Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Za ndome zine z’igiheburayo zigize izina ryeranda ry’Imana ari ryo Yehova, izisomwa uva iburyo uja ibubamfu

Akadome kanzwinya k’igiheburayo karaduha icizigiro gikomeye

Akadome kanzwinya k’igiheburayo karaduha icizigiro gikomeye

Twoba koko dushobora gushira amazinda ko ivyo Imana yasezeranye vyose bizoranguka? Yezu yaravyemera adakeka, kandi n’ivyo yigishije vyarajijura abamwumviriza. Rimbura ikigereranyo yatanze muri Matayo 5:18, igihe yariko ashikiriza Insiguro ku musozi. Yavuze ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko ijuru n’isi vyopfuma bivaho, hako hagira akadome kanzwinya na kamwe canke akavunji k’urudome na kamwe bivako mu buryo na bumwe kw’Itegeko, vyose bitabaye.”

Mu ndome z’igiheburayo, akadome kanzwinya ni yod (י), kakaba ari ko gatangura muri za ndome zine z’igiheburayo zigize izina ryeranda ry’Imana ari ryo Yehova. * Uretse ko abanditsi n’Abafarizayo wasanga bubaha amajambo be n’indome vyari bigize Itegeko ry’Imana, baranabona ko buri “kavunji k’urudome” gahambaye cane.

Yezu rero yariko avuga ko ijuru n’isi vyopfuma bivaho, hako hagira akantu na kamwe ko mw’Itegeko ry’Imana kataranguka. Ariko Ijambo ry’Imana riremeza neza ko ijuru n’isi biriho ubu bizogumaho ibihe bidahera. (Zaburi 78:69) Ivyo Yezu yavuze rero, vyashaka kwerekana ko mbere n’akantu k’ido n’ido kavugwa mw’Itegeko ry’Imana, kotegerejwe kuranguka.

None Yehova Imana yoba yitwararika utuntu tw’ido n’ido? Cane nyene. Rimbura aka karorero: Abisirayeli bari barabwiwe ko batovuna igufa na rimwe ry’umwagazi w’intama barya kuri Pasika. (Kuvayo 12:46) Ako kantu umengo ntigahambaye. None boba baratahura igituma batari kuvuna igufa na rimwe? Kumbure nta vyo batahura. Ariko Yehova Imana yari azi ko ako kantu k’ido n’ido korangukiye kuri Mesiya, kuko ata gufa na rimwe ryiwe ryovunywe igihe yomanitswe ku giti co kubabarizwako.​—Zaburi 34:20; Yohani 19:31-33, 36.

None ayo majambo ya Yezu atwigisha iki? Na twebwe turakwiye kwizigira tudakeka yuko ivyo Yehova Imana yasezeranye vyose bizoranguka, gushika no ku tuntu twose tw’ido n’ido. Umve yemwe ukuntu akadome kanzwinya k’igiheburayo gatuma tugira icizigiro gikomeye!

^ ing. 3 Mu ndome z’ikigiriki, akadome kanzwinya ni iota, kakaba kagomba kumera nka kamwe yod (י) k’igiheburayo. Kubera ko rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa ryabanje kwandikwa mu giheburayo, biboneka ko muri uwo murongo Yezu yariko avuga akadome k’igiheburayo.