Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Harumagedoni ni iki?

Bamwebamwe bavuga . . .

yuko kazoba ari agatikizo k’isi yose biciye ku birwanisho ruhonyanganda canke ku bidukikije. Uvyibazako iki?

Ico Bibiliya ivuga

Harumagedoni ni “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” ikaba ari iyo guhonya ababisha.​—Ivyahishuwe 16:14, 16.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imana ntizoteza intambara ya Harumagedoni irondera guhonya isi, ahubwo ni ukugira iyikingire abayihonya.​—Ivyahishuwe 11:18.

  • Intambara ya Harumagedoni izorangiza intambara zose.​—Zaburi 46:8, 9.

Woba ushobora kurokoka intambara ya Harumagedoni?

Wokwishura gute?

  • Ego

  • Oya

  • Kumbure

Ico Bibiliya ivuga

Mu Vyahishuwe 7:9, 14 havuga ko abagize “isinzi rinini” bo mu mahanga yose bazorokoka “ya makuba akomeye,” ayazorangirana n’intambara ya Harumagedoni.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imana yipfuza ko abantu benshi bashoboka, barokoka Harumagedoni. Imana ihonya abanyakibi ari uko ubundi buryo bwose bwanse.​—Ezekiyeli 18:32.

  • Bibiliya iratubwira ico twokora kugira tuzorokoke Harumagedoni.​—Zefaniya 2:3.