso atari avyiteze. Canke na ho, uwo mu muryango kibure umugenzi twikundira yoshobora kubwirizwa bukwi na bukwi guhitamwo kwemera canke kwanka guterwa amaraso. Mu gihe kigoye nk’ico, umuntu arakenera kandi gufata ingingo ku bijanye n’uduhimba twakuwe muri vya bihimba nyamukuru bigize amaraso no ku bijanye n’uburyo bwo kuvurwa. Ku bw’ivyo, birahambaye cane ko tugira ubushakashatsi tukongera tukitegurira ikintu cosaba gutabarwa vyihutirwa. Nitwafata izo ngingo tubijanisha n’isengesho bizodufasha gushikama maze twirinde kudohoka. Ntidushaka na gato kubabaza Yehova mu kwemera ikintu Ijambo ryiwe ryiyamiriza. Abahinga benshi mu vy’ubuvuzi be n’abandi bashigikira ivyo guterwa amaraso barahimiriza abantu gutanga amaraso bizigiye ko arokora ubuzima. Ariko rero, abasavyi ba Yehova batyoroye baremera icese ko uwo Muremyi afise uburenganzira bwo kwerekana ukuntu amaraso akwiye gukoreshwa. Kuri we, nta “maraso y’ubwoko na bumwe” atari meranda. Tubwirizwa kwiyemeza kugamburuka itegeko ryiwe ryerekeye amaraso. Dukwiye kumwereka biciye ku nyifato yacu idahumanye ko dukenguruka cane ububasha amaraso ya Yezu afise bwo kurokora ubuzima. Ni yo yonyene atuma dushobora guharirwa ibicumuro no kuronka ubuzima budahera.Yoh. 3:16.

Woba wiyemeje kugamburuka itegeko rya Yehova ryerekeye amaraso? (Raba ingingo ya 14, 15)

IGITUMA YEHOVA YITEGA KO TUBA BERANDA

16. Kubera iki abasavyi ba Yehova bategerezwa kuba beranda?

16 Igihe Imana yakura Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri, yababwiye iti: “Ndi Yehova uwuriko arabadugana abakura mu gihugu ca Misiri kugira nerekane ko ndi Imana kuri mwebwe; kandi mutegerezwa kwerekana ko muri beranda, kuko jewe ndi mweranda.” (Lew. 11:45) Yehova yari yiteze ko Abisirayeli baba beranda kuko na we ari mweranda. Na twebwe Ivyabona vya Yehova dutegerezwa kuba beranda. Igitabu c’Abalewi kiravyerekana neza.

17. Ubu ubona gute igitabu c’Abalewi?

17 Nta gukeka ko kurimbura ibice bimwebimwe vy’igitabu c’Abalewi vyadufashije cane. Birashoboka rwose ko iki cigwa catumye urushiriza guha agaciro ico gitabu cahumetswe co muri Bibiliya. Nta mazinda ko kuzirikana ku makuru amwamwe ahambaye yo mu gitabu c’Abalewi vyatumye urushiriza gutahura igituma dutegerezwa kuba beranda. Ariko none, ni ibindi bintu bihambaye ibihe dusanga muri ico gitabu co muri Bibiliya? Ni ibindi vyigwa ibihe twogikuramwo ku bijanye no kurangurira Yehova umurimo mweranda? Ivyo ni vyo tuzorimbura mu kiganiro gikurikira.