Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twoguma dufise agatima ko kwitanga

Ingene twoguma dufise agatima ko kwitanga

“Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke.”MAT. 16:24.

1. Yezu yatanze gute akarorero katagira agahaze mu bijanye no kwitanga?

IGIHE Yezu yari kw’isi, yaratanze akarorero katagira agahaze mu bijanye no kwitanga. Yarashize ku ruhande ivyipfuzo vyiwe n’ukwiberaho neza kugira akore ivyo Imana igomba. (Yoh. 5:30) Mu kuguma ari umwizigirwa gushika apfiriye ku giti co gusinzikarizwako, yarerekanye ko agatima kiwe ko kwitanga katagira aho kagarukira.Flp. 2:8.

2. Dushobora gute kugaragaza agatima ko kwitanga, kandi kubera iki dukwiye kukagaragaza?

2 Kubera ko turi abayoboke ba Yezu, na twebwe nyene turakwiye kugaragaza agatima ko kwitanga. Kugira agatima ko kwitanga bisobanura iki? Muri make, ni ukugira umutima ukunze wo guheba ibikwungura kugira ufashe abandi. Twovuga ko ari igihushane c’ubwikunzi. (Soma Matayo 16:24.) Agatima kataranga ubwikunzi karashobora kudufasha gushira imbere inyiyumvo z’abandi n’ibibahimbara aho gushira imbere ivyacu. (Flp. 2:3, 4) Nkako, Yezu yigishije yuko agatima kazira ubwikunzi ari ko karanga ugusenga kwacu. Uti gute? Urukundo rwa gikirisu, runo rukaba ruri mu bituvyurira umutima wo twitanga, ni co kintu nyamukuru kiranga abigishwa ba Yezu. (Yoh. 13:34, 35) Zirikana kandi ku mihezagiro twironkera kubera ko turi mu muryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ugaragaza agatima ko kwitanga!

3. Ni igiki coshobora kwonona agatima kacu ko kwitanga?

 3 Ariko rero, hariho umwansi ashobora kwonona mu buryo bwihishije agatima kacu ko kwitanga. Uwo mwansi ni agatima dufise gushaka kwikunda. Niwibuke ko Adamu na Eva bagaragaje ubwikunzi. Eva yaragaragaje ubwikunzi mu kurondera kumera nk’Imana. Umugabo wiwe yaragaragaje ubwikunzi mu kurondera guhimbara umugore wiwe aho guhimbara Yehova. (Ita. 3:5, 6) Shetani amaze gukura Adamu na Eva ku gusenga kw’ukuri, yarabandanije kwosha abantu ngo bagire ubwikunzi. Yaragerageje mbere gukoresha ubwo buryo igihe yosha Yezu. (Mat. 4:1-9) Muri iki gihe, Shetani yarashoboye kuzimiza abantu benshi, aratuma bagaragaza ubwikunzi mu buryo bwinshi. Birakwiye ko tuba maso, ahandi ho turashobora kwandukirwa n’agatima k’ubwikunzi kiraye.Ef. 2:2.

4. (a) Ubu twoba dushobora gukuraho impengamiro z’ubwikunzi? Sigura. (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

4 Ubwikunzi bwoshobora kugereranywa n’ingese zija ku cuma. Mu gihe woshira igikoresho c’icuma mu mvura canke mu mbeho, coshobora gutangura kujako ingese. Akaga nyako ni ukwirengagiza izo ngese, umuntu akareka zikaguma zija kuri ico cuma gushika aho ziconona. Muri ubwo buryo nyene, naho ubu tudashobora gukuraho agasembwa kacu be n’impengamiro dufise zo kugira ubwikunzi, dutegerezwa kuba maso ku ngeramizi vyoteza maze tukabandanya kuzirwanya. (1 Kor. 9:26, 27) Dushobora gute kumenya ibimenyetso vyerekana ko dufise ubwikunzi? Kandi dushobora gute gutsimbataza agatima ko kwitanga ku rugero runini kuruta?

DUKORESHE BIBILIYA MU GUSUZUMA KO DUFISE UBWIKUNZI

5. (a) Ni gute Bibiliya imeze nk’icirore? (Raba ishusho itangura.) (b) Igihe twisuzuma turaba ko dufise ubwikunzi, ni igiki dukwiye kwirinda?

5 Nka kurya nyene dushobora gukoresha icirore mu gusuzuma ukuntu tuboneka, ni ko dushobora gukoresha Bibiliya mu gusuzuma umuntu wacu w’imbere maze tugakosora utunenge utwo ari two twose twobona. (Soma Yakobo 1:22-25.) Ariko rero, icirore kidufasha kubona ukuntu tuboneka ari uko tugikoresheje neza. Nk’akarorero, nimba dutereje gusa amaso mu cirore, hari aho tutobona agatosi gatoyi yamara gahambaye. Canke nimba turavye mu cirore turi ku ruhande, twoshobora kubona ishusho y’uwundi muntu. Muri ubwo buryo nyene, igihe dukoresha Bibiliya mu gusuzuma akanenge dufise, nk’akarorero ubwikunzi, turakwiye kugira n’ibindi uretse kuyisoma ducishako canke kuyikoresha kugira ngo tubone amakosa y’uwundi muntu.

6. Dushobora gute ‘gukovya’ muri rya tegeko ritagira akanenge?

6 Nk’akarorero, twoshobora kwama dusoma Ijambo ry’Imana, mbere tukarisoma buri musi, ariko ntitubone ko vy’ukuri turiko turatsimbataza agatima k’ubwikunzi. Ivyo bishoboka gute? Rimbura iki kintu: Mu karorero Yakobo yatanze k’icirore, ingorane ntiyari iy’uko uwo muntu atiravye yitonze. Yakobo yanditse yuko uwo muntu “yiraba.” Ng’aha, Yakobo yakoresheje ijambo ry’ikigiriki risobanura kwihweza neza canke gusuzuma witonze. None uwo muntu yari afise ingorane iyihe? Yakobo yabandanije ati: “[Aca] yigira, buno nyene agaca yibagira uwo ari.” Egome, arigira akava imbere y’ico cirore ata co akoze ku vyo yabonye. Ariko umuntu aroranirwa ‘ntiyihweza gusa muri rya tegeko ritagira akanenge,’ mugabo kandi ‘arakovya muri ryo.’ Aho gusiga inyuma itegeko ritagira akanenge ryo mw’Ijambo ry’Imana, aguma akurikiza inyigisho ziri muri ryo. Yezu yarashikirije iciyumviro gisa n’ico igihe yavuga ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri.”Yoh. 8:31.

7. Twokoresha gute Bibiliya mu gusuzuma ko dufise ibimenyetso vy’ubwikunzi?

7 Kugira ngo rero ushobore kurwanya ibimenyetso vy’ubwikunzi, ikintu ca mbere utegerezwa kugira ni ugusoma Ijambo ry’Imana  witonze. Ivyo vyoshobora kugufasha kubona aho ukeneye kuryohora. Mugabo urakeneye gushika kure. Nurushirize kwimba mu kugira ubushakashatsi. Umaze kumenya neza inkuru yinaka yo muri Bibiliya, niwishire muri yo mu kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Nari kuvyifatamwo gute mu bihe nk’ibi? Noba vy’ukuri nari kuvyifatamwo neza?’ N’igihambaye kuruta, umaze kuzirikana ku vyo usomye, niwihatire kubishira mu ngiro. (Mat. 7:24, 25) Reka turabe ukuntu twokoresha inkuru yerekeye Umwami Sauli n’iyerekeye intumwa Petero kugira ngo zidufashe kuguma dufise agatima ko kwitanga.

TWIGIRE KU KARORERO KO KUTUBURIRA KA SAULI

8. Sauli yatanguye kuganza afise agatima akahe, kandi ni gute yakagaragaje?

8 Umwami Sauli wa Isirayeli ni akarorero ko kutuburira ku bijanye n’ukuntu ubwikunzi bushobora kugenda buronona agatima dufise ko kwitanga. Sauli yatanguye kuganza abona ko ari umuntu yifata ruto kandi yicisha bugufi. (1 Sam. 9:21) Yaranse guhana Abisirayeli bavuze nabi ingoma yiwe, naho nyene ashobora kuba yari afise imvo yumvikana yo kuburanira ico kibanza yari yashizwemwo n’Imana. (1 Sam. 10:27) Umwami Sauli yaremeye kuyoborwa n’impwemu y’Imana mu kuyobora Isirayeli mu ntambara yatsinze yo kurwanya Abamoni. Inyuma y’aho, yarerekanye ukwicisha bugufi mu kwitirira Yehova iyo ntsinzi.1 Sam. 11:6, 11-13.

9. Sauli yahavuye atsimbataza gute ivyiyumviro biranga ubwikunzi?

9 Sauli yahavuye areka ivyiyumviro biranga ubwikunzi n’ubwibone biratsimbatara muri we nka kurya ingese zigenda zironona ikintu buhorobuhoro. Igihe yatsinda Abamaleki mu ntambara, yashize ivyipfuzo vyiwe imbere aho kugamburukira Yehova. N’umwina n’akantu Sauli yaratwaye isahu aho kuritikiza nk’uko Imana yari yamutegetse. N’ikindi kandi Sauli yaragaragaje ubwibone mu kwiyubakira icibutso. (1 Sam. 15:3, 9, 12) Igihe umuhanuzi Samweli yamubwira ko ivyo yari yagize bitari vyashimishije Yehova, yaragerageje kwisigura mu gushimika ku gice c’itegeko ry’Imana yari yagamburutse no mu guta ikosa ku bandi. (1 Sam. 15:16-21) Vyongeye, ubwibone bwatumye Sauli arazwa ishinga cane n’uko abantu batomucishamwo ijisho aho kurazwa ishinga no guhimbara Imana. (1 Sam. 15:30) Dushobora gute gukoresha iyo nkuru yerekeye Sauli nk’icirore kugira ngo idufashe kuguma dufise agatima ko kwitanga?

10, 11. (a) Ivyashikiye Sauli bitwigisha iki ku bijanye no kuguma dufise agatima ko kwitanga? (b) Twokwirinda gute kwigana ingendo mbi ya Sauli?

10 Ubwa mbere, ivyashikiye Sauli birerekana yuko tudakwiye kwijajara twiyumvira yuko nimba twaragaragaje agatima ko kwitanga, tuzoca tubandanya kukagaragaza. (1 Tim. 4:10) Uribuka yuko Sauli yamaze igihe kinaka akora neza kandi atoneshwa n’Imana, mugabo akaba atashoboye kurandurana n’imizi impengamiro z’ubwikunzi zatanguye gutsimbatara. Yehova yahavuye amuheba kubera ukugambarara kwiwe.

11 Ubwa kabiri, dukwiye kuba maso ntitugume twibanda gusa ku vyo dukora neza ariko tukirengagiza aho dukeneye kuryohora. Ivyo nta ho vyoba bitaniye no gukoresha icirore kugira twirabire impuzu nshasha twambaye mugabo ntiturabe uducafu turi mu maso. Naho tutoba twirata nka Sauli, turakwiye vy’ukuri gukora uko dushoboye kwose tukirinda impengamiro iyo ari yose yohava idushikana kuri iyo ngendo mbi. Duhawe impanuro, twirinde kwisigura, gufatira mu rwara ingorane canke guta amakosa ku bandi. Aho kuba nka Sauli, vyorushiriza kuba vyiza twemeye impanuro.Soma Zaburi 141:5.

12. Agatima ko kwitanga koshobora gute kudufasha bishitse tugakora igicumuro gikomeye?

12 Ariko none tuvuge iki nka hamwe twokora igicumuro gikomeye? Sauli yashaka kuguma abonwa neza, kandi ivyo vyatumye adasubirana mu vy’impwemu.  Igihushanye n’ivyo, agatima ko kwitanga koshobora kudufasha kurengera ibimaramare tukarondera gufashwa. (Imig. 28:13; Yak. 5:14-16) Nk’akarorero, umuvukanyi umwe yatanguye kuraba amashusho y’ibiterasoni afise imyaka 12, akaba yamaze imyaka irenga cumi ayaraba mu mpisho. Avuga ati: “Vyarangoye cane kubwira umugore wanje n’abakurambere ivyo nari maze igihe nkora. Mugabo ubu nabivuze, numva ko nakuwe ku bitugu umuzigo uremereye cane. Bamwebamwe mu bagenzi banje barababaye igihe nakwa ubukozi bw’ishengero, babona ko ari nk’aho nari nabahemukiye. Yamara, ndazi ko Yehova ahimbarwa cane n’umurimo ndangura ubu kuruta igihe naraba amashusho y’ibiterasoni, kandi ukuntu abona ibintu ni kwo guhambaye vy’ukuri.”

PETERO YARATSINZE AGATIMA K’UBWIKUNZI

13, 14. Petero yagaragaje gute agatima k’ubwikunzi?

13 Intumwa Petero yaragaragaje agatima ko kwitanga igihe yariko aramenyerezwa na Yezu. (Luka 5:3-11) Yamara, yabwirijwe kurwanya agatima k’ubwikunzi. Nk’akarorero, yarashavuye cane igihe intumwa Yakobo n’intumwa Yohani bagira umugambi wo kwironkera ibibanza bihambaye iruhande ya Yezu mu Bwami bw’Imana. Petero ashobora kuba yariyumviriye yuko kimwe muri ivyo bibanza gikwiye kuba iciwe kubera ko Yezu yari amaze kuvuga ko yoranguye uruhara rudasanzwe. (Mat. 16:18, 19) Yezu yaragabishije Yakobo na Yohani, eka na Petero n’izindi ntumwa, ku bijanye no kurondera ‘gukandamiza’ abavukanyi babo babigiranye ubwikunzi.Mrk. 10:35-45.

14 N’inyuma y’aho Yezu amariye kugerageza gukosora ivyiyumviro vya Petero, uno yarabandanije kunyinyana n’agatima k’ubwikunzi. Igihe Yezu yabwira intumwa yuko zomaze igihe zamutaye, Petero yarashize abandi hasi maze we arishira hejuru mu kuvuga yuko ari we wenyene yogumye ari umwizigirwa. (Mat. 26:31-33) Ariko rero ukwo kwiyizigira kwiwe ntikwari gufise ishingiro kubera ko muri iryo joro nyene atashoboye kugaragaza agatima ko kwitanga. Mu kugerageza kwikingira, Petero yarihakanye Yezu gatatu.Mat. 26:69-75.

15. Ni kubera iki akarorero ka Petero karemesha?

15 Naho vyashitse Petero akarwana urugamba  kandi hakagira ibimugora, ubuzima bwiwe ni akarorero karemesha. Abifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana kandi akagira n’akigoro, yarashoboye gutsinda agatima katabereye aragaragaza ukwigumya n’urukundo ruranga ukwitanga. (Gal. 5:22, 23) Yarihanganiye ibigeragezo vyari gushobora kubonwa ko bikomeye cane kuruta ivyari vyaratumye atsitara. Yaragaragaje ukwicisha bugufi uravye ukuntu yavyifashemwo igihe intumwa Paulo yamuhambarira imbere y’abantu. (Gal. 2:11-14) Vyongeye Petero amaze guhambarirwa, ntiyabitse inzika, yiyumvira ko gukangirwa na Paulo vyatumye aboneka nabi. Petero yagumye akunda Paulo. (2 Pet. 3:15) Ako karorero ka Petero karashobora kudufasha gutsimbataza agatima ko kwitanga.

Petero amaze gukosorwa yavyakiriye gute? Twoba twobigenza gutyo nyene? (Raba ingingo ya 15)

16. Twogaragaza gute agatima ko kwitanga mu bihe bitoroshe?

16 Iyumvire ukuntu uvyifatamwo mu bihe bitoroshe. Igihe Petero n’izindi ntumwa bapfungwa hanyuma bagatonagurwa bahorwa igikorwa cabo co kwamamaza, baranezerewe “kubera ko bari babonywe ko babereye guteterezwa ku [bw’izina rya Yezu].” (Ivyak. 5:41) Na wewe urashobora kubona uruhamo nk’akaryo ko kwigana Petero no gukurikira intambuko za Yezu ukagaragaza agatima ko kwitanga. (Soma 1 Petero 2:20, 21.) Kubona ibintu muri ubwo buryo birashobora mbere kugufasha bishitse abakurambere bakagutoza indero. Nukurikize akarorero ka Petero aho kubabara.Umus. 7:9.

17, 18. (a) Ni ikibazo ikihe twokwibaza ku bijanye n’imigambi yacu yo mu vy’impwemu? (b) Twokora iki tubonye ko hari ukuntu dufise ubwikunzi mu mutima wacu?

17 Urashobora kandi kwungukira ku karorero ka Petero igihe ugomba kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu. Urashobora gukurikirana mwene iyo migambi mu buryo bugaragaza agatima ko kwitanga. Yamara, uraba maso ntuhave uyikurikirana urondera kuba uwuhambaye. Niwibaze rero uti: ‘Noba nshaka kuryohora canke kwongereza umurimo ndangurira Yehova kugira menyekane canke nironkere ubukuru, nk’uko biboneka ko ari vyo Yakobo na Yohani barondera igihe basaba Yezu ca kintu?’

18 Nimba ubonye ko hari ukuntu ufise ubwikunzi mu mutima wawe, nusabe Yehova agufashe gukosora ivyiyumviro n’inyiyumvo vyawe, hanyuma wihatire kurondera ko Yehova ari we aninahazwa aho kurondera ubuninahazwa bwawe. (Zab. 86:11) Woshobora kandi gukurikirana imigambi itazotuma uvugangwa. Nk’akarorero, woshobora kurushiriza gutsimbataza imice imwimwe y’icamwa c’impwemu ubona ko ikugora cane. Canke nimba utegura neza ibiganiro vyo ku makoraniro mugabo ukaba udahimbarwa no kugira uruhara mu bijanye no gusukura Ingoro y’Ubwami, woshobora kwishingira umugambi wo gukurikiza impanuro iri mu Baroma 12:16.—Soma.

19. Twokora iki kugira ngo ivyo tubona mu cirore c’Ijambo ry’Imana ntibiduce intege?

19 Twiravye twitonze mu cirore c’Ijambo ry’Imana tukabona utunenge, eka mbere n’ibimenyetso vyerekana ko dufise ubwikunzi, twoshobora gucika intege. Ivyo biramutse bigushikiye, nuzirikane kuri wa muntu aroranirwa wo mu kigereranyo ca Yakobo. Yakobo ntiyashimitse ku kuntu uwo muntu yaciye atorera umuti ingorane yabonye canke mbere ko yashoboye kwikurako ibirabagu vyose yabonye; ahubwo avuga yuko uwo muntu ‘yihweje muri rya tegeko ritagira akanenge.’ (Yak. 1:25) Yaributse ivyo yari yabonye mu cirore maze abandanya kwihatira kugira ivyo aryohoye. Egome, nugume ubona ibikwerekeye mu buryo bwiza n’udusembwa ufise mu buryo buri ku burimbane. (Soma Umusiguzi 7:20.) Bandanya kwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge, maze wihatire kuguma ufise agatima ko kwitanga. Yehova ariteguriye kugufasha, nk’uko yafashije benshi cane mu bavukanyi bawe atonesha akongera agahezagira naho bafise agasembwa.