Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Mukakaro 2014

“Muzombera ivyabona”

“Muzombera ivyabona”

“[Yezu] ababwira ati: ‘. . . Muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.’ ”IVYAK. 1:7, 8.

12. (a) Icabona ca Yehova ahambaye kuruta abandi bose ni nde? (b) Izina Yezu risobanura iki, kandi ni gute Umwana w’Imana yabayeho ahuza n’izina ryiwe?

“IKI ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Soma Yohani 18:33-37.) Igihe Yezu Kristu yariko aracirwa urubanza rwashobora gutuma apfa canke akira, ni ho yabwira ayo majambo buramatari w’Umuroma yatwara intara ya Yudaya. Yezu yari ahejeje kuvuga ko ari umwami. Haciye imyaka ivyo bibaye, intumwa Paulo yaravuze ibijanye n’ako karorero k’umutima rugabo wa Yezu, “we bwa cabona yashinze intahe nziza icese imbere ya Ponsiyo Pilato.” (1 Tim. 6:13) Mu vy’ukuri, rimwe na rimwe birasaba umutima rugabo udasanzwe kugira ngo umuntu abe “icabona cizigirwa kandi c’ukuri” muri iyi si ya Shetani yuzuye urwanko.Ivyah. 3:14.

2 Kubera ko Yezu yari uwo mw’ihanga rya Isirayeli, yavutse ari icabona ca Yehova. (Yes. 43:10) Nkako, ni we yabaye icabona kiruta abandi bose Imana yahagurukije ku bw’izina ryayo. Yezu yarafatana uburemere insobanuro y’izina yahawe n’Imana. Igihe umumarayika yabwira se-murezi wa Yezu ari we Yozefu yuko Mariya yari yibungenze biciye ku mpwemu nyeranda, uwo mumarayika yongeyeko ati: “Azovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yezu, kuko azokiza abantu biwe ibicumuro vyabo.” (Mat. 1:20, 21) Incabwenge mu vya Bibiliya ziremera muri rusangi yuko izina Yezu rivuye mw’izina ry’igiheburayo Yeshuwa,  rikaba ririmwo impfunyapfunyo y’izina ry’Imana. Risobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.” Mu kubaho ahuza n’insobanuro y’izina ryiwe, Yezu yarafashije “intama zazimiye z’inzu ya Isirayeli” kwigaya ibicumuro vyazo kugira ngo zisubire gushimwa na Yehova. (Mat. 10:6; 15:24; Luka 19:10) Kugira abishikeko, yarashinze intahe yerekeye Ubwami bw’Imana abigiranye umwete. Umwanditsi w’Injili Mariko yavuze ati: “Yezu aja i Galilaya, yamamaza inkuru nziza y’Imana, avuga ati: ‘Igihe cashinzwe carangutse, kandi ubwami bw’Imana buregereje. Nimwigaye, kandi mwizere inkuru nziza.’ ” (Mrk. 1:14, 15) N’ikindi kandi, Yezu yariyamirije abigiranye umutima rugabo indongozi z’idini ry’Abayuda, ivyo bikaba biri mu vyatumye yicirwa ku giti.Mrk. 11:17, 18; 15:1-15.

“IBINTU VY’AGATANGAZA VY’IMANA”

3. Ni igiki cabaye ku musi ugira gatatu Yezu apfuye?

3 Cari ikintu c’akumiza pe! Ku musi ugira gatatu Yezu yishwe bunyamaswa, Yehova yaramuzuye, ariko ntiyamuzuye ari umuntu nkatwe, yamuzuye ari ikiremwa c’impwemu kidapfa. (1 Pet. 3:18) Kugira Yezu yereke abigishwa biwe ko yari yazutse, yariyambitse umubiri w’umuntu. Kuri uwo musi nyene yari yazutse, yariyeretse abigishwa batandukanye n’imiburiburi incuro zitanu.Mat. 28:8-10; Luka 24:13-16, 30-36; Yoh. 20:11-18.

4. Ni ikoraniro irihe Yezu yahagarikiye ku musi w’izuka ryiwe, kandi ni ibanga irihe yatomoreye abigishwa biwe?

4 Igihe Yezu yiyereka intumwa ziwe ku ncuro ya gatanu, zari zikoraniye hamwe n’abandi bantu. Kuri uwo musi w’intibagirwa, ni nk’aho yabayoboreye inyigisho ya Bibiliya. Dusoma duti: “Yugurura imizirikanyi yabo bimwe bishitse kugira ngo bategere insobanuro y’Ivyanditswe.” Ku bw’ivyo, baratahuye yuko vyari vyaravuzwe mu Vyanditswe ko yokwishwe n’abansi b’Imana maze akazurwa ku gitangaro. Ku nsozero y’iryo koraniro ryabaye ku musi Yezu yari yazutse, yaratomoreye abariko baramwumviriza ibanga bari bajejwe. Yababwiye yuko “mw’izina ryiwe ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro kwokwamamajwe mu mahanga yose—guhera i Yeruzalemu.” Yongeyeko ati: “Mubwirizwa kuba ivyabona vy’ivyo bintu.”Luka 24:44-48.

5, 6. (a) Ni kubera iki Yezu yavuze ngo: “Muzombera ivyabona”? (b) Ni umuce mushasha uwuhe w’umugambi wa Yehova abigishwa ba Yezu bobwirijwe kumenyekanisha?

5 Igihe Yezu yiyereka intumwa ziwe ubwa nyuma, hakaba rero hari haciye imisi 40, zishobora kuba zaciye zitahura ico yashaka kuvuga igihe yavuga mu buryo busanzwe yamara bukomeye iri tegeko rigira riti: “Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:8) Ni kubera iki Yezu yavuze ngo: “Muzombera ivyabona” aho kuvuga ko bazoba ivyabona vya Yehova? Yezu yari gushobora kuvuga gutyo, mugabo abo yariko arabwira bari Abisirayeli bakaba rero bari basanzwe ari ivyabona vya Yehova.

Kubera ko turi abigishwa ba Yezu, tuguma tumenyekanisha umugambi wa Yehova werekeye kazoza (Raba ingingo ya 5, 6)

6 Ico gihe abo bigishwa ba Yezu bobwirijwe kumenyekanisha umuce mushasha w’umugambi wa Yehova, ico kikaba cari ikintu gihambaye cane kuruta kwa kurokorwa kwa Isirayeli ikuwe mu bushumba mu Misiri, mu nyuma na ho igakurwa mu bunyagano i Babiloni. Urupfu rwa Yezu Kristu n’izuka ryiwe vyaratumye bishoboka ko abantu bakurwa mu bunyagano bubi kuruta ubundi bwose, ni ukuvuga ukuba abashumba b’igicumuro n’urupfu. Kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu, abigishwa ba Yezu bari baherutse kurobanurwa baramenyesheje abantu “ibintu vy’agatangaza vy’Imana,” kandi benshi mu bavyumvise bavyakiriye neza. Ku bw’ivyo, Yezu yicaye iburyo bwa Se mw’ijuru, yaratanguye kwibonera ingene izina ryiwe rirushiriza kugira ico rivuze igihe abantu ibihumbi bigaya maze bakizera ko ari we Yehova  yakoresheje mu kubakiza.Ivyak. 2:5, 11, 37-41.

“INCUNGU YA BENSHI”

7. Ibintu vyabaye kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu vyerekanye iki?

7 Ibintu vyabaye kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu vyarerekanye yuko Yehova yari yemeye n’umutima mwiza agaciro k’inkuka y’umubiri wa Yezu utunganye ngo ihongere igicumuro, ni ukuvuga igipfuke. (Heb. 9:11, 12, 24) Nk’uko Yezu yabivuze, yaje “atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Abo “benshi” bokwungukiye ku ncungu ya Yezu ntibari Abayuda bigaye bonyene. Ahubwo, Imana ishaka ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa,” kubera ko incungu “ikuraho igicumuro c’isi!”1 Tim. 2:4-6; Yoh. 1:29.

8. Abigishwa ba Yezu bashinze intahe gushika ku rugero uruhe, kandi vyashobotse gute?

8 Abigishwa ba Yezu bo mu ntango boba bari bakeneye kugira umutima rugabo kugira bagume bamushingira intahe? Mu vy’ukuri baramushingiye intahe, ariko ntibabigize ku nkomezi zabo bwite. Impwemu nyeranda ya Yehova y’ububasha yarabavyuriye umutima wo kuguma bashinga intahe yongera irabakomeza. (Soma Ivyak. 5:30-32.) Haciye imyaka nka 27 inyuma ya Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu, vyarashobora kuvugwa yuko “ukuri kw’iyo nkuru nziza” kwari kwarashikiriye Abayuda n’Abanyamahanga “mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.”Kol. 1:5, 23.

9. Nk’uko vyari vyaravuzwe, ni ibiki vyashikiye ishengero rya gikirisu ryo mu ntango?

9 Ariko rero, ikibabaje ni uko ishengero rya gikirisu ryo mu ntango ryagiye rirononekara. (Ivyak. 20:29, 30; 2 Pet. 2:2, 3; Yuda 3, 4) Nk’uko Yezu yari yarabivuze, ubwo buhuni buremeshejwe na “wa mubisha” Shetani, bwogwiriye maze bugapfukiranya ubukirisu bw’ukuri gushika ku “nsozero y’ivy’isi.” (Mat. 13:37-43) Mu nyuma, Yehova yokwimitse Yezu akaba Umwami w’isi. Ivyo vyabaye muri Gitugutu 1914, biba vyerekanye ko “imisi ya nyuma” y’isi mbi ya Shetani itanguye.2 Tim. 3:1.

10. (a) Ni igenekerezo rihambaye irihe abakirisu barobanuwe bo mu gihe ca none bavuze? (b) Ni ibiki vyabaye muri Gitugutu 1914, kandi ivyo vyagaragaye neza gute?

10 Abakirisu barobanuwe bo mu gihe ca none baravuze imbere y’igihe yuko ukwezi kwa Gitugutu mu 1914 ryobaye igenekerezo  rihambaye cane. Ivyo babivuga bisunze ubuhanuzi bwo muri Daniyeli buvuga ibijanye n’igiti kinini ciciwe, kikaba cosubiye gukura haciye “ibihe indwi.” (Dan. 4:16) Mu buhanuzi bwa Yezu bwerekeye ukuhaba kwiwe muri kazoza be n’ “insozero y’ivy’isi,” yaravuze ko ico kiringo nyene ari “ibihe vyashinzwe vy’amahanga.” Kuva muri uwo mwaka udasanzwe wa 1914, abantu bose bariboneye neza “ikimenyetso c’ukuhaba kwa [Kristu]” ari Umwami w’isi mushasha. (Mat. 24:3, 7, 14; Luka 21:24) Kuva ico gihe rero muri vya “bintu vy’agatangaza vy’Imana,” harimwo n’ukuba Yehova yari yimitse Yezu ngo abe Umwami w’isi.

11, 12. (a) Ni igiki Umwami mushasha w’isi yatanguye gukora mu 1919 gatoyi inyuma y’intambara? (b) Ni ikindi kintu ikihe cagaragaye kuva mu mwaka wa 1935? (Raba ishusho itangura.)

11 Kubera ko Yezu Kristu yari abaye Umwami mushasha w’isi, yaciye atangura kurokora abayoboke biwe barobanuwe abakura mu bunyagano muri “Babiloni Akomeye.” (Ivyah. 18:2, 4) Mu 1919, gatoyi inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose, harabonetse akaryo ko kwamamaza kw’isi yose inkuru nziza yerekeye uburyo Imana yatanze bwo kurokora abantu be n’iyerekeye Ubwami bwari bwashinzwe. Abakirisu barobanuwe ntibagishije ako karyo ko gushinga intahe, ivyo bikaba vyaratumye abandi barobanuwe ibihumbi bakoranirizwa hamwe kugira bazofadikanye na Kristu kuganza.

12 Kuva mu mwaka wa 1935, vyaragaragaye ko Kristu yari yaratanguye gukoraniriza hamwe abantu amamiliyoni bagize “izindi ntama” ziwe, bano bakaba bogize rya “sinzi rinini” rituruka mu mahanga yose. Vyongeye, abagize iryo sinzi rinini bayobowe n’abakirisu barobanuwe, barakurikiza akarorero ka Yezu maze bakamenyekanisha ku mugaragaro yuko ubukiriro bwabo babukesha Imana na Kristu. Nibihangana muri ico gikorwa co gushinga intahe kandi bakabandanya kwizera inkuka ya Kristu, bazoterwa agateka ko kurokoka “ya makuba akomeye,” ayazokuraho isi ya Shetani.Yoh. 10:16; Ivyah. 7:9, 10, 14.

‘TUGIRE UBUTINYUTSI KUGIRA TUBWIRE ABANDI INKURU NZIZA’

13. Twebwe Ivyabona vya Yehova, ni ibiki twiyemeje gukora, kandi twokwemezwa n’iki ko tuzororanirwa?

13 Nimuze tubandanye guha agaciro agateka twatewe ko kuba Ivyabona vy’ “ibintu vy’agatangaza” Yehova Imana yakoze be n’ivyo asezerana ko azokora muri kazoza. Mu vy’ukuri, gushinga iyo ntahe ntivyama vyoroshe. Benshi mu bavukanyi bacu usanga bakorera mu vyibare aho abantu batabinerwa na gato, babatyekeza canke babahama imbonankubone. Twoshobora gukora nk’ivyo nyene intumwa Paulo na bagenziwe bakoze. Paulo yavuze ati: “Twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana hariko  n’urugamba rukomeye.” (1 Tes. 2:2) Nimuze rero ntitwigere dutana n’akabando. Ahubwo nyabuna, nimuze twiyemeze gukora duhuza n’ukwiyegura kwacu uko isi ya Shetani igenda yegereza gutikizwa. (Yes. 6:11) Ivyo ntitwoshobora kubikora ku bw’inkomezi zacu bwite. Nka kumwe kw’abakirisu bo mu ntango, dutegerezwa gusenga dusaba ko Yehova aduha “ububasha burengeye ubusanzwe” abicishije ku mpwemu yiwe—Soma 2 Abakorinto 4:1, 7; Luka 11:13.

14, 15. (a) Abakirisu babonwa gute mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, kandi ni igiki intumwa Petero yavuze ku biberekeye? (b) Dukwiye kwiyumva gute igihe dufashwe nabi duhorwa ko turi Ivyabona vya Yehova?

14 Muri iki gihe, abantu amamiliyoni boshobora kuvuga ko ari abakirisu, “mugabo [Imana] bakayihakanisha ibikorwa vyabo, kubera ko bateye ishishi bakaba n’abagambarazi, bakaba kandi batemewe ku bw’igikorwa ciza na kimwe.” (Tito 1:16) Vyoba vyiza twibutse ko mu kinjana ca mbere abakirisu b’ukuri bankwa n’abantu benshi bo mu gihe cabo. Ni co gituma intumwa Petero yanditse ati: “Nimba mutukwa muhorwa izina rya Kristu, murahiriwe, kubera ko . . . impwemu y’Imana, iguma kuri mwebwe.”1 Pet. 4:14.

15 Ayo majambo yahumetswe yoba yerekeye Ivyabona vya Yehova muri iki gihe? Ego cane, kubera ko dushingira intahe ubwami bwa Yezu. Ku bw’ivyo, kwankwa duhorwa kwitirirwa izina rya Yehova ni co kimwe no ‘gutukwa duhorwa izina rya Yezu Kristu,’ uwabwiye abariko baramurwanya ati: “Naje mw’izina rya Data, mugabo ntimunyakira.” (Yoh. 5:43) Ikindi gihe rero nibakurwanya mu gikorwa cawe co gushinga intahe, uze ugire umutima rugabo. Ukwo gufatwa nabi ni ikimenyamenya c’uko wemerwa n’Imana be n’uko impwemu yayo “iguma kuri [wewe].”

16, 17. (a) Ni ibiki bishikira abasavyi ba Yehova mu mihingo myinshi y’isi? (b) Wiyemeje iki?

16 Muri ico gihe nyene, uribuka ko mu mihingo myinshi y’isi hariko haraba iyongerekana rishimishije. Mbere no mu vyibare vyakorewemwo cane, turacahasanga abipfuza kudutega yompi dushobora kubwira ubutumwa bwerekeye ubukiriro. Nimuze tugire umwete wo gusubira kugendera abashimishijwe maze nimba bishoboka tubigishe Bibiliya, tubafashe gutera imbere gushika biyeguye kandi babatijwe. Woshobora kuba wiyumva nka Sarie wo muri Afrika y’Epfo, akaba amaze imyaka irenga 60 yamamaza n’umwete. Avuga ati: “Ndakenguruka cane kuba nshobora kugiranira ubucuti somambike na Yehova we Segaba w’ibiriho vyose biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, kandi ndahimbarwa no kumenyekanisha izina ryiwe rininahaye.” We n’umunega wiwe Martinus barafashije abantu benshi kuba abasavyi ba Yehova, harimwo n’abana babo batatu. Sarie yongerako ati: “Nta kindi gikorwa gituma umuntu agira umunezero mwinshi nk’ico, kandi Yehova abicishije ku mpwemu nyeranda yiwe araturonsa twese ubushobozi dukeneye kugira tubandanye ico gikorwa kirokora ubuzima.”

17 Twaba turi abakirisu babatijwe canke turiko turihatira gushika kuri iryo hangiro, turafise imvo yumvikana yo gukenguruka agateka twatewe ko kwifatanya n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova rikwiye kw’isi yose. Nubandanye rero gushinga intahe inogangije wongera wihatira kuguma utandujwe n’iyi si ya Shetani ihumanye. Niwabigenza gutyo, uzotera iteka Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo, uwo twatewe agateka ko kwitirirwa izina ryiwe rininahaye.