Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga)  |  Mukakaro 2017

“Murirane n’abarira”

“Murirane n’abarira”

“Mugume . . . muhozanya mwongera mwubaka bagenzi banyu.”​—1 TES. 5:11.

INDIRIMBO: 90, 111

1, 2. Kubera iki bibereye ko turimbura ingene twokwirura ababuze ababo? (Raba ishusho itangura.)

UWITWA Susi yavuze ati: “Igihe umwana wacu yapfa, twaramaze hafi umwaka wose dufise intuntu n’umubabaro mwinshi.” Uwundi mukirisu yavuze ko igihe umugore wiwe yapfa giturumbuka, “yacitse intege bimwe bikomeye.” Ikibabaje, ni uko ivyo bintu bishikira abantu benshi. Mw’ishengero rya gikirisu, birashoboka ko abenshi batigeze biyumvira ko bobuze ababo imbere y’uko Harumagedoni ishika. Waba warabuze uwawe canke uzi uwabuze uwiwe, wokwibaza uti: ‘Abatuntujwe no kubura ababo boremeshwa gute?’

2 Hari abakunze kwivugira yuko uko haca igihe ari ko igikomere kigenda kirasubirana. Ariko none, igihe conyene ni co cotuma uwutuntuye asubirana? Umupfakazi umwe yavuze ati: “Nasanze nyabuna ico umuntu akoresha umwanya ari co kimufasha gusubirana.” Kurya nyene igisebe nya gisebe gisaba umwanya n’ukwitwararikwa kugira gikire, ni ko n’igisebe co ku  mutima gisaba umwanya no kwitwararikwa kugira gikire. None ni ibiki vyofasha ababuze ababo kugabanya intuntu bafise ku mutima?

YEHOVA NI “IMANA Y’URUHOZA RWOSE”

3, 4. Twemezwa n’iki ko Yehova atahura ko uwabuze uwiwe a keneye guhozwa?

3 Ata gukeka, Yehova wa Muvyeyi wacu wo mw’ijuru yuzuye ikibabarwe ni we Sôko nyamukuru ry’uruhoza. (Soma 2 Abakorinto 1:3, 4.) Yehova we Karorero ruheta mu kugaragaza impuhwe, yahumurije abasavyi biwe ati: “Jewe​—jewe ni je ndabahoza.”​—Yes. 51:12; Zab. 119:50, 52, 76.

4 Uwo Muvyeyi wacu yuzuye imbabazi, na we nyene yarabuze abo yikundira. Twovuga nka Aburahamu, Izahaki, Yakobo, Musa be n’Umwami Dawidi. (Guh. 12:6-8; Mat. 22:31, 32; Ivyak. 13:22) Ijambo ry’Imana rivuga ko Yehova ashashaye cane kuzobazura. (Yobu 14:14, 15) Ico gihe bazohimbarwa bongere bagire amagara meza. Niwibuke kandi ko Yehova yabuze Umwana wiwe “yakunda bidasanzwe”, akicwa urw’agashinyaguro. (Imig. 8:22, 30) Nta woronka ingene yodondora umubabaro Yehova ategerezwa kuba yaragize.​—Yoh. 5:20; 10:17.

5, 6. Yehova aduhoza gute?

5 Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azodufasha. Ntidukwiye rero kugonanwa kumwitura mw’isengesho tumubwira intuntu dufise ku mutima. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko atahura umubabaro turimwo akongera akaturonsa uruhoza dukeneye! None abigenza gute?

6 Yehova aradufasha biciye ku “ruhoza rw’impwemu nyeranda.” (Ivyak. 9:31) Impwemu y’Imana ni isôko rikomeye ry’uruhoza. Yezu yavuze ko Se wo mw’ijuru ashashaye “guha impwemu nyeranda abayimusaba.” (Luka 11:13) Umwe Susi twavuga mu ntango, agira ati: “Akenshi twarapfukama tugasenga Yehova tumusaba ngo atwirure. Igihe cose twaba tubigize, amahoro y’Imana yararinda vy’ukuri imitima yacu n’imizirikanyi yacu.”​—Soma Abafilipi 4:6, 7.

YEZU NI UMUHEREZI MUKURU W’IMPUHWE

7, 8. Twemezwa n’iki ko Yezu ashobora kuduhoza?

7 Impuhwe za Yehova zaragaragariye mu vyo Umwana wiwe Yezu yakora no mu vyo yavuga igihe yari kw’isi. (Yoh. 5:19) Imana yarungitse Yezu kugira ngo ahoze “abavunitse umutima” n’“abagandaye bose.” (Yes. 61:1, 2; Luka 4:17-21.) Ni co gituma Yezu yatahura cane imibabaro yashikira abantu kandi akipfuza cane kubafasha.​—Heb. 2:17.

8 Yezu akiri muto, nta gukeka ko yabuze incuti n’abagenzi. Biboneka ko se wiwe murezi Yozefu yapfuye igihe Yezu yari umusore. * Iyumvire nawe ingene uwo musore w’ikibabarwe yatuntuye, ico gihe akaba kumbure yari arenganye ubuyabaga! Uretse intuntu ubwiwe yagize, yaranatuntujwe no kubona ingene nyina, barumunawe na bashikiwe, na bo nyene bari batuntuye.

9. Yezu yagaragaje gute impuhwe igihe Lazaro yapfa?

9 Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe, yaragaragaje ko yatahura abantu cane kandi akabagirira impuhwe nyinshi. Nk’akarorero, dufate igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa. Naho Yezu yari azi ko yari agiye kumuzura,  yariyumvisemwo intuntu ikomeye Mariya na Marita bari bafise. Yarababaye cane ku buryo vyanse ko yihangana, aca atangura gukorora amosozi.​—Yoh. 11:33-36.

10. Twemezwa n’iki yuko no muri iki gihe Yezu agaragariza impuhwe abantu?

10 None ukwo kuntu Yezu yagaragaje impuhwe bitwigisha iki muri iki gihe? Bibiliya iradukura amazinda yuko “Yezu Kristu [ari] wa wundi ejo, n’uno musi, be n’ibihe vyose.” (Heb. 13:8) Kubera ko iyo “Mboneza y’ubuzima” atahura intuntu ico ari co, “arashoboye gutabara abariko baragezwa.” (Ivyak. 3:15; Heb. 2:10, 18) Ku bw’ivyo, turashobora kwizigira ko Kristu akibandanya gutahura intuntu n’umubabaro abantu bagira, kandi akabirura “ku gihe nyaco.”​—Soma Abaheburayo 4:15, 16.

“URUHOZA RUVA MU VYANDITSWE”

11. Ni ivyanditswe ibihe bikuremesha cane?

11 Inkuru ivuga ibijanye n’intuntu ikomeye Yezu yagize igihe Lazaro yapfa, ni imwe gusa mu nkuru nyinshi zihumuriza zivugwa muri Bibiliya. Nta nkeka rero ko “ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Rom. 15:4) Nimba nawe ufise intuntu yo kubura uwawe, urashobora guhumurizwa n’ivyanditswe bikurikira:

  • “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”​—Zab. 34:18, 19.

  • “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo [Yehova yiruza] vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”​—Zab. 94:19.

  • “Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera be n’icizigiro ciza biciye ku buntu ata wari abukwiriye, bahoze imitima yanyu bongere babashikamishe.”​—2 Tes. 2:16, 17. *

ISHENGERO NI ISOKO RY’URUHOZA RUKOMEYE

12. Kimwe mu bintu bihambaye twokora kugira ngo tubere abandi uruhoza ni ikihe?

12 Ishengero rya gikirisu ni irindi sôko ry’uruhoza ku batuntuye. (Soma 1 Abatesalonika 5:11.) None woremesha gute abafise “umutima ukubititse”? (Imig. 17:22) Niwibuke ko hariho “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umus. 3:7) Umupfakazi umwe yitwa Dalene avuga ati: “Ababuze ababo usanga bakeneye guserura ukuntu biyumva. Ku bw’ivyo, ikintu gihambaye cane wogirira umuntu nk’uyo ni ukumutega yompi ata kumuciramwo.” Uwitwa Junia na we, musazawe akaba yariyahuye, amwunganira ati: “Naho woba udatahura neza intuntu bafise, ukuba wipfuza kumenya ingene biyumva ni co gihambaye.”

13. Dukwiye kwibuka iki ku bijanye n’ugutuntura?

13 Turakwiye kwibuka ko abantu badaserura intuntu mu buryo bumwe. Rimwe na rimwe, usanga umuntu ari we atahura bimwe vyuzuye intuntu afise, bikaba rero vyomugora gusigurira abandi ukuntu yiyumva. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Umutima w’umuntu urazi ukudundumirwa kwiwe, kandi nta w’ahandi azokwisuka mu munezero wiwe.” (Imig. 14:10) Mbere n’igihe aseruye ingene yiyumva, ntivyama vyoroshe ko abandi batahura ico aba ashaka kuvuga.

14. Twokura hehe amajambo twokoresha mu kwirura ababuze ababo?

 14 Birumvikana rero ko bishobora kutugora kumenya ico twobwira uwurengewe n’intuntu. Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga iti: “Ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.” (Imig. 12:18) Abenshi basanze ka gatabu Iyo Uwo Wakunda Apfuye * karimwo amajambo aremesha yo kwirura ababuze. Ariko rero akenshi, ikintu wokora gifasha cane ni ‘ukurirana n’abarira.’ (Rom. 12:15) Umupfakazi yitwa Gaby avuga ko umubabaro yama awuserura mu kurira. Yongerako ati: “Iyo abagenzi bariranye nanje, nca numva nduhuriwe. Bigenze gutyo, nca mbona ko abandi basangiye nanje umubabaro.”

15. Nimba bitatworohera kubwira umuntu imbonankubone amajambo yo kumwirura, twobigenza gute? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Amajambo yirura.”)

15 Nimba bitakworohera kubwira umuntu imbonankubone amajambo yo kumwirura, woshobora kumwandikira agakarata canke agakete k’indemesho, kibure ukamwandikira akamesaje. Woshobora kumwandikira gusa amajambo y’icanditswe kiremesha canke ukavuga kamere nziza umuhisi yari afise, kibure ukavuga ibihe vyiza mwamaranye. Uwitwa Juni avuga ati: “Iyo umukirisu mugenzanje anyandikiye akajambo k’indemesho canke akantumira kumarana umwanya na we biramfasha cane. Nca mbona ko abandi bankunda kandi ko banyitwararika.”

16. Ubundi buryo bwiza bwo kwirura uwabuze ni ubuhe?

16 Gusenga uri kumwe n’uwabuze canke ukamushira mu masengesho yawe na vyo nyene birafasha. Naho bitokworohera gutura  isengesho mu gihe nk’ico c’umubabaro, igihe usengeye uwutuntuye, naho mbere vyoshika ukarira canke amajambo agacikagurika, birashobora kumufasha cane. Umwe Dalene avuga ati: “Igihe abo dusangiye ukwemera baba baje kundemesha, rimwe na rimwe narabasaba ko botura isengesho turi kumwe. Naho akenshi mu ntango wasanga bibabera urugamba, bamaze kuvuga amungane nk’angahe, ijwi ryabo ryararushiriza gushikama maze bagatura isengesho rikora cane ku mutima. Ukwizera kwabo gukomeye n’urukundo rwabo be n’ukuntu banyitwararika, vyarakomeje cane ukwizera kwanje.”

NUGUME WIRURA ABABUZE

17-19. Kubera iki kwirura uwabuze atari ivy’igihe gito?

17 Abantu ntibatuntura cokimwe. Hari abatuntura ikiringo kirekire kurusha abandi. Ku bw’ivyo rero, ntugendere gusa uwabuze mu misi ya mbere igihe haba hari incuti n’abagenzi benshi. Numugendere no mu mezi akurikira igihe abandi baba basubiye mu bikorwa vyabo vya misi yose. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imig. 17:17) Abo dusangiye ukwemera barashobora kutubera isôko ry’uhoza rukomeye igihe cose tumara dutuntuye.​—Soma 1 Abatesalonika 3:7.

18 Niwibuke ko hari ibintu bishobora kuvyurira intuntu uwabuze uwiwe. Aho twovuga nk’amatariki amwamwe, imiziki kanaka, amafoto, ibikorwa kanaka, canke mbere akamōto kanaka, amajwi kanaka canke ikiringo kanaka c’umwaka. Igihe uwapfakaye atanguye gukora ibintu ari wenyene, nko kuja ku materaniro canke ku Cibutso, arashobora kugira umubabaro ukomeye. Umuvukanyi umwe avuga ati: “Umukenyezi wanje amaze gupfa, nari nzi ko itariki y’ubugeni bwacu niyagera nzogira intuntu ikomeye, kandi ntivyanyoroheye. Mugabo rero hari abavukanyi na bashiki bacu batunganije ivy’uko twohurira hamwe n’abagenzi banje somambike kugira ngo uwo musi sinzobe ndi jenyene.”

19 Ariko rero, niwibuke yuko ababuze ababo badakeneye indemesho mu biringo bidasanzwe gusa. Umwe Junia avuga ati: “Akenshi baba bakeneye ko tubafasha tukongera tukababa hafi no mu bindi bihe atari ku musi mukuru gusa. Ibiringo nk’ivyo bisanzwe ni ngirakamaro cane kandi biraremesha rwose.” Naho tudashobora gutuma uwabuze ahera intuntu yose canke irungu agira kubera uwo yabuze, turashobora kumwirura ku rugero kanaka, mu kumukorera ibintu bimwebimwe bifadika. (1 Yoh. 3:18) Gaby avuga ati: “Ndakengurukira cane Yehova kubona abakurambere bagiye baramba hafi mu bihe bitoroshe. Mu vy’ukuri, batumye numva umengo Yehova arambumbatiye.”

20. Kubera iki ivyo Yehova yadusezeraniye ari isôko ry’uruhoza rukomeye?

20 Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova ya Mana y’uruhoza rwose azokuraho intuntu yose maze akaduha uruhoza rw’ibihe vyose, igihe “abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu] bakazivamwo.” (Yoh. 5:28, 29) Yehova asezerana ko “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.” (Yes. 25:8) Ico gihe, aho ‘kurirana n’abarira,’ abo kw’isi bose ‘bazonezeranwa n’abanezerewe.’​—Rom. 12:15.

^ ing. 8 Ahantu ha nyuma Yozefu avugwa ni igihe Yezu yari afise imyaka 12. Igihe Yezu yakora igitangaro ciwe ca mbere co guhindura amazi umuvinyu, Yozefu ntavugwa, eka mbere n’inyuma yaho. Igihe Yezu yari ku giti co kubabarizwako, igikorwa co kwitwararika nyina wiwe Mariya yagishinze intumwa Yohani, ivyo Yezu akaba atari kubikora iyo Yozefu aza kuba akiriho.​—Yoh. 19:26, 27.

^ ing. 14 Raba kandi ikiganiro kivuga ngo “Nuremeshe ababuze, nk’uko Yezu yabigize”, mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2010.