Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Myandagaro 2017

‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’

‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’

“Amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu.”​—FLP. 4:7.

INDIRIMBO: 112, 58

1, 2. Vyagenze gute ngo Paulo na Silasi batabwe mw’ibohero i Filipi? (Raba ishusho itangura.)

NI MU gicugu. Abamisiyonari babiri ari bo Paulo na Silasi, bari mw’ibohero mu gisagara c’i Filipi, emwe mu cumba c’ibwina. Amaguru yabo aboheye mu mpatane z’ibiti, imigongo yabo na yo ikaba igifise ububabare bwinshi kubera amahiri. (Ivyak. 16:23, 24) Uti none vyari vyagenze gute? Hari akagwi kabacakiye bukwi na bukwi, kababurutira mu kaguriro, gaca kabajana imbere ya sentare itumweko ikibiriraho. Impuzu zabo zari zatabaguritse, kandi bari bakubiswe barashaya. (Ivyak. 16:16-22) Umve nawe ako karenganyo! Kubera ko Paulo yari afise ubwenegihugu bw’Uburoma, yari akwiye gucirwa urubanza hisunzwe amategeko. *

2 Muri uwo mwiza Paulo yicayemwo, arazirikana ku vyari vyabaye kuri uwo musi, akiyumvira n’abantu b’i Filipi. Nta n’isinagogi yariho muri ico gisagara, nk’uko vyari bimeze mu bindi bisagara  Paulo yari amaze kugendera. Nkako, Abayuda basengera hanze y’amarembo y’igisagara, iruhande y’uruzi. (Ivyak. 16:13, 14) Vyoba none vyatumwa n’uko muri ico gisagara ata n’abagabo cumi b’Abayuda bari bahari, ico kikaba ari igitigiri casabwa kugira ngo baronke isinagogi? Biboneka ko abantu b’i Filipi bishimira cane ubwenegihugu bw’Uburoma. (Ivyak. 16:21) None coba ari co catumye bataniyumvira ko Paulo na Silasi bari bafise ubwenegihugu bw’Uburoma? Icabitumye cose, Paulo na Silasi baratawe mw’ibohero ku karenganyo.

3. Kubera iki Paulo ashobora kuba atumva igituma yatawe mw’ibohero? Naho ari ukwo, yavyifashemwo gute?

3 Paulo ashobora kuba yarazirikanye n’ivyari vyamushikiye mu mezi makeyi imbere y’aho. Ico gihe yari muri Aziya Ntoyi, hakurya y’Ikiyaga Égée. Impwemu nyeranda yaramubujije incuro n’izindi kuvuga ubutumwa mu turere tumwetumwe twaho. Biboneka ko impwemu nyeranda yashaka ko Paulo yerekeza ahandi. (Ivyak. 16:6, 7) None hari hehe? Yahamenyeye mu ndoto yarose ari i Tirowa. Yabwiwe ati: “Jabuka uze i Makedoniya.” Ubwo nyene Paulo yaciye ajayo, kuko Imana yari imutomoreye igomba ryayo. (Soma Ivyakozwe 16:8-10.) None vyahavuye bigenda gute? Paulo amaze igihe gito ashitse i Makedoniya, yaciye atabwa mw’ibohero. Ni kubera iki none Yehova yaretse bikamushikira? Mbega yomaze igihe kingana gute muri iryo bohero? Naho Paulo ashobora kuba yaribajije ivyo bibazo, ntiyaretse ngo bihungabanye ukwizera n’umunezero yari afise. We na Silasi baciye batangura ‘gusenga no gushemeza Imana mu kuririmba.’ (Ivyak. 16:25) Amahoro y’Imana yaratururuje imitima yabo n’imizirikanyi yabo.

4, 5. (a) Dushobora gute gushikirwa n’ivyashikiye Paulo? (b) Ivya Paulo vyahindutse gute mu buryo atari yiteze?

4 Nk’ukwo kwa Paulo, hari aho vyoba vyarashitse na wewe ukabona ko uriko urakurikiza ubuyobozi bw’impwemu nyeranda, ariko ibintu ntibigende nk’uko wari uvyiteze. Waraciye mu ngorane, canke na ho ushikirwa n’ibintu vyakugizeko amahinduka akomeye mu buzima. (Umus. 9:11) Usubije amaso inyuma, kumbure uribaza igituma Yehova yaretse ibintu bimwebimwe bikagushikira. Nimba ari ko biri, ni igiki none cogufasha kuguma wihanganye, ukizigira Yehova uherejeko? Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, reka tugaruke kuri ya nkuru ya Paulo na Silasi.

5 Paulo na Silasi bakiriko bararirimba amashemezo, haciye haba urukurikirane rw’ibintu batari biteze. Bukwi na bukwi, harabaye nyamugigima ikomeye. Inzugi z’ibohero zarugurutse. Iminyororo yose yari ibaboshe yaciye yibohora. Umurinzi w’ibohero yarahatswe kwiyahura, Paulo aca aramubuza. Nya murinzi w’ibohero n’umuryango wiwe wose baciye babatizwa. Bukeye, abacamanza bo muri ico gisagara bararungitse abapolisi ngo baje kurekura Paulo na Silasi no kubasaba ngo bave muri ico gisagara amahoro. Nya bacamanza bumvise ko Paulo na Silasi bari bafise ubwenegihugu bw’Uburoma, baciye babona ko bakoze ibidakorwa. Baciye baja kubisohorera ubwabo. Ariko Paulo na Silasi baciye babanza kuja gusezera Lidiya, uwari aherutse kubatizwa. Vyongeye, baciye baboneraho akaryo ko gukomeza abavukanyi. (Ivyak. 16:26-40) Ese ingene ibintu vyahindutse mu kanya isase!

‘ARARENGEYE UKWIYUMVIRA KWOSE’

6. Tugiye kwihweza iki?

6 None ivyo bintu bitwigisha iki? Bitwigisha  ko tudakwiye kwiganyira igihe turi mu ngorane, kuko Yehova ashobora gukora ivyo tutari twiteze. Nta gukeka ko ico kintu cakoze ku mutima rwose Paulo. Ivyo tubibonera ku vyo yahavuye yandikira abavukanyi b’i Filipi ku bijanye n’ukutiganyira be n’amahoro y’Imana. Reka tubanze turimbure ivyo Paulo yavuze mu Bafilipi 4:6, 7. (Soma.) Mu nyuma, turaraba ubundi burorero bwo muri Bibiliya bwerekana ukuntu Yehova yakoze ivyo abantu batari biteze. Mu gusozera, turasuzuma ukuntu “amahoro y’Imana” ashobora gutuma twihangana, tukizigira Yehova duherejeko.

7. Igihe Paulo yandikira abavukanyi b’i Filipi, ni igiki yashaka kubigisha, kandi ivyo yavuze bitwigisha iki?

7 Igihe abavukanyi b’i Filipi basoma ikete Paulo yabandikiye, nta gukeka ko baciye bibuka ivyari vyaramushikiye be n’ingene ata n’umwe muri bo yari yiteze ko Yehova akora ibiraho. None Paulo yashaka kubigisha iki? Yashaka kubigisha ko badakwiye kwiganyira be n’uko basenze, bazoronka amahoro y’Imana. Urabona kandi ko yavuze yuko “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” None ivyo bisobanura iki? Bibiliya zimwezimwe zihahindura ngo amahoro y’Imana “asiga ubwenge bwose” canke “arengeye ivyo umuntu yotegekanya vyose.” Ni nk’aho Paulo yariko ababwira ko “amahoro y’Imana” atangaje kuruta uko bovyiyumvira. Naho rero vyoshika twebwe abantu ntitubone ingene twova mu ngorane zitwugarije, Yehova wewe aba abibona, kandi arashobora gukora ivyo tutaba twiteze.​—Soma 2 Petero 2:9.

8, 9. (a) Naho Paulo yarenganijwe i Filipi, vyavuyemwo ivyiza ibihe? (b) Ni kubera iki abavukanyi b’i Filipi bafatanye uburemere amajambo ya Paulo?

8 Iryo kete ritegerezwa kuba ryarakomeje abavukanyi b’i Filipi, bibutse ivyari vyarashitse mu myaka cumi imbere y’aho. Ivyo Paulo yabandikiye kwari ukuri nk’ukurima. Naho Yehova yari yararetse Paulo na Silasi bakarenganywa, vyahavuye bivamwo “ukuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko.” (Flp. 1:7) Abo bacamanza b’i Filipi bokwitonze imbere yo gufata nabi abakirisu bo muri ico gisagara. Ivyo Paulo yari yakoze bishobora kuba ari vyo vyatumye wa muganga Luka asigara i Filipi, igihe Paulo na Silasi bagenda. Luka rero yaciye abandanya afasha abo muri ico gisagara bari baherutse gucika abakirisu.

9 Igihe abavukanyi b’i Filipi basoma ikete Paulo yabandikiye, baratahuye ko atabandikiye ivyo yikuriye mu mutwe. Naho Paulo yari yaraciye mu ngorane zikomeye, vyaragaragara ko afise “amahoro y’Imana.” Washima, n’ico gihe yabandikira, yari mw’ibohero i Roma. Ariko n’ico gihe nyene yari afise “amahoro y’Imana.”​—Flp. 1:12-14; 4:7, 11, 22.

“NTIMWIGANYIRE KU KINTU NA KIMWE”

10, 11. Dukwiye gukora iki bishitse tukiganyira birenze? Vyongeye, ni igiki dushobora kwitega?

10 Ni igiki none codufasha kutiganyira bireze ahubwo nyabuna tukagira “amahoro y’Imana”? Ivyo Paulo yandikiye Abafilipi biratwereka ko umuti w’amaganya ari isengesho. Igihe cose rero turi mu maganya, turakwiye gusenga Imana. (Soma 1 Petero 5:6, 7.) Nusenge Yehova wizigiye udakeka ko akwitwararika. ‘Numukengurukire’ no ku vyiza yama akugirira. Kuguma twibuka ko ashobora “gukora ibirengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira,” bizotuma turushiriza kumwizigira.​—Ef. 3:20.

11 Yehova arashobora kudukorera ikintu gitangaje nk’uko yabigiriye Paulo na Silasi i Filipi.  Naho kitoba ari igitangaro, hari aho twosanga ico adukoreye ari co nyene twari dukeneye. (1 Kor. 10:13) Ariko ivyo ntibisobanura ko duca twiraramira, tukarindira gusa ko Yehova agira ico akoze canke atorera umuti iyo ngorane. Turakwiye riho gukora duhuza n’amasengesho tuba twatuye. (Rom. 12:11) Ako kigoro karereka Yehova ko tubikeneye, maze na we agaca aduhezagira. Vyongeye, turakwiye kwibuka ko Yehova atadukorera gusa ivyo tuba twamusavye, canke ivyo tuba twiteze. Rimwe na rimwe aradukorera n’ivyo tutaba twiteze. Reka dusuzume uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya butuma turushiriza kwizigira ububasha Yehova afise bwo kudukorera ivyo tutaba twiteze.

UBURORERO BW’AHO YEHOVA YAKOZE IBITARI VYITEZWE

12. (a) Hezekiya yakoze iki igihe yari asugerejwe na Senakeribu umwami wa Ashuri? (b) Ukuntu Yehova yatoreye umuti ico kibazo bitwigisha iki?

12 Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwerekana ingene Yehova yakoze ibintu bitari vyitezwe. Nk’akarorero, igihe Hezekiya yari umwami wa Yuda, Senakeribu umwami wa Ashuri yarateye Yuda afata ibisagara vyose bikingijwe ibihome, havuyemwo Yeruzalemu gusa. (2 Abm. 18:1-3, 13) Ahejeje kubifata, yaciye ahindukirira Yeruzalemu. None Umwami Hezekiya yakoze iki igihe yari asugerejwe? Yaciye asenga Yehova, mu nyuma aja kwa Yesaya umuhanuzi kumusaba impanuro. (2 Abm. 19:5, 15-20) Vyongeye, Hezekiya yarakoze ibitegereka, arariha ikibuguro Umwami Senakeribu yari yamusavye. (2 Abm. 18:14, 15) Mu nyuma, Hezekiya yarafashe n’izindi ngingo kugira ngo yitegure hamwe vyoshika akugarizwa igihe kirekire. (2 Ngo. 32:2-4) None ico kibazo catunganye gute? Yehova yarungitse umumarayika umwe maze aratikiza ingabo 185.000 za Senakeribu mw’ijoro rimwe gusa. Emwe, ico kintu na Hezekiya nta co yari yiteze!​—2 Abm. 19:35.

Ivyashikiye Yozefu bitwigisha iki?​—Ita. 41:42 (Raba ingingo ya 13)

13. (a) Ivyashikiye Yozefu bitwigisha iki? (b) Sara muka Aburahamu yashikiwe n’ikintu ikihe atari yiteze?

13 Rimbura kandi akarorero ka Yozefu umuhungu wa Yakobo. None igihe yari mw’ibohero mu Misiri, vyoba vyarashitse akiyumvira ko yotewe iteka ryo kuba umuntu ahambaye agira kabiri mu Misiri, canke ko Yehova yomukoresheje kugira ngo akize ikigoyi umuryango wiwe? (Ita. 40:15; 41:39-43; 50:20) Nta gukeka ko Yehova yakoreye Yozefu ibirengeye ivyo yari yiteze. Zirikana kandi ivyerekeye Sara inakuruza wa Yozefu. Igihe Sara yari ashaje, yoba yaritega ko Yehova amuronsa akana kiwe bwite, uretse ako yovyariwe n’incoreke yiwe? Nta gukeka ko ivuka rya Izahaki ryabaye ikintu Sara atari yiteze namba.​—Ita. 21:1-3, 6, 7.

14. Kubera iki dukwiye kwizigira Yehova tudakeka?

14 Ego ni ko, ntitwitega ko Yehova adukiza  ku gitangaro ingorane zose dufise imbere y’uko isi nshasha ishika. Eka kandi ntitumusaba ngo adukorere ibintu bitangaje mu buzima bwacu. Naho ari ukwo, turazi ko dusenga ya Mana nyene yafasha abasavyi bayo mu buryo butangaje, ari yo Yehova. (Soma Yesaya 43:10-13.) Ivyo bituma tuyizigira. Turazi ko ishobora gukora ibikenewe vyose kugira ngo idushoboze kurangura neza ivyo igomba. (2 Kor. 4:7-9) None izo nkuru turimbuye zitwigisha iki? Nk’uko akarorero ka Hezekiya, Yozefu na Sara kavyerekana, tugumye turi abizigirwa kuri Yehova, arashobora kudufasha gutsinda ingorane bisa n’uko tutokwigera tuva imbere.

Tugumye turi abizigirwa kuri Yehova, arashobora kudufasha gutsinda ingorane bisa n’uko tutokwigera tuva imbere

15. Ni igiki kidufasha kugumana “amahoro y’Imana,” kandi ivyo bishoboka gute?

15 None tworonka gute “amahoro y’Imana” n’igihe twoba turi mu ngorane? Ni mu kuguma dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova Imana yacu. Ubucuti nk’ubwo bushoboka gusa “biciye kuri Kristu Yezu,” uwatanze ubuzima bwiwe kugira ngo aducungure. Iyo ncungu kandi ni kimwe mu bintu bitangaje Yehova yatugiriye. Biciye kuri iyo ncungu, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu maze tukagira ijwi ryo mu mutima ryiza, tukabona rero kumwiyegereza.​—Yoh. 14:6; Yak. 4:8; 1 Pet. 3:21.

AZORINDA IMITIMA YACU N’UBUBASHA BWACU BWO KWIYUMVIRA

16. Igihe turonse “amahoro y’Imana” bica bigenda gute? Tanga akarorero.

16 None iyo turonse ayo “mahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose,” bica bigenda gute? Ivyanditswe bivuga ko nya mahoro ‘aca arinda imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.’ (Flp. 4:7) Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo ‘kurinda’, ryakoreshwa mu mvugo ya gisirikare. Ryerekeza ku kirindiro c’abasoda cari gishinzwe kurinda igisagara gikingijwe ibihome. Ni ko vyari bimeze mu gisagara ca Filipi. Abantu b’i Filipi baryama ata co binona, kuko bari bazi ko ku marembo y’igisagara cabo hari ikirindiro c’abasoda. Muri ubwo buryo nyene, iyo turonse “amahoro y’Imana,” imitima be n’imizirikanyi yacu iguma itekanye. Tuba tuzi ko Yehova atwitwararika kandi ko atwipfuriza ineza. (1 Pet. 5:10) Kubimenya biratuma tutarengerwa n’amaganya canke ngo twihebure birenze.

17. Ni igiki kidufasha kudahagarika umutima ku bijanye n’amakuba yo muri kazoza?

17 Vuba, abantu bazoshikirwa n’amakuba akomeye atigeze kubaho kw’isi. (Mat. 24:21, 22) Ntituzi neza ibizoshikira umwumwe wese muri twebwe. Naho ari ukwo, ntidukwiye guhagarika umutima birenze. Naho tutazi ivyo Yehova azokora vyose, turamuzi. Ivyo Yehova yakoreye abasavyi biwe muri kahise, birerekana ko yama arangura umugambi wiwe, kandi rimwe na rimwe abigira mu buryo umuntu ataba yiteze. Igihe cose rero Yehova adufashije, twoshobora kwironkera mu buryo budasanzwe “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”

^ ing. 1 Biboneka ko na Silasi yari afise ubwenegihugu bw’Uburoma.​—Ivyak. 16:37.