Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye

Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye

“Igihe umugabo wanje yambwira ko ampevye kugira yibanire n’umugore akiri muto, numvise umengo nopfuma nipfira. Nabona ko ari akarenganyo na canecane nibutse ivyiza vyose nari naramukoreye.”​—Vyavuzwe na Maria wo muri Espanye.

“Igihe umugore wanje yampeba giturumbuka, wamengo sinkiri umuntu. Imigambi yacu n’ivyo twari twizigiye, vyose vyari bicitse ubusa. Vyarashika nkumva umengo nta maganya mfise, mugabo bidatevye ngaca nsubira kwihebura.”​—Vyavuzwe na Bill wo muri Espanye.

GUHEMUKIRWA n’uwo mwubakanye biravuna umutima. Ego ni ko hari ababonye ko bashobora kubabarira abo bubakanye bigaya maze bakanagura umubano wabo. * Yamara naho boguma babana canke bakavana, abahemukiwe bose baragira intuntu ikomeye. None ni igiki cobafasha kwihangana?

IVYANDITSWE VYOBAFASHA

Naho abahemukiwe bavunika umutima, benshi barahumurijwe n’Ivyanditswe. Baratahuye ko Imana ibona amarira yabo be n’uko itahura umubabaro bafise.​—Malaki 2:13-16.

“Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”​—Zaburi 94:19.

Bill yigana ati: “Igihe nasoma uwo murongo, naciye niha ishusho Yehova ariko arampumuriza abigiranye ikibabarwe nka kurya kw’umuvyeyi afise impuhwe.”

“Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka.”​—Zaburi 18:25.

Carmen, akaba yarahemukiwe n’umugabo wiwe, asigura ati: “Naho umugabo wanje yari yampemukiye, narashobora kwizera ko Imana itazokwigera impemukira.”

“Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba . . . ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu.”​—Abafilipi 4:6, 7.

Uwitwa Sasha avuga ati: “Narasomye ico canditswe incuro n’izindi. Narasenze kenshi maze Imana irampa amahoro mu buzima bwanje.”

Abo bantu bose duhejeje kuvuga, vyarashika bakumva botana n’akabando. Ariko barizigiye Yehova Imana bongera barakomezwa n’Ijambo ryiwe. Bill asigura ati: “Ukwizera kwaratumye mbona ko ubuzima bwanje bufise intumbero naho ibindi vyose wamengo nta kigenda. Naho namaze igihe ‘ngendera mu mubande w’igitutu kizitanye,’ Imana yaramfashije.”​—Zaburi 23:4.

^ ing. 4 Ushaka kumenya nimba wobabarira uwo mwubakanye canke utomubabarira, raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Igihe uhemukiwe n’uwo mwubakanye,” muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ndamukiza 1999.