IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI KU VYEREKEYE UBUZIMA N’URUPFU?
Ikibazo gitesha umutwe
ABANTU ntibabona kumwe ivyerekeye ubuzima n’urupfu. Bamwe biyumvira ko nibapfa bazobandanya kubaho mu bundi buryo canke mu kandi karere. Abandi biyumvira ko nibapfa bazosubira kuvukira mu kindi kiremwa. Hari n’abiyumvira ko umuntu apfuye, ivyiwe biba biheze.
Na wewe ushobora kuba ufise ukuntu ubitahura, bivanye naho wakuriye canke imico kama y’iwanyu. None ko abantu batabona kumwe ico kibazo gitesha umutwe, twokura hehe inyishu y’ukuri?
Indongozi z’amadini ziramaze imyaka amajana n’amajana zigisha ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Abanywanyi b’amadini makurumakuru nka yose, ni ukuvuga abakirisu, abahindu, abayahudi, abisilamu be n’abandi, bemera yuko hapfa ikibiribiri, umutima w’ubwenge na wo ugaca wigira kuba mu karere k’impwemu. Ababuda bobo bemera ko umuntu aza arapfa yongera avukira mu bindi biremwa incuro n’izindi, kugeza ashitse mu buhirwe ntangere bita Nirvana.
Izo nyigisho rero zatumye abantu benshi bemera yuko urupfu ari irembo rishikana mu bundi buzima. Abenshi baca babona ko urupfu ari intambwe ihambaye mu rukurikirane rw’ivyo umuntu acamwo mu buzima, be n’uko gupfa ari integuro y’Imana. None Bibiliya ibivugako iki? Turakwinginze usome ikiganiro gikurikira. Inyishu Bibiliya itanga hari aho yogutangaza.