Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) RUHUHUMA 2017

Incungu ni ‘impano itagira akanenge’ iva kuri Data

Incungu ni ‘impano itagira akanenge’ iva kuri Data

‘Ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge iva kuri Data.’YAK. 1:17.

INDIRIMBO: 148, 109

1. Incungu ituma dushobora kwironkera imihezagiro iyihe?

INCUNGU ya Yezu Kristu yaratumye abantu bashobora kwironkera imihezagiro myinshi. Iratuma abakomoka kuri Adamu bose bakunda ubugororotsi baronka akaryo ko kuzoba mu bagize umuryango w’Imana. Iratuma kandi dushobora kuzobaho ibihe bidahera mu gahimbare. Ariko rero, incungu ya Kristu irakora n’ibindi uretse guha kazoza keza abantu bagamburuka. Kuba Yezu yarinze apfa ashigikiye ubugororotsi bwa Yehova, biratanga inyishu z’ibibazo bihambaye kw’isi no mw’ijuru.Heb. 1:8, 9.

2. (a) Ni ibintu ibihe bihambaye kw’isi no mw’ijuru Yezu yavuze muri rya sengesho ryiwe? (Raba ishusho itangura.) (b) Muri iki kiganiro turimbura iki?

2 Hagisigaye imyaka nk’ibiri ngo Yezu apfe, yarigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 6:9, 10) Kugira ngo turushirize  guha agaciro incungu, nimuze turimbure ingene ifitaniye isano n’ukwezwa kw’izina ry’Imana, ukuganza kw’Ubwami bwayo be n’iranguka ry’umugambi wayo.

“IZINA RYAWE NIRYEZWE”

3. Izina rya Yehova rihishura iki, kandi Shetani yacafuje gute iryo zina ryeranda?

3 Ikintu Yezu yashize imbere muri iryo sengesho ry’akarorero ni uko izina ry’Imana ryokwezwa. Izina rya Yehova rirahishura ubukuru bwiwe bwose, icubahiro ciwe cose n’ubweranda bwiwe bwose. Mu rindi sengesho, Yezu yise Yehova ngo “Data mweranda.” (Yoh. 17:11) Kubera ko Yehova ari mweranda, ingingo ngenderwako ziwe zose ni nyeranda, cokimwe n’amategeko yiwe yose. Ariko rero mu murima wa Edeni, Shetani yararwanije uburenganzira Imana ifise bwo gushingira abantu ingingo ngenderwako. Ico kinyoma ku bijanye na Yehova catumye Shetani acafuza izina ry’Imana.Ita. 3:1-5.

4. Ni gute Yezu yakoze cane kugira ngo izina ry’Imana ryezwe?

4 Yezu wewe yarakunda vy’ukuri izina rya Yehova. (Yoh. 17:25, 26) Yarakoze cane kugira ngo izina ry’Imana ryezwe. (Soma Zaburi 40:8-10.) Kuba yarabaye kw’isi ari umuntu atunganye, vyarerekanye yuko Imana ifise uburenganzira bwo gushingira amategeko ibiremwa vyayo bifise ubwenge. N’igihe nyene Shetani yatuma Yezu apfa urw’agashinyaguro, Yezu yagumye ari intahemuka kuri Se wiwe wo mw’ijuru. Gutyo, yari yerekanye ko umuntu atunganye ashobora kuguma akurikiza ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana.

5. Dushobora gute gutuma izina ry’Imana ryezwa?

5 Twokwerekana gute ko dukunda izina rya Yehova? Ni mu kuntu twigenza. Yehova adusaba kuba beranda. (Soma 1 Petero 1:15, 16.) Ivyo bisobanura ko ari we wenyene dukwiye gusenga no kugamburukira n’umutima wacu wose. N’igihe nyene turi mu ruhamo, turakora uko dushoboye kwose kugira ngo tubeho twisunga ingingo ngenderwako ziwe be n’amategeko yiwe agororotse. Igihe dukora ibigororotse, tuba turetse umuco wacu ukaka maze tugatuma izina rya Yehova rininahazwa. (Mat. 5:14-16) Igihe tubayeho turi beranda, tuba twerekanye ko amategeko ya Yehova ari meza be n’uko ibirego vya Shetani ari ibinyoma. Ariko twese turakora amakosa. Ivyo bishitse, turigaya tubikuye ku mutima maze tugaheba ingeso zitukisha Yehova.Zab. 79:9.

6. Kubera iki Yehova ashobora kutwita abagororotsi naho nyene tudatunganye?

6 Yehova arababarira abafise ukwizera, yisunze inkuka ya Kristu. Abamwiyegurira arabaha ikaze mu basavyi biwe. Abakirisu barobanuwe abita abana biwe, abo mu “zindi ntama” na bo akabita abagenzi biwe. (Yoh. 10:16; Rom. 5:1, 2; Yak. 2:21-25) No muri iki gihe rero, incungu iratuma uwo Muvyeyi wacu abona ko tugororotse, igatuma kandi tugira uruhara mu kweza izina ryiwe.

“UBWAMI BWAWE NIBUZE”

7. Incungu izotuma abantu binovora ivyiza ibihe igihe Ubwami buzoba buganza?

7 Ubukurikira, Yezu yasavye Imana ati: “Ubwami bwawe nibuze.” None incungu ifitaniye isano gute n’Ubwami bw’Imana? Incungu iratuma bamwe 144.000 batororokanywa kugira ngo babe abami n’abaherezi kumwe na Kristu mw’ijuru. (Ivyah. 5:9, 10; 14:1) Ubwami bw’Imana bugizwe na Yezu hamwe n’abazofatanya na we kuganza.  Buzotuma abantu bagamburuka bamara imyaka igihumbi binovora ivyiza biva ku ncungu. Isi izocika iparadizo, abantu bose b’abizigirwa na bo bagirwe abatunganye. Umuryango w’Imana wo kw’isi no mw’ijuru, uzoca wunga ubumwe mu buryo bwuzuye. (Ivyah. 5:13; 20:6) Yezu azofyonyora umutwe wa ya nzoka, maze azimanganye buhere ingaruka zose z’ubugarariji bwa Shetani.Ita. 3:15.

8. (a) Yezu yafashije gute abigishwa biwe kubona ko Ubwami bw’Imana buhambaye? (b) Muri kino gihe, twerekana gute ko dushigikiye ubwo Bwami?

8 Igihe Yezu yari kw’isi, yarafashije abigishwa biwe kubona ko Ubwami buhambaye. Yezu akimara kubatizwa, yaciye atangura gutangaza “inkuru nziza y’ubwami bw’Imana” hirya no hino. (Luka 4:43) Mu majambo ya nyuma Yezu yabwiye abigishwa biwe imbere y’uko asubira mw’ijuru, yabasavye kumubera ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ivyak. 1:6-8) Igikorwa co kwamamaza Ubwami cotumye abantu bo hirya no hino kw’isi baronka akaryo ko kumenya ivyerekeye incungu maze bagacika abatwarwa b’Ubwami bw’Imana. Muri iki gihe, twerekana ko dushigikiye Ubwami mu gufasha benewabo na Kristu bakiri kw’isi kurangura igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose.Mat. 24:14; 25:40.

“UKUGOMBA KWAWE NIGUKORWE”

9. Twemezwa n’iki ko Yehova azorangura umugambi yari afitiye abantu?

9 Yezu yashatse kuvuga iki igihe yavuga ati: “Ukugomba kwawe nigukorwe”? Yehova ni Umuremyi. Iyo avumereye ijambo, ni nk’aho riba rimaze kuranguka. (Yes. 55:11) Ntazoreka ubugarariji bwa Shetani ngo buhagarike umugambi yari afitiye abantu. Kuva mu ntango, Yehova yashaka ko isi yuzura uruvyaro rutunganye rwa Adamu na Eva. (Ita. 1:28) Iyo Adamu na Eva bapfa batavyaye, umugambi Imana yari ifise w’uko isi yuzura uruvyaro rwabo wobaye impfagusa. Ni co gituma inyuma y’aho bacumuriye, Yehova yabaretse bakavyara. Imana yishimikije incungu, iraha abagaragaza ukwizera bose akaryo ko kuzoba abantu batunganye no kwiberaho ibihe bidahera. Yehova arakunda abantu, kandi yipfuza ko abagamburuka babaho nk’uko yari yarabiteguye.

10. Incungu imariye iki abapfuye?

10 Bite ho ku bijanye n’abantu amamiliyaridi bapfuye batararonka akaryo ko kumenya Yehova no kumukorera? Incungu iratuma bishoboka ko abapfuye bazuka. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azotuma basubira kubaho yongere abahe akaryo ko kwiga ivyerekeye umugambi wiwe, babone kuronka ubuzima budahera. (Ivyak. 24:15) Yehova yipfuza ababaho, ntiyipfuza abapfa. Kubera ko ari we Sôko ry’ubuzima, uwuzutse wese Yehova aca amubera Umuvyeyi. (Zab. 36:9) Ese rero ukuntu bibereye kubona Yezu yatwigishije gusenga duti: “Dawe wa twese uri mw’ijuru.” (Mat. 6:9) Yehova yarahaye Yezu uruhara rukomeye mu bijanye no kuzura abapfuye. (Yoh. 6:40, 44) Mw’Iparadizo, Yezu azorangura uruhara yashinzwe rwo kuba “izuka n’ubuzima.”Yoh. 11:25.

11. Imana yipfuriza iki “isinzi rinini”?

11 Ukumera neza kwa Yehova ntikugarukira ku bantu bakeya gusa yateye agateka, kuko Yezu yavuze ati: “Uwo wese akora ukugomba kw’Imana, ni we mwene wacu na mushikanje na mawe.” (Mrk. 3:35) Imana yipfuza ko “isinzi rinini” ry’abantu badaharurika bo mu mahanga yose n’imiryango  yose n’indimi zose, baba abasavyi bayo. Abizera incungu ya Kristu bakongera bagakora ivyo Imana igomba, barashobora kuja mu biha akamo bati: “Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama.”Ivyah. 7:9, 10.

12. Rya sengesho ry’akarorero rihuje gute n’umugambi Yehova afitiye abantu bagamburuka?

12 Turabonye ko ivyo Yezu yavuze muri rya sengesho ry’akarorero bihuje n’umugambi Yehova afitiye abantu bagamburuka. Ubwa mbere, mu buryo buhuye n’iryo sengesho, turipfuza gukora ibishoboka vyose ngo tweze izina rya Yehova. (Yes. 8:13) Izina Yezu ubwaryo risobanura ngo “Yehova ni Ubukiriro,” kandi kuba turonka ubukiriro biciye ku ncungu, biratuma izina rya Yehova ryubahwa kandi rikaninahazwa. Ubwa kabiri, Imana izokoresha Ubwami bwayo kugira ngo itume abantu bagamburuka bironkera imihezagiro iva ku ncungu. Ubwa gatatu, rya sengesho ry’akarorero riradukura amazinda ko ata na kimwe cobuza Imana gushitsa igomba ryayo.Zab. 135:6; Yes. 46:9, 10.

NIWEREKANE KO UKENGURUKA INCUNGU

13. Iyo tubatijwe tuba twerekanye iki?

13 Kimwe mu bintu bihambaye twokora kugira ngo twerekane ko dukenguruka incungu, ni ukwiyegurira Yehova twisunze iyo ncungu maze tukabatizwa. Iyo tubatijwe, tuba twerekanye ko “turi aba Yehova.” (Rom. 14:8) Ni nk’aho tuba dusavye Imana ngo iduhe ijwi ryo mu mutima ryiza. (1 Pet. 3:21) Mu kutwishura, Yehova aca adutyorora akoresheje amaraso y’inkuka Kristu yadutangiye. Ku bw’ivyo, turizigira tudakeka ko  azoturonsa ivyo yasezeranye vyose.Rom. 8:32.

Twerekana gute ko dukenguruka incungu? (Raba ingingo ya 13, 14)

14. Ni kuki dusabwa gukunda bagenzi bacu?

14 Hoba hari ikindi twokora kugira ngo twerekane ko dukenguruka incungu? Kubera yuko ivyo Yehova akora vyose abitumwa n’urukundo, yipfuza ko abasavyi biwe bose barangwa n’urukundo. (1 Yoh. 4:8-11) Igihe dukunze bagenzi bacu, tuba twerekanye ko twipfuza kuba “abana ba [Data] ari mw’ijuru.” (Mat. 5:43-48) Ariko rero, gukunda Yehova biza imbere yo gukunda bagenzi bacu. (Mat. 22:37-40) Rero, uburyo bwiza bwo kwerekana ko dukunda bagenzi bacu ni ukugamburuka itegeko ridusaba kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Iyo twerekanye ko dukunda abantu nkatwe, tuba tugaragaje ubuninahazwa bwa Yehova. Nkako, igihe tugamburutse itegeko ridusaba gukunda abandi, canecane abavukanyi bacu, urwo dukunda Imana ruraheza “rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe.”1 Yoh. 4:12, 20.

INCUNGU ITUMA YEHOVA ATURONSA “IBIRINGO VY’UKURUHURIRWA”

15. (a) Yehova aturonsa imihezagiro iyihe muri iki gihe? (b) Ni imihezagiro iyihe atubikiye?

15 Iyo twizeye incungu, turashobora guharirwa ibicumuro vyacu vyose. Ijambo ry’Imana riradukura amazinda yuko ibicumuro vyacu bishobora ‘guhanagurwa.’ (Soma Ivyakozwe 3:19-21.) Nk’uko twabibonye, Yehova yishimikije incungu, aratuma abasavyi biwe barobanujwe impwemu bacika abana biwe. (Rom. 8:15-17) Abo mu “zindi ntama” na bo, ni nk’aho Yehova yamaze gushira amazina yabo ku rutonde rw’abo azogira abana biwe. Nibamara kugirwa abatunganye hanyuma bagatsinda ikigeragezo ca nyuma, ni nk’aho Yehova azoca ashira umukono kuri nya rutonde, aheze abagire abana biwe yikundira bo kw’isi. (Rom. 8:20, 21; Ivyah. 20:7-9) Urwo Yehova akunda abana biwe ni urw’ibihe bidahera. Imihezagiro iva ku ncungu na yo nyene ni iy’ibihe bidahera. (Heb. 9:12) Iyo ngabire ntizokwigera ita agaciro, kandi nta wushobora kuyitwaka.

16. Ni mu buryo ki incungu ituma tuba abidegemvya vy’ukuri?

16 Nta kintu na kimwe Shetani yokora ngo abuze abantu bose bigaya vy’ukuri kuzoba mu bagize umuryango wa Yehova. Yezu yaraje kw’isi maze arapfa “rimwe rizima.” Incungu rero, na yo nyene yatanzwe rimwe rizima. (Heb. 9:24-26) Yarafuse burundu igihano c’urupfu twakwegewe na Adamu. Incungu Kristu yatanze yaratumye twiganzura iyi si itwarwa na Shetani, kandi ubu ntitukibaho dutinya urupfu.Heb. 2:14, 15.

17. Kuba dukundwa na Yehova ubibona gute?

17 Imihango y’Imana ni iyo kwizigirwa ijana kw’ijana. Kurya amategeko Yehova yashingiye ivyaremwe adahinduka, ni ko na we nyene adahinduka. Ntazokwigera aduhemukira. (Mal. 3:6) Kuba Yehova yaraduhaye ubuzima ni vyiza, ariko kuba dukundwa na we vyovyo ni agahebuza. Bibiliya igira iti: “Twebwe ubwacu twaramenye kandi twaremeye urukundo Imana idufitiye. Imana ni urukundo.” (1 Yoh. 4:16) Isi yose izohinduka iparadizo nziza igitangaza, kandi abazoyibamwo bose bazokwigana urukundo rw’Imana. Ese rero twokwifatanya n’ibiremwa vy’Imana bidahemuka vyo mw’ijuru, mu kwiha akamo duti: “Umuhezagiro n’ubuninahazwa n’ubukerebutsi n’ugukenguruka n’iteka n’ububasha n’inkomezi bibe ivy’Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.”Ivyah. 7:12.