Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  No 6 2017

Neza na neza Yezu yasa gute?

Neza na neza Yezu yasa gute?

Nta n’umwe afise ifoto ya Yezu. Ntiyigeze ahagarara ngo bamufotore canke ngo bamushushanye. Yamara rero, haraciye ibinjana n’ibindi yerekanwa mu mashusho y’abanyatugenegene benshi cane.

Mu bisanzwe, nta n’umwe muri abo banyatugenegene yabonye Yezu. Akenshi bamushushanya bivanye n’imico kama, inyigisho z’amadini be n’ivyipfuzo vy’ababatuma. Naho biri ukwo, ivyo bashushanya vyoshobora guhindura ukuntu abantu babona Yezu n’inyigisho ziwe, bikanabavuruga.

Hari abashushanya Yezu ari umuntu agoyagoya w’ibishatsi birebire n’utwanwa dusongoye, canke yijiriwe mu maso. Abandi na bo baramwerekana ari nk’umumarayika, yisakaye umuco ukayangana, yigunze kandi atanezwe abo bari kumwe. Amashusho nk’ayo yoba none yerekana Yezu nk’uko yari koko? Twobimenya gute? Uburyo bumwe ni ugusuzuma ibivugwa muri Bibiliya bidufasha kumenya ukuntu yoba yarasa. Birashobora no gutuma tumubona mu buryo bubereye.

“WANTEGURIYE UMUBIRI”

Ayo ni amajambo Yezu yavuze mw’isengesho bigaragara ko yatuye igihe yariko arabatizwa. (Abaheburayo 10:5; Matayo 3:13-17) None uwo mubiri wasa gute? Imyaka nka 30 imbere y’aho, umumarayika Gaburiyeli yari yabariye Mariya ati: “Uzosama inda uvyare umuhungu, . . . Umwana w’Imana.” (Luka 1:31, 35) Yezu rero yari umuntu atunganye, nk’uko Adamu yari ameze akiremwa. (Luka 3:38; 1 Abakorinto 15:45) Yezu abwirizwa kuba yari umunyakaranga, akaba kumbure yari afise agashusho ka nyina, wa muyudakazi Mariya.

Yezu yaratereka ubwanwa, uwo ukaba wari umugenzo w’abayuda wabatandukanya n’abaroma. Mwene ubwo bwanwa cari ikimenyetso c’urupfasoni n’iteka. Ntibwaba burebure canke ngo bareke kubusokoza. Nta gukeka ko na Yezu yamwa neza ubwanwa be n’imishatsi yiwe. Abanaziri nka Samusoni, ni bo gusa batamwa imishatsi.​—Guharūra 6:5; Abacamanza 13:5.

Gushika ku myaka nka 30, Yezu yari umubaji, kandi nta bikoresho vyo mu buhinga bwa none yari afise. (Mariko 6:3) Ategerezwa rero kuba yari umugabo w’inguvu. Mu ntango z’igikorwa ciwe, yaragiye ari wenyene “ahindira hanze y’urusengero [abadandarizaho] bose, n’intama n’inka, asesa n’ibiceri vy’abakaba amahera, yongera ahenagura amameza yabo.” (Yohani 2:14-17) Ntiyari kubishobora iyo ataba ari umuntu w’inkomezi nyinshi. Yezu yarakoresheje umubiri Imana yamuteguriye kugira arangure igikorwa yari yaramushinze. Yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Vyasavye rero ishaka ridasanzwe kugira azunguruke hirya no hino muri Palestina n’amaguru, avuga inkuru nziza.

“NIMUZE KURI JEWE, . . . NANJE NDABARUHURIRA”

Urweze n’igishika Yezu yari afise bitegerezwa kuba vyaratumye ako kamo kiwe gashimisha “abacumukura n’abaremerewe.” (Matayo 11:28-30)  Igishika n’umutima mwiza yagaragaza vyarerekana neza ko umuhango yatanze w’uko abipfuza kumwigirako boruhuriwe ari uw’ukuri. Mbere n’abana baregera Yezu badatinya, kuko Bibiliya igira iti: “Afata nya bana mu maboko yiwe.”​—Mariko 10:13-16.

Naho Yezu yababaye cane imbere yo gupfa, ntiyari umuntu yama yijiriwe mu maso. Nk’akarorero, yaraterereye mu birori vy’ubugeni vyabereye i Kana mu guhindura amazi umuvinyu. (Yohani 2:1-11) Yaranateramanye n’abandi kenshi, agaca abigisha ibintu vy’intibagirwa.​—Matayo 9:9-13; Yohani 12:1-8.

N’ikiruta vyose, inkuru nziza Yezu yavuga yaratumye abamwumviriza bironkera icizigiro c’ubuzima budahera. (Yohani 11:25, 26; 17:3) Igihe abashika 70 mu bigishwa biwe bamubwira ivyo babonye bari kuvuga inkuru nziza, yababwiye ati: “Munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru,” maze aca “abogaboga akanyamuneza.”​—Luka 10:20, 21.

“ARIKO MWEHO NTIMUKWIYE KUMERA GUTYO”

Indongozi z’amadini zo mu gihe ca Yezu ntaco zitakora kugira ngo abantu bazibone no kugira zishire ahabona ubukuru bwazo. (Guharūra 15:38-40; Matayo 23:5-7) Yezu wewe yigishije intumwa ziwe ‘kudakandamiza’ abandi. (Luka 22:25, 26) Nkako, Yezu yabagabishije ati: “Mwiyubare abanditsi bashaka kugendagenda bari mu makanzu, bagashaka n’indamutso mu tuguriro.”​—Mariko 12:38.

Yezu wewe yarifatanya n’amasinzi ku buryo rimwe na rimwe batashobora kumutandukanya n’abandi. (Yohani 7:10, 11) Mbere n’igihe yari kumwe na ba bigishwa biwe 11 b’intahemuka, yasa na bo. Umwe Yuda yamugura yabwirijwe kumusoma bwa “kimenyetso bumvikanyeko” n’akagwi kari kaje gufata Yezu.​—Mariko 14:44, 45.

Naho rero hari vyinshi bitazwi, biragaragara ko Yezu atasa nk’uko bakunze kumushushanya. Mugabo rero, igihambaye kuruta kumenya ukuntu neza na neza yasa, ni ingene tumubona muri iki gihe.

“HASIGAYE IGIHE GITO ISI NTISUBIRE KUMBONA”

Bukeye Yezu avuze ayo majambo, yarapfuye arahambwa. (Yohani 14:19) Yaratanze ubuzima bwiwe ngo bube “incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Ku musi ugira gatatu, Imana yaramuzuye “mu mpwemu” maze “imuha kwibonekeza” imbere ya bamwe mu bigishwa biwe. (1 Petero 3:18; Ivyakozwe 10:40) None Yezu yasa gute ico gihe yiyereka abigishwa biwe? Bigaragara ko yari atandukanye cane n’ingene yari asanzwe asa, kubera ko abigishwa biwe batashotse bamumenya. Nk’akarorero, Mariya Magadalena yibajije ko ari umurimyi. Ba bigishwa babiri bari ku rugendo baja i Emawusi bobo bibajije ko ari kavamahanga.​—Luka 24:13-18; Yohani 20:1, 14, 15.

None dukwiye kubona ko Yezu asa gute ubu? Inyuma y’imyaka 60 Yezu apfuye, intumwa yakunda cane ari we Yohani, yareretswe Yezu. Yohani ntiyabonye umuntu ari ku mpfiro ku musaraba. Yabonye nyabuna “Umwami w’abami n’Umukama w’abakama,” ni ukuvuga Umwami w’Ubwami bw’Imana. Vuba agiye gutsinda abansi b’Imana, harimwo n’amadayimoni, maze azanire abantu imihezagiro y’ibihe bidahera.​—Ivyahishuwe 19:16; 21:3, 4.

Raba n'ibindi

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Yezu yoba yazukanye umubiri w’inyama canke w’impwemu?

Bibiliya ivuga ko Yezu “[yagizwe] muzima mu mpwemu,” none ni gute abigishwa biwe bari gushobora kumubona no kumukorako amaze kuzuka?

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Inzira, ukuri n’ubuzima

Inyigisho za Yezu hamwe n’ibikorwa vyiwe dusanga mu Njili birashobora guhindura ubuzima bwawe.