Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  No 6 2017

Nitubone amakosa mu buryo bubereye

Nitubone amakosa mu buryo bubereye

Don na Margaret * bamaranye igihe n’umukobwa wabo yaje kubaramutsa ari kumwe n’umugabo be n’abana biwe. Margaret yahoze ari umutetsi karuhariwe. Kubera ko bagira basezerane, yateguye ibifungurwa abuzukuru biwe bakunda cane, ibigizwe n’amakaroni be n’isosi y’iforomaji.

Igihe bose bari ku meza, Margaret arazana nya bifungurwa, akabitereka imbere yabo. Agize ngo arapfundurura, agwa mu gahundwe asanze mw’isorori harimwo isosi igaragara! Yibagiye gushiramwo ya makaroni * kandi ari yo nyamukuru!

Twaba tungana gute canke tuzi ibingana iki, twese turakora amakosa. Rishobora kuba ari ijambo risunitswe n’impwemu twavuze canke iciza twakoze ariko mu mwanya atari wo. Coshobora kuba ari n’ikintu twafashe minenegwe canke gusa twibagiye. Kubera iki none dukora amakosa? Bishitse, twovyifatamwo gute? Twoba dushobora kuyirinda? Kubona amakosa mu buryo bubereye birashobora kudufasha kwishura ivyo bibazo.

NITUBONE AMAKOSA NK’UKO IMANA IYABONA

Igihe dukoze neza, turaryoherwa badukeje kandi tukemera ko twari tubikwiye. None igihe dukoze ikosa, naho koba kaduciyemwo canke abandi batabibonye, ubwo ntivyoba vyiza na ho nyene twemeye ko twakosheje? Ivyo bisaba ukwicisha bugufi.

Nimba twishira hejuru, twoshobora guca dufatira mu rwara ikosa twakoze, tukarita ku bandi canke mbere tukarihakana. Akenshi ivyo bishikana habi. Iyo ngorane yoshobora guca igumaho, nya kosa na ryo rikagwa ku bandi bazira ubusa. Naho muri ico gihe twoba dushoboye gukwepa ingaruka z’ikosa twakoze, turakwiye kumenya ko amaherezo, “umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.”​—Abaroma 14:12.

Imana ntirenza urugero mu kuntu ibona amakosa. Igitabu ca Zaburi kivuga ko Yehova ari “umunyembabazi n’umunyempuhwe.” Congerako giti: “Ntazoguma atora amahinyu ibihe vyose, eka ntazogumana inzika gushika igihe kitagira urugero.” Arazi ingene twebwe abanyagasembwa tubumbwe, agatahura n’ubugoyagoye tuvukana, “akibuka ko turi umukungugu.”​—Zaburi 103:8, 9, 14.

Vyongeye, cokimwe na sebibondo w’impuhwe, Imana ishaka ko twebwe ibibondo vyayo tubona amakosa nk’uko iyabona. (Zaburi 130:3) Ijambo ryayo riratanga ubuyobozi n’impanuro nziza zidufasha kumenya ingene twovyifatamwo dukoze amakosa canke abandi bayakoze.

INGENE TWOVYIFATAMWO HABAYE AMAKOSA

Akenshi iyo umuntu akoze amakosa, atakaza umwanya n’inguvu yiyumvira uwo yoyatako canke arondera kwisigura. None igihe ivyo wavuze bitsitaje umuntu, ntivyoba vyiza nyabuna usavye imbabazi, ukagira ivyo ukosoye, maze ubucuti bukabandanya? Woba umaze gukora ikosa, ugaca  usanga wibujije amahoro canke ukayabuza abandi? Aho kuguma wiyagiriza canke uta ikosa ku bandi, vyoba vyiza wihatiye kugira ivyo ukosoye. Niwaguma ugerageza guta ikosa ku bandi, bizovamwo ingorane wari kwirinda, ibintu bice birushiriza kwunyuka. Ahubwo riho nubikuremwo icigwa, wikosore, hanyuma ubuzima bubandanye.

Ariko igihe ari uwundi akoze ikosa, biroroha rwose ko duca tumucishamwo ijisho. Ese ukuntu vyoba vyiza dukurikije impanuro ya Yezu Kristu igira iti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Igihe ukoze ikosa, mbere naho ryoba ataco rivuze, urashima ko abandi bakugaragariza impuhwe canke mbere bakirengagiza ikosa ryawe. Ubona gute none nawe wihatiye kugaragariza abandi umutima mwiza?​—Abanyefeso 4:32.

IVYODUFASHA KUGABANYA AMAKOSA DUKORA

Kazinduzi imwe isigura ko amakosa ava ku “kubona ibintu ukutari kwo, ubumenyi buke canke ugusamara.” Tutabeshanye, birashika umwe wese agashikirwa n’imwe muri izo ngorane canke izirenga. Ariko rero, amakosa azoba make nitwarimbura ingingo ngenderwako zimwezimwe zihambaye zo muri Bibiliya.

Imwe muri zo tuyisanga mu Migani 18:13, ahagira hati: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.” Niwafata akanya ugatega yompi, maze ukarimbura inyishu uri butange, nta nkeka ko bizotuma wirinda kuvuga canke gukora ibintu gihuruduka. Ubumenyi uhakura igihe wumvirije witonze ni ntahara kugira wirinde gutahura ibintu nabi, ugaca rero wirinda ikosa kanaka.

Iyindi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya igira iti: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.” (Abaroma 12:18) Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo uremeshe amahoro n’ubumwe. Igihe ukorana n’abandi, nubahe agaciro n’iteka kandi wihatire kubakeza no kubaremesha. Gutyo, bikworohera kwirinda kuvuga canke gukora ibintu utabanje kwiyumvira. Vyongeye, muzotorera umuti ingorane zikomeye ata wandya wangura.

Ikindi na co, niwige gukura icigwa kw’ikosa ryabaye. Aho kwisigura ku vyo wakoze canke wavuze, nubone ko ari akaryo ko gutsimbataza kamere nziza. Hari aho woba ukeneye kurushiriza kwiyumanganya, kugira ubuntu, ukwigumya n’ubwitonzi, kuba umunyamahoro no gukundana. (Abagalatiya 5:22, 23) Urashobora n’imiburiburi kwirinda ko igiti kigukora mu jisho kabiri. Naho udakwiye kuba sindabinezwe, niwirinde kuguma ubona ivyawe gusa. Gutwenza abandi na vyo nyene vyoshobora kugufasha gusukamwo mabisi.

IVYIZA BIVA KU KUBONA IBINTU MU BURYO BWIZA

Kubona amakosa mu buryo bubereye bizodufasha kuvyifatamwo neza nivyashika akaba. Bizotuma tutibuza amahoro canke ngo tuyabuze abandi. Nitwihatira gukura icigwa ku makosa yacu, tuzoba abantu b’inkerebutsi kandi boroshe gukunda. Ntituzobabara birenze urugero canke ngo twumve twiyanse. Kumenya ko n’abandi banyinyana n’amakosa yabo, bizotuma turushiriza kubiyegereza. N’igihambaye kuruta, turashobora kuhungukira cane twihatiye kwigana urukundo rw’Imana be n’ingene iduharira ata gahigihigi.​—Abakolosayi 3:13.

None ikosa ry’umwe Margaret twavuga mu ntango, ryoba ryarabujije umuryango kuryoherwa? Habe namba. Bose na canecane Maragaret, babonye ko cari ikintu gitwengeje, baca babandanya kwinywera ya sosi gusa. Inyuma y’imyaka n’iyindi, ba buzukuru baza baratera iyo nkuru abana babo, bagaca babiganira ibihe vyiza bamaranye n’uwo sekuru na inakuru wabo. Nakare, kari akaciyemwo gusa!

^ ing. 2 Si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 3 Amakaroni ni ubwoko bw’amasupageti bateka maze bakarenzako isosi y’iforomaji.