Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’Abasomyi

Ibibazo vy’Abasomyi

Ibibazo vy’Abasomyi

Ni kubera iki muri Yesaya 30:21 havuga yuko ijambo rya Yehova “ribaturu[ka] inyuma,” mu gihe umurongo w’imbere y’uwo werekana ko Yehova ahagaze imbere, mu kuvuga uti: “Amaso yanyu azotegerezwa kuba ayabona Umucishabwenge wanyu Mukuru”?​—NW.

Muri Yesaya 30:20, 21 hagira hati: “ [Umucishabwenge wanyu Mukuru ntazoba acihisha, kandi amaso yanyu azotegerezwa kuba ayabona Umucishabwenge wanyu Mukuru,” NW]; kandi ni mwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.”

Umusomyi afashe ico canditswe ijambo ku rindi, abona Yehova, Umucishabwenge Mukuru ari imbere yiwe mugabo akumva ijwi ryiwe rimuturuka inyuma. Ariko rero, ayo majambo ni imvugo ngereranyo kandi akwiye gutahurwa muri ubwo buryo.

Imvugo ngereranyo dusanga mu murongo wa 20 itanga iciyumviro c’umusuku asukurira shebuja, mbere akaba agabirije gukora yisunze ubuyobozi bwiwe. Nka kurya nyene umusuku yihweza yitonze ukuboko kwa shebuja kugira ngo amenye ico ashaka ko akora, ni ko n’abasavyi ba Yehova muri iki gihe berekeza ivyiyumviro vyabo mu buryo bwitondewe ku nyigisho zishingiye kuri Bibiliya, Yehova abandanya gutanga biciye kw’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi. (Zaburi 123:1, 2) Emwe, bakora bisunze ubuyobozi abaha, bakaba maso ku kantu kose yerekana abicishije kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”​—Matayo 24:45-47, NW.

Tuvuge iki none ku bijanye n’ijambo abasuku biwe bumva riturutse inyuma? Ni ivyumvikana gushika ku ciyumviro c’uko ijwi riza riturutse inyuma ari ijwi ry’Imana ryo muri kahise, ryumvikanira mw’Ijambo ryayo ryanditswe, rigatahurika mu buryo bworoshe biciye kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa.” (Luka 12:42) Abasavyi b’Imana bo muri kino gihe bumva ijwi ryayo mu kwiga Bibiliya babigiranye ubwira no mu gukurikiza ingingo ngenderwako ziri muri yo mu buzima bwabo babifashijwemwo n’ibisohokayandikiro vyateguwe na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ari we “mubgiriza wo kwizigirwa.” Biciye ku kwiheka ku buyobozi wa Mucishabwenge Mukuru atanga no mu kuba maso kuri bwo, biciye kandi ku kwiga Ijambo ry’Imana haheze ibinjana n’ibindi ryanditswe, abasuku biwe baramubona mu buryo bw’ikigereranyo ari imbere yabo bakongera bakumva ijwi ryiwe ribaturutse inyuma.​—Abaroma 15:4.