Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) GITUGUTU 2013

Ivyaremwe birahishura Imana nzima

Ivyaremwe birahishura Imana nzima

“Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa . . . kubera ko waremye vyose.”—IVYAH. 4:11.

1. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo twiyemeze neza ko ukwizera kwacu kuguma gukomeye?

ABANTU benshi bavuga yuko bemera gusa ibintu bashobora kubona n’amaso yabo. Dushobora gute gufasha abantu nk’abo kwizera Yehova? Nakare, Bibiliya ivuga ko “[a]ta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.” (Yoh. 1:18) Ku bw’ivyo none dushobora gute kwiyemeza neza yuko ukwizera “Imana itaboneka” Yehova kwacu kuguma gukomeye? (Kol. 1:15) Ikintu ca mbere twokora ni ukumenya inyigisho zipfukiranya ukuri kwerekeye Yehova. Hanyuma dutegerezwa gukoresha Bibiliya tubigiranye ubuhanga kugira ngo dutembagaze ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose “[b]ihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.”—2 Kor. 10:4, 5.

2, 3. Ni inyigisho zibiri izihe zituma abantu badatahura ukuri kwerekeye Imana?

2 Inyigisho imwe y’ikinyoma ikwiragiye hose ituma abantu badatahura ukuri kwerekeye Imana, ni iyijanye n’ihindagurika. Ico ciyumviro c’abantu kirateye kubiri n’ivyo Bibiliya ivuga kandi kiratuma abantu batagira icizigiro. Muri rusangi, inyigisho y’ivy’ihindagurika ivuga ko ibinyabuzima vyose vyiyadukije, ikaba rero yerekana ko ubuzima bw’abantu butagira intumbero.

3 Ku rundi ruhande, abafata ibintu urudome ku rundi bo mu biyita abakirisu bigisha yuko ibiriho vyose, ushizemwo iyi si n’ibinyabuzima vyose biri kuri yo, bimaze imyaka ibihumbi bikeyi gusa bibayeho. Abigisha iyo nyigisho boshobora kuba bubaha cane Bibiliya, mugabo bagaharira bavuga ko Imana yaremye ibintu vyose mu misi itandatu y’amasaha mirongwibiribiri n’ane, hakaba haciye imyaka ibihumbi bikeyi gusa. Bariyamiriza ibimenyamenya vyo kwizigirwa bishingiye kuri siyansi biteye kubiri n’ivyiyumviro vyabo. Ico bivamwo, ni uko iyo nyigisho vy’ukuri ituma abantu batizigira Bibiliya, igatuma iboneka ko irenza urugero kandi irimwo amakosa. Abantu baremesha ivyo vyiyumviro baratwibutsa abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bari bafitiye Imana umwete “mugabo [atari] mu bumenyi butagira amakosa.” (Rom. 10:2) Dushobora gute none gukoresha Ijambo ry’Imana kugira ngo dutembagaze izo nyigisho ‘zihamangiye,’ iyerekeye ihindagurika be n’iyivuga ko  ibiriho vyose bimaze imyaka ibihumbi bikeyi bibayeho? * Twobishikako mu gihe gusa twokwihatira kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ivyo Bibiliya yigisha.

UKWIZERA GUSHINGIYE KU BIMENYAMENYA NO KU VYIYUMVIRO VYUMVIKANA

4. Ukwizera kwacu gukwiye kuba gushingiye ku ki?

4 Bibiliya itwigisha kubika ubumenyi muri ntibate. (Imig. 10:14) Yehova yipfuza ko ukwizera kwacu kuba gushingiye ku bimenyamenya no ku vyiyumviro vyumvikana, ntigushingire ku mafilozofiya y’abantu canke ku migenzo y’amadini. (Soma Abaheburayo 11:1.) Kugira ngo tugire ukwizera gukomeye, dutegerezwa kubanza kujijuka ko Yehova abaho. (Soma Abaheburayo 11:6.) Ivyo tubishikako tutisunze ivyiyumviro ubwacu dushima, mugabo dusuzumye ibimenyamenya tukongera tugakoresha “ububasha bwa[c]u bwo kwiyumvira.”—Rom. 12:1.

5. Ni imvo imwe iyihe ikwiye gutuma tujijuka ko Imana ibaho?

5 Intumwa Paulo aratanga imvo imwe ikwiye gutuma tujijuka ko Imana ibaho, naho tudashobora kuyibona. Paulo yanditse ku vyerekeye Yehova ati: “Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.” (Rom. 1:20) Woshobora gute gufasha umuntu akekeranya ko Imana ibaho kubona ko ayo majambo yahumetswe ya Paulo ari ay’ukuri? Woshobora guca irya n’ino bimwebimwe mu bimenyamenya bikurikira vyo mu vyaremwe bihishura ububasha n’ubukerebutsi Umuremyi wacu afise.

UBUBASHA BW’IMANA BURABONEKERA MU VYAREMWE

6, 7. Ububasha bwa Yehova bubonekera gute mu nkinzo zibiri zidukingira?

6 Ububasha bwa Yehova bubonekera mu nkinzo zibiri zidukingira, izo na zo zikaba ari ikirere gikikuje isi be n’inguvu ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku. Nk’akarorero, ikirere ntikituronsa gusa impemu duhema. Kiradukingira kandi vyinshi mu bivunjivunji bica mu kirere binyaruka buravyo. Ibimanyu vy’ibitandara vyoshobora gutikiza inganda akenshi birasha igihe vyinjiye mu kirere gikikuje isi, bigatuma mu kirere mw’ijoro haboneka umuco ukayangana w’amabara menshi uryoheye ijisho.

7 Inguvu isi ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku na zo nyene ziradukingira. Iyo nkinzo ituruka mu nda y’isi. Mu gice gikikuje intimatima y’isi, hakaba ari ahantu hiburungushuye haguma hazunguruka hagizwe ahanini n’ivyuma bishongeshejwe, haravamwo inguvu zikomeye zikwega ibintu nk’isumaku zikikuza isi kandi zigashika kure cane mu kirere. Izo nguvu ziradukingira imishwarara iva ku bintu biturira birukwa n’izuba be n’ibintu bimeze nk’imbeya izuba rirekura. Kubera izo nguvu isi ifise zo gukwega ibintu nk’isumaku, ivyo bintu ntibiturira ibinyabuzima biri kuri uwu mubumbe wacu. Ahubwo nyabuna, zirabikwega maze zikabikebereza ahandi. Turibonera ikimenyamenya c’uko iyo nkinzo ituma isi ikwega ibintu nk’isumaku ikora, turavye wa muco w’amabara menshi uryoheye ijisho uguma wigina amatavu mu kirere hafi ya rya Songa rya ruguru be n’iry’epfo ry’umubumbe w’isi. Emwe, Yehova “yuzuye ingoga mu bubasha”!—Soma Yesaya 40:26.

UBUKEREBUTSI BW’IMANA BURABONEKERA MU BIRIHO

8, 9. Ubukerebutsi bwa Yehova bubonekera gute mu nzinguzingu zituma ubuzima bushoboka?

8 Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera mu nzinguzingu zituma ubuzima bushoboka kw’isi. Tubitangire akarorero: Dufate yuko uba mu gisagara kibamwo abantu benshi gikikujwe n’impome, kikaba kidafise uburyo bwo kwinjiza amazi meza canke gusohora imyanda. Igisagara nk’ico nticoteba kwuzuramwo umucafu kandi nta woshobora kukibamwo. Hari ukuntu isi yacu imeze nk’ico gisagara gikikujwe n’ibihome. Irimwo urugero runaka rw’amazi meza, kandi ntidushobora gusohora umucafu ngo uje mu kirere. Ariko rero, ico gisagara gikikujwe n’ibihome c’ikigereranyo kiratuma ibinyabuzima amamiliyaridi bishobora kubaho, uko amayaruka agenda arakurikirana. Kubera iki? Kubera  ubushobozi butangaje gifise bwo kunagura canke gusubiriza ibintu ntahara kugira ngo ubuzima bushoboke.

9 Rimbura ivyerekeye inzinguzingu y’umwuka mwiza duhema (witwa ogisijeni). Ibinyabuzima amamiliyaridi vyinjiza mu mubiri wavyo uwo mwuka mwiza hanyuma bigasohora umwuka mubi (witwa gaze karubonike). Naho ari ukwo, uwo mwuka mwiza ntiwigera uhera, kandi ikirere nticigera ciganzirwa n’uwo mwuka mubi wogereranywa n’umucafu. Uti kubera iki? Inyishu y’ico kibazo tuyironka turimbuye ubuhinga butangaje bwitwa fotosenteze. Ibimera bikoresheje ubwo buhinga, birakwega wa mwuka mubi, amazi, umuco uva ku zuba be n’ibintu bibifasha gukura maze bigahingura ibifungurwa vyikorako (vyitwa hydrates de carbone) be na wa mwuka mwiza duhema witwa ogisijeni. Igihe duhemye uwo mwuka, tuba dusozereye iyo nzinguzingu. Tubivuze ijambo ku rindi, Yehova arakoresha ibimera yaremye kugira ngo “[ahe] abantu bose ubuzima n’impemu.” (Ivyak. 17:25) Mbega ubukerebutsi budasanzwe!

10, 11. Ubwoko bumwe bw’ibinyugunyugu be n’agakoko kitwa umugage bihishura gute ubukerebutsi bwa Yehova?

10 Ubukerebutsi bwa Yehova burabonekera kandi mu biremwa indiri biba ku mubumbe wacu udasanzwe. Bivugwa ko kw’isi hari ubwoko bw’ibinyabuzima buri hagati y’imiliyoni 2 n’imiliyoni 100. (Soma Zaburi 104:24.) Rimbura ubukerebutsi bubonekera mu kuntu bimwebimwe gusa muri ivyo binyabuzima biremwe.

Ubukerebutsi bw’Imana burabonekera mu kuntu ijisho ry’umugage ryaremwe; ako gafoto k’umuzingi karerekana ishusho yaryo yagagamishijwe (Raba ingingo ya 11)

11 Nk’akarorero, hari ubwoko bumwe bw’ibinyugunyugu bifise ubwonko bungana gusa na karya kagorori k’ikaramu kandika. Yamara, ivyo binyugunyugu birafise ubushobozi n’ubuhanga bwo kugira urugendo rw’ibilometero nka 3.000 biva muri Kanada vyimukira mw’ishamba rinaka ryo muri Megizike, vyisunze izuba kugira ngo ribifashe kwiyunguruza. None bibigenza gute igihe izuba riba ritaboneka? Yehova yaremanye ubwo bwonko bwavyo bungana ide ubushobozi bwo kumenya aho izuba riba riherereye. Canke rimbura ijisho ry’agakoko kitwa umugage. Ako karemwa kabona biciye ku maso abiri agizwe n’uduhimba twinshi. Ijisho rimwerimwe ryose rigizwe n’utuntu tumeze nk’utuyo two kugagamisha nka 30.000. Naho ari ukwo, ubwonko bungana ide bw’ako gakoko burashobora gutahura amakuru atanzwe n’utwo tuntu twose tumeze nk’utuyo no kubona akantu ako ari ko kose kariko karanyiganyiga canke kariko karagendagenda mu micungararo y’ako gakoko.

12, 13. Ni igiki kigutangaza ku bijanye n’ukuntu Yehova yaremye utugingo ngengabuzima tugize umubiri wawe?

12 N’igitangaje kuruta, ni ukuntu Yehova yaremye utugingo ngengabuzima tugize ibinyabuzima vyose. Nk’akarorero, umubiri wawe ugizwe n’utugingo ngengabuzima nk’imiliyaridi ibihumbi 100 (ni ukuvuga igiharuro 1 wongeyeko ubusa 14). Mu kagingo ngengabuzima kose muri utwo harimwo agahimba kanzwinya cane kameze nk’imigozi kitwa ADN (acide désoxyribonucléique). Usanga gatekeye menshi mu makuru akenewe yerekana ukuntu umubiri wawe wose ukwiye kumera.

13 None ako gahimba karimwo amakuru angana gute? Gereranya ubushobozi igarama imwe y’ako gahimba ifise bwo kubika amakuru n’ubwo akadisiki kamwe kitwa CD gafise. Ako  kadisiki gashobora kubika amakuru yose ari muri kazinduzi, ivyo bikaba bitanganje uravye ukuntu ari akantu k’agapurasitike k’intimbatimba ntoyi cane gusa. Ariko rero, igarama imwe gusa y’agahimba ADN ishobora kubika amakuru yoja ku tudisiki imiliyaridi igihumbi [ni ukuvuga igiharuro 1 wongeyeko ubusa 12]! Tubivuze mu bundi buryo, akayiko gatoyi kuzuye ADN yumishijwe gashobora kubika amakuru ahagije yovamwo abantu bangana n’abariho muri iki gihe incuro 350!

14. Ivyo abanyasiyansi bubuye bituma wiyumva gute ku vyerekeye Yehova?

14 Umwami Dawidi yavuze ko amakuru akenewe kugira ngo umubiri w’umuntu ubeho yanditswe mu gitabu c’ikigereranyo. Mu kuvuga ivyerekeye Yehova Imana, yagize ati: “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe, ku bijanye n’imisi vyabumbiweko kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho.” (Zab. 139:16) Birumvikana ko Dawidi yavyuriwe umutima wo gushemeza Yehova igihe yazirikana ku kuntu umubiri wiwe bwite waremwe. Ivyo abanyasiyansi baheruka kwubura vyatumye turushiriza kugira akoba igihe tuzirikanye ku kuntu Yehova yaturemye. Ivyo bintu vyubuwe biratuma turushiriza kugira imvo zo kwemera ivyo umwanditsi w’amazaburi yanditse ku vyerekeye Yehova ati: “Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba. Ibikorwa vyawe ni agatangaza, kandi umutima wanje urabizi neza cane.” (Zab. 139:14) Mu vy’ukuri none, abantu bobura gute kubona yuko ivyaremwe bihishura ko hariho Imana nzima?

NUFASHE ABANDI KUNINAHAZA YA MANA NZIMA

15, 16. (a) Ni gute ibisohokayandikiro vyacu vyatumye turushiriza gukenguruka ubushobozi Yehova afise bwo kurema? (b) Ni ikihe muri vya biganiro bivuga ngo “Vyoba vyariyadukije?” cagukoze ku mutima cane?

15 Ikinyamakuru Be maso! kiramaze imyaka mirongo gifasha abantu amamiliyoni gutahura ico ivyaremwe bihishura ku vyerekeye Imana yacu nzima. Nk’akarorero, mu 2006 inomero yo muri Nyakanga (mu gifaransa) yari ifise umutwe uvuga ngo “Hoba hariho Umuremyi?” Yari yagenewe gusa gufasha abantu bahumwe amaso n’inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’imwe ivuga ko ibiriho vyose bimaze imyaka ibihumbi bikeyi gusa bibayeho. Ku bijanye n’iyo nomero idasanzwe, mushiki wacu umwe yandikiye ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ati: “Isekeza ryo gutanga iyo nomero idasanzwe ryagenze neza cane rwose. Hari umugore umwe yasavye amakopi 20. Ni umwigisha w’icigwa cerekeye ibinyabuzima, akaba yashaka ko umwe wese mu banyeshure biwe aronka ikopi.” Umuvukanyi umwe yanditse ati: “Ndagira uruhara n’umwete mu murimo wo mu ndimiro kuva mu mpera z’imyaka ya 1940, ubu nkaba ndiko ndababa imyaka 75, mugabo sinari bwigere ndyoherwa n’indimiro nk’uko naryohewe muri uku kwezi kwo gutanga iyo nomero idasanzwe ya Be maso!”

16 Muri iyi myaka, nyinshi mu nomero za Be maso! usanga zirimwo ikiganiro kivuga ngo “Vyoba vyariyadukije?” Ivyo biganiro bigufibigufi birashira ahabona ubuhinga buteye akoba buboneka mu vyaremwe bikongera bikerekana uburyo butandukanye umuntu yagerageje kwigana wa Muhinguzi Mukuru. Twararonse ayandi mayagwa adufasha kuninahaza Imana igihe mu 2010 hasohorwa ka gatabu Vyoba vyararemwe? Amafoto aryoheye ijisho be n’ibicapo vyigisha biri muri ico gisohokayandikiro vyagenewe gutuma turushiriza gukenguruka ubushobozi Yehova afise bwo kurema. Ibibazo biri ku mpera z’igihimba kimwekimwe cose birafasha umusomyi kuzirikana ku makuru aba ahejeje kwihweza. Woba uhimbarwa no gukoresha ako gatabu igihe uriko urashinga intahe inzu ku nzu, ku mugaragaro canke akaryo kizanye?

17, 18. (a) Bavyeyi, mushobora gute gutuma abana banyu barushiriza kwizigira ubushobozi bafise bwo kuburanira ukwizera kwabo? (b) Mwakoresheje gute twa dutabu tuvuga ibijanye n’irema mu gusenga kwanyu kwo mu muryango?

17 Bavyeyi, mwoba mumaze kwihweza ako gatabu karimwo amashusho y’amabara menshi muri kumwe n’abana banyu mu gusenga kwanyu kwo mu muryango? Nimwabigira, muzobafasha kurushiriza gutahura ya Mana yacu nzima. Mushobora kuba mufise abana b’imiyabaga biga mu mashure yisumbuye.  Ni bo canecane bageramiwe n’abigisha ya nyigisho y’ikinyoma y’ivy’ihindagurika. Abanyasiyansi, abigisha, ibiganiro bivuga ibijanye n’ibiriho, eka mbere n’ivyo kwisamaza, harimwo ibiganiro n’amasinema bica kuri televiziyo, biraremesha iciyumviro c’uko ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Murashobora gufasha abana banyu b’imiyabaga kurwanya ivyo vyiyumviro mu gukoresha akandi gatabu (Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie), na ko nyene kakaba kasohowe mu 2010. Cokimwe na ka gatabu Vyoba vyararemwe?, ico gisohokayandikiro kiraremesha abakiri bato gutsimbataza “ubushobozi [bwabo] bwo kwiyumvira.” (Imig. 2:10, 11) Kirabigisha ukuntu bosuzuma yuko ivyo bigishwa kw’ishure ari ukuri.

Bavyeyi, nimufashe abana banyu kwitegurira kuburanira ukwizera kwabo (Raba ingingo ya 17)

18 Ako gatabu (Origine de la vie) kagenewe gufasha abanyeshure gusuzuma amakuru akabura avuga ko abanyasiyansi bubuye ibisigarira vya kera cane vy’ibikoko bitari bwuburwe. Karabaremesha kwirabira nimba ayo makuru yemeza vy’ukuri ko umuntu yagiye arahindagurika avuye mu biremwa bitobito. Karabigisha kandi ukuntu bokwishura ku makuru avuga yuko ngo abanyasiyansi muri ya mazu yabo bagiriramwo ubushakashatsi batoye ibimenyamenya vyerekana ko ubuzima bushobora kuba bwariyadukije. Bavyeyi, mukoresheje utwo dutabu, murashobora gufasha cane mu bijanye no gutuma abana banyu barushiriza kwizigira ubushobozi bafise bwo kwishura abababajije igituma bemera Umuremyi.—Soma 1 Petero 3:15.

19. Ni agateka akahe twese dufise?

19 Amayagwa yagiriwe ubushakashatsi bwitondewe turonka biciye kw’ishirahamwe rya Yehova aradufasha gutahura kamere ziwe nziza igitangaza zibonekera mu vyaremwe. Ico ni ikimenyamenya gikomeye gituma dushemeza Imana yacu. (Zab. 19:1, 2) Ese agateka dufise ko guha Yehova, we Muremyi w’ibintu vyose, iteka n’ubuninahazwa abereye cane!—1 Tim. 1:17.

^ par. 3 Nimba wipfuza amakuru ajanye n’ukuntu wofasha abaremesha iyo nyigisho, raba agatabu Vyoba vyararemwe?, urupapuro rwa 24-28.

 

Raba n'ibindi

Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?

Woba wibaza ko Imana ikubabaye ku giti cawe? Niwige ibijanye na kamere zayo be n’ukuntu ushobora kuyiyegereza.