Bibiliya ibivugako iki?
Harumagedoni ni iki?
Bamwebamwe bavuga . . .
yuko kazoba ari agatikizo k’isi yose biciye ku birwanisho ruhonyanganda canke ku bidukikije. Uvyibazako iki?
Ico Bibiliya ivuga
Harumagedoni ni “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” ikaba ari iyo guhonya ababisha.—Ivyahishuwe 16:14, 16.
Ibindi Bibiliya ivuga
Imana ntizoteza intambara ya Harumagedoni irondera guhonya isi, ahubwo ni ukugira iyikingire abayihonya.—Ivyahishuwe 11:18.
Intambara ya Harumagedoni izorangiza intambara zose.—Zaburi 46:8, 9.
Woba ushobora kurokoka intambara ya Harumagedoni?
Wokwishura gute?
Ego
Oya
Kumbure
Ico Bibiliya ivuga
Mu Vyahishuwe 7:9, 14 havuga ko abagize “isinzi rinini” bo mu mahanga yose bazorokoka “ya makuba akomeye,” ayazorangirana n’intambara ya Harumagedoni.
Ibindi Bibiliya ivuga
Imana yipfuza ko abantu benshi bashoboka, barokoka Harumagedoni. Imana ihonya abanyakibi ari uko ubundi buryo bwose bwanse.—Ezekiyeli 18:32.
Bibiliya iratubwira ico twokora kugira tuzorokoke Harumagedoni.—Zefaniya 2:3.