Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  No 2 2017

Urudandaza rw’abaja rwagirwa hagati ya Afrika na Amerika rwarinjiza amahera menshi

Baravuye mu buja, kera no muri iki gihe

Baravuye mu buja, kera no muri iki gihe

Uwitwa Blessing * yashitse i Buraya yiteze ko aca akora ivyo gutunganya imishatsi, nk’uko bari barabimusezeraniye. Ariko inyuma y’imisi cumi yamaze akubitwa, aterwa n’ubwoba ko umuryango wiwe uzogirirwa nabi, yahavuye agondozwa yemera gukoreshwa ivy’ubumaraya.

Ishusho y’abafashwe bakagirwa abaja kera mu Misiri

Umugore yakoresha Blessing yamusaba guca amadolari ari hagati ya 200 na 300 buri joro, kugira ngo agaruze amadolari arenga 40.000 * yamurihiye ku bw’itike. Blessing asigura ati: “Akenshi nariyumvira gutoroka, mugabo ngatinya ko bohava bagirira nabi umuryango wanje. Nari nafaditse.” Ivyamushikiye bisa n’ibishikira abantu nk’imiliyoni zine bagizwe abaja mu rudandaza mpuzamakungu rw’ivy’ubuhumbu.

Hari umusore yitwa Yozefu yagurishijwe na benewabo, hakaba haciye imyaka hafi 4.000. Yahavuye aba umushumba mu rugo rw’Umunyamisiri umwe yari akomeye cane. Mu ntango, Yozefu wewe ntiyafashwe nabi na shebuja, nk’uko vyagendeye Blessing. Ariko igihe inabuja yamuryosharyosha ngo baryamane akanka, yaciye amubeshera ko yashatse kumufata ku nguvu. Yozefu yaciye atabwa mu mvuto, aboheshwa amapingu.Itanguriro 39:1-20; Zaburi 105:17, 18.

Yozefu yabaye umuja mu bihe vya kera, Blessing na we mu kinjana ca 21. Ariko bompi barihuriye n’akaranda k’urudandaza rw’abantu, aho umuntu acika nk’ikidandazwa co kwinjiriza gusa amahera nyeneco.

INTAMBARA IRATUMA UBUJA BUCIKA URUDANDAZA RUKOMEYE

Intambara ni bwo buryo bworoshe ibihugu vyagiye birakoresha kugira ngo vyironkere abashumba. Nk’akarorero, bivugwa ko igihe Umwami Tutumozisi wa 3 wo mu Misiri yatahuka avuye ku rugamba i Kanani, yaje azanye imbohe 90.000. Abanyamisiri baciye babakoresha nk’abaja, mu gucukura ubutare, kwubaka insengero no kwimba imifurege.

 No mu nganji y’Uburoma, intambara zaratumye haboneka abashumba benshi, kandi uwaba akeneye abashumba, rimwe na rimwe yaca atera intambara. Vyiyumvirwa ko mu kinjana ca mbere, hafi ica kabiri c’abanyagihugu b’i Roma cari kigizwe n’abashumba. Abashumba benshi b’Abanyamisiri n’Abaroma baracurwa bufuni na buhoro. Nk’akarorero, abashumba bacukura ubutare mu nganji y’Uburoma wasanga babaho nk’imyaka 30 gusa.

Uko igihe carengana, vyagiye birunyuka. Kuva mu kinjana ca 16 gushika mu ca 19, urudandaza rw’abaja rwagirwa hagati ya Afrika na Amerika, ni rwo rwa mbere kw’isi yose rwinjije amahera menshi. Raporo imwe y’igisata ca ONU kijejwe indero n’imico kama (UNESCO) ivuga ko ‘abagabo, abagore n’abana bari hagati y’imiliyoni 25 na 30 banyurujwe maze baragurishwa’. Bivugwa ko abashika ibihumbi amajana bapfuye igihe bariko babajabukana ibahari Atlantike. Uwitwa Olaudah Equiano ni umwe mu bacitse kw’icumu. Yavuze ati: “Amaborogo y’abagore hamwe n’iminiho y’ababa bariko baracikana, vyatuma ivyo twariko ducamwo biba agaterantimba katagira izina.”

Ikibabaje ni uko n’ubu abantu bakigirwa abaja. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abakozi n’akazi (OIT) rivuga ko abagabo, abagore n’abana nk’imiliyoni 21 bagikoreshwa nk’abaja, bagahembwa intica ntikize canke ntibahembwe namba. Muri iki gihe, abo bantu bakoreshwa mu gucukura ubutare, mu mahinguriro akora impuzu, ayakora amatafari, mu mazu akorerwamwo ubuhumbu no mu mazu y’abantu. Naho ivyo bintu bitemewe n’amategeko, ntikibuza ko biguma vyongerekana.

Abantu amamiliyoni baracari mu buja

BARAVUYE MU BUJA

Gufatwa bunyamaswa vyatumye abaja benshi baharanira umwidegemvyo wabo. Mu kinjana ca mbere imbere ya Kristu, uwitwa Spartacus be n’abandi baja nka 100.000 baragerageje kwiganzura Uburoma, ariko birabananira. Mu kinjana ca 18 na ho, abaja bo mw’izinga rya Hispaniola riri muri Karayibe baragumukanye ba shebuja. Kuba bafatwa bunyamaswa mu mirima bakoreramwo y’ibikaju, vyatumye haduka intambara yamaze imyaka 13, yahavuye ituma igihugu ca Hayiti cikukira mu 1804.

Ariko rero, nta bantu barigera baroranirwa nk’Abisirayeli mu vyo kwiganzura ubuja. Igihe bava mu buja bwo mu Misiri, ryari ihanga rizima ry’abantu nk’imiliyoni zitatu. Emwe, si bo babonye bararonse umwidegemvyo! Bibiliya ivuga ko aho mu Misiri hari “ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose babakoreshamwo ari abashumba, mu mukazo.” (Kuvayo 1:11-14) Hari mbere n’umwami umwe yatanguje  isekeza ryo kwica abana bose b’Abisirayeli bakivuka, kugira ngo ntibagwire.Kuvayo 1:8-22.

Ico Abisirayeli batandukaniyeko n’abandi, ni uko Imana ubwayo ari yo yabakuye mu buja bwo mu Misiri. Imana yabwiye Musa iti: “[Ndazi] neza imibabaro barimwo. Ndamanutse rero kubarokora.” (Kuvayo 3:7, 8) Gushika n’ubu, Abayahudi aho bari hose barahimbaza Pasika buri mwaka kugira ngo bibuke ukwo kuntu bakuwe mu buja.Kuvayo 12:14.

UBUJA BUZOKURWAHO BURUNDU

Bibiliya ivuga ko Yehova ari Imana igororotse. Vyongeye, iraduhumuriza ko atahindutse. (2 Ngoma 19:7; Malaki 3:6) Imana yarungitse Yezu “kwamamaza ukubohorwa ku mbohe” no “kurekura abajanjaguwe bakidegemvya.” (Luka 4:18) Ivyo vyoba vyasobanura ko abashumba nya bashumba bose baca bidegemvya? Si ko biri. Yezu yaje gukura abantu mu buja bw’ibicumuro n’urupfu. Mu nyuma yavuze ati: “Ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yohani 8:32) No muri iki gihe, ukuri Yezu yigishije kurabohora abantu bakidegemvya mu buryo butandukanye.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Yaravuye mu buja bw’ubundi bwoko.

Imana yarafashije Yozefu na Blessing mu buryo butandukanye, barava mu buja. Inkuru idasanzwe yerekeye Yozefu, turayisanga mw’Itanguriro ikigabane ca 39 gushika ku ca 41. Blessing na we nyene nta co atakoze kugira ave mu buja.

Blessing amaze kwirukanwa mu gihugu yarimwo, yaciye aja muri Espanye. Ashitseyo yarahuye n’Ivyabona vya Yehova, maze batangura kumwigisha Bibiliya. Kubera ko yari yiyemeje kubaho mu buryo bugororotse, yararondeye akandi kazi, yongera asaba wa mugore yahora amukoresha ngo amugabanye amahera yoza aramuriha buri kwezi. Umusi umwe, yagiye yumva nya mugore amuterefonye. Yashaka guhebera Blessing ya mahera no kumusaba imbabazi. None vyari vyagenze gute? Emwe, na we nyene yari yatanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova! Blessing avuga ati: “Ukuri kuratuma umuntu yidegemvya mu buryo butangaje.”

Nk’uko Yehova Imana yatuntujwe cane n’ukuntu abashumba b’Abisirayeli bafatwa nabi mu Misiri, ni ko atuntuzwa n’akarenganyo ko muri kino gihe. Mu bisanzwe, kugira ngo ubuja bw’uburyo bwose buhere bizosaba ko ikibano c’abantu gihinduka bimwe bikomeye. Ariko rero, ivyo nyene ni vyo Imana isezerana kuzokora. Bibiliya igira iti: “Nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha n’isi nshasha, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba.”2 Petero 3:13

^ ing. 2 Si ko asanzwe yitwa.

^ ing. 3 Ico gihe, idolari ryari rikivunjwa amarundi arenga gato 830.