Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Ruheshi 2014

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Vyoba bibereye ko abakirisu baturira ibiziga?

 

Hariho inkuru zo muri Bibiliya zivuga ko ibiziga canke amagufa y’abapfuye vyaturiwe. (Yos. 7:25; 2 Ngo. 34:4, 5) Ivyo bishobora kuba vyarerekana ko abo bantu babonwa ko batabereye guhambanwa iteka. Ariko guturira ibiziga ntivyama bifise iyo nsobanuro.

Ivyo turabibonera ku nkuru y’urupfu rw’Umwami Sauli n’abahungu biwe batatu. Bose uko ari bane bapfuye bariko barwanya Abafilisitiya. Umwe muri abo bahungu yari Yonatani, wa mugenzi pfampfe wa Dawidi akaba n’uwamushigikira adahemuka. Igihe Abisirayeli b’intwari b’i Yabeshi-gileyadi bamenya ivyari vyabaye, baragiye kurondera nya biziga bine barabitora, barabiturira maze bahamba amagufa yavyo. Mu nyuma Dawidi yarakeje abo Bisirayeli kuri ico kintu bari bakoze.1 Sam. 31:2, 8-13; 2 Sam. 2:4-6.

Ivyanditswe vyerekana ko icizigiro kihari ku bapfuye ari izuka, ni ukuvuga ko Imana izotuma nya muntu asubira kuba muzima. Ico kiziga caba giturirwa canke kidaturirwa, Yehova ntananirwa no gutuma nya muntu asubira kuba muzima afise umubiri mushasha. Ba Baheburayo b’intahemuka batatu bagira batererwe mw’itanure ry’umuriro ururumba nk’uko vyari vyategetswe n’Umwami Nebukadinezari, ntivyari bikenewe ko batinya ko baramutse baturiwe n’umuriro Imana itoshoboye kubazura. (Dan. 3:16-18) Ivyo ni na ko vyari biri ku basavyi ba Yehova b’intahemuka bo muri ya makambi y’itunatuniro y’Abanazi bari barindiriye kwicwa maze ibiziga vyabo bigaturirwa. Hari abasavyi b’Imana b’intahemuka bapfuye bahitanywe n’ibibombe canke ibindi bintu ku buryo ata n’agasigarira kabo kabonetse. Na bo nyene bazozuka ata kabuza.Ivyah. 20:13.

Si ngombwa ngo Yehova asubire guterateranya umubiri nya muntu yahorana kugira amuzure. Ivyo turabibonera ku bakirisu barobanuwe Imana izura bakaja kuba mw’ijuru. Nka kumwe kwa Yezu, “[uwagizwe] muzima mu mpwemu,” abakirisu barobanuwe bazurwa ari ba bandi nyene mugabo bafise umubiri w’impwemu. Nta gihimba na kimwe c’umubiri wabo wa kera w’inyama n’amaraso bajana mw’ijuru.1 Pet. 3:18; 1 Kor. 15:42-53; 1 Yoh. 3:2.

Icizigiro cacu c’izuka ntigishingiye ku bishobora gukorwa ku kiziga mugabo gishingiye ku kwizera ko Imana ishoboye kandi yipfuza gushitsa ivyo yasezeranye. (Ivyak. 24:15) Ego ni ko, ntidushobora gutahura neza ukuntu Imana yakoze igitangaro c’izuka muri kahise be n’ingene izogikora muri kazoza. Ariko turashobora kwizigira Yehova. Yaratanze “ikimenyamenya” mu kuzura Yezu.Ivyak. 17:31; Luka 24:2, 3.

Vyoba vyiza abakirisu baravye ingene ibijanye n’ibiziga bisanzwe bigenda mu kibano, ukuntu mu karere iwabo babibona be n’ico amategeko abivugako. (2 Kor. 6:3, 4) Umuryango canke umuntu ku giti ciwe ni bo rero bifatira ingingo nimba ikiziga coturirwa canke kitoturirwa.