Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Gitugutu 2013

 INKURU Y’UBUZIMA

Kwiheka kuri Yehova vyaravuyemwo ivyiza

Kwiheka kuri Yehova vyaravuyemwo ivyiza

Mu buzima buraca bugacana ayandi, kandi hoshobora mbere gushika ibintu bigoye kwihanganira. Mugabo Yehova arahezagira abamwihekako, ntibishimikize ubwenge bwabo bwite. Ivyo ni vyo twe n’umukenyezi wanje twiboneye mu buzima bwacu bumaze igihe kirekire kandi burimwo ivyiza. Reka tubacire ku mayange kahise kacu.

DAWE na mawe bamenyanye mu 1919 kw’ihwaniro ry’Abatohoji ba Bibiliya bo kw’isi yose ryabereye i Cedar Point muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bubakanye mu mpera z’uwo mwaka nyene. Jewe navutse mu 1922, mwene wacu Paul na we avuka haciye imyaka ibiri. Umukenyezi wanje Grace yavutse mu 1930. Abavyeyi biwe Roy Howell n’umukenyezi wiwe Ruth bakuriye mu muryango w’Abatohoji ba Bibiliya; sekuru na inakuru na bo nyene bari Abatohoji ba Bibiliya bakaba n’abagenzi b’umuvukanyi Charles Taze Russell.

Namenyanye na Grace mu 1947, maze twubakana ku wa 16 Mukakaro 1949. Imbere y’uko twubakana, twarayaze ata guhishanya ku bijanye na kazoza kacu. Twarafashe ingingo yo kuja mu busuku bw’igihe cose kandi ntitwemere ibanga ryo kurera abana. Ku wa 1 Gitugutu 1950, twaratanguye umurimo w’ubutsimvyi turi kumwe. Hanyuma mu 1952, twasabwe gukora igikorwa co kugendera amashengero.

KUGENDERA AMASHENGERO NO KWITABA ISHURE RYA GILEYADI

Twempi twarabona ko dukeneye gufashwa cane kugira ngo turangure ico gikorwa gishasha. Magingo nagira ico nigiye ku bavukanyi bazi utuntu n’utundi, nararonderera kandi imfashanyo Grace. Naregereye Marvin Holien, akaba yari umugenzi wa kera w’umuryango wacu yari aciye uruma mu gikorwa co kugendera amashengero, ndamubaza nti: “Grace aracari muto akaba ataraca uruma. Woba wotugira inama y’umuntu boshobora kumara igihe bakorana kugira ngo amumenyereze?” Yishuye ati: “Egome. Edna Winkle ni umutsimvyi aciye uruma yoshobora kumufasha cane.” Mu nyuma, Grace yavuze ku bijanye na Edna ati: “Yatumye numva nturuye igihe mba ndiko ndakora inzu ku nzu, ndamenya ukuntu novyifatamwo neza igihe havuzwe amajambo yohava ahagarika ikiyago, yongera aranyigisha kwumviriza uwo nsanze ku muhana kugira ngo nshobore kumenya ibintu bibereye novuga. Ni we nyene nari nkeneye!”

Uhereye ibubamfu: Nathan Knorr, Malcolm Allen, Fred Rusk, Lyle Reusch, Andrew Wagner

Twe na Grace twagendera imizunguruko ibiri yo muri Leta ya Iowa, harimwo n’uturere twa Leta ya Minnesota n’iya Dakota y’Epfo. Mu nyuma, twimuriwe mu Muzunguruko wa 1 w’i New York, ukaba wari ugizwe n’intara ya Brooklyn n’iya Queens.  Ntituzokwigera twibagira ukuntu twiyumvisemwo ko tudashoboye ico gikorwa. Uwo muzunguruko warimwo n’ishengero rya Brooklyn Heights, rikaba ryagirira amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami yo kuri Beteli rikaba kandi ryarimwo abagize umuryango wa Beteli baciye uruma benshi. Maze gushikiriza insiguro y’umurimo ya mbere muri iryo shengero, umuvukanyi Nathan Knorr yaraje aho ndi ambwira ati: “Malcolm, waduhaye impanuro twokurikiza, kandi zari zibereye. Urama wibuka ko nutadufasha mu kuduha impanuro ziranga ubuntu, ata co uzoba umariye ishirahamwe. Shishikara ico gikorwa ciza.” Iryo koraniro riheze, narabibwiye Grace. Mu nyuma, twaraduze mu cumba cacu co muri Beteli. Kubera ko twari twihebuye bitumwe n’amaganya, twararize.

‘Nutadufasha mu kuduha impanuro ziranga ubuntu, nta co uzoba umariye ishirahamwe. Shishikara ico gikorwa ciza’

Haciye amezi makeyi, twararonse ikete ryadutumira kwitaba umugwi ugira 24 w’Ishure rya Gileyadi, iryorangiye muri Ruhuhuma 1955. Imbere y’uko twitaba iryo shure, twamenyeshejwe ko ukumenyerezwa tworonse atari ngombwa ngo kuzodufashe kwitegurira kuba abamisiyonari. Ahubwo nyabuna, kwodufashije kuronka ivyo dukeneye vyose kugira ngo turushirize kuba kirumara mu gikorwa co kugendera amashengero. Kwitaba iryo shure cari ikintu ciza igitangaza mugabo catuma twicisha bugufi.

Fern n’umunega wiwe George Couch bari kumwe na jewe na Grace kw’ishure rya Gileyadi mu 1954

Turangije ivyo vyigwa, twashinzwe igikorwa co kugendera imizunguruko. Intara yacu yari igizwe na Leta ya Indiana, iya Michigan n’iya Ohio. Mu nyuma, tutari tuvyiteze, twararonse muri Kigarama 1955 ikete rivuye ku muvukanyi Knorr ryagira riti: “Ndabasavye muvuge mudaca ku ruhande, kandi mumbwize ukuri muri aka kanya. Nimumbwire nimba mwipfuza kuza ng’aha kuri Beteli kandi mukahaguma . . . canke nimba mwipfuza gukorera mu mahanga mumaze igihe kinaka kuri Beteli. Nimba mwipfuza igikorwa co kugendera imizunguruko canke amashengero, ndipfuza kubimenya.” Twishuye ko twohimbarwa no gukora igikorwa ico ari co cose twoshingwa. Twaciye dusabwa kuja kuri Beteli!

IMYAKA ITEYE UMUNEZERO TWAMAZE KURI BETELI

Mu vyo nakoze mu myaka iteye umunezero twamaze mu murimo wo kuri Beteli, harimwo ibijanye no gushikiriza insiguro be no kwigisha muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hose. Naragize uruhara mu vyo kumenyereza no gufasha imisore myinshi yahavuye ishingwa amabanga ahambaye kuruta mw’ishirahamwe rya Yehova. Nahavuye mba umunyamabanga w’umuvukanyi Knorr mu biro vyaringaniza igikorwa co kwamamaza kw’isi yose.

Ndiko ndakorera mu Rwego rw’umurimo mu 1956

Imyaka namaze ndi mu Rwego rw’umurimo yari ihimbaye cane. Ng’aho narashoboye gukorana na T. J. (Bud) Sullivan. Yari yaramaze imyaka myinshi ari umuhagarikizi w’urwo rwego. Mugabo hariho abandi nigiyeko vyinshi. Fred Rusk, uwashinzwe igikorwa co kumenyereza, yari umwe muri abo. Sinzokwigera  nibagira igihe namubaza nti: “Fred, kubera iki ukosora ibintu bitari bike mu makete yanje amwamwe?” Yaratwenze, mugabo yongerako iki ciyumviro gituma umuntu azirikana ati: “Malcolm, igihe uvuze ikintu ku munwa, coshobora gusigurwa hakoreshejwe ayandi majambo, mugabo igihe wanditse ikintu, na canecane igihe kivuye ng’aha, gitegerezwa kuba gitomoye kandi kitagiramwo amakosa uko bishoboka kwose.” Yaciye avuga n’umutima mwiza ati: “Rema, ukora neza, kandi mu nyuma bizokugendera neza.”

Mu myaka n’iyindi twamaze kuri Beteli, Grace yarashinzwe ibikorwa bitandukanye, harimwo gukora isuku no kubungabunga ivyumba. Yarahimbarwa n’ico gikorwa. Gushika uyu musi, igihe bishitse tugahura na bamwebamwe mu bavukanyi bari bakiri imisore kuri Beteli muri iyo myaka, barabwira Grace bamwenyura bati: “Waranyigishije vy’ukuri gusasa igitanda, kandi ndakubwiye yuko mawe yashimye ico kintu wakoze.” Grace yarahimbarwa kandi no gukorera mu rwego rujejwe ibinyamakuru, urujejwe kwakira no kurungika amakete be n’urujejwe kugwiza amakaseti. Kurangura ivyo bikorwa bitandukanye vyaramufashije gutahura ko ivyo dukora vyose canke aho dukorera hose mw’ishirahamwe rya Yehova ari agateka n’umuhezagiro. Gushika uyu musi, ni ko abibona.

IVYO TWAHINDUYE

Mu 1975, twaratanguye kubona ko abavyeyi bacu bari bageze mu zabukuru bari bakeneye kurushiriza kwitwararikwa. Amaherezo, twabwirijwe gufata ingingo igoye. Ntitwipfuza kuva muri Beteli no guheba abasavyi ba Yehova bagenzi bacu twikundira cane. Naho vyari ukwo, narabona ko nari mfise ibanga ryo kwitwararika abavyeyi bacu. Twahavuye rero tuva muri Beteli, mugabo tukaba twari twizigiye ko ivyacu nivyahinduka, tuzoshobora kugaruka.

Kugira ngo turonke amahera dukeneye, naratanguye igikorwa co gufasha abantu kugirisha asiransi ndabasanga ku mihana yabo. Sinzokwigera nibagira ivyo umukoresha umwe yambwiye igihe nariko ndamenyerezwa, ati: “Iki gikorwa gihagaze ku kuja ku mihana ku mugoroba. Ni ho ushobora kubona abantu. Nta na kimwe gihambaye kuruta kuba ari ho uri buri mugoroba, ugendera abantu.” Namwishuye nti: “Ndemera ntakeka yuko uvuga ivyo uzi, kandi ndavyubahiriza. Mugabo nanje ndafise amabanga yo mu vy’impwemu ntigeze mfata minenegwe, kandi siniteze gutangura kuyafata minenegwe ubu. Nzoza ndagenda ku mihana ku migoroba imwimwe, mugabo ku wa kabiri no ku wa kane ku mugoroba, mbwirizwa kwitaba amakoraniro ahambaye cane.” Yehova yarampezagiye vy’ukuri kubera ko ntasivye amakoraniro kugira ngo nkore akazi k’umubiri.

Twari iruhande y’igitanda ca mawe igihe yapfira mu kigo kijejwe kubungabunga abageze mu zabukuru muri Mukakaro 1987. Umuforomakazi mukuru yaraje aho Grace yari amubwira ati: “Mupfasoni Allen, genda i muhira uruhuke. Abantu bose barazi ko wamye ng’aha igihe cose ku bwa nyoko bukwe. Tekana kandi wiyumvemwo yuko wakoze ivyo ushoboye.”

 Muri Kigarama 1987, twarasavye gusubira gukorera kuri Beteli, hakaba hari ahantu twakunda cane. Mugabo haciye imisi mikeyi, Grace basanze arwaye kanseri y’uruti rw’umugongo. Amaze kubagwa kandi agakira bitagoranye, yabwiwe ko ata kanseri yari akirwaye. Ariko rero, muri ico gihe nyene twararonse ikete rivuye kuri Beteli ryadusaba kubandanya ubusuku bwacu mw’ishengero twarimwo. Twariyemeje gutera tuja imbere mu gikorwa cacu c’Ubwami.

Mu nyuma, nararonse akazi muri Texas. Twarabonye ko ikirere caho gisusurutse kuruta cotumye tumererwa neza, kandi ni ko vyagenze. Ng’aha muri Texas, tumaze imyaka nka 25 turi kumwe na bene wacu be na bashiki bacu bitwararikana, tukaba twarabaye abagenzi somambike.

IVYIGWA TWAHIGIYE

Grace yagiye aravyukwa na kanseri y’uruti rw’umugongo be n’iyo mu muhogo, akaba kandi aheruka kurwara kanseri yo mw’ibere. Mugabo ntiyigera yidodomba ku bijanye n’ukuntu amerewe mu buzima canke ngo arwanye ingingo ngenderwako zigenga ubukuru n’ugusenyera ku mugozi umwe mu rugo. Arakunda kubazwa ngo: “Ni igiki gituma muroranirwa uko mwubakanye kikongera kigatuma mwempi mugira agahimbare?” Atanga imvo zine ati: “Turi abagenzi pfampfe. Twama duseruranira akari ku mutima buri musi. Turakunda kumarana umwanya buri musi. Kandi ntitwigera tuja kuryama umusi uheze dushavuriraniye.” Ego ni ko, karacamwo tugatsitaranako, mugabo turababarirana kandi tukibagira, ivyo bikaba bidufasha vy’ukuri.

“Niwame wiheka kuri Yehova kandi wemere ivyo aretse bikaba”

Mu bigeragezo vyose vyadushikiye, hariho ivyigwa vyiza bitari bike twahigiye:

  1.  Niwame wiheka kuri Yehova kandi wemere ivyo aretse bikaba. Ntiwigere wiheka ku bwenge bwawe bwite.—Imig. 3:5, 6; Yer. 17:7.

  2.  Niwiheke kw’Ijambo rya Yehova kugira rikuyobore, naho woba ushikiwe n’ingorane imeze gute. Kugamburukira Yehova n’amategeko yiwe ni ntahara. Nta kuba ntahompagaze muri ivyo: uragamburuka canke ukagambarara.—Rom. 6:16; Heb. 4:12.

  3.  Hari ikintu kimwe gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima, na co kikaba ari ukugira izina ryiza imbere ya Yehova. Nushire imbere ivyiwe, aho gushira imbere ivyo kurondera amatungo.—Imig. 28:20; Umus. 7:1; Mat. 6:33, 34.

  4.  Nusenge usaba kuba umuntu yimbuka kandi w’umunyamwete mu murimo wa Yehova uko ushoboye kwose. Niwibande ku vyo ushoboye, aho kwibanda ku vyo udashoboye.—Mat. 22:37; 2 Tim. 4:2.

  5.  Numenye ko ata rindi shirahamwe rihezagirwa na Yehova kandi ritoneshwa na we.—Yoh. 6:68.

Umwumwe wese muri twebwe aramaze imyaka irenga 75 akorera Yehova, tukaba tumaze imyaka nka 65 tumukorera uko twubakanye. Turamaze vy’ukuri igihe ciza igitangaza dukorera Yehova turi kumwe muri iyo myaka mirongo yose. Twipfuza yuko abavukanyi na bashiki bacu bose na bo nyene bokwibonera ukuntu ubuzima bubamwo ivyiza igihe umuntu yihetse kuri Yehova, kandi ni vyo tubasabira.