Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) NZERO 2016

“Turajana”

“Turajana”

“Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.”ZEK. 8:23.

INDIRIMBO: 65, 122

1, 2. (a) Ni igiki Yehova yavuze ko cobaye mu gihe cacu? (b) Ni ibibazo ibihe twihweza muri iki kiganiro? (Raba ishusho itangura.)

KU BIJANYE n’igihe tubayemwo, Yehova yavuze ati: “Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’” (Zek. 8:23) Cokimwe n’abo bantu cumi b’ikigereranyo, abafise icizigiro co kuba kw’isi barafata “koko impuzu y’Umuyuda.” Barahimbarwa no kwifatanya na “Isirayeli y’Imana” yarobanujwe impwemu, bazi yuko Yehova ariko arahezagira abarobanuwe biwe.Gal. 6:16.

2 Cokimwe n’umuhanuzi Zekariya, Yezu yarashimitse ku bumwe buruhura abasavyi b’Imana bafitaniye. Yavuze ko abayoboke biwe bari mu migwi ibiri, ni ukuvuga “ubusho buto” be n’“izindi ntama,” ariko ko bobaye “ubusho bumwe” bufise “umwungere umwe.” (Luka 12:32; Yoh. 10:16) Mugabo rero, ubucuti buri hagati y’iyo migwi ibiri butuma havyuka ibibazo: (1) Abo mu zindi ntama boba bakeneye kumenya amazina y’abarobanuwe bose muri iki gihe? (2) Abarobanuwe bakwiye kubona gute ibiberekeye? (3) Dukwiye kuvyakira gute nimba hari uwo mw’ishengero turimwo atanguye gufata ku bimenyetso vy’Icibutso? (4) Twoba  dukwiye guhagarika umutima bishitse abafata ku bimenyetso bakiyongera? Nimuze twihweze inyishu z’ivyo bibazo.

TWOBA DUKENEYE KUMENYA AMAZINA Y’ABAROBANUWE BOSE MURI IKI GIHE?

3. Ni kubera iki muri iki gihe tudashobora kumenya neza abazoba muri bamwe 144.000?

3 Abo mu zindi ntama boba bakeneye kumenya amazina y’abarobanuwe bose muri iki gihe? Oya. Uti kubera iki? Kubera ko n’igihe nyene umuntu ahamagariwe ijuru aba aronse gusa ubutumire. Ntaba aronse icemeza ntabanduka c’uko azoronka iyo mpera. Ni co gituma Shetani ahagurutsa “abahanuzi b’ikinyoma . . . kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe.” (Mat. 24:24) Nta n’umwe ashobora kumenya nimba umukirisu yarobanuwe azoronka impera yiwe y’ijuru, gushika Yehova yemeje ko nya mukirisu abereye ako gashimwe. Yehova ni we avyemeza, agaca amushirako ikidodo ca nyuma imbere gato y’uko apfa ari umwizigirwa canke imbere y’uko “ya makuba akomeye” atangura. (Ivyah. 2:10; 7:3, 14) Nta co rero vyoba bimaze umuntu aba kw’isi muri iki gihe arondeye kumenya abo mu basavyi b’Imana bazoba muri bamwe 144.000. [1]

4. Nimba tudashobora kumenya amazina y’Abarobanuwe bose bari kw’isi muri iki gihe, dushobora gute none ‘kujana’ na bo?

4 Nimba tudashobora kumenya neza amazina y’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bose bari kw’isi muri iki gihe, dushobora gute none ‘kujana’ na bo? Raba ivyo umuhanuzi Zekariya avuga ku bijanye n’abo bantu cumi b’ikigereranyo. Abo bantu “bazofata koko impuzu y’Umuyuda, bavuge bati: ‘Turajana, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe.’” Naho ng’aho havugwa Umuyuda umwe gusa, imvugo ngo “namwe” yerekeza ku bantu barenga umwe. Uwo Muyuda wo mu buryo bw’impwemu rero ategerezwa kuba ari umugwi w’abantu aho kuba umuntu umwe gusa! Ku bw’ivyo, si ngombwa ngo tumenye Umuyuda uwo ari we wese wo mu buryo bw’impwemu maze ngo tubone kujana na we. Ahubwo, dukeneye kumenya ko bagize umugwi maze tubashigikire uko bari hamwe. Nta na hamwe Ivyanditswe bituremesha gukurikira umuntu. Yezu ni we Ndongozi yacu.Mat. 23:10.

ABAROBANUWE BAKWIYE KUBONA GUTE IBIBEREKEYE?

5. Ni ingabisho iyihe abarobanuwe bakwiye kurimbura ata gufyina, kandi kubera iki?

5 Abafata ku bimenyetso ku Cibutso bakwiye kurimbura bitonze ingabisho iri mu 1 Abakorinto 11:27-29. (Soma.) Ni iciyumviro ikihe intumwa Paulo ashaka guserura? Umukirisu yarobanuwe yoshobora gufata ku bimenyetso mu buryo butabereye mu gihe yoba adafitaniye na Yehova ubucuti bwiza. (Heb. 6:4-6; 10:26-29) Iyo ngabisho irafasha abakirisu barobanuwe kwibuka ko bataracakira impera yabo. Barakeneye kubandanya ‘bagana kw’ihangiro ngo baronke agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga bahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.’Flp. 3:13-16.

6. Abakirisu barobanuwe bakwiye kubona gute ibiberekeye?

6 Paulo ahumekewe n’Imana, yarateye akamo abakirisu barobanuwe ngo ‘bagende nk’uko bibereye ihamagarwa bahamagawe.’ None ivyo bobigira gute? Paulo abandanya avuga ko bakwiye kubigira “[ba]ri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya, [bi]hanganirana mu rukundo, [bi]hatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:1-3)  Impwemu ya Yehova ituma umuntu yicisha bugufi aho gutuma agira ubwibone. (Kol. 3:12) Abarobanuwe baremera bifashe ruto ko batabwirizwa kugira impwemu nyeranda nyinshi kurusha abafise icizigiro co kuba kw’isi. Ntibavuga ko bafise ubumenyi budasanzwe canke ko bahishurirwa ibintu bidasanzwe; eka kandi ntibagerageza kwerekana ko hari ukuntu boba baruta abandi. Vyongeye, nta we bigera babwira ko na we nyene yoba yararobanuwe be n’uko akwiye gutangura gufata ku bimenyetso. Ahubwo nyabuna, baremera bicishije bugufi ko Yehova ari we ahamagara abarobanuwe.

7, 8. Ni igiki abakirisu barobanuwe batitega, kandi kubera iki?

7 Naho guhamagarirwa ijuru ari agateka keza igitangaza, abakirisu barobanuwe ntibitega ko abandi babagaragariza icubahiro kidasanzwe. (Ef. 1:18, 19; soma Abafilipi 2:2, 3.) Impwemu ya Yehova ni yo ubwayo iba yarabashingiye intahe. Nta tangazo riba ryarashikirijwe kw’isi. Ntibatangara rero igihe hari abadaciye bemera yuko vy’ukuri barobanujwe impwemu nyeranda. Nkako, baratahura yuko Ivyanditswe bitubuza kwihutira kwemera umuntu avuga ko Imana yamugenye mu buryo budasanzwe. (Ivyah. 2:2) Ku bw’ivyo, ntibakoresha mu buryo na bumwe ihamagarwa ryabo nk’agakarata karanzi kugira bimenyekanishe ku bandi. Muri rusangi, ntibari bakwiye no kubwira abandi ico kintu cabashikiye kugira birinde kwiyerekana; eka kandi ntibakwiye kwiratira impera bazoronka.1 Kor. 1:28, 29; soma 1 Abakorinto 4:6-8.

8 Vyongeye, abakirisu barobanuwe ntibabona ko bagize umugwi w’abantu bakomakomeye. Abafise iryo hamagarwa ntibaronderana kugira bagire imigwi yigenga itohoza Bibiliya. (Gal. 1:15-17) Ivyo vyotuma haba ukwicamwo ibice mw’ishengero kandi vyoba biteye kubiri n’impwemu nyeranda, iyituma haba amahoro n’ubumwe.Soma Abaroma 16:17, 18.

DUKWIYE KUBAFATA GUTE?

9. Kubera iki dukwiye kwiyubara ku bijanye n’ukuntu dufafa abarya umukate bakanywa n’umuvinyu ku Cibutso? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Urukundo ‘ntirwigenza ukutabereye.’”)

9 Dukwiye gufata gute umuntu yihereza ku bimenyetso vy’Icibutso? Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwebwe mwese muri abavukana.” Yabandanije ati: “Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.” (Mat. 23:8-12) Ntivyoba rero bibereye gushira hejuru abantu, mbere naho boba ari abavukanyi ba Kristu barobanuwe. Mu kuvuga ibijanye n’abakurambere bakirisu, Bibiliya ituremesha kwigana ukwizera kw’abatuja imbere, mugabo ntiyigera idutegeka gushira hejuru umuntu n’umwe ngo abe indogozi yacu. (Heb. 13:7) Ego ni ko, Ivyanditswe biravuga abantu bamwebamwe “babereye iteka ririmwo abiri.” Ariko rero, abo bantu ntibabereye iryo teka kubera barobanuwe, mugabo baribereye kubera “bahagarikira neza” kandi “bakora cane mu kuvuga no mu kwigisha.” (1 Tim. 5:17) Ku bw’ivyo, abahamagariwe ijuru boshobora kugira ubuyega mu gihe abandi bobahayagiza canke bobafata mu buryo budasanzwe. N’icovyunyura, abakirisu barobanuwe vyoshobora kubagora kuguma bicishije bugufi mu gihe bofatwa muri ubwo buryo. (Rom. 12:3) Nta n’umwe muri twebwe yokwipfuza gutsitaza umwe muri bene wabo na Kristu!Luka 17:2.

Dukwiye gufata gute uwihereza ku bimenyetso vy’Icibutso? (Raba ingingo ya 9-11)

10. Dushobora gute kwerekana ko twubaha abakirisu barobanuwe?

10 Dushobora gute kugaragariza icubahiro kibereye abo Yehova ahitamwo kurobanura?  Ntidukwiye kubabaza ibibazo ku bijanye n’irobanurwa ryabo. Gutyo, tuba twirinze kwita mu bitaturaba. (1 Tes. 4:11; 2 Tes. 3:11) Ntidukwiye kwiyumvira ko abavyeyi b’uwarobanuwe, uwo bubakanye canke izindi ncuti ziwe boba na bo nyene bararobanuwe. Ubucuti bw’amaraso canke bw’ukwabirana nta ruhara burangura muri ivyo. (1 Tes. 2:12) Turakwiye kandi kwirinda kubaza abubakanye n’abarobanuwe ukuntu biyumva bibutse ko batazobana na bo mw’Iparadizo yo kw’isi. Aho kuvyura ibibazo vyoshobora kubabaza abandi, twese turakwiye kwizigira duherejeko yuko Yehova azopfumbaturura ikiganza ciwe “[a]gahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”Zab. 145:16.

11. Igihe twirinze ‘gutangarira abahambaye,’ tuba twikingiye gute?

11 Abafata abakirisu barobanuwe mu buryo bubereye baba bikingiye akaga kadashoka kibonekeza. Ivyanditswe bitubwira yuko “abavukanyi b’ikinyoma” bashobora gucengetera mw’ishengero. (Gal. 2:4, 5; 1 Yoh. 2:19) Abo bahumvyi boshobora mbere kuvuga ko barobanuwe. Vyongeye, abakirisu barobanuwe bamwebamwe boshobora guta ukwizera. (Mat. 25:10-12; 2 Pet. 2:20, 21) Nitwirinda umutego wo “[gu]tangarira abahambaye,” ntizokwigizwa kure y’ukuri; eka kandi ukwizera kwacu ntikuzohungabana bishitse umukirisu azwi cane canke wa kera agahemuka.Yuda 16.

TWOBA DUKWIYE GUHAGARIKA UMUTIMA KUBERA IGITIGIRI CABO?

12, 13. Kubera iki tudakwiye guhagarikwa umutima n’igitigiri c’abarya umukate bakanywa n’umuvinyu ku Cibutso?

12 Muri iyi myaka, igitigiri c’abafata ku bimenyetso vy’Icibutso c’urupfu rwa Kristu kiguma congerekana. Ivyo biratandukanye cane n’uko vyari mu myaka mirongo iheze. None iryo yongerekana ryoba rikwiye kuduhagarika umutima? Haba namba. Nimuze turimbure ibintu nyamukuru bimwebimwe dukwiye kuguma twibuka.

13 “Yehova arazi abiwe.” (2 Tim. 2:19) Abaharura abantu mu gihe c’Icibutso ntibashobora kumenya abafise icizigiro c’ijuru abo ari bo vy’ukuri. Mu bafata ku bimenyetso harimwo n’abiyumvira bihenda yuko barobanuwe. Hari abigeze kuba bafata ku bimenyetso mu nyuma barahagarika. Abandi boshobora kuba bafise ingorane mu kuntu biyumvira canke mu kuntu biyumva, bigaca bituma bibwira ko bazofatanya na Kristu kuganza  mw’ijuru. Igitigiri c’abafata ku bimenyetso rero nticerekana ata kwihenda ukuntu abarobanuwe bakiri kw’isi bangana.

14. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitigiri c’abarobanuwe bazoba bari kw’isi ya makuba akomeye niyatangura?

14 Abarobanuwe bazoba bari mu mihingo myinshi y’isi Yezu niyaza kubakoraniriza hamwe ngo abatware mw’ijuru. Mu kuvuga ibijanye n’ico gihe, Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yezu iti: “Azotuma abamarayika biwe n’ijwi ry’urumbete rikomeye, bakoranirize hamwe abatowe biwe bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera imwe y’ijuru gushika ku yindi.” (Mat. 24:31) Ivyanditswe birerekana ko abarobanuwe bakeyi gusa ari bo bazoba bakiri kw’isi mu misi ya nyuma. (Ivyah. 12:17) Ariko rero, Bibiliya ntiyerekana ukuntu bazoba bangana ya makuba akomeye niyatangura.

15, 16. Ni ibiki dukwiye gutahura ku bijanye na bamwe 144.000 Yehova yacaguye?

15 Yehova ni we amenya igihe acagurirako abarobanuwe. (Rom. 8:28-30) Yehova yatanguye gucagura abarobanuwe inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, kandi biboneka ko abo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere bose bari bararobanuwe. Kuva mu kinjana ca mbere gushika imisi ya nyuma itanguye, benshi mu bavuga ko bakurikira Kristu bari abakirisu b’ikinyoma. Yezu yabagereranije n’“icatsi kibi.” Naho ari ukwo, muri ico kiringo cose Yehova yarabandanije kurobanura abantu bamwebamwe b’abizigirwa, kandi barerekanye ko bameze nka za “ngano” Yezu yavuga. (Mat. 13:24-30) Mu misi ya nyuma, Yehova yarabandanije gucagura abazokwiza ca gitigiri 144.000. [2]Nimba none ahisemwo kurindira gushika ico kiringo kigeze kure kugira acagure abo atera ako gateka, twoba turi bande ngo tuvyure amakenga ku bukerebutsi bwiwe? (Yes. 45:9; Dan. 4:35; soma Abaroma 9:11, 16.) [3]Dutegerezwa kuba maso kugira ntitumere nka ba bakozi b’intashima bidoze ku bijanye n’ukuntu shebuja yafashe abaje gukora kw’isaha y’icumi na rimwe.Soma Matayo 20:8-15.

16 Si abafise icizigiro c’ijuru bose bari mu bagize wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, muri iki gihe Yehova na Yezu bariko baragaburira benshi biciye kuri bake. Mu kinjana ca mbere, abakirisu barobanuwe bakeyi gusa ni bo bakoreshejwe mu kwandika Ivyanditswe vy’ikigiriki. No muri iki gihe nyene, abakirisu barobanuwe bakeyi gusa ni bo bagenywe ngo batange ‘ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye.’

17. Ni ibiki twize muri iki kiganiro?

17 Ni ibiki twize muri iki kiganiro? Yehova yahisemwo gutanga impera z’uburyo bubiri: Abayuda bo mu buryo bw’impwemu bazoba mw’ijuru, ba bantu cumi b’ikigereranyo na bo babe kw’isi. Yamara rero, abo muri iyo migwi yompi basabwa kwisunga amategeko amwe no kuguma ari abizigirwa. Bose bategerezwa kuguma bicisha bugufi. Bose bategerezwa kwunga ubumwe. Bose bategerezwa kuremesha amahoro mw’ishengero. Uko imisi ya nyuma irushiriza kwegereza iherezo ryayo, nimuze twese twiyemeze gukora turi ubusho bumwe buyobowe na Kristu.

^ [1] (ingingo ya 3) Muri Zaburi 87:5, 6 herekana yuko bishoboka ko muri kazoza amazina y’abantu bose bagiye mw’ijuru gufadikanya na Yezu kuganza azohishurwa.Rom. 8:19.

^ [2] (ingingo ya 15) Naho mu Vyakozwe 2:33 herekana ko Yezu agira uruhara mu gikorwa co kubacagura, ubwo butumire buva kuri Yehova.

^ [3] (ingingo ya 15) Wipfuza kumenya n’ibindi, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2007, rup. 30-31.