Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) GITUGUTU 2013

Woba worushiriza kuburira abandi?

Woba worushiriza kuburira abandi?

Isinema imwe (A Trip Down Market Street) ikwegera cane itarimwo amajwi iraryohera abayiraba, ikaba yerekana utuntu twinshi tuba mu buzima bwa misi yose nk’uko vyari i San Francisco muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu ntango z’ikinjana ca 20. None iyo sinema yatunganijwe gute? Abatunganya amasinema barafashe icuma gifata amasanamu bakimanika imbere ku kintu kimeze nk’umuduga cagenda kirenena ku bitsinga hejuru y’ibarabara ryarimwo uruja n’uruza rikagira n’amaduka ku mpande zompi maze ico cuma bakirabisha muri nya barabara. Muri iyo sinema harerekanwa imikogote ikwegwa n’amafarasi be n’imiduga ya kera cane, hamwe n’abasumyi be n’uduhungu dutembereza ibinyamakuru vyo kugurisha bari mu bikorwa vyabo vya misi yose.

Ikintu gituma iyo sinema irushiriza kuba iyiteye agahinda ni uko ishobora kuba yafashwe muri Ndamukiza 1906, imbere gato ya ca kinyamugigima gikomeye na wa muriro wava kuri co vyatera ku wa 18 Ndamukiza bigahitana abantu ibihumbi bikongera bigatikiza ico gisagara nka cose. Birashoboka yuko bamwebamwe mu bantu bari bafise amagara meza berekanwa muri iyo sinema bari basigaje imisi mikeyi gusa yo kubaho. Uwitwa Scott Miles, akaba akomoka kuri umwe mu batunganije iyo sinema, avuga ati: “Ndabona abantu bibereye ng’aho ata co binona, batazi ikigira kibashikire. Kandi ntushobora kureka kubumvira impuhwe.”

Kubera ko ata mburi yatanzwe, ca kinyamugigima caba mu 1906 be n’umuriro wavuye kuri co vyaratikije igice kinini co hagati mu gisagara ca San Francisco

Igihe tugereranije ivyabaye ico gihe n’ibiba muri iki gihe, bituma tuzirikana cane. Na twebwe nyene ntidushobora kureka kwumvira impuhwe abantu nkatwe. Barangura ibikorwa vyabo vya misi yose batazi na gato ibijanye n’icago kiraririye kubashikira, ico na co kikaba ari ugutikizwa kw’ivy’iyi si be n’ukuntu babayeho. Ariko rero, mu buryo butandukanye n’ikinyamugigima kidashobora kubonwa imbere y’igihe, haracasigaye akaryo gatoyi ko kuburira abantu nkatwe ku bijanye n’umusi w’urubanza wa Yehova. Birashoboka yuko buri ndwi utegekanya umwanya wo kugira uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu, mugabo woba worushiriza kuburira abandi?

YEZU YAMA YITEGURIYE KWAMAMAZA

Yezu yaratubereye akarorero kadasanzwe ku bijanye no kwama yiteguriye kwamamaza. Yarabwira inkuru nziza umuntu wese bahura. Nk’akarorero, yarayibwiye umutozakori yaciyeko kw’ibarabara be n’umugore yamusanze kw’iriba mu karuhuko ka sasita. (Luka 19:1-5; Yoh. 4:5-10, 21-24) N’igihe nyene Yezu yaba yategekanije umwanya wo kuruhuka, yaremera guheba ivyo yaba yategekanije kugira ngo yigishe abandi. Impuhwe yari afitiye abantu zatuma adashinga intahe mu buryo bwo guheza umwuga. (Mrk. 6:30-34) Agatima ka Yezu ko kubona ko ibintu vyihutirwa kiganwa gute muri iki gihe?

 NTIBAGISHA AKARYO NA KAMWE

Uwitwa Melika aba mu nyubakwa imwe icungerewe cane ibamwo abantu benshi. Benshi mu babanyi biwe ni abanyeshure bava mu bindi bihugu bakoresha telefone ngendanwa, inomero zazo n’amazina yabo bikaba bitanditswe mu gitabu kiri aho abantu bashikira. Arakenguruka akaryo kadasanzwe aronka ko gutangura kugiranira n’abapanze muri iyo nyubakwa ibiyago bishingiye ku vy’impwemu bari aho abantu bashikira no muri bene ca cuma co mw’igorofa kiduza abantu kikongera kikabamanura. Avuga ati: “Mbona ko ari nk’icibare canje.” Melika aritwaza ibisohokayandikiro vyo mu ndimi nyinshi, kandi benshi barakira udupapuro tw’inkuru nziza n’ibinyamakuru. Arababwira kandi ibijanye na wa muhora wacu wo kuri Internet jw.org. Yaratanguje inyigisho za Bibiliya nyinshi.

Uwitwa Sonia na we nyene yama yiteguriye kubwira inkuru nziza umuntu uwo ari we wese. Akora ku bitaro bimwe vy’umuganga, akaba yarishingiye umugambi wo kubwira inkuru nziza mu buryo bunogangije umuntu wese bakorana. Yabanza gufata akanya ko kurondera kumenya ivyo umuntu wese akeneye be n’ibimushimisha. Yaca akoresha umwanya wiwe w’akaruhuko ka sasita mu kurondera umwumwe wese kugira bayage ibintu vy’impwemu. Ivyo vyatumye Sonia ashobora gutanguza inyigisho za Bibiliya zibiri. Vyongeye, ariko ariyumvira ivyo kuza araja kuruhukira aho abantu barindirira muganga kugira ngo abayagishe.

NTUGISHE UTURYO URONKA

Umwe mu barokotse ca kinyamugigima caba mu 1906 yacise “icago gikomeye kuruta ibindi vyose vyigeze gushikira Leta canke igisagara kanaka.” Yamara, vuba ivyago vyose nta co bizoba bivuze tubigereranije n’umusi wo kwihora ugiye kuza ku “batazi Imana” bose. (2 Tes. 1:8) Yehova aripfuza cane ko abantu bahindura umuzirikanyi n’umutima maze bakemera ubutumwa bwo kubaburira buriko burashikirizwa n’Ivyabona vyiwe.—2 Pet. 3:9.; Ivyah. 14:6, 7.

Woba ushobora gukoresha akaryo kose kabonetse ugashinga intahe igihe uri mu bikorwa vyawe vya misi yose?

Urafise agateka ko gufasha abantu kubona ibihe bitoroshe turimwo no kubafasha kwirinda gukurikirana inyungu ziranga ubwikunzi kugira ngo barondere Yehova. (Zef. 2:2, 3) Woba ushobora gukoresha akaryo kose kabonetse ukabwira inkuru nziza abo mukorana, ababanyi bawe be n’abo muhura igihe uri mu bikorwa vyawe vya misi yose? Woba uzorushiriza kuburira abandi?