Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NZERO 2014

“Ubwami bwawe nibuze”—None buzoza ryari?

“Ubwami bwawe nibuze”—None buzoza ryari?

“Mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango.”MAT. 24:33.

1, 2. (a) Ni igiki cotubuza kubona ikintu kinaka kiri imbere yacu? (b) Ni ibiki twokwemera tudakeka ku bijanye n’Ubwami bw’Imana?

NK’UKO ushobora kuba umaze kubibona, abantu biboneye ikintu akenshi usanga bibuka mu buryo butandukanye cane utuntu tw’ido n’ido. Muri ubwo buryo nyene, umuntu vyoshobora kumugora kwibuka neza na neza ivyo umuganga yavuze ahejeje kumupima. Canke umuntu vyoshobora kumugora gutora aho imfunguruzo ziwe kibure amarori yiwe biri kandi abifise mu minwe. Ivyo bintu vyose vyoshobora kuba bifitaniye isano n’ivyo abashakashatsi bavuga ko ari ubwoko bunaka bw’uruhumyi, ni ukuvuga kutabona ikintu canke kwibagira ikintu, kubera ko watwawe n’ibindi. Bivugwa ko ivyo biri mu bigize ukuntu ubwonko bwacu bukora.

2 Abantu benshi muri iki gihe barashikirwa n’uruhumyi nk’urwo ku bijanye n’insobanuro y’ibintu biba mw’isi. Boshobora kuba bemera yuko isi yahindutse cane kuva mu 1914, mugabo ntibabone ico ivyo bintu bisobanura vy’ukuri. Twebwe abatohoji ba Bibiliya, turazi yuko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu buryo bunaka mu 1914 igihe Yezu yaba Umwami mw’ijuru. Mugabo turazi ko iyo atari yo nyishu yonyene ya rya sengesho rigira  riti: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:10) Biboneka ko n’ivy’iyi si mbi bibwirizwa kuvaho. Ivyo nivyashika ni ho gusa ukugomba kw’Imana kuzokorwa kw’isi nk’uko gukorwa mw’ijuru.

3. Twungukira gute ku kwiga Ijambo ry’Imana?

3 Kubera ko twama twiga Ijambo ry’Imana, turashobora kubona yuko ubuhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe. Ese ukuntu dutandukanye n’abandi bantu muri rusangi! Baratwarwa cane n’ubuzima bwabo be n’ibikorwa vyabo ku buryo birengagiza ikimenyamenya gitomoye cerekana ko Kristu yatanguye kuganza kuva 1914 be n’uko agiye gushitsa urubanza rw’Imana. Ariko rero, rimbura iki kibazo kikwerekeye: Nimba umaze imyaka mirongo ukorera Imana, woba utahura insobanuro y’ibihe turimwo ukongera ukayitwararika nk’uko wabigira mu myaka iheze? Naho woba uheruka kuba Icabona, ni ibiki ushirako umutima? Uko twokwishura kwose, nimuze twihweze imvo zihambaye zitatu zotuma twizigira ko Umwami yarobanuwe n’Imana agiye kugira ibindi bintu akoze kugira ngo ukugomba kw’Imana gukorwe kw’isi bimwe bishitse.

BA BANTU BAGENDERA KU MAFARASI BARAMAZE GUSERUKA

4, 5. (a) Ni ibiki Yezu ariko arakora kuva mu 1914? (Raba ishusho itangura.) (b) Ba bantu batatu bagendera ku mafarasi bagereranya iki, kandi ibintu biriko bigenda gute?

4 Mu 1914, Yezu Kristu, uwugwa ko ariko agendera kw’ifarasi yera, yarahawe urugori rwiwe rwo mw’ijuru. Yaciye agenda kugira aheraheze gutsinda isi mbi ya Shetani. (Soma Ivyahishuwe 6:1, 2.) Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe ikigabane ca 6, ubuvuga ibintu mu buryo bw’ikigereranyo, bwaratanze imvo yo kwitega yuko Ubwami bw’Imana bumaze gushingwa, ibintu vyokwunyutse ningoga na ningoga kw’isi, hakaba intambara, amapfa, indwara z’ibiza be n’ibindi bintu bituma abantu bapfa. Ivyo bintu bigereranywa n’abagendera ku mafarasi batatu bakurikira Yezu Kristu bari hafi yiwe.Ivyah. 6:3-8.

5 Nk’uko vyari vyaravuzwe, amahoro ‘yarakuwe kw’isi,’ naho abantu bagira amasezerano yo gufashanya no kugenderanira hagati y’ibihugu vyabo. Intambara ya mbere y’isi yose ishobora kubonwa nk’intango gusa y’intambara zikomakomeye, nk’uko ibintu biheruka kuba mw’isi bivyerekana. Kandi naho habaye amaterambere menshi mu vy’ubutunzi no mu vy’ubuhinga kuva 1914, amapfa arabandanya kugeramira isi. Vyongeye, ni nde yohakana ko indwara z’ibiza zitandukanye, ivyago vy’ivyaduka bitandukanye be n’ibindi ‘biza vyica,’ bibandanya guhitana abantu amamiliyoni buri mwaka? Ubu kuruta ikindi gihe cose, ivyo bintu biba mu turere twinshi, incuro nyinshi kandi bikaba mu buryo bukaze. Woba ufata nkama insobanuro y’ivyo bintu?

Ibintu vyo kw’isi biguma vyunyuka uko ba bantu babandanya kugendera ku mafarasi (Raba ingingo ya 4, 5)

6. Ni bande batahuye ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwarangutse, kandi ivyo vyatumye bakora iki?

6 Igihe Intambara ya mbere y’isi yose be na ya Nyonko yo muri Espanye vyaduka, vyarasamaje abantu benshi. Yamara, abakirisu barobanuwe bari bamaze igihe biteganye umushasharo ko mu 1914 ari ho Ibihe vy’Abanyamahanga, ni ukuvuga “ibihe vyashinzwe vy’amahanga,” vyorangiye. (Luka 21:24) Ntibari bazi neza ivyobaye. Naho vyari ukwo, bari bazi ko mu 1914 hobayeho ihinduka rikomeye mu bijanye n’ubutegetsi bw’Imana. Bakimara gutahura ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwarangutse, baciye babwira abandi babigiranye ubutinyutsi yuko ubutegetsi bw’Imana bwari bwatanguye. Utwigoro bagize two kwamamaza Ubwami twatumye bahamwa bimwe bikomeye. Kuba ivyo bintu vyarabaye mu bihugu vyinshi ubwavyo cari ikindi kintu cerekana ko ubuhanuzi bwari bwarangutse. Mu myaka mirongo yakurikiye, abansi b’Ubwami ‘barateguye ivyago bakoresheje  itegeko.’ Vyongeye, baragiriye nabi ku mubiri abavukanyi bacu, barabata mu mabohero eka mbere barabica mu kubamanika, mu kubarasa canke mu kubaca imitwe.Zab. 94:20; Ivyah. 12:15.

7. Ni kubera iki abantu benshi badatahura insobanuro nyakuri y’ibintu biba mw’isi?

7 Turavye ivyo bimenyamenya vyinshi ukuraho vyerekana yuko Ubwami bw’Imana bwamaze gushingwa mw’ijuru, ni kubera iki abantu benshi batemera ico ivyo bisobanura? Ni kubera iki badashobora guhuza uko ivyo mw’isi vyifashe n’ubuhanuzi butomoye bwo muri Bibiliya abasavyi b’Imana bamaze igihe kirekire batangaza? Vyoba bitumwa n’uko abantu benshi bibanda gusa ku vyo bashobora kubona n’amaso yabo? (2 Kor. 5:7) Kuba batwarwa cane n’ivyo abantu bakora vyoba bibahuma amaso ku buryo batabona ivyo Imana iriko irakora? (Mat. 24:37-39) Bamwebamwe muri bo boba basamazwa na poropagande ya Shetani? (2 Kor. 4:4) Bisaba ukwizera n’ugutahura ibintu mu buryo bw’impwemu kugira ngo umuntu abone ibiriko birabera mu karere k’impwemu. Ese ukuntu duhimbarwa no kuba tudahumwa amaso ngo ntitubone ibiriko biraba vy’ukuri!

UBUBISHA BUGENDA BURUSHIRIZA KWUNYUKA

8-10. (a) Ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-5 vyarangutse gute? (b) Ni kubera iki twovuga yuko ububisha bugenda burushiriza kwunyuka?

8 Hari imvo igira kabiri ituma tumenya ko ata gihe kirekire gisigaye Ubwami bw’Imana butifatiye ivyo kw’isi mu minwe, ico na co kikaba ari iki: Ububisha mu bantu bugenda burushiriza kwunyuka. Mu myaka hafi ijana iheze, ibintu vyari vyaravuzwe muri 2 Timoteyo 3:1-5, vyarigaragaje. Na vyo nyene bibandanya kuba mu turere twinshi, bikamara igihe kirekire kandi bikaba incuro nyinshi. Ntubona none ko ubwo buhanuzi bwarushirije kuranguka? Nimuze turimbure uburorero bumwebumwe bwerekana neza ico kintu.Soma 2 Timoteyo 3:1, 13.

9 Zirikana kw’itandukaniro riri hagati y’ivyabonwa ko ari agahomerabunwa mu myaka ya 1940 canke ya 1950 n’ibiriko biba muri iki gihe ku kazi, mu vyo kwinezereza, mu vy’inkino no mu vyo kwambara no kwitunganya. Ubugizi bwa nabi n’ubuhumbu bitagira izina bisigaye vyiraye. Abantu bahiganira kuba inkazi, inshirasoni canke ba ruburakigongwe kuruta abandi. Ibiganiro  vyo kuri televiziyo vyabonwa ko biteye amakenga mu myaka ya 1950 ubu bibonwa ko bibereye mu miryango. Vyongeye, benshi barabona ko abaryamana n’abo basangiye igitsina bahabwa ikibanza kinini mu bijanye no kwisamaza, kwambara no kwitunganya, bakaba baremesha abantu kubaho nk’uko babayeho. Ese ukuntu dukenguruka kuba tuzi ukuntu Imana ibona ibintu!Soma Yuda 14, 15.

10 Canke umukirisu yoshobora kuzirikana ku vyabonwa ko ari inyifato y’ubugarariji yagaragazwa n’urwaruka mu myaka ya 1950 agereranije n’ibiba muri iki gihe. Abavyeyi bahora bahagarikwa umutima no kumenya nimba abana babo baranywa itabi, inzoga canke baratamba mu buryo buvyurira abandi inambu y’umubiri, kandi vyari bibereye ko bawuhagarika. Muri iki gihe, turakunda kwumva amakuru ababaje nk’aya: Hari umunyeshure w’imyaka 15 yarashe abo bigana, yicamwo 2 yongera akomeretsa 13. Umugwi w’abana b’imiyabaga bari baborewe wishe bunyamaswa akigeme k’imyaka 9 wongera ukubita se wako n’incuti yako. Mu gihugu kimwe co muri Aziya, bivugwa yuko urwaruka ari rwo rwakoze ica kabiri c’ubwicanyi bwabaye mu myaka cumi iheze. Hoba none hari uwohakana ko ibintu vyarushirije kwunyuka?

11. Ni kubera iki abantu benshi batabona yuko ibintu birushiriza kwunyuka?

11 Intumwa Petero yavuze atihenda ati: “Mu misi ya nyuma hazoza abashinyaguzi n’agashinyaguro kabo, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite bavuga ngo: ‘Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.’” (2 Pet. 3:3, 4) Ni ibiki bishobora kuba bituma abantu bamwebamwe bavyifatamwo gutyo? Biboneka ko uko abantu barushiriza kumenyera ikintu, ari ko barushiriza kutacitwararika. Igihe inyifato runtu igenda iratituka buhorobuhoro mu kibano muri rusangi, vyoshobora kutatubabaza cokimwe n’igihe inyifato y’uwo tuzinanyi cane ihindutse bukwi na bukwi tutari tuvyiteze. Naho ari ukwo, ukwo gutituka buhorobuhoro mu vy’inyifato runtu kurateye akaga.

12, 13. (a) Ni kubera iki ibintu biba mw’isi bidakwiye kuduca intege? (b) Ni ibiki dutahura bizodufasha kwihanganira ibintu ‘bigoye kwihanganira’?

12 Intumwa Paulo yatugabishije ko “mu misi ya nyuma,” ibintu vyobaye “bigoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Mugabo si ibidashobora kwihanganirwa, tukaba rero tutabwirizwa guhunga isi. Tubifashijwemwo na Yehova, impwemu yiwe hamwe n’ishengero rya gikirisu, turashobora gutsinda ibintu vyose bivuna umutima canke biteye ubwoba vyodushikira. Turashobora kuguma turi abizigirwa. “Ububasha burengeye ubusanzwe” ni ubw’Imana si ubwacu.2 Kor. 4:7-10.

13 Birabereye kuba Paulo yatanguye ubwo buhanuzi bujanye n’imisi ya nyuma n’aya majambo agira ati: “Umenye ibi.” Ayo majambo aremeza ko ivyo aca avuga bibwirizwa gushika. Nta gukeka ko ikibano kitibanga Imana kizobandanya kugenda kirarushiriza kwunyuka gushika Yehova ahaserutse kugira agikureho. Abahinga mu vya kahise bavuze yuko mu bibano canke mu bihugu bimwebimwe vyashika inyifato runtu igatituka rwose hanyuma bikazimangana bukwi na bukwi. Ariko rero, inyifato runtu kw’isi yose muri rusangi ntiyari bwigere itituka nk’uko biri ubu. Abantu benshi boshobora kwirengagiza ico ivyo bisobanura, mugabo ico kintu kidasanzwe cabaye kuva mu 1914 kirakwiye kutwereka neza ko dushobora kwizigira yuko Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho ububisha bwose.

IRI YARUKA NTIRIZOGENDA RIVUYEHO

14-16. Imvo igira gatatu ituma twizigira ko Ubwami bw’Imana buri mu ‘kuza’ ni iyihe?

14 Hariho iyindi mvo igira gatatu ituma tugira ukwizigira. Ibintu vyabaye mu basavyi b’Imana birerekana ko iherezo riri hafi.  Nk’akarorero, imbere y’uko Ubwami bw’Imana bushingwa mw’ijuru, umugwi w’abarobanuwe b’abizigirwa wariko urakorera Imana n’umwete. None igihe bimwebimwe mu vyo bari biteze ko vyobaye mu 1914 bitashika, bakoze iki? Benshi muri bo barumiye ku gutungana kwabo mu bigeragezo no mu ruhamo maze baguma bakorera Yehova. Uko imyaka yagiye irarengana, benshi mu barobanuwe, canke mbere bose, bararangije ubuzima bwabo bwo kw’isi ari abizigirwa.

15 Mu buhanuzi bw’ido n’ido Yezu yashikirije bwerekeye insozero y’ivy’isi, yavuze ati: “Iri yaruka [ntiri]zogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye.” (Soma Matayo 24:33-35.) Turatahura ko mu kuvuga ngo “iri yaruka,” Yezu yariko yerekeza ku migwi ibiri y’abakirisu barobanuwe. Umugwi wa mbere wariho mu 1914, kandi waciye utahura ca kimenyetso c’ukuhaba kwa Kristu muri uwo mwaka. Abari bagize uwo mugwi ntibariho gusa mu 1914, ariko kandi bari bararobanujwe impwemu baba abana b’Imana muri uwo mwaka canke imbere y’aho.Rom. 8:14-17.

16 Umugwi ugira kabiri wo muri “iri yaruka” ni abarobanuwe babayeho mu gihe kimwe n’abo mu mugwi wa mbere. Ntibariho gusa mu gihe kimwe n’abo muri uwo mugwi wa mbere, ariko kandi bari abarobanujwe impwemu nyeranda mu gihe abo muri uwo mugwi wa mbere bari bakiri kw’isi. Ku bw’ivyo, si umuntu wese yarobanuwe ari ho muri iki gihe ari mu bagize “iri yaruka” ryavuzwe na Yezu. Muri iki gihe, abo muri uwo mugwi wa kabiri baritereye mu myaka. Yamara, amajambo ya Yezu ari muri Matayo 24:34 atuma twizigira yuko n’imiburiburi bamwebamwe mu bagize “iri yaruka [ba]tazogenda [ba]vuyeho” batabonye intango ya ya makuba akomeye. Ivyo bikwiye gutuma turushiriza kujijuka ko hasigaye igihe gito ngo Umwami w’Ubwami bw’Imana akureho ababisha maze ashireho isi nshasha igororotse.2 Pet. 3:13.

KRISTU AGIYE GUHERAHEZA INTSINZI YIWE

17. Ni iciyumviro ikihe dushikako turavye vya bintu bitatu duhejeje kwihweza?

17 Dushobora gushika ku ciyumviro ikihe turavye ivyo bintu bitatu duhejeje kwihweza? Yezu yatugabishije ko tutomenye umusi n’isaha nyezina kandi nta vyo tuzi. (Mat. 24:36; 25:13) Mugabo, nk’uko Paulo yabivuze, turashobora kumenya “iki kiringo” kandi turakizi koko. (Soma Abaroma 13:11.) Tubayeho muri ico kiringo, ni ukuvuga mu misi ya nyuma. Twitwararitse rwose ubuhanuzi bwo muri Bibiliya be n’ivyo Yehova Imana na Yezu Kristu bariko barakora, ntitwobura kubona ikimenyamenya kijijura c’uko mu vy’ukuri twegereje cane iherezo ry’ivy’iyi si.

18. Ni igiki kizoshikira abanka kwemera icese Ubwami bw’Imana?

18 Abanka kwemera icese ubukuru buteye akoba Yezu Kristu yahawe, umwe agendera kw’ifarasi yera agenda atsinda, vuba bazobwirizwa kwemera ikosa ryabo. Nta ho bazohungira. Ico gihe, benshi bazokwiha akaruru batekewe n’ubwoba bati: “Ni nde ashobora guhagarara?” (Ivyah. 6:15-17) Yamara, ikigabane ca 7 c’Ivyahishuwe kiratanga inyishu. Abarobanuwe hamwe n’abafise icizigiro co kuba kw’isi, uwo musi ‘bazohagarara’ vy’ukuri bemewe n’Imana. “Isinzi rinini” ry’izindi ntama rizoheza rirokoke ya makuba akomeye.Ivyah. 7:9, 13-15.

19. Ko utahura kandi ukemera ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko imisi ya nyuma igiye kurangira ukongera ukagira ico ukoze, ni igiki witeganye umushasharo?

19 Nitwitwararika n’umutima wacu wose ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bugenda buraranguka muri ibi bihe biteye umunezero, ntituzosamazwa n’ivyo isi ya Shetani ivuga; eka kandi ntituzohumwa amaso ngo tureke kubona ico ibintu biba mw’isi bisobanura vy’ukuri. Kristu agiye gutsinda rwose iki kibano kitibanga Imana mu kurwana intambara ya nyuma mu bugororotsi. (Ivyah. 19:11, 19-21) Zirikana ku vyo Bibiliya idukurako amazinda yuko bishobora kuzoca biba impêra yacu ihimbaye!Ivyah. 20:1-3, 6; 21:3, 4.