Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Rusama 2017

Kworosha ubuzima biravamwo umunezero

Kworosha ubuzima biravamwo umunezero

DANIEL NA MIRIAM bubakanye muri Nyakanga 2000, baca baba mu gisagara ca Barcelone muri Espanye. Daniel yigana ati: “Twari dufise ico twokwita ubuzima bwiza. Amahera twakorera yaratuma dushobora gufungura mu resitora akomakomeye, tugatembera mu mahanga, tukambara n’impuzu zizimvye. Vyongeye, twaraja mu ndimiro tudahorereza.” Ariko ibintu vyahavuye bihinduka.

Kw’ihwaniro ryabaye mu 2006, Daniel yarakozwe ku mutima cane n’insiguro yarimwo ikibazo cabaza ngo: “Twoba turiko turakora uko dushoboye kwose kugira dufashe ‘abadandabagirana baja kwicwa,’ ngo bace mu nzira ijana mu buzima budahera?” (Imig. 24:11) Iyo nsiguro yarashimitse kw’ibanga dufise ryo kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya burokora ubuzima. (Ivyak. 20:26, 27) Daniel avuga ati: “Numva umenga ni jewe Yehova ariko arabwira.” Iyo nsiguro yaranavuze ko kwagura umurimo bizana umunezero mwinshi. Ivyo Daniel yari abizi, kuko Miriam yari yaratanguye gukora ubutsimvyi, akaba yariko yironkera imihezagiro myinshi.

Daniel avuga ati: “Naciye mbona ko hari hageze ko mfata ingingo ikomeye.” Kandi nyawayo yarabikoze. Yaragabanije umwanya yakora akazi k’umubiri, aca atangura ubutsimvyi, yongera arazirikana umunezero we n’umukenyezi wiwe bokwironkera baramutse bagiye gukorera ahakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta.

INGORANE ZAKURIKIWE N’AGAKURU KEZA

Muri Rusama mu 2007, Daniel na Miriam barahevye akazi bakora baca baja muri Panama, kikaba ari igihugu bari bigeze gutemberamwo. Ico cibare bimukiyemwo cari kigizwe n’umugwi w’amazinga witwa Bocas del Toro ari mu Kiyaga ca Karayibe. Ayo mazinga abamwo ahanini imvukira zaho zitwa aba Guaymi. Daniel na Miriam biyumvira ko amahera baziganije yotumye bamarayo amezi umunani.

Muri ayo mazinga, bakoresha ubwato n’ikinga mu kwiyunguruza. Baracibuka urugendo rwa mbere bagize n’ikinga: Bagenze ibilometero nka 32, mu mitumba ihanamye no ku zuba rimena imbwa agahanga. Daniel yarahatswe kuraba kubera uburuhe. Ariko rero mu mihana bacamwo, imiryango y’aba Guaymi yarabakirana urweze, na canecane igihe bari bamaze kumenya amajambo amwamwe yo mu rurimi rwabo. Bidatevye, bari basigaye bayobora inyigisho za Bibiliya 23.

Ariko rero amahera amaze kubaherana, wa munezero wahindutse umubabaro. Daniel avuga ati: “Igihe twatangura kwiyumvira ko tugiye gusubira muri Espanye, amosozi yarahatswe gukoroka. Twari tubabajwe cane n’ingene twohavuye dutandukana n’inyigisho zacu za Bibiliya.” Mugabo haciye ukwezi, bararonse agakuru keza. Miriam avuga ati: “Twari twagenywe kuba abatsimvyi badasanzwe. Ese ukuntu twanezerewe cane no kwumva ko tuzoguma mu cibare cacu!”

IKIBANEZEREZA KURUTA

Mu 2015, amahinduka yabaye mw’ishirahamwe yatumye Daniel na Miriam basabwa kuba abatsimvyi basanzwe. None bakoze iki? Barizigiye umuhango dusanga muri Zaburi 37:5, ugira uti: “Nuragize Yehova inzira yawe, kandi umwizigire, na we ubwiwe azogira ico akoze.” Bahavuye baronka akazi kabafasha kwironsa ivyo bakeneye, ubu bakaba ari abatsimvyi basanzwe mw’ishengero riri mu ntara ya Veraguas muri Panama.

Daniel avuga ati: “Tukiri muri Espanye, ntitwari tuzi ko twoshoboye ubuzima bubayabaye. Ubu ni bwo tubayemwo, kandi nta kintu na kimwe ca nkenerwa tubura.” None ni igiki kibanezereza kuruta? Bavuga bati: “Nta munezero woza uruta gufasha abantu baciye bugufi kumenya Yehova!”