Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Mukakaro 2014

“Muri ivyabona vyanje”

“Muri ivyabona vyanje”

“ ‘Muri ivyabona vyanje,’ ni ko Yehova avuze.YES. 43:10.

1, 2. (a) Icabona ni iki, kandi ni ibintu bidasanzwe ibihe ibinyamakuru vyo mw’isi vyananiwe kubwira abantu? (b) Ni kubera iki Yehova adakeneye gukoresha ibinyamakuru vyo mw’isi?

ICABONA ni iki? Kazinduzi imwe ivuga iti: “Ni umuntu abona ikintu kiba cabaye maze agashikiriza amakuru y’ingene vyagenze.” Nk’akarorero, mu gisagara ca Pietermaritzburg muri Afrika y’Epfo, hari ikinyamakuru ubu citwa Icabona (mu congereza) kimaze imyaka irenga 160 gisohorwa. Iryo zina rirabereye kuko intumbero yaco ari iyo gushikiriza amakuru atagiramwo amakosa ajanye n’ibintu biba mw’isi. Umwanditsi yatanguje ico kinyamakuru yasezeranye ko covuze “ukuri, ukuri kwose, ukuri gusa.”

2 Ariko rero ikibabaje ni uko ibinyamakuru vyo mw’isi vyiyobagije rwose canke mbere biragoreka ibintu bihambaye cane vyerekeye Imana be n’ivyo yakoze. Nta gukeka ko ivyo ari vyo Imana Mushoboravyose yavuze biciye ku muhanuzi wayo wa kera Ezekiyeli iti: “Amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.” (Ezk. 39:7) Mugabo Umutegetsi Segaba w’ijuru n’isi ntakeneye gukoresha ibinyamakuru vyo mw’isi. Arafise Ivyabona nk’imiliyoni umunani babwira abantu bo mu mahanga yose ibimwerekeye, ivyo yakoreye abantu muri kahise be n’ivyo ariko arabakorera ubu. Izo ngabo ziwe z’Ivyabona ziramenyekanisha kandi ibintu vyiza igitangaza Imana yasezeranye kuzokorera abantu muri kazoza. Igihe dushize ico gikorwa co gushinga intahe mu kibanza ca mbere, tuba twerekanye ko tubaho duhuza n’izina Imana yaduhaye, nk’uko bivugwa muri Yesaya 43:10, ahagira  hati: “ ‘Muri ivyabona vyanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘mbere umusavyi wanje natoye.’ ”

3, 4. (a) Ni ryari Abatohoji ba Bibiliya batanguye kwitwa izina rishasha, kandi bavyakiriye gute? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

3 Ni agateka vy’ukuri kwitirirwa izina Yehova, kubera ko ari “wa Mwami w’ibihe bidahera” avuga ati: “Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi.” (1 Tim. 1:17; Kuv. 3:15; gereranya n’ Umusiguzi 2:16.) Mu 1931, Abatohoji ba Bibiliya baratanguye kwitwa Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma, amakete menshi yo gukenguruka yarasohowe muri iki kinyamakuru. Ishengero rimwe ryo muri Kanada ryanditse riti: “Inkuru nziza y’uko turi ‘Ivyabona vya Yehova’ yaratunezereje cane yongera ituma turushiriza kugira umwiyemezo wo kuba ababereye kwitwa iryo zina.”

4 Wokwerekana gute ko ukenguruka agateka ko kwitirirwa izina ry’Imana? Vyongeye, woba ushobora gusigura wisunze Ivyanditswe igituma twitwa Ivyabona vya Yehova?

IVYABONA VY’IMANA MU BIHE VYA KERA

5, 6. (a) Abavyeyi b’Abisirayeli bategerezwa kuba ivyabona vya Yehova mu buryo ubuhe? (b) Ni ikindi kintu ikihe abavyeyi b’Abisirayeli bategetswe kugira, kandi ni kubera iki muri iki gihe abavyeyi bakwiye kubigenza gutyo nyene?

5 Mu gihe ca Yesaya, Umwisirayeli wese ku giti ciwe yari ‘icabona’ ca Yehova, iryo hanga ryose uko ryakabaye na ryo rikaba “umusavyi” w’Imana. (Yes. 43:10) Uburyo bumwe wasanga abavyeyi b’Abisirayeli baba ivyabona ni mu kwigisha abana babo ivyo Imana yari yarakoreye ba sekuruza babo. Nk’akarorero, igihe abantu baba bariko barigishwa guhimbaza Pasika buri mwaka, babwirwa bati: “Abahungu banyu nibababwira bati: ‘Iki gikorwa gisobanura iki kuri mwebwe?’, muze mubabwire rero muti: ‘Ni ikimazi ca pasika ca Yehova, uwarenganye hejuru y’amazu ya bene Isirayeli mu Misiri, igihe yateza ivyago Abanyamisiri mugabo akarokora amazu yacu.’ ” (Kuv. 12: 26, 27) Abo bavyeyi bashobora kandi kuba barasigurira abana babo yuko igihe Musa yagenda ubwa mbere kwa wa mutegetsi wa Misiri Farawo gusabira Abisirayeli uruhusha rwo kuja gusenga Yehova mu gahinga, Farawo yishuye ati: “Yehova ni nde, ngo ngamburukire ijwi ryiwe ndekure Isirayeli?” (Kuv. 5:2) Nta gukeka ko banabasigurira yuko vya vyago cumi bimaze gutema bigatongora ico gihugu, Abisirayeli na bo bakava mu vyara vy’ingabo za Misiri ku Kiyaga Gitukura, abantu bose baciye bibonera ko ikibazo ca Farawo cari cishuwe. Yehova yari Mushoboravyose kandi n’ubu ni we. Vyongeye, ihanga rya Isirayeli ryariboneye ko Yehova ari Imana y’ukuri be n’uko ashitsa ivyo asezerana.

6 Abisirayeli bakenguruka agateka ko kwitirirwa izina rya Yehova nta gukeka ko batiganira abana babo gusa ivyo bintu vy’igitangaza, ariko baranavyiganira abanyamahanga bacika abashumba mu ngo zabo. Birahambaye kandi kuba Abisirayeli bari barategetswe kwigisha abana babo gukurikiza ingingo mfatirwako za Yehova zijanye n’ubweranda. Yehova yavuze ati: “Mukwiye kwerekana ko muri beranda, kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda.” (Lew. 19:2; Gus. 6:6, 7) Ese ukuntu ako ari akarorero keza ku bavyeyi bakirisu muri iki gihe, abategerezwa na bo nyene kwigisha abana babo ukuntu boba beranda, gutyo bakabafasha gutera iteka izina ry’Imana rininahaye!—Soma Imigani 1:8; Abanyefeso 6:4.

Kwigisha abana bacu ivyerekeye Yehova biratera iteka izina ryiwe (Raba ingingo ya 5, 6)

7. (a) Igihe Isirayeli yaba igamburukiye Yehova, vyagira ico bikoze gute ku mahanga yari ayikikuje? (b) Abitirirwa izina ry’Imana bose bajejwe ibanga irihe?

7 Igihe rero Abisirayeli baba bagamburukiye Yehova, barashingira intahe nziza izina ry’Imana. Bari babwiwe bati: “Ibisata vyose vy’abantu vyo kw’isi ntibizobura kubona ko witirirwa izina rya Yehova, kandi bizogutinya koko.” (Gus. 28:10) Ariko, ikibabaje ni uko kahise k’Abisirayeli nka kose karanzwe n’ubuhemu. Incuro n’izindi, barahindukirira ibigirwamana vyakozwe n’abantu. Vyongeye, cokimwe n’imana basenga z’Abanyakanani, barabaye ba ruburakigongwe, baratanga abana babo kw’ibimazi bongera barahahaza aboro. Turahakura vy’ukuri icigwa gihambaye co kwama twihatira kuba beranda mu kwigana wa Mweranda Rwose, uwo twitirirwa izina ryiwe.

“RABA! NDIKO NKORA IKINTU GISHASHA”

8. Ni igikorwa ikihe Yehova yashinze Yesaya, kandi Yesaya yavyakiriye gute?

8 Yehova yari yaravuze ivyerekeye igikorwa c’agatangaza ihanga rya Isirayeli ryokwiboneye kijanye no kurikura mu bunyagano. (Yes. 43:19) Ibigabane bitandatu vya mbere vy’igitabu ca Yesaya biravuga ahanini ingabisho zerekeye icago kanaka cagira gishikire Yeruzalemu n’ibisagara vyari bihakikuje. Yehova, we abona neza ibiri mu mutima, yabwiye Yesaya kubandanya atangaza iyo ngabisho naho nyene yohuye n’abantu batagonda izosi. Yesaya yarababaye cane, aca yipfuza kumenya igihe iryo hanga ryomaze ritigaya. None Imana yamwishuye iki? Yavuze iti: “Gushika ibisagara bihomvaguritse koko, bigasigara ata wubibamwo, n’amazu agasigara ata muntu yakuwe mw’ivu ayabamwo, n’ubutaka bugatikizwa bugacika umusaka.”Soma Yesaya 6:8-11.

9. (a) Ubuhanuzi bwa Yesaya bwerekeye Yeruzalemu bwarangutse ryari? (b) Ni ingabisho iyihe itangwa muri iki gihe dukwiye kubako maso?

9 Yesaya yashinzwe ico gikorwa mu mwaka wa nyuma w’ingoma y’Umwami Uziya, nko mu 778 Imbere ya Kristu. Yabandanije igikorwa ciwe c’ubuhanuzi mu myaka 46 canke irenga gushika inyuma ya 732 Imbere ya Kristu, ni ukuvuga gushika mu gihe c’ingoma y’Umwami Hezekiya. Hari hagisigaye imyaka 125 kugira Yeruzalemu itikizwe mu 607 Imbere ya Kristu. Abo basavyi b’Imana rero barahawe umwanya ukwiye wo kugabishwa ku bijanye n’ivyari biraririye gushikira ihanga ryabo. No muri iki gihe Yehova yarahaye abasavyi biwe umwanya  ukwiye wo kumenyekanisha ibiraririye gushika. Kuva ku nomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi, ico kinyamakuru kiramaze imyaka 135 kigabisha abagisoma ku bijanye n’uko ubutegetsi bubi bwa Shetani bugiye kuvaho bugasubirirwa n’Ingoma ya Yezu Kristu y’imyaka igihumbi.Ivyah. 20:1-3, 6.

10, 11. Ni iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yesaya irihe Abisirayeli bari i Babiloni biboneye?

10 Abayuda benshi bagamburutse bakishikana ku Banyababiloni, bararokotse igihe Yeruzalemu yatikizwa maze bajanwa mu bunyagano i Babiloni. (Yer. 27:11, 12) Haciye imyaka 70 abo basavyi b’Imana bari i Babiloni, bariboneye iranguka ry’ubuhanuzi butangaje bugira buti: “Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi wanyu, wa Mweranda wa Isirayeli: ‘Ku bwanyu nzorungika abantu i Babiloni, manure ibihindizo vy’amabohero.’ ”Yes. 43:14.

11 Mu buryo buhuye n’ubwo buhanuzi, mw’ijoro rimwe mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu mu 539 Imbere ya Kristu, harabaye ikintu catigitishije isi. Magingo umwami wa Babiloni n’abantu biwe bakomakomeye bariko baranywera umuvinyu mu vyombo vyeranda vyasahuwe mu rusengero rw’i Yeruzalemu bongera bashemeza imana zakozwe n’abantu, ingabo z’Abamedi n’Abaperesi zarigaruriye Babiloni. Mu 538 canke mu 537 Imbere ya Kristu, Umwami yari yigaruriye Babiloni ari we Kuro yarategetse Abayuda gusubira i Yeruzalemu bagasubira kwubaka urusengero rw’Imana. Ivyo vyose Yesaya yari yarabivuze, harimwo n’umuhango Yehova yatanze w’uko abasavyi biwe bigaye yobaronkeje ivyo bakeneye akongera akabakingira basubiye i Yeruzalemu. Imana yabise ‘abantu yibumbiye, ngo badonde ishemezo ryayo.’ (Yes. 43:21; 44:26-28) Aho abo bantu bahoze ari inyagano basubiriye i Yeruzalemu bagasubira kwubaka urusengero rwa Yehova, bariboneye ko Yehova, ya Mana yonyene y’ukuri, yama ashitsa ivyo avuze.

12, 13. (a) Ni bande bifatanije n’Abisirayeli mu gusubizaho ivyo gusenga Yehova? (b) Vyitezwe ko abagize “izindi ntama” bakora iki igihe bashigikira “Isirayeli y’Imana,” kandi ni icizigiro ikihe bafise?

12 Muri iryo hanga ryari ryasubiye kuvuka harimwo abantu ibihumbi batari Abisirayeli, kandi mu nyuma abandi Banyamahanga benshi barahindukiriye idini ry’Abayuda. (Ezr. 2:58, 64, 65; Est. 8:17) Muri iki gihe, “isinzi rinini” ry’abagize “izindi ntama” za Yezu rirashigikira ridahemuka abakirisu barobanuwe bagize “Isirayeli y’Imana.” (Ivyah. 7:9, 10; Yoh. 10:16; Gal. 6:16). Abarobanuwe hamwe n’abagize isinzi rinini bose barafise agateka ko kwitwa Ivyabona vya Yehova.

13 Mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, abagize isinzi rinini bazogira umunezero utavugwa wo gusigurira  abazutse ukuntu vyari bimeze kuba Icabona ca Yehova mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si. Mugabo ivyo bizoshoboka mu gihe gusa twobaho duhuza n’izina ryacu ubu kandi tukihatira kuguma turi beranda. Vyongeye, naho twokwihata gute, dutegerezwa buri musi gusaba imbabazi igihe cose tutagaragaje ubweranda, tugatahura ko turi abacumuzi be n’uko kwemererwa kwitirirwa izina ry’Imana ryeranda ari agateka ntangere.Soma 1 Yohani 1:8, 9.

ICO IZINA RY’IMANA RISOBANURA

14. Izina Yehova risobanura iki?

14 Kugira ngo turushirize gukenguruka agateka dufise ko kwitirirwa izina ry’Imana, ni vyiza ko tuzirikana ku nsobanuro yaryo. Izina ry’Imana, irikunze guhindurwa ngo “Yehova,” rivuye mu rivuga ry’igiheburayo ridondora igikorwa, rikaba rishobora guhindurwa ngo “kuba.” Izina Yehova rero vyiyumvirwa yuko risobanura ngo “Atuma biba.” Iyo nsobanuro irakwiranye neza n’uruhara Yehova afise rwo kuba Umuremyi w’ijuru n’isi be n’ibiremwa bifise ubwenge akaba n’Uwushitsa umugambi wiwe. Vyongeye, nta wurwanya Yehova n’umwe ashobora kumubuza kurangura ivyo agomba be n’umugambi wiwe intambwe ku yindi, naho yoba Shetani.

15. Ni mu buryo ubuhe Yehova yahishuye umuce wa kamere yiwe nk’uko bibonekera mu nsobanuro y’izina ryiwe? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Izina ritekeye insobanuro ikomeye.”)

15 Igihe Yehova yashinga Musa igikorwa co kuyobora abasavyi biwe akabakura mu Misiri, yarahishuye umuce wa kamere yiwe mu gukoresha irivuga bifitaniye isano kugira adondore izina ryiwe, ico gihe akaba yakoresheje umuvugwa wa mbere. Iyo nkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Imana ica ibwira Musa iti: ‘NZOCIKA ICO NZOCIKA’ [canke, “Nzoba ico nzoba”]. Yongerako iti: ‘Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: “NZOCIKA yabantumyeko.” ’ ” (Kuv. 3:14) Mu gihe ico ari co cose rero, Yehova aracika ico bikenewe ko acika cose kugira ngo arangure umugambi wiwe. Kuri abo Bisirayeli bari bahoze ari abashumba, yarabaye Umurokozi, Uwukingira, Umuyobozi n’Uwubaronsa ivyo bakeneye vyose mu vy’umubiri no mu vy’impwemu.

TUGARAGAZE KO DUKENGURUKA

16, 17. (a) Twogaragaza gute ko dukenguruka agateka kwo kwitirirwa izina ry’Imana? (b) Ni igiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

16 Muri iki gihe, Yehova arabandanya gukora ahuza n’insobanuro y’izina ryiwe mu kuturonsa ibintu vyose dukeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Ariko rero, insobanuro y’izina ry’Imana ntigarukira gusa ku vyo ubwayo ihitamwo kuba. Harimwo n’uko ituma ivyo yaremye biba ikintu cose gikenewe kugira irangure umugambi wayo. Nk’akarorero, irakoresha Ivyabona vyayo kugira irangure igikorwa cayo. Kuzirikana kuri ico kintu bizotuvyurira umutima wo kuguma tubaho twisunga izina ryayo. Uwitwa Kåre w’imyaka 84, akaba amaze imyaka 70 ari Icabona w’umunyamwete muri Norveje, avuga ati: “Mbona ko ari agateka kadasanzwe gukorera Yehova wa Mwami w’ibihe bidahera, no kuba umwe mu bantu bitirirwa izina ryiwe ryeranda. Vyama ari agateka ntangere gusigura ukuri kwo muri Bibiliya no kwibonera ukuntu abantu akamwemwe kabasya igihe batahuye ukwo kuri. Nk’akarorero, ndaryoherwa cane igihe ndabigishije ingene inkuka y’incungu ya Kristu ikora be n’ukuntu biciye kuri yo bazoshobora kuronka ubuzima budahera mw’isi nshasha irangwa amahoro n’ubugororotsi.”

17 Ego ni ko, usanga mu vyibare bimwebimwe birushiriza kugora kuronka abantu bipfuza kumenya ivyerekeye Imana. Ariko none cokimwe na Kåre, ntuhimbarwa cane igihe uronse umuntu akwumviriza maze ugashobora kumwigisha ivyerekeye izina rya Yehova? Mugabo none dushobora gute kuba Ivyabona vya Yehova muri co gihe nyene tukaba ivyabona vya Yezu? Ico kibazo tuzocihweza mu kiganiro cacu gikurikira.