Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Munyonyo 2013

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Nari meze nk’ikinyamasyo mu nzu yaco”

“Nari meze nk’ikinyamasyo mu nzu yaco”

MW’ISEKEZA ryo gushinga intahe ry’imisi icenda ryamaze umwanya nk’uw’urume rumara ryabaye muri Myandagaro-Nyakanga 1929, abamamaji barenga 10.000 barakwiragiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bashikirije abantu ibitabu n’udutabu bingana n’ica kane c’umuliyoni. Muri abo bamamaji b’Ubwami harimwo abamamazanjili b’igihe cose (aba colporteurs) nk’igihumbi. Ese ukuntu bari barongerekanye! Akanyamakuru kamwe (Bulletin *) kavuze ko “cari ikintu gisa n’ikidashoboka” kuba abatsimvyi bari barongerekanye incuro zitatu kuva mu 1927 gushika mu 1929.

Amaja mu mpera z’umwaka wa 1929, harabaye ingorane zikomeye mu vy’ubutunzi. Kuri wa musi aho amasoko y’imitahe yatangura guhomba bikomeye, ni ukuvuga ku wa 29 Gitugutu 1929, imitahe yariko iratakaza agaciro kw’Isoko ry’imitahe ry’i New York yarakweze ingorane zikomeye zatumye ivy’ubutunzi bishika ahatemba kw’isi yose mu myaka ya 1930. Amabanki ibihumbi n’ibihumbi yarahomvye. Amayororero-rimiro yararetse gukora. Amahinguriro akomakomeye yarugaye. Abantu amamiliyoni barabaye ibishomeri. Mu 1933, amazu yafatwa muri Leta Zunze Ubumwe kubera abantu bataba bashoboye kuriha amadeni bafashe mu kuyubaka yashika 1.000 ku musi.

None abamamaji b’igihe cose bavyifashemwo gute muri ico kiringo kigoye? Kimwe mu vyabafashije ni inzu zifise amapine. Imiduga y’inzu canke inzu zikwegwa n’imiduga, kubera ko itapangwa canke ngo itangirwe amakori, yarafashije abatsimvyi benshi kubandanya ubusuku bwabo bakoresheje amahera make ashoboka. * Kandi mu gihe c’ihwaniro, inzu ishobora kwimurwa yaca iba icumba c’ihoteri kitarihwa. Mu 1934, akanyamakuru (Bulletin) karatanze imigero irimwo utuntu twinshi yafasha umuntu kwubaka inzu ntoyi mugabo imeze neza irimwo ibintu vya nkenerwa nk’amazi, ishiga, igitanda bazinga be n’ibintu bikinga imbeho.

Abamamaji bazi guhuza n’uko ibintu vyifashe bo hirya no hino kw’isi baciye batangura kwiyubakira inzu zifise amapine. Victor Blackwell yiganye ati: “Nowa nta buhanga yari afise mu bijanye no kwubaka ubwato, kandi nanje nta buhanga canke ubumenyi nari mfise mu bijanye no kwubaka inzu ikwegwa n’umuduga.” Mugabo yarayubatse.

Umuduga w’inzu ugira ujabukanwe uruzi mu bwato mu gihe c’imvura nyinshi mu Buhindi

Avery Bristow na mwene wabo Lovenia Bristow bari bafise umuduga w’inzu. Avery yavuze ati: “Nari meze nk’ikinyamasyo mu nzu yaco, ni ukuvuga ko tutavana n’inzu yanje.” Abo bavukana barakoranye ubutsimvyi na Harvey Conrow n’umukenyezi wiwe Anne, bano bakaba bari bafise inzu ishobora kwimurwa yari ifise impome z’ibintu bimeze nk’ibipapuro bigumye. Ibipande vy’ivyo bintu vyagenda biratibagurika igihe cose baba bimuye iyo nzu yabo. Avery yiganye ati: “Nta n’umwe yari yarigeze kubona inzu ikwegwa n’umuduga nk’iyo, kandi nta n’umwe yasubiye kubona iyimeze nka yo!” Mugabo Avery yavuze ko Harvey n’umukenyezi wiwe be n’abana babo babiri wari wo “muryango uhimbawe kuruta iyindi yose yigeze kubaho.” Harvey Conrow yanditse ati: “Nta co twigeze tubura, kandi twarumva ko dutekaniwe rwose mu murimo wa Yehova be no kuba yaratwitwararikana urukundo.” Uwo muryango wa Harvey Conrow, bose uko ari bane, bahavuye bitaba Ishure rya Gileyadi maze barungikwa gukorera muri Peru ari abamisiyonari.

Uwitwa Giusto Battainos n’umukenyezi wiwe Vincenza na bo nyene barakoze ubutsimvyi. Uwo mugabo n’umugore bamaze kumenya ko bari mu kuronka umwana,  barafashe umuduga wabo bawuhinduramwo inzu yari “imeze nk’ihoteli nziza” uyigereranije n’amahema bahora babamwo. Bari kumwe n’agakobwa kabo, barabandanije igikorwa bakunda cane co kubwira inkuru nziza Abataliyano baba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abantu benshi barumviriza inkuru nziza, mugabo abakene n’ibishomeri ni gake batanga intererano z’amahera ku bw’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bahabwa. Ahubwo, baratanga ibintu vy’ubwoko bwose baba bafise kugira baronke ibisohokayandikiro. Abatsimvyi babiri baragize urutonde rw’ibintu 64 bahawe n’abantu baba bashimishijwe. Urwo rutonde rwari “rumeze nk’urutonde rw’ibintu vyaharuwe mu mangazini yo mu gihugu hagati.”

Fred Anderson yarahuye n’umurimyi yipfuza agakama k’ibitabu vyacu maze atanga intererano y’amarori yahora ari aya nyina. Kw’iyororero-rimiro rikurikira, umugabo umwe yarashimishijwe n’ibisohokayandikiro vyacu mugabo avuga ati: “Nta marori mfise yo gusoma.” Ariko rero, igihe yambara ayo marori y’umubanyi wiwe yarashoboye gusoma ivyo bitabu ata ngorane kandi yarahimbawe no gutanga intererano ku bw’ivyo bitabu n’ayo marori.

Herbert Abbott yaritwaza akazu k’inkoko mu muduga wiwe. Igihe yaba amaze kuronka inkoko zitatu canke zine, yaca azijana kw’isoko, akazigurisha maze akuzuza igitoro mu muduga wiwe. Yanditse ati: “Vyoba vyarashika amahera agahakwa kuduherana? Cane nyene, mugabo ntitwareka ngo ivyo bitubuze kubandanya. Mu gihe twaba dufise igitoro mu muduga, twarashishikara igikorwa, tukaguma twizeye Yehova kandi tumwizigiye.”

Kwiheka kuri Yehova no kugira umwiyemezo ukomeye vyarafashije abasavyi biwe muri iyo myaka igoye. Igihe kimwe hariko haragwa imvura y’igihuhusi, Maxwell Lewis n’umukenyezi wiwe Emmy baravuye mu nzu yabo ikwegwa n’umuduga biruka igihe igiti cagira kiyigweko, baza babona kiyisatuyemwo kabiri. Maxwell yanditse ati: “Ivyo bintu ntivyatubereye intambamyi; vyari ibintu bipfuye gushika, kandi ntitwigeze twiyumvira gutana n’akabando. Hari igikorwa kinini co gukora, kandi twari twiyemeje kugikora.” Maxwell na Emmy babigiranye umutima rugabo kandi babifashijwemwo n’abagenzi babo babakunda, barasubiye kwubaka inzu yabo ifise amapine.

Muri ibi bihe turimwo bitoroshe, agatima ko kwitanga nk’ako ni ko karanga Ivyabona vya Yehova amamiliyoni b’abanyamwete. Nakare, cokimwe n’abo batsimvyi bo mu ntango, twiyemeje kubandanya igikorwa cacu co kwamamaza gushika Yehova avuze ko kirangiye.

^ par. 3 Ubu kitwa Igikorwa dukorera Ubwami.

^ par. 5 Muri ivyo bihe, abatsimvyi benshi nta kazi bari bafise. Baronka ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya ku giciro gitoyi maze bagakoresha intererano z’ivyo baba batanze kugira ngo babeho mu buryo bubayabaye.