Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI No. 2 2016

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URUPFU RWA YEZU RUTUMARIYE IKI?

Ubwo vy’ukuri vyarabaye?

Ubwo vy’ukuri vyarabaye?

Mu 33 Yezu w’i Nazareti yaragandaguwe. Bamwagirije ibinyoma ko agumura abantu, arakubitwa bunyamaswa bongera baramumanika ku giti. Yapfuye urupfu rw’agashinyaguro. Ariko Imana yaramuzuye, maze inyuma y’imisi 40 aca araduga mw’ijuru.

Iyo nkuru idasanzwe tuyisanga mu Njili zine zo mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ibikunze kwitwa Isezerano rishasha. Ivyo bintu vyoba vy’ukuri vyarabaye? Ico ni ikibazo c’inkoramutima kuko hamwe bitoba vyarabaye abakirisu boba bemera ibintu bitagira ishingiro kandi n’icizigiro co kuzoba kw’isi yahinduwe Iparadizo coba ari indoto nsa. (1 Abakorinto 15:14) Mu gihe na ho vyoba vyarabaye, abantu bose na wewe urimwo, boba biteze kazoza keza igitangaza. None izo nkuru zivugwa mu Njili zoba ari iz’ukuri?

IBIMENYAMENYA BIGARAGAZA KO VYABAYE

Mu buryo butandukanye n’ibitito, Injili zivuga ibintu vy’ukuri mbere zigatanga n’amakuru y’ido n’ido. Nk’akarorero, ziravuga amazina y’ibibanza bibaho, vyinshi muri vyo bikaba bigenderwa n’ingenzi. Ziravuga abantu babayeho mbere bavugwa no mu nkuru za kahise.Luka 3:1, 2, 23.

 Yezu ubwiwe aravugwa n’abanditsi bo mu kinjana ca mbere n’ica kabiri. * Uko urupfu rwiwe rudondorwa mu Njili, birahuye n’uburyo Abaroma bakoresha mu kwica abantu muri ico gihe. Vyongeye, Injili zivuga ibintu ata guhisha, ku buryo zivuga n’amakosa y’abigishwa bamwebamwe ba Yezu. (Matayo 26:56; Luka 22:24-26; Yohani 18:10, 11) Ivyo vyose ni ibitwereka neza ko amakuru yerekeye Yezu dusanga mu Njili ari ay’ukuri.

YEZU YOBA YARAZUTSE KOKO?

Naho muri rusangi abantu bemera ko Yezu yabayeho kandi agapfa, hari abatemera ko yazutse. Eka mbere n’intumwa ziwe ntizashotse zivyemera igihe zumva ko yazutse. (Luka 24:11) Ariko ayo mazinda yaraheze igihe yabonekera izo ntumwa hamwe n’abandi mu biringo bitandukanye. Mbere igihe kimwe yariyeretse abarenga 500 icarimwe.1 Abakorinto 15:6.

Abigishwa baramenyekanishije hose ata bwoba izuka rya Yezu, mbere no ku bamwicishije naho ivyo vyatuma bahakwa gufatwa canke kuhasiga agatwe. (Ivyakozwe 4:1-3, 10, 19, 20; 5:27-32) Ubwo abigishwa benshi ukuraho boba bari kugira uwo mutima rugabo iyaba batari bazi neza ko Yezu yazutse koko? Ikintu nyamukuru catumye abantu benshi bacika abakirisu ico gihe mbere no muri kino gihe ni uko bemera badakeka ko Yezu yazutse.

Biragaragara ko inkuru zo mu Njili zigana urupfu n’izuka rya Yezu ari iz’ukuri. Gusoma izo nkuru witonze birashobora kugukura amazinda ko vyabaye koko. Utahuye igituma ivyo bintu vyabaye birashobora gutuma urushiriza kujijuka. Reka tubirabe mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 7 Tasito, uwavutse nko mu 55, yanditse ko “Kristu, uwo izina abakirisu rikomokako, yaciriwe urwo gupfa n’umwe mu bategetsi bahambaye ari we Ponsiyo Pilato mu gihe c’ingoma ya Tiberiyo.” Yezu aravugwa kandi na Suétone (wo mu kinjana ca mbere); na Josèphe umuhinga mu vya kahise w’Umuyuda (wo mu kinjana ca mbere); be na Pline le Jeune buramatari wa Bitiniya (wo mu ntango z’ikinjana ca kabiri).