Dushobora gute kuguma ‘turindiriye’?
“Nzorindira.”—MIKA 7:7.
1. Ni kubera iki twoshobora kurambirwa?
IGIHE Ubwami bwa Mesiya bwashingwa mu 1914, isi ya Shetani yarinjiye mu misi yayo ya nyuma. Intambara yabaye mw’ijuru yatumye Yezu araririza Shetani n’amadayimoni mu micungararo y’isi. (Soma Ivyahishuwe 12:7-9.) Shetani arazi yuko afise “igihe gito” gusa. (Ivyah. 12:12) Ariko rero, haciye imyaka mirongo turi muri ico “gihe gito,” akaba ari co gituma bamwebamwe boshobora kubona yuko imisi ya nyuma imaze igihe kirekire. Uko turindira ko Yehova agira ico akoze, twoba ubwacu tumaze kurambirwa?
2. Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?
2 Kurambirwa birashobora kubamwo akaga, kuko bishobora gutuma dukora ibintu tutabanje kwiyumvira. Dushobora gute kuguma dufise agatima ko kurindira? Iki kiganiro kiradufasha kubishikako mu kwishura ibibazo bikurikira. (1) Akarorero k’umuhanuzi Mika gashobora kutwigisha iki ku bijanye n’ukwihangana? (2) Ni ibintu ibihe bizokwerekana ko ikiringo cacu co kurindira kiri mu kurangira? (3) Twokwerekana gute yuko dukenguruka ukwihangana kwa Yehova?
TWOKWIGIRA IKI KU KARORERO KA MIKA?
3. Mu gihe ca Mika, ibintu vyari vyifashe gute muri Isirayeli?
3 Soma Mika 7:2-6. Umuhanuzi wa Yehova Mika yarabonye ukuntu ivy’impwemu bidabuka muri Isirayeli gushika aho biba agahomerabunwa ku ngoma ya wa mwami w’umubisha Ahazi. Mika agereranya Abisirayeli b’ibihemu n’ “igihandambwa” be n’ “uruzitiro rw’amahwa.” Nka kurya nyene igihandambwa canke uruzitiro rw’amahwa bikomeretsa umuntu wese abiciyemwo, abo Bisirayeli bari barononekaye baragirira nabi umuntu wese yaba afitaniye imigenderanire na bo. Ukwo kwononekara kwarakomeye cane ku buryo mbere n’ubucuti bwo mu muryango buhungabana. Kubera ko Mika yari azi ko ata co yari gushobora gukora kugira ahindure ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe, yarasutse ivyari mu mutima wiwe imbere ya Yehova. Yaciye arindira yihanganye yuko Imana igira ico ikoze. Mika yarizigira ko Yehova yohaserutse ku gihe we ubwiwe abona ko kibereye.
4. Ni ingorane izihe zidushikira?
4 Cokimwe na Mika, tubwirizwa kubana n’abantu b’abikunzi. Benshi ni “intashima, ibihemu, [a]batiyumvamwo ababo.” (2 Tim. 3:2, 3) Turababara igihe abo dukorana, abo twigana be n’ababanyi, bagaragaje agatima k’ubwikunzi. Ariko rero, bamwebamwe mu basavyi b’Imana usanga mbere bafise ingorane ikomeye kuruta. Yezu yavuze yuko abayoboke biwe borwanijwe n’abo mu muryango, akaba yakoresheje amajambo asa n’ayanditswe muri Mika 7:6 mu kwerekana ingaruka ubutumwa bwiwe bwogize. Yavuze ati:“Naje gucanishamwo abantu: umuhungu akarwanya se, n’umukobwa akarwanya nyina, n’umukazana akarwanya inabukwe. Egome, abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.” (Mat. 10:35, 36) Ese ukuntu ari ikintu kitoroshe kwihanganira ugutyekezwa be n’ukurwanywa n’abo mu muryango tudasangiye ukwemera! Nitwashikirwa n’ikigeragezo nk’ico, nimuze ntidutwarwe n’umukazo dushirwako n’abo mu muryango. Nimuze riho tugume turi intahemuka twongere turindire twihanganye ko Yehova atorera umuti ingorane. Nitwaguma tumusaba ngo adufashe, azoduha inkomezi n’ubukerebutsi dukeneye kugira ngo twihangane.
5, 6. Yehova yahaye impera gute Mika, mugabo ni ibiki Mika atabonye?
5 Yehova yarahaye impera Mika kubera ukwihangana kwiwe. Mika yarabonye iherezo ry’Umwami Ahazi n’ubutegetsi bwiwe bubi. Yarabonye umuhungu wa Ahazi, wa mwami mwiza Hezekiya, aja ku ngoma maze agasubizaho ugusenga gutyoroye. Ubutumwa bwerekeye urubanza Yehova yaciriye Samariya bwashikirijwe biciye kuri Mika bwarangutse igihe Abashuri batera ubwami bwa Isirayeli bwo mu buraruko.—Mika 1:6.
6 Ariko rero, Mika ntiyabonye ingene ibintu vyose Yehova yari yaramuhumekeye ngo amenyeshe vyarangutse. Nk’akarorero, Mika yanditse ati: “Mu kiringo ca nyuma c’imisi . . . umusozi w’inzu ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi; kandi ibisata vy’abantu bizorindiga koko bija kuri wo. Amahanga menshi azogenda koko, avuge ati: ‘Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova.’ ” (Mika 4:1, 2) Mika yapfuye hasigaye igihe kirekire ngo ubwo buhanuzi buranguke. Naho vyari ukwo, yari yiyemeje kuguma ari intahemuka kuri Yehova gushika apfuye, ataravye ivyo abandi bari bamukikuje bakora. Ku bijanye n’ivyo, Mika yanditse ati: “Ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.” (Mika 4:5) Mika yararindiriye yihanganye mu bihe vy’amarushwa kubera ko yizigira aherejeko yuko Yehova yoranguye ivyo yasezeranye vyose. Uwo muhanuzi w’umwizigirwa yarizigira Yehova.
7, 8. (a) Ni kubera iki dufise imvo yumvikana yo kwizigira Yehova? (b) Ni igiki kizotuma igihe gihera n’ingoga kuruta?
7 Twoba twizigira Yehova muri ubwo buryo? Turafise imvo yumvikana yo kubigira. Turamaze kwibonera ukuntu ubuhanuzi bwa Mika buranguka. “Mu kiringo ca nyuma c’imisi,” abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose bararindize baja “ku musozi w’inzu ya Yehova.” Naho abo basavyi b’Imana bavuye mu mahanga adacana uwaka, “inkota zabo [bazicuzemwo] ibirimisho,” kandi baranka ‘kwongera kwiga kurwana.’ (Mika 4:3) Ese ukuntu ari agateka kuba turi mu basavyi ba Yehova b’abanyamahoro!
8 Birumvika yuko twipfuza ko Yehova akuraho ivy’iyi si mbi vuba. Ariko rero, kugira ngo turindire twihanganye, dutegerezwa kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Yarashinze umusi azocirako urubanza abantu “[a]koresheje umuntu yashizeho,” uwo na we akaba ari Yezu Kristu. (Ivyak. 17:31) Mugabo imbere y’uko ico gihe gishika, Imana iriko iraha abantu b’uburyo bwose akaryo ko kuronka “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri,” gukora bisunga ubwo bumenyi no gukizwa. Ubuzima bw’agaciro buri mu kaga. (Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.) Nimba dufise vyinshi dukora mu gufasha abandi kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana, igihe gisigaye imbere y’uko urubanza rwa Yehova rushika kizohera n’ingoga kuruta. Ico gihe kigiye kurangira, mbere tutari tuvyiteze. Nicarangira, ese ukuntu tuzohimbarwa no kuba twaragumye dufise vyinshi dukora mu gikorwa co kwamamaza Ubwami!
NI IBIKI BIZOKWEREKANA KO IKIRINGO CACU CO KURINDIRA KIRI MU KURANGIRA?
9-11. Ibivugwa mu 1 Abatesalonika 5:3 vyoba vyararangutse? Sigura.
9 Soma 1 Abatesalonika 5:1-3. Muri kazoza ka hafi, amahanga azovuga ngo “Amahoro n’umutekano!” Kugira ngo ayo majambo ntaze avugwe tutiteguye, turakeneye ‘kuguma turikanuye kandi tukazigama ubwenge bwacu.’ (1 Tes. 5:6) Kugira ngo dufashwe kuguma turikanuye mu buryo bw’impwemu, nimuze twihweze muri make ibintu biriko biraba bizoshikana kuri iryo tangazo rihambaye.
10 Igihe cose imwimwe muri za ntambara zibiri z’isi yose yaba irangiye, amahanga yarasemerera asaba amahoro. Inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose, harashinzwe Umuhari w’amahanga mu ntumbero yo kuzana amahoro. Mu nyuma, intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, abantu benshi barizigiye yuko Ishirahamwe mpuzamakungu ryozanye amahoro kw’isi. Indongozi mu vy’intwaro hamwe n’indongozi z’amadini zarahanze amaso ayo mashirahamwe ziteze ko azanira amahoro abantu. Nk’akarorero, mu 1986, Ishirahamwe mpuzamakungu ryaremeje ko uwo mwaka utangazwa hose yuko ari Umwaka mpuzamakungu w’amahoro. Muri uwo mwaka, indongozi zavuye mu mahanga menshi no mu madini menshi zarifatanije n’umukuru wa Ekleziya gatolika i Assise mu Butaliyano, kugira ngo ziture amasengesho yo gusaba amahoro.
11 Ariko rero, kwaba ukwo gutangaza amahoro n’umutekano canke ukundi nk’ukwo ntikwashikije ubuhanuzi buri mu 1 Abatesalonika 5:3. Kubera iki? Kubera ko ka “gatikizo ka bukwi na bukwi” kavugwa kataraba.
12. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’itangazo ryerekeye “Amahoro n’umutekano”?
12 Ni nde azoshikiriza iryo tangazo rihambaye ryo muri kazoza ryerekeye “Amahoro n’umutekano”? Indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu be n’ayandi madini zizorangura uruhara uruhe? Indongozi z’ibihugu bitandukanye zizogira uruhara gute muri iryo tangazo? Ivyanditswe nta co bitubwira. Ico tuzi co ni iki: uko iryo tangazo rizoba rimeze kwose canke rijijura gute, rizoba ari uruhendo gusa. Iyi si ishaje izoguma iganzwa na Shetani. Yarononekaye ubutakivayo kandi izoguma gutyo. Ese ukuntu vyoba bibabaje hagize umwe muri twebwe yemera poropagande ya Shetani maze akava ku kutagira aho duhengamiye kwacu!
13. Ni kubera iki abamarayika baguma batangiriye ya miyaga y’agatikizo?
13 Soma Ivyahishuwe 7:1-4. Mu gihe turindiriye ko ibivugwa mu 1 Abatesalonika 5:3 biranguka, abamarayika b’abanyenkomezi baguma batangiriye imiyaga y’agatikizo ya ya makuba akomeye. None barindiriye iki? Ikintu kimwe gihambaye barindiriye kiravugwa n’intumwa Yohani, ico na co kikaba ari ukudoma ikidodo ubwa nyuma ku “bashumba b’Imana yacu” * barobanuwe. Ukwo kudoma ikidodo ubwa nyuma nikwamara kurangira, abo bamarayika bazorekura ya miyaga y’agatikizo. Ni igiki kizoca kiba?
14. Ni igiki cerekana yuko iherezo rya Babiloni Akomeye riri hafi?
14 Babiloni Akomeye, inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, azokurwaho nk’uko abikwiriye. “Ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi” ntibizoshobora kumushigikira. Turamaze kwibonera ibintu vyerekana yuko iherezo ryiwe ryegereje. (Ivyah. 16:12; 17:15-18; 18:7, 8, 21) Nkako, ukuba adashigikirwa biriko birigaragaza mu bimenyeshamakuru, aho amadini be n’indongozi zayo birushiriza kuvugwa nabi. Naho ari ukwo, indongozi za Babiloni Akomeye zibona yuko zitari mu kaga na gato. Ese ukuntu zihenda! Inyuma ya rya tangazo ryerekeye “Amahoro n’umutekano!” intwaro z’isi ya Shetani zizogaba igitero bukwi na bukwi kw’idini ry’ikinyoma maze ziritikize. Babiloni Akomeye ntazokwongera kuboneka! Birabereye vy’ukuri ko turindira twihanganye ivyo bintu bihambaye.—Ivyah. 18:8, 10.
TWOKWEREKANA GUTE KO DUKENGURUKA UKWIHANGANA KW’IMANA?
15. Ni kubera iki Yehova atihutiye kugira ico akoze?
15 Naho abantu basiga iceyi izina rya Yehova, aramaze igihe arindiriye yihanganye ko igihe kibereye co kugira ico akoze kigera. Yehova ntiyipfuza ko hagira abantu b’umutima nziraburyarya barandurwa. (2 Pet. 3:9, 10) Vyoba ari vyo natwe twipfuza? Imbere y’uko umusi wa Yehova uza, turashobora kwerekana yuko dukenguruka ukwihangana kwiwe mu buryo bukurikira.
16, 17. (a) Ni kubera iki dukwiye kwipfuza gufasha abahororokewe? (b) Ni kubera iki vyihutirwa ko abahororokewe bagaruka kuri Yehova?
16 Dufashe abahororokewe. Yezu yavuze yuko haba akanyamuneza mw’ijuru igihe intama imwe yatakaye itowe. (Mat. 18:14; Luka 15:3-7) Biboneka ko Yehova yitwararika cane abo bose berekanye ko bakunda izina ryiwe, naho muri iki gihe batariko bamusukurira n’umwete. Igihe dufashije abantu nk’abo kugaruka mw’ishengero, tuba dutumye Yehova n’abamarayika barushiriza guhimbarwa.
17 Woba uri mu batariko barasukurira Imana n’umwete muri iki gihe? Kumbure hariho umuntu wo mw’ishengero yakubabaje bikaba vyaratumye ureka kwifatanya n’ishirahamwe rya Yehova. Kubera ko hashobora kuba haciye igihe kinaka, niwibaze uti: ‘Ubuzima bwanje bwoba bwararushirije kugira ico buvuze, kandi noba mpimbawe kuruta? Yehova yoba ari we yambabaje, canke nababajwe n’umuntu w’umunyagasembwa? Yehova Imana yoba arigera akora ikintu kingirira nabi?’ Mu vy’ukuri, yama adukorera ivyiza. N’igihe nyene tuba tutariko turabaho twisunga ukwiyegura kwacu, arareka tukungukira ku bintu vyiza atanga. (Yak. 1:16, 17) Umusi wa Yehova ugiye kuza. Ubu ni co gihe co kugaruka mu maboko ya Dawe wa twese wo mw’ijuru munyarukundo no mw’ishengero, ho hantu honyene hatagira inkomanzi muri iyi misi ya nyuma.—Gus. 33:27; Heb. 10:24, 25.
Abasavyi ba Yehova barakora uko bashoboye kwose kugira bafashe abahororokewe kugaruka kuri Yehova (Raba ingingo ya 16, 17)
18. Ni kubera iki dukwiye gushigikira abatuja imbere?
18 Dushigikire abatuja imbere tudahemuka. Yehova we Mwungere munyarukundo, aratuyobora akongera akadukingira. Yaragenye Umwana wiwe ngo abe Umukuru w’abungere w’ubusho. (1 Pet. 5:4) Abakurambere bo mu mashengero arenga 100.000 bararagira intama z’Imana imwimwe yose ku giti cayo. (Ivyak. 20:28) Igihe dushigikiye tudahemuka abashinzwe kutuja imbere, tuba twerekanye yuko dukengurukira Yehova na Yezu ku vyo badukoreye vyose.
19. Dushobora gute kwegerana tukamera nk’igihome?
19 Twiyegerezanye. Ivyo bisobanura iki? Igihe igisoda camenyerejwe neza gitewe n’umwansi, abasoda baca begerana bakamera nk’igihome c’intamenwa. Shetani ariko ararushiriza kugaba ibitero ku basavyi b’Imana. Ubu si igihe co kurwana hagati yacu. Ubu ni igihe co kwiyegerezanya, kwirengagiza udusembwa tw’abandi no kwizigira ubuyobozi bwa Yehova.
Ubu ni igihe co kwegerana tukamera nk’igihome co kwikingira Shetani n’amadayimoni (Raba ingingo ya 19)
20. Dukwiye gukora iki ubu?
20 Nimuze twese tugume turi maso mu vy’impwemu twongere tugaragaze agatima ko kurindira. Nimuze turindire twihanganye rya tangazo ryerekeye “Amahoro n’umutekano!” be na kwa kudoma ikimenyetso ubwa nyuma ku batowe. Inyuma y’aho, ba bamarayika bane bazorekura ya miyaga y’agatikizo, maze Babiloni Akomeye ace atikizwa. Mu gihe turindiriye ivyo bintu bikomeye vyimirije gushika, nimuze twemere ubuyobozi duhabwa n’abashinzwe kutuja imbere mw’ishirahamwe rya Yehova. Nitwegerane tumere nk’igihome co kwikingira Shetani n’amadayimoni! Ubu ni igihe co gukurikiza impanuro y’umwanditsi w’amazaburi igira iti: “Nimugire umutima rugabo, kandi umutima wanyu ukomere, yemwe abarindiriye Yehova mwese!”—Zab. 31:24.
^ par. 13 Wipfuza ikiganiro cerekana itandukaniro riri hagati yo kudoma ikidodo ubwa mbere ku barobanuwe no kubadomako ikidodo ubwa nyuma, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2007, urupapuro rwa 30-31.